10/05/2025
Ku musi w'Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk'iry' inzamba, 11 j rivuga, rit' Ic' ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n'i Simuruna n'i Perugamo n'i Tuwatira n'i Sarudi n'i Filadelufiya n'i Lawodikiya.
12 Mpindukira kuraba ijwi rivuganye nanje: mpindukiye mbona ibiterekwakw amatara ndwi vy'izahabu, 13 k kandi hagati y'ivyo biterekwakw amatara mbona uwusa n'Umwana w'umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w'izahabu. 14 m Kand' umutwe wiwe n'umushatsi vyari vyera nk'ubgoya bg'intama y'umwero, canke nka shelegi l, n'inyonga ziwe zasa n'imbeya z'umuriro; 15 n ibirenge vyiwe vyasa n'umuringa w'umwakaka, utukujwe n'umuriro; n'ijwi ryiwe ryari rimeze nk'iry' amazi menshi asuma, 16 o kandi mu kuboko kwiwe kw'i buryo yar' afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe havamw inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk'izuba iyo ryatse umutari.
17 p Ndamubonye, nikubita imbere y'inyundo ziwe nk'upfuye; maz' anshirak' ukuboko kw'i buryo, ati Ntutinye; jewe nd' uwa mbere kandi nd' uw' iherezo, 18 kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi raba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguruzo z'urupfu n'iz' i kuzimu. 19 q Nuko wandike ivy' ubonye n'ibiriho n'ibizoba hanyuma y'ivyo, 20 r ibanga ry'inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw'i buryo, n'ivy' ibiterekwakw amatara ndwi vy'izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b'ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.