14/11/2025
: Bimwe mu bidandazwa vyaraduze ibiciro
Mw'isoko yo mu Kanyosha iri muri komine Mugere intara ya Bujumbura bimwe mu bifungurwa vyaraduze ibiciro ugereranije no mu misi ihereze, aho twovuga nk'umuceri usanzwe. Ikilo c’uwo muceri kigurwa amafaranga ari hagati y'ibihumbi 6200 n’ibihumbi 6500 mu gihe wahora ugurwa amafaranga 5500.
Umuceri witwa kazosi ubu ugurwa hagati y’amafaranga 6500 n’ 6800 wahora ugurwa 6000, uwitwa rutete ugurwa hagati y'amafaranga 7200 n’7500 wahora ugurwa amafaranga 6000 .
Bamwe mu badandaza bavugako iyo bagiye kurangura basanga atamuceri uhari ukwiye i Bubanza aho usanzwe urimwa. Abarimyi bakavuga ko aho barima umiceri ubu hatakiri hanini, ariko kandi muri kino gihe akaba atari mw’iyera ry’umuceri.
Ibindi bidandazwa vyaduze ibiciro ugereranije no mu misi iheze n'ibiharage, ivyo bita kinure bigurwa hagati y’amafaranga 3200-3500, ivyo bita jaune bikagurwa hagati y’amafaranga 4500-4700, ivyitwa kirundo bigurwa amafaranga 2500 vyahora bigurwa amafaranga 2000.
Ibitunguru bitukura ikilo ubu kigurwa amafaranga 4000 cahora hagati y'amafaranga 2500- 3000, ibitunguru vyera ikilo kigurwa amafaranga 3500, ifu y'ibigori ikaranze ikagurwa amafaranga 2800 yahora igurwa amafaranga 2000.
Nubwo biri uko hari ibidandazwa vyagabanutse ibiciro ni nk'amavuta y'amamesa igikinju c'ilitoro n'inusu kigurwa hagati y’amafaranga 11000 na 12000 cahora ku mafaranga 15000. Abadandaza bagasigurako muri kino gihe c'imvura ibigazi biba vyeze arico gituma amavuta yamanutse igiciro co kimwe n'amakoto nayo nyene yaragabanutse igiciro, igikinju kigeze ku mafaranga ibihumbi 19000 cahora ku bihumbi 25000.
Kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2025 hakaba harasohotse itegeko nshikiranganji rishinga ibiciro kubifungurwa vya nkenerwa ariko ivyo biciro bikaba bitigeze bikurikizwa.