Bonesha Amakuru

Bonesha Amakuru La Radio privée

16/11/2025

AMAKURU MU KIRUNDI YO KUWA 16.11.2025 K'UMUGOROBA

15/11/2025

AMAKURU MU KIRUNDI YO KUWA 15.11.2025 K'UMUGOROBA

15/11/2025

HEBDO KIR YO KUWAA 15.11.2025

 : Hitezwe imiriyoni zirenga 6 z’amadorare y’abanyamerika zizova mu butare.Imiriyoni zirenga zitandatu z’amadolare y’aba...
14/11/2025

: Hitezwe imiriyoni zirenga 6 z’amadorare y’abanyamerika zizova mu butare.

Imiriyoni zirenga zitandatu z’amadolare y’abanyamerika ni yo mafaranga azova mu butare bumaze gushorwa hanze y’igihugu.

Bivurwa na Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu.

Ndayishimiye avuga ariko ko igisata c’ubutare gihanzwe n’ingorane zitandukanye harimwo ikena ry’ubushakashatsi muri ico gisata.

14/11/2025

AMAKURU MU KIRUNDI YO KUWA 14 11 2025 KUMUGOROBA.

 : Abantu 4 bahitanywe n’uruzi bariko barasenga.Abantu 4 baraye bitavye imana bahitanywe n’uruzi Kanyosha bikavugwa ko a...
14/11/2025

: Abantu 4 bahitanywe n’uruzi bariko barasenga.

Abantu 4 baraye bitavye imana bahitanywe n’uruzi Kanyosha bikavugwa ko abo bantu bariko barasenga ibintazi ahitwa mu Kâvya muri karitiye Kamesa ahegereye umusozi Kubenge muri Busoro, komine Mugere, intara ya Bujumbura.

Abanyagihugu baho mu Kamesa bamenyeshako bahora babona abantu batari bake bagenda gusengera muri ico kibanza, kugira baronke imigisha ko kandi baza bavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu, bagizwe n’abantu bakuze hamwe n’abana.

Abo banyagihugu bakabandanya bavuga ko abo bantu bahaza kuhasengera mu masaha y’ijoro bahejeje gusenga bagaca baja ahari amabuye manini y’ibitandara aho amazi aca musi y’ayo mabuye mu ruzi Kanyosha kugira bahezagirwe, ivyatumye abantu 4 baca bahitanwa n’amazi y’urwo ruzi.

Abajejwe intwaro muri Kamesa baremeza ayo makuru bakavuga ko aho mu Kâvya kuva kera bama baza kuhasengera ibintazi kandi ari ahantu hashobora guhitana ubuzima bw’anbantu, bagasaba abantu baja gusengera aho hantu kubiheba ku neza y’amagara yabo.

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 13 Munyonyo 2025 hakaba hari haje gusengera abantu barenga 30 nkuko abanyagihugu baho mu Kamesa bavyemeza.

 : Olucome riranegura kuba imyaka irenga 10 iheze havugwa  ivy'ikarata karangamuntu zikoze mu buhinga bwanone  ariko zid...
14/11/2025

: Olucome riranegura kuba imyaka irenga 10 iheze havugwa ivy'ikarata karangamuntu zikoze mu buhinga bwanone ariko zidakorwa.

Ishirahamwe rijejwe kugwanya igiturire no gusesagura amatungo ya Reta, riranegura ko ibijanye n'ikarara karangamuntu zikoze mu buhinga bwa none (carte nationale d’identinté biométrique) zavuzwe kuva mu mwaka wa 2014 n'isoko yo kuzikora iratangwa ariko atawuzi iyo vyahereye.

Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe avuga ko yibuka n'abantu bashatse gutanga amahera imbere kugira baronke izo karangamuntu ariko atawuzi iyo vyahereye. Abona ko ico kibazo gifatwa mininegwe kandi karangamuntu ifise akamaro kanini cane mbere ntasubirizwa haba mu matora, mu buzima busanzwe no mu vy'ubutunzi bw'igihugu .

Anegura kandi ko uno musi usanga hari n'abantu bafise ikarata karangamuntu zirenga zitatu zidasa. Agasaba ko hotomorwa neza ibijanye n’isoko yo gukora izo karangamuntu. Akaba yabivugiye mu nama yo kurimbura ingene amamtora yo muri uno mwaka wa 2025 yagenze, mu ntara ya Gitega.

 : Umugwi Cnidh urashima ingingo ya sentare nkuru y’igihugu mu Rumonge. Umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zinam...
14/11/2025

: Umugwi Cnidh urashima ingingo ya sentare nkuru y’igihugu mu Rumonge.

Umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zinamuntu mu Burundi urashimira sentare nkuru y’igihugu mu Rumonge, yakubise intahe mu gahanga abapolisi 2, bagirizwa gukubita umunyagihugu bimuviramwo urupfu.

Musenyeri Martin Blaise Nyaboho arongoye uwo mugwi uvuga ko bakiranye umubabaro ihohoterwa ryakorewe uwo munyagihugu akamenyesha ko bamaze kuvyumva bahash*tse bagakora amatohoza ndetse basaba ko urubanza rwoca rucibwa ikibiriraho.

Musenyeri Nyaboho arahoza umuryango wabuze agasaba abatu gutegera ko ubuzima bw'umuntu ari katihabwa butegerezwa gukingirwa ndetse n'agateka ka zinamuntu kubahirizwe mu bihe vyose na hose.

Uwo arongoye umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zinamuntu, ahamagarira indongozi mu nzego z'umutekano kwama bumvisha abo barongoye ko agateka ka zinamuntu n'ubuzima bw’umuntu bitegerezwa gukingirwa bikubahirizwa, ivyo bakora vyose bakisunga amategeko abagenga.

Ku muhingamo wo kuri uyu wa 4, Sentare nkuru y’igihugu mu Rumonge ikaba yaciriye urubanza abo bapolisi 2 bagirizwa icaha co gukubita umuntu n’impaka bikamuviramwo urupfu.

Umwe muri abo yaburanye ahakana icaha aca acirirwa umunyoror w’imyaka 20, uyundi aburanye yemera icaha aca acirirwa umunyororo w’imyaka 10, bose bagatanga kandi indishi y’akababaro y’amafaranga angana n’imiriyoni 40 agahabwa umuryango wabuze.

14/11/2025

JOURNAL EN FRANCAIS DU 14.11.2025 MIDI

14/11/2025

AMAKURU MU KIRUNDI YO KUWA 14.11.2025

 : Ishure shingiro rya Busoro rirakeneye intebe 200 n’amazi meza.  ‎‎Ishure shingiro rya Busoro riri muri zone Kanyosha,...
14/11/2025

: Ishure shingiro rya Busoro rirakeneye intebe 200 n’amazi meza.

‎Ishure shingiro rya Busoro riri muri zone Kanyosha, komine Mugere mu ntara ya Bujumbura, rimenyesha ko nubwo hari utwigoro turiko turakorwa ku bijanye n’ingene abanyeshure bicara tugatuma abicara hasi baronka uko bicara, riracafise ubukene bw’intebe kuko ahenshi abanyeshure bicara ari batanu ku ntebe.

‎Umuyobozi w’iryo shure Alexis Ndayishimiye avuga ko hakenewe intebe 200 kugira ngo abanyeshure bicare neza. Anavuga ko n’ibitabo bikenye na cane cane ivyo kuva mu myaka y’indwi. Iryo shure rikaba ryigako abanyeshure barenga 3500.

‎Ikindi abona kiri mu bituma ibikorwa bitagenda neza kuri iryo shure ni ubukene bw’amazi aho mu gukora isuku abanyeshure bikora ku mazi y’uruzi Kanyosha asanzwe acafuye agashobora no kubatera ingwara ziva kw’isuku rike. Asaba abofasha kugira ivyo bibazo bitorerwe umuti kuko bituma abanyeshure badakurikirana neza ivyirwa bikagira ingaruka mbi ku bumenyi bwabo.

      :   Bimwe mu bidandazwa vyaraduze ibiciro  Mw'isoko yo mu Kanyosha iri muri komine Mugere intara ya Bujumbura bimw...
14/11/2025

: Bimwe mu bidandazwa vyaraduze ibiciro

Mw'isoko yo mu Kanyosha iri muri komine Mugere intara ya Bujumbura bimwe mu bifungurwa vyaraduze ibiciro ugereranije no mu misi ihereze, aho twovuga nk'umuceri usanzwe. Ikilo c’uwo muceri kigurwa amafaranga ari hagati y'ibihumbi 6200 n’ibihumbi 6500 mu gihe wahora ugurwa amafaranga 5500.

Umuceri witwa kazosi ubu ugurwa hagati y’amafaranga 6500 n’ 6800 wahora ugurwa 6000, uwitwa rutete ugurwa hagati y'amafaranga 7200 n’7500 wahora ugurwa amafaranga 6000 .

Bamwe mu badandaza bavugako iyo bagiye kurangura basanga atamuceri uhari ukwiye i Bubanza aho usanzwe urimwa. Abarimyi bakavuga ko aho barima umiceri ubu hatakiri hanini, ariko kandi muri kino gihe akaba atari mw’iyera ry’umuceri.

Ibindi bidandazwa vyaduze ibiciro ugereranije no mu misi iheze n'ibiharage, ivyo bita kinure bigurwa hagati y’amafaranga 3200-3500, ivyo bita jaune bikagurwa hagati y’amafaranga 4500-4700, ivyitwa kirundo bigurwa amafaranga 2500 vyahora bigurwa amafaranga 2000.

Ibitunguru bitukura ikilo ubu kigurwa amafaranga 4000 cahora hagati y'amafaranga 2500- 3000, ibitunguru vyera ikilo kigurwa amafaranga 3500, ifu y'ibigori ikaranze ikagurwa amafaranga 2800 yahora igurwa amafaranga 2000.

Nubwo biri uko hari ibidandazwa vyagabanutse ibiciro ni nk'amavuta y'amamesa igikinju c'ilitoro n'inusu kigurwa hagati y’amafaranga 11000 na 12000 cahora ku mafaranga 15000. Abadandaza bagasigurako muri kino gihe c'imvura ibigazi biba vyeze arico gituma amavuta yamanutse igiciro co kimwe n'amakoto nayo nyene yaragabanutse igiciro, igikinju kigeze ku mafaranga ibihumbi 19000 cahora ku bihumbi 25000.

Kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2025 hakaba harasohotse itegeko nshikiranganji rishinga ibiciro kubifungurwa vya nkenerwa ariko ivyo biciro bikaba bitigeze bikurikizwa.

Address

Chaussee Prince Louis RWAGASORE
Bujumbura
5314BUJUMBURA

Opening Hours

Monday 06:00 - 23:00
Tuesday 06:00 - 23:00
Wednesday 06:00 - 23:00
Thursday 06:00 - 23:00
Friday 06:00 - 23:00
Saturday 06:00 - 23:00
Sunday 06:00 - 23:00

Telephone

+25769773594

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Bonesha Amakuru posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Bonesha Amakuru:

Share