Buhumuza TV

Buhumuza TV Ukisanga muri Top Fans ba runo rubuga,ufise amahirwe yo kuzohembwa.Imana ihezagire abaFollowers mwese🇧🇮🇷🇼🇰🇪🇹🇿🇺🇬🇨🇩Murakoze kugira Follows
(2)

  Musitanteri wa Komine     asaba indongozi kuba imbere y'abandi bakigisha abenegihugu iterambere bababereye akarorero.I...
28/05/2026

Musitanteri wa Komine asaba indongozi kuba imbere y'abandi bakigisha abenegihugu iterambere bababereye akarorero.

Ivyo yabishikirije kuri uyu wa 26 Rusama 2026, mu nama y'umutekano yo kwerekana indongozi zijejwe ibisata muri komine. Iyo nama ikaba yabereye muri zone .

Muri iyo nama, yamenyesheje ko urudandazwa rwo mu kinywabi ruhari na cane cane ku mitumba ihana imbibe n'igihugu ca Tanzaniya, aca asaba kurutuza. Akaba yibukije n'abipfuza gushinga ingo ko babwirizwa kuba heza.

Ku kibazo c'ubutungane, musintanteri akaba yaraneguye ingendo y'abajejwe ubutungane n'inyamiramabi zo mu mazone bacira imanza abenegihuguu bo mu mazone badakoreramwo. agasaba indongozi gukurikirana abenegihugu babo ngo ntibarenganywe, ibibazo vyose ahubwo ngo biherere muri zone yabereyemwo icaha. Akaba yasavye indongozi mu ntwaro, mu butungane no mu nyamiramabi gukorana neza umwe wese atarengereye mugenzi we.

Mu bibazo, abakuru b'amazone bakaba bamenyesheje ibibazo bijanye n'indero aho utuzu twa surwumwe ku mashure menshi twuzuye, ifumbire y'impeshi itashoboye kuboneka hamwe hamwe, co kimwe n'umutekano muke uturuka ku kaborerwe, ikibazo c'ibiciro vy'ibinyobwa vya Brarudi bidakurikizwa, abana bakurira mw'ibarabara bakavamwo abasuma, urudandazwa rw'amavoka rucinyiza umwenegihugu n'ibindi.

Abarongoye amazone bakaba bamenyesheje ko abenegihuguu barongoye bijukiye iterambere bishimishije ariko bakabandanya kubahimiriza gukora cane kugira ngo bashikire imbonakazoza ya 2040-2060.

  Urwaruka ruhamagarirwa gukura amaboko mu mpuzu bagasohora isuka bagakora kandi mu buryo bugezweho berekeza ku mbonakaz...
27/05/2026

Urwaruka ruhamagarirwa gukura amaboko mu mpuzu bagasohora isuka bagakora kandi mu buryo bugezweho berekeza ku mbonakazoza.

Ivyo vyashikirijwe n'umupfasoni w'Umukuru w'igihugu kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Rusama 2026 mu rugendo yagize aho ishirahamwe ritunganya inzahabu rikorera ku mutumba zone # muri komine .

Hakaba hari mu ntumbero yo kwibonera itunga k**a bufise no kwereka akarorero urwaruka mu gukora. Akaba yashoboye kwibonera uko inzahabu itosorwa n'uko ihingurwa imbere yo gush*tsa mu makungu. Umupfasoni akaba yamenyesheje ko uwutunze imiringa canke ibindi bikoresho bikozwe mu butare bwiza aba yibikiye umutahe kuko iyo akenye amafaranga ashobora kugurisha ivyo yambaye.

Uwo mupfasoni y'umukuru w'igihugu akaba yahamagariye urwaruka gukora bisunga imbonakazoza y'igihugu. Abenegihugu nabo yabahamagariye gukunda ivyabo bahereye kw'itunga bafise aho yarigereranije mbere n'«ikirezi cera».

N'uko Tugire Kristu🤭🤭🤫🤫
26/05/2026

N'uko Tugire Kristu🤭🤭🤫🤫

𝗕𝗨𝗛𝗨𝗠𝗨𝗭𝗔 : 𝗨𝗪𝗨𝗭𝗢𝗙𝗔𝗧𝗪𝗔 𝗔𝗚𝗨𝗥𝗜𝗦𝗛𝗔 𝗖𝗔𝗡𝗞𝗘 𝗔𝗡𝗬𝗪𝗔 𝗜𝗦𝗔𝗥𝗔𝗕𝗪𝗔𝗬𝗜 𝗔𝗭𝗢𝗕𝗜𝗛𝗔𝗡𝗜𝗥𝗪𝗔✍️Si uwudandaje si uwuriko aranywa mwese bazobahanira ...
26/05/2026

𝗕𝗨𝗛𝗨𝗠𝗨𝗭𝗔 : 𝗨𝗪𝗨𝗭𝗢𝗙𝗔𝗧𝗪𝗔 𝗔𝗚𝗨𝗥𝗜𝗦𝗛𝗔 𝗖𝗔𝗡𝗞𝗘 𝗔𝗡𝗬𝗪𝗔 𝗜𝗦𝗔𝗥𝗔𝗕𝗪𝗔𝗬𝗜 𝗔𝗭𝗢𝗕𝗜𝗛𝗔𝗡𝗜𝗥𝗪𝗔

✍️Si uwudandaje si uwuriko aranywa mwese bazobahanira hamwe

✍️Iri tegeko ritanguye gukora guhera ubu tuvugana igenekerezo rya 26/05/2026

✍️Kubutaka bwa Komine Ruyigi birabujijwe co kimwe nyene na KIKI muhagarike Gukikiza😆

✍️Abagabo ntimugishobora no guterura akabido ka 5Litres ndetse no mu rugo ntimugitunganiriza neza abakenyezi banyu

✍️Nimutere ibitoke,murime amasaka mwiganire inzoga zanyu murabe ko hari uwubayegeyeza

✍️Umupfasoni DIANE NIYIBIGIRA yabagabishije rero

Province Gitega J.P.G Présidence - République du Burundi

  Buramatari w'intara ya     ahamagarira indongozi kuba akarorero mu vyiza no gusengera ingo.Ako kamo yakabateye kuri uy...
24/05/2026

Buramatari w'intara ya ahamagarira indongozi kuba akarorero mu vyiza no gusengera ingo.

Ako kamo yakabateye kuri uyu wa gatandatu mu mwiherero w'igisabisho ibiro vy'iyo ntara vyatunganirije indongozi ziyigize, abatorewe guserukira abenegihugu mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka n'izindi ndongozi mvukira za . Uwo mwihererero wabereye ku kirimba c'umushaha mweranda wa Yezu muri paruwase ya iherereye muri komine .

Buramatari yamenyesheje ko ico gikorwa caranguwe mu ntumbero yo kwiragiza Imana. Yemeje ko uburongozi bwose buva ku Mana. Akaba yahamagariye indongozi kwama bayiragiza mu kurangura imigambi izoshikana koko intara kw'iterambere rigaragara. Yabasavye kandi kurangwa n'urukundo, gushigikirana no gusengera ingo kugira ngo bikunde zubakirwe ku rutare gutyo inabi ibure aho yinjirira.

Ni mu gihe Patiri aramutswa ico kirimba yamenyesheje ko Imana yahaye abantu ubwenge n'inguvu nk'umutahe yongera itaka Uburundi amazi, ibibanza vy'iratiro n'ibindi vyiza. Yasavye indongozi za kwishimikiza igisabisho mu kubera abandi akarorero mu ngendo nziza no kurangura mu muco no mu kuri imigambi iteza imbere iyo ntara.

Kabaye akaryo ko kugendera ibibanza vy'iratiro bisanzwe biri ng'aho ku kirimba c'Umushaha Mweranda wa Yezu harimwo igishira ahabona abihebeye Imana ba mbere mu Burundi.

19/05/2026

Ikiganiro co kuwa 15/05/2026: Urugendo rwa Sebarundi mu ntara zose, no mu gihugu c'Ubugande. Download the app → goliveindia.in/download

19/05/2026

AGASHAVU K'UMUKURU W'IGIHUGU NDAYISHIMIYE 2.000.000.000 Fbu YAHAGARITSE IKIGO OBUHA|| Le 18/05/2026 Download the app → goliveindia.in/download

IGIHUGU CA SOMALILAND CAHIMBAJE IMYAKA 35 CIKUKIYE NAHO BITEMEYE NA ONUAbantu bamwe bavuga ko Somaliland ifitaniye ubucu...
19/05/2026

IGIHUGU CA SOMALILAND CAHIMBAJE IMYAKA 35 CIKUKIYE NAHO BITEMEYE NA ONU
Abantu bamwe bavuga ko Somaliland ifitaniye ubucuti canke ubufasha na Israel kubera ibintu bike bikunze kuvugwa mu vya politike n’umutekano wo mu karere ka Afurika y’Iburasirazuba n’Inyanja Itukura. Ariko rero, nta masezerano manini kandi yemejwe ku mugaragaro yerekana ko Israël ari yo ifasha Somaliland mu buryo budasanzwe.

Ibi ni bimwe mu bituma abantu babivuga:
Somaliland irondera kumenyekana nk’igihugu cigenga, rero ishaka imigenderanire n’ibihugu bitandukanye bishobora kuyifasha mu vya dipolomasi.

Israël na yo ikunda kugira ubufatanye n’uturere turi hafi y’Inyanja Itukura kubera ak**aro k’umutekano n’ubudandaji.

Hari amakuru yagiye asohoka mu binyamakuru avuga ko hashobora kuba ibiganiro hagati y’impande zompi ku vyerekeye ubudandaji, ikivuko ca Berbera, canke umutekano, ariko vyinshi ntivyigeze vyemezwa ku mugaragaro.

Ku rwego mpuzamakungu, Somalia ibona Somaliland nk’igice cayo, kandi ibihugu vyinshi vya ONU ntibirayemera nk’igihugu cigenga. Ni co gituma amakuru menshi ayerekeye aba yuzuyemwo ivyiyumviro vya politike n’ivyegeranyo bitaremezwa neza.

🔴   Kugira ngo umuhungu yubake urwiwe abwirizwa kwubaka inzu uko ingana kwose ariko isakaje amabati canke amategura, aka...
18/05/2026

🔴 Kugira ngo umuhungu yubake urwiwe abwirizwa kwubaka inzu uko ingana kwose ariko isakaje amabati canke amategura, akaba kandi yarateye n'imiburiburi ibiti 10 vy'amavoka hamwe n'ibiti 100 vy'ikawa. Ku wusanzwe adakora umwuga w'uburimyi nawe akazobanza kwerekana ibindi bizotunga umuryango.

Iyo ngingo ikaba iri mw’itangazo Musitanteri wa komine yasohoye kuri uyu wa 18 Rusama 2026 rijanye n'imisore n'inkumi bimirije kurushinga.

Muri iryo tangazo, musitanteri arerekana inkurikizi mbi z'abubakana batiteguye neza canke batanditswe mu mategeko bigatuma hibonekeza amatati afatiye ku bukene abandi mbere bakahukana. Musitanteri rero akaba yamenyesheje ko kugira umuhungu n’umukobwa bubakane babwirizwa kuba bafise amatungo bose kugira ngo bajane n'imbonakazoza ya 2040, igihugu cifashe, 2060 igihugu giteye imbere.

akaba atibagiye gukebura n'abigeme ngo bakore ibikorwa bizotuma bashinga izabo baronka ico baterera mu gusahiriza imiryango bagiyemwo. Agahanura abavyeyi gufasha mu myiteguro y'abana babo. Musitanteri akaba yasavye abajejwe intwaro kumenyesha ubwo butumwa abo bajejwe.

Kuva muri 2023 iyi nyubakwa i Karusi yubakwa imaze gutwara amafaranga arenga kuri 1Millard 500millesReka turabe aho ibik...
18/05/2026

Kuva muri 2023 iyi nyubakwa i Karusi yubakwa imaze gutwara amafaranga arenga kuri 1Millard 500milles
Reka turabe aho ibikorwa bigeze rero🙄🤔🙄🙄🤐🤐

Nyakubwa Prezida yahise ahagarika Abanyonyezi ngo bishinga kurya gusa bo muri OBUHA
Oya nimurabe inyubako yatware amahera yababa Imiliyaridi 2

Mwe mubona iyi ikwiranye n'angahe
Nkwibutsa ko cari ikigo cagenewe kurwiza inkwavu😔🤨🤨

Address

Bujumbura

Telephone

+25761835986

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Buhumuza TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Buhumuza TV:

Shortcuts

Share