P.M.I News

P.M.I News Amakuru agezweho kuri P.M.I.News

08/01/2026

Message igenewe abagore bose

🇺🇸 Trump ntahengeshanya gufata ingingo zihambaye: Amerika igiye gusokora mu mashirahamwe mpuzamakungu ashika 66Itegeko r...
08/01/2026

🇺🇸 Trump ntahengeshanya gufata ingingo zihambaye: Amerika igiye gusokora mu mashirahamwe mpuzamakungu ashika 66

Itegeko rikura Amerika muri ayo mashirahamwe Donald Trump yaraye arisinye kuri uyu wa 07/01/2025. Iri tegeko ridasanzwe rikura Reta zunze ubumwe za Amerika mu mashami ya ONU 31 hamwe n'ayandi atari aya ONU. Amwe mu yazwi, ni nka UNFPA, Amasezerano ajanye n'ihindagurika ry'ibihe, ONUFemmes, ishami riraba ivy'urudandazwa n'iterambere Cnuced n'ayandi.

🤔 Kubera iki ukwo kwiyonjorora ? Mw'itangazo ry'ibiro vya Reta, Amerika isigura ko ayo mashirahamwe ataco amariye abanyamerika. Ku bwa Washington ngo menshi atunganije nabi, agakora nabi, atwara amahera menshi, ayandi agaharanira inyungu zihushanye n'iz'igihugu.

🤷🏾‍♂️ Ivyo none bizogira ingaruka izihe?

Urwo rutonde rwiyongereye ku bisata vya ONU yaheruka kuvamwo nk'ikiraba amagara y'abantu OMS, ikiraba ivy'indero n'imicokama, Unesco, hamwe n'ikiraba agateka ka zina muntu.

Ugukura meza kwa Amerika muri ayo mashirahamwe si ibifatwa nk'ibisanzwe. Amerika ni yo isanzwe ironsa uburyo bwinshi ayo mashirahamwe, ibizotuma ashobora guhungabana bigatuma haba ingaruka zitari nziza ku bo yari asanzwe afasha hirya no hino mw'isi no mu harimwo

.M.I.News

08/01/2026

Izi nzobere zivuga ko ibintu byarushijeho kumera nabi mu mezi ashize kuko impande zihanganye - FARDC na M23, zagiye zigabanaho ibitero mu gihe kimwe.

🔴🇨🇩 M23 “irimo gushinga ubutegetsi bwigenga” – Raporo nshya y’inzobere za ONURaporo nshya yashizwe ahabona n’inzobere z’...
08/01/2026

🔴🇨🇩 M23 “irimo gushinga ubutegetsi bwigenga” – Raporo nshya y’inzobere za ONU

Raporo nshya yashizwe ahabona n’inzobere z’Umuryango w’Abibumbye (ONU) ivuga ko umutwe wa M23 umaze gutera intambwe ikomeye mu gushinga ubutegetsi bwawo bwigenga mu bice bimwe bimwe byo mu burasirazuba bwa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo. 📄⚠️

Iyo raporo igaragaza ko mu mezi aheruka, umutekano warushijeho kuzamba kubera ko impande zihanganye – ingabo za Leta (FARDC) na M23 – zagiye zigabanaho ibitero ku rugero rudasanzwe. 🔫🔥 Ibi bikaba byaratumye abasivile benshi bahunga, abandi bagahitanwa n’intambara, mu gihe ibikorwa remezo bikomeza gusenywa.

🧭 Gushinga “ubutegetsi” mu bice yafashe

Inzobere za ONU zivuga ko M23 itagishira imbere gusa urugamba rwa gisirikare, ahubwo yatangiye gushyiraho inzego zisa n’ubutegetsi: gukusanya imisoro, kugenzura urujya n’uruza, no kwivanga mu mibereho ya buri munsi y’abaturage mu duce igenzura. Ibi, ONU ibifata nk’ikimenyetso gikomeye cy’uko uwo mutwe ushaka kwigenga no kwigira ubutegetsi bwawo. 🏛️

⚔️ Intambara idahagarara
Raporo ivuga ko n’ubwo habayeho ibiganiro n’amasezerano yo guhagarika imirwano mu bihe bitandukanye, impande zombi zagiye zisubira mu mirwano, buri ruhande rushinja urundi kurenga ku byumvikanyweho. Ibi byatumye amahirwe y’amahoro arushaho kuyoyoka. ❌🕊️

👥 Ingaruka ku baturage
Abaturage bo mu bice byibasiwe n’intambara barakomeje kwibasirwa:
Abimukira n’impunzi biyongera umunsi ku wundi 🚶‍♂️🚶‍♀️

Ibura ry’ibiribwa n’ubuvuzi 🍚🏥
Abana batabona ishuri 📚

🌍 Impungenge mpuzamahanga
ONU ivuga ko uko ibintu bihagaze bishobora gushyira mu kaga umutekano w’akarere kose, igasaba amahanga kongera igitutu mu bya dipolomasi no gushakira umuti urambye ikibazo cyo mu burasirazuba bwa Congo.

👉 Wowe ubibona ute? Ese aya makuru ya ONU ashobora gutuma haba intambwe nshya iganisha ku mahoro, canke intambara izakomeza gufata indi ntera? Tanga igitekerezo cawe. 💬

🫣Intambara y'isi ya 3 mu maso ya benshi.Ibinyamakuru nka The New times, Le figaro co mu bufaransa, RFI na Bbc vyaciye ku...
07/01/2026

🫣Intambara y'isi ya 3 mu maso ya benshi.

Ibinyamakuru nka The New times, Le figaro co mu bufaransa, RFI na Bbc vyaciye ku ruhande ivyoba hamwe Uburusiya 🇷🇺 bwoshwana na Amerika🇺🇸 vy'ukuri.

🤗 Amerika yagiriza uburusiya ko bufise ubwato bunini bukura igitoro muri Venezuela 🇻🇪 bukagicana mw'ibahari Atalantike kandi ataburenganzira bafise.

Kuba ubwo bwato bwabo "Marinera" bwatakariye muri iyo bahari, maze bakarungika vyihuse ubundi burimwo abasirikare bagiye kuburondera babifata nk'ugusotorana gushobora gutuma isi yose ihabonera.

🤦🏻‍♂️Ngo aho impfizi 2 zirwaniye ubwatsi nibwo buhasigara? Ibihugu vyinshi biriko vyerekana ko igitoro n'ubutare ari urukiza kuri vyo maze bigakoresha inguvu nyinshi mu kuvyibikako nk'uko umumenyeshamakuru Jean Pierre Boris akorera RFI abivuga.

Musomyi, wewe ubibona gute?

.M.I News

Museveni avuga ko yakubita Amerika mu ntambara yo ku butaka==Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yatangaje ko igisirika...
07/01/2026

Museveni avuga ko yakubita Amerika mu ntambara yo ku butaka
==
Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yatangaje ko igisirikare cy’igihugu cye (UPDF) gifite ubushobozi bwo gutsinda ingabo za Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe ibihugu byombi byasakirana mu ntambara yo ku butaka.

Ibi Museveni yabigarutseho ubwo yabazwaga ku ishimutwa rya Perezida Nicolás Maduro wa Venezuela, ryakozwe na Amerika, icyo ryasigiye abategetsi ba Afurika.

  nawe ngo " Iyo UPRONA itwara neza , iba igitwara Igihugu nubu , nkakurya Kwa CCM Yomuri Tanzanie, Kuva mu 60 Ariyo itw...
07/01/2026

nawe ngo " Iyo UPRONA itwara neza , iba igitwara Igihugu nubu , nkakurya Kwa CCM Yomuri Tanzanie, Kuva mu 60 Ariyo itwara Igihugu, mugabo ubwicanyi nibwo bwabakozeko , Abarundi ntibagoye Ubaha amahoro bakikorera , mugabo uciye ufata abantu ukica nkimpene bivyara inzika mubandi , Urazi ko Ntega na marangara hasigaye Abagore gusa abagabo babishe ? Igihugu gipanze ukabwira abantu ati Urime wimbure... , uvyare uheke... , IMANA iguhezagire . Aho barakwumvira Ukabayobora neza . Rero UPRONA niyo yikuye kubutegetsi "

Iri ni jambo Aherutse gushikiriza Mukiganiro yahaye Abamenyesha makuru , aho yavuze kubintu bitandukanye .

Ese nawe wumva yavuze Ukuri ?

• Nubwo birukwo, twibagirwe akahise maze Twubake Uburundi mubumwe Ntangere, nitwananirwa kwibagigwa akahise bizotugora cane Gukorera hamwe kugira duteze Imbere Igihugu cacu Nkabarundi .

"Même si c’est ainsi, oublions le passé et construisons le Burundi dans l’unité sans exclusion. Si nous échouons à oublier le passé, il nous sera très difficile de travailler ensemble pour développer notre pays en tant que Burundais."

🇻🇪🔴| Igitero ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Caracas cafashe Prezida wa Venezuela Nicolas MaduroDonald Trump, umukuru ...
03/01/2026

🇻🇪🔴| Igitero ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Caracas cafashe Prezida wa Venezuela Nicolas Maduro

Donald Trump, umukuru w'igihugu wa Amerika yamenyesheje ko Maduro yafashwe co kimwe n'umukenyezi wiwe maze batwarwa hanze y'igihugu cabo.

Yamenyesheje ko aza gutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho aza gutanga ido n'ido ku vyabaye.

Henshi kw'isi, abantu bafashe ijambo berekana gutangara, kudatahura no gutera ivyatsi ingendo y'igihugu gifata Umukuru w'Igihugu w'ikindi, kimusanze iwe, kikagirako kikamugira imbohe hanze y'igihugu ciwe.

.M.I.News

đź’°đź§ľ "Turasavye arya mafaranga yari agenewe kwubaka amazone akurikiranwe n'inzego zibijejwe, uwo bizoboneka ko atayakoresh...
30/12/2025

đź’°đź§ľ "Turasavye arya mafaranga yari agenewe kwubaka amazone akurikiranwe n'inzego zibijejwe, uwo bizoboneka ko atayakoresheje ibikwiye akamwagira ayasubize ku neza y'igihugu"
--------------------------------------------
👆🏿Ico ni igisabo c'Abakenguzamateka aho bavuga ku bijanye n'amafaranga imiriyoni 220 z'amarundi yari agenewe kwubaka buri biro vya zone imwe imwe

🏛️ Hari ku wa 27 Kigarama 2025, ku cicaro c'Inama i , aho Alain Ndikumana, umushikiranganji w'ikigega ca Reta, yari ahejeje kubasaba ko boja kwisuzumira nimba amazone yubatswe yoba ahuriranye n'imiriyoni 220 Fbu kuri biro vya zone imwe imwe ubwo bushikiranganji bwatanze kugira ngo zubukwe

🗣️ Kuri ico gisabo, umukenguzamateka Sabine Ntakarutimana yagize ati: "Ko amafaranga yatanzwe ngo yubake amabiro y'amazone yaheze, tukaba tubona hariho amabiro atarahera kwubakwa, n'ayubatswe ugasanga nta bikoresho agira, inzego zibijejwe nizikurikirane arya mafaranga. Uwo yagira, hakaboneka n'ibimenyamenya ayasubize ku neza y'igihugu, maze igihugu kigatunganywa neza, umwenegihugu akaronka ico yategerezwa kuronka"

🤝 Mu kumwunganira, Gervais Ndirakobuca, umukuru w'inama nkenguzamateka, yavuze ati: "Naho twatowe ngo duserukire abenegihugu, ntituri abahinga mu bijanye no gusuzuma ibiciro vy'ibintu vyubatswe. Nyakwubahwa mushikiranganji, mworaba ubugenduzi bukuru bw'igihugu bukagenda mu kigo mwahaye isoko yo kwubaka amazone, bugasuzuma utunenge twose twagiye mu gutanga amasoko n'ivyagiye biracererwa."

📌 Mu gusozera, Ndirakobuca agira ati: "Bakwiye gusuzuma ayo mafaranga iyo yagiye, bagasuzuma amakonti yose yaciyeko. Hanyuma, mwen'ikonti akabazwa ico amafaranga yaranguye, akibuze agafatwa, hama nawe agafatana n'uwo bayagabuye. Bidakozwe mu maguru masha, tuzosanga n'ubundi ayo mafaranga yagiye nk'uko n'ayandi yama yagiye"

🗨️ Musomyi, ubivuzeko iki?

.M.I.News

30/12/2025

ITANGAZO

1. FOMI nta menace canke iterabwoba iriko iragira ku mushikiranganji w’ubutunzi kuko isanzwe ikorana neza na Reta y’Uburundi.

2. FOMI itanga ifumbire hisunzwe amasezerano ifitaniye na Reta y’Uburundi. Mur’ayo masezerano ibiharuro biba ari ivy’ibanze, ibiharuro nyezina MINEAGRIE ibimenyesha FOMI abarimyi bahejeje kuriha amahera y’ibanze ariyo vansi. Kubera ihimiriza rya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi adasiba guhamagarira abarundi bose kwijukira uburimyi, ibiharuro vy’ifumbire ikenewe vyagiye biraduga kumwaka kumwaka. Uyu mwaka wa 2025ABC ibiharuro vyaduze ibice vyababa 20% nk’uko ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe Uburimyi buvyerekana. Birashika aho abarimyi basaba ifumbire irenze iyiri mu masezerano kandi nivyo bikunda kuba. Kw’isizeni yose iyo ibiharuro biduze bigasumba ibiri mumasezerano Reta irabimenyesha FOMI. Reta ica ikora amatike ahuriranye n’ibiharuro vyose.

3. FOMI itanga ifumbire gushika kumurimyi muri zone ikoranye n’abakozi bashizweho n’ubushikiranganji bujejwe Uburimyi (distributeurs zonaux). FOMI itanga ifumbire ku murimyi nawe agaha FOMI agatike yahawe na Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’Uburimyi kerekana ifumbire aba yagomboye. Twomenyesha kandi ko ububiko bw’ifumbire ihabwa abarimyi butari muntara, buri mumazone kandi ababujejwe bashizweho n’Ubushikiranganji bujejwe Uburimyi.

4. Reta iriha FOMI yisunze ubutike yonyene yemeje ko ariyo yabuhaye abarimyi kandi imaze gusuzuma neza ikabona ko ari ubw’ukuri.

5. Amahera arihwa n’abarimyi kw’ifumbire (avance na solde) ntaja mukigega ca FOMI, aja mukigega ca Reta cagenewe kuyakira (PNSEB), akazoshikira FOMI ifumbire imaze gushikira abarimyi. FOMI irihwa amafranga ahuye n’ifumbire yahaye abarimyi.

6. FOMI iripfuza ko umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta yoshira imbere ibiganiro gurtyo bikamufasha gushikiriza amakuru atohojwe neza. FOMI iriteguye gutanga umuco ku mushikiranganji w’ikigega ca Reta mugihe yoba abikeneye.

Address

10 Avenue No10
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when P.M.I News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share