03/10/2023
🟠 Burya umutahe munini ni ivyiyumviro vyawe ‼
------------------------------------------------------------------------
Yahisemwo ubworozi bw’inkwavu kuberako busaba umutahe muto budakenera fond de roulement nini. Uyo ni Uwimana Jean Kelly Jean Royal asanzwe aba aha mu gisagara ca . None vyagenze gute ngo ashike kuri uwo mugambi ! Aho ahereje amashure yisumbuye muri 2021, yaragerageje kurondera akazi arabura. Inyuma y’umwaka n’igice ariko ararondera akazi yahavuye yitaba akamo k’Umukuru w’Igihugu atera aba jeune ko kwihangira imirimo, nawe aca yigira inama yo kutabandanya arondera akazi ahubwo akishingira umugambi w'ikintu kizomubeshaho kizomutuma afasha abandi yongere anafashe igihugu kuko ubuzi ari inkehwa. Niko guca ahitamwo gukorera mugisata c’uburimyi n’ubworozi.
🎙 Kelly mukiganira yahaye agira ati « Burya umutahe munini ni ivyiyumviro vyawe » gutyo umutahe wa mbere aba arawuronse kuko yamaramaze kubona ikintu agiye gukora m’ubuzima bwiwe. Inyuma yo kwihweza uburyo bwiwe uko bw’ifashe niko guca ahitamwo kworora inkwavu 🐇kuko atamutahe mu nini yarafise. Kubera ico kibazo nyene yaciye yiha intumbero yo kuzokwikora kumaboko yiwe maze akazo hera hasi mu kwikorera ivyo vyose yarakeneye. Avuga ko naho ivyo yari yarize kwishure bitari bihuye nivyo yashaka gukora, ishaka n’umwete vyaramufashije kubigerako. Yarashoboye kwiyubakira inzu y’inkwavu🐇 ya kijambere ishobora kw’imurwa. Avuga ati : « harageze yaho nkora ibintu ukamengo nigiye ibintu vy'ukubaza ariko kubera vyose vya tumwe n’ishaka n’umwete narabikoze ».
💪N’ubwo umugambi wiwe ukiri mu ntango akaba amaze amezi ane utanguye, Rabbit King nkuko bamutazira, avuga ko yihaye ihangiro yo kubishiramwo umwete n’ishaka kugira azotere imbere. Amenyesha kandi ko agikeneye vyinshi yiga kuvyerekeye ubworozi bw’inkwavu🐇. Arafise mbere n’umugambi wo kuzokora ibijanye n’uburimyi. Arakeneye ubufasha bwo mutuma arushiriza gutera imbere. Nko kuzoronka isoko yaho azoshorera izo nkwavu🐇, aho azoshorera amaganga y’inkwavu canke mbere aho yoshobora gukarihiriza ubumenyi kubijanye n’ubworozi bw’inkwavu🐇.
📣 Agrotvburundi ikaba iguteye intege ika kwifuriza kubandanya ufise uwo mwete n’ubwira, akaba arivyo bizotuma ushika kuvyo wifuza ❗
Musomyi wumva nawe womwifuriza iki ❓