10/12/2025
Kubera iki ibiciro biguma hejuru naho i dorari ry’Abanyamerika (USD) ryagabanutse igiciro ugereranije n’ifaranga ry’uburundi(BIF) kw’isoko ryo mu kinywabi (marché noir)?
Haraheze iminsi abantu bibaza igituma ibiciro bidashaka kumanuka kumasoko yo mu Burundi na cane cane ibidandazwa bigurirwa hanze y’I Gihugu n’aho USD yagabanutse. Ng’izi zimwe mu mpamvu zibituma:
1️⃣ Abadandaza ntibihuta kugabanya ibiciroBatinya ko USD yosubira kuduga, bakagira uruhombo. Ni co gituma barindira imbere yo guhindura ibiciro.
2️⃣ Ibicuruzwa biri mu bubiko vyaraguzwe ku giciro kiri hejuruAbadandaza bavuga bati: “Reka tubanze dusohore ivyatuzimvye.”
3️⃣ Ibiciro vyo kwiyunguruza n’ibitoro ntivyagabanutseAmafaranga yo kwiyunguruza no kwunguruza ibidandazwa , amatagisi, n’ibindi bishingiye ku gutwara ibidandazwa vyagumye hejuru. No gukotesha aho bakorera biracari hejuru.
4️⃣ Isoko rirakorera ku bwobaUmudandaza afise ubwoba bw’uko ejo ibiciro vyosubira hejuru, aca akomeza ibiriho kugira akingire inyungu ziwe.
💡 Umwihwezo:
Ibiciro biraduga vuba cane iyo USD izamutse, ariko kubigabanuka bisaba igihe n’ugutekana kw’isoko.