InaMuco-Menya

InaMuco-Menya iNaMUCO ni urubuga hwaniro aho duhanahana ubumenyi bushingiye cane cane kuvy'ubutunzi mu rurimi rwacu kavukire

Kubera iki ibiciro biguma hejuru naho i dorari ry’Abanyamerika (USD) ryagabanutse igiciro ugereranije n’ifaranga ry’ubur...
10/12/2025

Kubera iki ibiciro biguma hejuru naho i dorari ry’Abanyamerika (USD) ryagabanutse igiciro ugereranije n’ifaranga ry’uburundi(BIF) kw’isoko ryo mu kinywabi (marché noir)?

Haraheze iminsi abantu bibaza igituma ibiciro bidashaka kumanuka kumasoko yo mu Burundi na cane cane ibidandazwa bigurirwa hanze y’I Gihugu n’aho USD yagabanutse. Ng’izi zimwe mu mpamvu zibituma:

1️⃣ Abadandaza ntibihuta kugabanya ibiciroBatinya ko USD yosubira kuduga, bakagira uruhombo. Ni co gituma barindira imbere yo guhindura ibiciro.

2️⃣ Ibicuruzwa biri mu bubiko vyaraguzwe ku giciro kiri hejuruAbadandaza bavuga bati: “Reka tubanze dusohore ivyatuzimvye.”

3️⃣ Ibiciro vyo kwiyunguruza n’ibitoro ntivyagabanutseAmafaranga yo kwiyunguruza no kwunguruza ibidandazwa , amatagisi, n’ibindi bishingiye ku gutwara ibidandazwa vyagumye hejuru. No gukotesha aho bakorera biracari hejuru.

4️⃣ Isoko rirakorera ku bwobaUmudandaza afise ubwoba bw’uko ejo ibiciro vyosubira hejuru, aca akomeza ibiriho kugira akingire inyungu ziwe.

💡 Umwihwezo:

Ibiciro biraduga vuba cane iyo USD izamutse, ariko kubigabanuka bisaba igihe n’ugutekana kw’isoko.

Address

Bujumbura

Telephone

+25771645459

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when InaMuco-Menya posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to InaMuco-Menya:

Share