
27/06/2025
Ngabirano Fleurisse yinjiye mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2025
📍Kuri uyu wa 26 Ruheshi 2025 ,ishirahamwe Ingo Magazine, rirongoye ihiganwa rya Miss Burundi, ryamenyesheje ko Ngabirano Fleurisse, afise inomero 46 , yemejwe ko yinjira mu gice ca nyuma c’iryo higanwa.
Iyo ngingo yafashwe n’umugwi ujejwe gutanga amanota inyuma y’uko Kenguruka Delia Chainez Ketina yikuye mu mahiganwa ku mvo zijanye n’amagara yiwe.
Nk’uko bimenyeshwa n’abarongoye iryo higanwa, Ngabirano Fleurisse aciye asubirira Delia kugira ngo igitigiri c’abigeme bazohiganirwa ikibanza ca Miss Burundi kigume ari 15, nk’uko vyari vyarateguwe kuva kera.
🗓️ Gice ca nyuma c’iryo higanwa, ni ukuvuga finale, kizobera kw’igenekerezo rya 25 Mukakaro 2025.
🎯 Ihiganwa rya Miss Burundi rifise intumbero yo guteza imbere umukenyezi w’Uburundi, kumufasha kwerekana impano ziwe no kuba icicaro c’ihinduka mw’iterambere ry’igihugu.