
30/06/2025
🔔 Papa Léo wa XIV yahaye umubonano Jonathan Roumie, umukinyi w’ireresi ya Yezu/Yesu
Vatikano – Ku wa gatatu, igenekerezo rya 25 Ruheshi 2025, umwungere wa Ekleziya Gatolika kw’isi, Papa Léo wa XIV, yahaye umubonano udasanzwe Jonathan Roumie, umukinyi azwi cane kubera ko yaserukiye Yezu Kristu mu reresi yamamaye kw’isi yose yitwa The Chosen ("Abatowe").
Iyo reresi, imaze kurabwa n’abantu barenga 280 miliyoni kw’isi yose, yerekana ubuzima n’inkuru y’agakiza ya Yezu/Yesu, uko yash*tse mu bantu, yakora ibitangaro, yigisha urukundo n’ukwishikana.
Jonathan Roumie, Umunyamerika afise inkomoko muri Egyputa na Irlande, yash*tse i Vatikano aherekejwe n’umuryango wiwe hamwe n’abagenzi bakinana muri iyo sinema. Bari bitavye umubonano rusangi w’abantu isinzi wahurikiye ku rubuga rwa Mutima wa Petero (Place Saint Pierre). Abari aho benshi baratangaye kumubona, kuko asanzwe amenyerewe nka "Yezu" muri iyo sinema, akaba n’umuntu afise ubuzima bwo kwemera bukomeye.
🎙️ Ivyavugiwe mu mubonano na Papa
Roumie yashikirije ko gukina igikorwa ca Yezu vyamugize umukozi w’Imana kurusha uko yavyiyumvira. Yavuze ati:
“Gukina uwo muntu afise ububasha n’inkomezi vy’Imana vyatumye ndushirizaho kwemera. Ico gikorwa cambereye umugisha udasanzwe catumye numva ko ubuntu bw’Imana buri kumwe nanje.”
Yongeye avuga ko igihe cose yabona Yezu nk’umuntu yicisha bugufi, yuzuye imbabazi n’urukundo. Ico kimero naco ngo ni co amara imisi agerageza kwigana mu buzima bwiwe bwa minsi yose.
🕊️ Ubutumwa n’intumbero
Urwo rugendo rwari rugamije kwerekana i Vatikano igice ca gatanu c’iyo reresi. Papa Léo wa XIV yashimye cane ico gikorwa, yongera akenguruka uruhara Roumie n’abandi bafise mu gusangiza isi ubutumwa bwa Yezu/Yesu biciye mu vyiyumviro vya none, ariko bifise ishingiro ryo muri Bibiliya.
Roumie, yakuze mu muryango w’abakristu Gatolika, yavuze ko yashimangiye ukwemera kwiwe biciye muri iryo banga. Yagize ati:
“Kumenya Yezu si ukumubona nk’uwuri kure, ahubwo ni ukumwigira hafi, kumenya ivyiyumviro vyiwe, no kwigira ku ndero ziwe.”
🎬 "The Chosen" ikomeza gukwiza ubutumwa
Iyo sinema yabaye igikoresho gikomeye co kwamamaza Inkuru Nziza, cane cane mu runganwe rw’iki gihe. Kuva itanguye, yagiye ikora ku mitima y’abantu benshi, bayiboneramwo inyishu z’ubuzima, ukwizigira, no kugarukira Imana.
---
📰 Ikinyamakuru Vatican News cabaye isôko y’iyi nkuru.
📍