Ijwi ry'Ishengero

Ijwi ry'Ishengero Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Ijwi ry'Ishengero, Media/News Company, Burundi, Gitega.

Ijwi ry'Imana riciye mu bakristu bamurikiwe na Yesu, bamamaza agakiza kandi bakabera isi umuco.
---------------------------------------------
La voix de Dieu à travers des chrétiens éclairés par Jésus, proclamant le salut et portant la lumière au monde.

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Australia, arashimira Imana ko yamushikanye amahoro mu gisagara ca  .Umukozi w'Imana Deni...
05/11/2025

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Australia, arashimira Imana ko yamushikanye amahoro mu gisagara ca .

Umukozi w'Imana Denise Nkurunziza ari mu rugendo rw'ivugabutumwa mu gihugu ca Australia.
Uyu musi igihe yashika muri ico gihugu yakiranywe umunezero n'abarundi bari muri ico gihugu.
Yagize ati : "Abarundi benewacu banyakiranye urweze, ndabakengurukiye cane. Kandi nkizera ko tuzogirana ibihe vyiza cane mu bikorane bitandukanye bitegekanijwe kuva ku musi wa Gatanu gushika ku musi Mungu."

Yaboneyeho gutumira abari mumicungararo y'ico gihugu kwitaba igikorane.


Ishirahamwe rukristo Harvest Initiatives ryaremesheje ikiganiro ku ba menyeshamakuru kuri uno wa Kabiri, igenekerezo rya...
15/10/2025

Ishirahamwe rukristo Harvest Initiatives ryaremesheje ikiganiro ku ba menyeshamakuru kuri uno wa Kabiri, igenekerezo rya 14/10/2025.

Intumbero y'ico kiganiro kwari kuvuga yubire y'imyaka 25 iryo shirahamwe rukristo rimaze rivutse, muvyo baranguye muriyo myaka, hamwe n'ihangiro bafise mu myaka iri imbere.

Umwungere Donatien NDAGIJIMANA, akaba ariwe arirongoye ku rwego rw'igihugu yatanze icegeranyo c'ibikorwa baranguye muriyo myaka navyo akaba ari: kuvuga ubutumwa hagati mu ntara z'igihugu biciye mu migwi y'abimbuzi, gutegura abavugabutumwa bari mu mashengero mu kubaha inyigisho, gufasha abatwa mu kubashira mw'ishure, eka no kwitaho muri rusangi ba ntahonikora mu buryo bw'impwemu no mu buryo bw'umubiri.

Mwomenyako iryo shirahamwe Harvest Initiatives ryavutse mu 2000, ritanguzwa n'umwungere Onesphore MANIRAKIZA ari kumwe n'abanyeshure bo muri kaminuza y'uburundi bashika indwi.

Mugutangura igikorwa co guteragira imbuto, Umutambikanyi w'Umuhisi Petero Nkurunziza yahoze arongoye igihugu c'uburundi,...
11/10/2025

Mugutangura igikorwa co guteragira imbuto, Umutambikanyi w'Umuhisi Petero Nkurunziza yahoze arongoye igihugu c'uburundi, yatanguye asenga Imana agira ati : " Ndashima Imana ko uyu musi naronse akaryo ko kwishikira mu mirima guteragira ibiyoba.
Imana ibane n’abarimyi bose bariko barasohora imbuto.

Ndabipfurije kuzogira ikiganza ciza muri kano Gatasi."

Musomyi uvyakira gute ?

Pour réussir, tu dois te fortifier, prendre courage, obéir à la parole Divine, la lire et l'étudier constamment. (Josué ...
23/08/2025

Pour réussir, tu dois te fortifier, prendre courage, obéir à la parole Divine, la lire et l'étudier constamment. (Josué 1:6-8)

Aujourd'hui les Méthodistes Libre, célébrent 165 ans d'engagement au service de notre Seigneur.C'est pour eux un bon mom...
23/08/2025

Aujourd'hui les Méthodistes Libre, célébrent 165 ans d'engagement au service de notre Seigneur.

C'est pour eux un bon moment pour réfléchir aux innombrables bénédictions et opportunités que le Seigneur leur a, données pour avoir un impact significatif dans la vie des autres.
Ensemble, continuons ce chemin avec une énergie renouvelée, en nous efforçant chaque jour de vivre selon Ses enseignements.

🔔 Papa Léo wa XIV yahaye umubonano Jonathan Roumie, umukinyi w’ireresi ya Yezu/YesuVatikano – Ku wa gatatu, igenekerezo ...
30/06/2025

🔔 Papa Léo wa XIV yahaye umubonano Jonathan Roumie, umukinyi w’ireresi ya Yezu/Yesu

Vatikano – Ku wa gatatu, igenekerezo rya 25 Ruheshi 2025, umwungere wa Ekleziya Gatolika kw’isi, Papa Léo wa XIV, yahaye umubonano udasanzwe Jonathan Roumie, umukinyi azwi cane kubera ko yaserukiye Yezu Kristu mu reresi yamamaye kw’isi yose yitwa The Chosen ("Abatowe").

Iyo reresi, imaze kurabwa n’abantu barenga 280 miliyoni kw’isi yose, yerekana ubuzima n’inkuru y’agakiza ya Yezu/Yesu, uko yash*tse mu bantu, yakora ibitangaro, yigisha urukundo n’ukwishikana.

Jonathan Roumie, Umunyamerika afise inkomoko muri Egyputa na Irlande, yash*tse i Vatikano aherekejwe n’umuryango wiwe hamwe n’abagenzi bakinana muri iyo sinema. Bari bitavye umubonano rusangi w’abantu isinzi wahurikiye ku rubuga rwa Mutima wa Petero (Place Saint Pierre). Abari aho benshi baratangaye kumubona, kuko asanzwe amenyerewe nka "Yezu" muri iyo sinema, akaba n’umuntu afise ubuzima bwo kwemera bukomeye.

🎙️ Ivyavugiwe mu mubonano na Papa

Roumie yashikirije ko gukina igikorwa ca Yezu vyamugize umukozi w’Imana kurusha uko yavyiyumvira. Yavuze ati:

“Gukina uwo muntu afise ububasha n’inkomezi vy’Imana vyatumye ndushirizaho kwemera. Ico gikorwa cambereye umugisha udasanzwe catumye numva ko ubuntu bw’Imana buri kumwe nanje.”

Yongeye avuga ko igihe cose yabona Yezu nk’umuntu yicisha bugufi, yuzuye imbabazi n’urukundo. Ico kimero naco ngo ni co amara imisi agerageza kwigana mu buzima bwiwe bwa minsi yose.

🕊️ Ubutumwa n’intumbero

Urwo rugendo rwari rugamije kwerekana i Vatikano igice ca gatanu c’iyo reresi. Papa Léo wa XIV yashimye cane ico gikorwa, yongera akenguruka uruhara Roumie n’abandi bafise mu gusangiza isi ubutumwa bwa Yezu/Yesu biciye mu vyiyumviro vya none, ariko bifise ishingiro ryo muri Bibiliya.

Roumie, yakuze mu muryango w’abakristu Gatolika, yavuze ko yashimangiye ukwemera kwiwe biciye muri iryo banga. Yagize ati:

“Kumenya Yezu si ukumubona nk’uwuri kure, ahubwo ni ukumwigira hafi, kumenya ivyiyumviro vyiwe, no kwigira ku ndero ziwe.”

🎬 "The Chosen" ikomeza gukwiza ubutumwa

Iyo sinema yabaye igikoresho gikomeye co kwamamaza Inkuru Nziza, cane cane mu runganwe rw’iki gihe. Kuva itanguye, yagiye ikora ku mitima y’abantu benshi, bayiboneramwo inyishu z’ubuzima, ukwizigira, no kugarukira Imana.
---

📰 Ikinyamakuru Vatican News cabaye isôko y’iyi nkuru.
📍

Retour historique sur la croisade de Billy Graham à Londres : un héritage qui se perpétue avec Franklin Graham📍 Londres,...
21/06/2025

Retour historique sur la croisade de Billy Graham à Londres : un héritage qui se perpétue avec Franklin Graham

📍 Londres, 21 juin — En 1989, l’évangéliste mondialement connu Billy Graham foulait une dernière fois le sol londonien pour y tenir ce qui allait devenir sa dernière croisade dans la capitale britannique. Un événement historique qui a marqué des générations bien au-delà du Royaume-Uni.

Pendant plusieurs jours, plus de 375 000 personnes se sont rassemblées à Londres pour entendre un message d’espoir centré sur Jésus-Christ. Mais l’impact de cette croisade a largement dépassé les frontières de la ville grâce à la technologie de l’époque : plus de 800 000 participants dans plus de 200 sites interconnectés à travers le Royaume-Uni et la République d’Irlande ont suivi les enseignements en direct par satellite. Le message s’est également propagé jusqu’à 13 pays africains, atteignant plus de 16 000 lieux de retransmission.

Au total, on estime que plus de 25 millions de personnes ont entendu l’Évangile durant l’été 1989, que ce soit par la croisade elle-même ou par les diffusions mondiales organisées en parallèle dans le cadre du programme Mission Monde. Bien que le monde ait profondément changé depuis, le message intemporel de l’Évangile continue de transformer des vies.

🎤 Ce samedi 21 juin, c’est Franklin Graham, fils de Billy Graham, qui prendra le relais lors du God Loves You Tour à Londres. Fidèle à l’héritage spirituel de son père, il partagera un message d’espérance éternelle en Jésus-Christ, invitant une nouvelle génération à découvrir la puissance de l’amour de Dieu.

🌍🌍 Ishengero Méthodiste Libre mu   ryiyemeje kubungabunga isi mugutanguza umugambi w’ivy’ibidukikije---  – Ishengero Mét...
19/06/2025

🌍🌍 Ishengero Méthodiste Libre mu ryiyemeje kubungabunga isi mugutanguza umugambi w’ivy’ibidukikije
---

– Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi rigiye gutangura ikirangaminsi gishasha mu bikorwa vyaryo vy’ivy’impwemu n’ivyo gufasha igihugu, biciye mu gushira ahabona umugambi munini w’ivy’ibidukikije witwa: «Igikorwa c’Ishengero mu gutunganya no kubungabunga isi». Uwo mugambi ushingiye ku butumwa bwo muri Bibiliya (Itanguriro 2:15) aho Imana yashinze umuntu kurima isi no kuyirinda.

Uwo mugambi werekana ukwiyemeza kw’IMLB mu gukingira ibidukikije, guteza imbere uburyo burama bwo gukoresha umutungo kamere, no gushika ku bantu benshi babwirizwa kumenya uruhara rwabo mu kurengera isi, haba mu matorero canke mu buzima rusangi.

📅 Ibirori vyinshi vyateguwe mu rugendo rw’ugukingira ibidukikije :

🔹 Igenekerezo rya 18, 19 na 20 Ruheshi, hazoba ibikorwa vy’uguhanura no kwigisha ku bijanye n’ibidukikije mu mashure, insengero n’ibigo vyose bifitaniye isano n’ishengero, hirya no hino mu gihugu. Inyigisho zizoba zigamije gutuma abanyeshure, abigisha, n’abakristu baserukira icese uruhara rwabo mu guhangana n’ihindagurika ry’ibihe n’ubuzima burama.

🔹 Ku wa 20 Ruheshi, isaha icumi (16h00), hazoca ikiganiro kihariye kica kuri Radio Ijwi ry’Ivyo Kwizigirwa (FM 94.3 na 107.8), giyobowe na Monseigneur Deogratias Nshimiyimana, umutambukanyi mukuru w’IMLB. Ico kiganiro kizoshikirizwa no kuri Facebook, urubuga rwa radiyo hamwe n’application ya Radio Garden. Hazohozwa insiguro y’ivya tewolojiya n’ivy’ibidukikije bijanye n’uwo mugambi.

🔹 Ku wa 28 Ruheshi, hazobera ibirori vy’itanguriro ry’uwo mugambi mu Kigo kijejwe Gushiraho Imigambi y’Iterambere Rirama (CPDI) kiri Ngagara, Zone 2, hafi y’Université Espoir d’Afrique. Uwo munsi uzotangurwa n’inama y’ukwihweza hamwe n’abarongoye amatorero, hanyuma hoba igikorwa kinini co gutera ibiti mu mashure no mu nsengero zitandukanye z’ishengero.

Uwo mugambi w’IMLB ugamije gufata iya mbere mu kurwanya isambuka ry’ibidukikije, gufasha gusubiza ubuzima mw’isi, no guteza imbere ukwemera guhuza n’ibikorwa vy’ukwubahiriza iterambere rirama.

🙏 Ishengero rirahamagarira abakirisu bose n’abakunda ibidukikije gufatanya muri uru rugamba rwo kuramira ivyo Imana yaremye, mu kwemera, urukundo, n’uruhara rusangi.
---






"Green Pastures" imaze imyaka 10 igwiza ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana mu  Kugira ngo umukirisu asanzwe aronke ubushobozi b...
09/06/2025

"Green Pastures" imaze imyaka 10 igwiza ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana mu

Kugira ngo umukirisu asanzwe aronke ubushobozi bwo gutahura neza Bibiriya no kubaho nk’uko Imana ibishaka ni yo ntumbero nyamukuru y’umushinge "Green Pastures" (greenpastures.bi), kimwe mu bikorwa vya Little Flock Ministries. Uwo mushinge umaze imyaka icumi utera imbere mu gushinga imizi mu guhanahana ubumenyi bw’ijambo ry’Imana mu Burundi.

👥 Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 7 Ruheshi 2025, Pasteur Nikiza Jean-Apôtre, umuhanuzi w’umutima n’umuyobozi w’iryo shirahamwe rishingiye ku kwemera, yahuye n’itsinda ry’abapasitori n’abagwizatunga bakijijwe kuri Hôtel Le Chandelier i Bujumbura, aho yashikirije igitabu gishasha yanditse citwa: "Ubwatsi Butotahaye bwo mw’Isezerano rya Kera".

📚 Ico gitabu, kigizwe n’ibice bibiri (Volume 1 & 2), gisobanura mu buryo burambuye inyigisho zo mw’Isezerano rya Kera. Ni igikoresho kigenewe gufasha abasuku b’Imana, harimwo abadasanzwe baronse amahirwe yo kwiga amashure ndoramana, gutahura neza ubutumwa buri muri Bibiriya.

💬 Muri uwo muhango, haragaragajwe akamaro k’ico gitabu, cane cane mu kurwanya ubushomeri bw’inyigisho zifatiye ku rurimi rw’Ikirundi, gufasha abapasitori bo mu gihugu hagati, hamwe no gutera intege urwaruka rwaba ruri mu bisagara canke mu mpisho z’ivyo vyigisho.

✅ Ico gitabu kiritezwe gufasha benshi: abapasitori, abanyeshure, abigisha b’Ijambo ry’Imana hamwe n’abakirisu bose bipfuza gukura mu buryo bw’impwemu. Abari bitavye barakiranye igishika iryo tangazo, bongera berekana ko bategerezwa kubishigikira.

☎️ Kubafise inyota yo kugira ico babaza canke bashaka gushigikira ico gikorwa ciza, barashobora kwandikira kuri [email protected] canke guhamagara kuri nimero (+257) 76 780529.

---

Uyu musi igenekerezo rya 09 Ruheshi 2025, ni ho hahimbazwa ku mugwa mukuru wa'Intwaro, umusi mukuru wahariwe gukunda no ...
09/06/2025

Uyu musi igenekerezo rya 09 Ruheshi 2025, ni ho hahimbazwa ku mugwa mukuru wa'Intwaro, umusi mukuru wahariwe gukunda no gukundisha igihugu. Ni nawo musi abarundi twibuka ku ncuro igira gatanu umuhisi Perezida Petero Nkurunziza yashengeye kw'igenekerezo rya 8 Ruheshi 2020.

Muri ivyo Birori, Révérend Olivier IRAKOZE yasiguye ijambo ry'Imana yibukije abizera Kristo ko twese tuzopfa kandi umwe wese azotanga icegeranyo c'ibikorwa yakoze akiriho.
Ibikorwa bibaye vyiza, impembo izoba nziza. Ariko bibaye bibi impembo izoba mbi.
Kuko umuntu wese rero azobazwa ivyo yakoze, ukwizera Imana nigushigikirwe n'ibikorwa vyiza bihimbara Imana bikabera n'abandi umuco. Ukwo nikwo guharura neza imisi yacu.

Inyuma yo gushira ingori z'amashurwe ku ntatemwa y'umuhisi Perezida Petero Nkurunziza, abitavye ivyo birori bakurikiye ijambo yigeze gushikiriza aho agaruka ku civugo caranze ingoma zose z'Uburundi, ari co "Imana, Umwami, Uburundi". Ni muri iryo jambo nyene Perezida Petero Nkurunziza avuga ko ubumwe bw'Abarundi bwamye bubaranga mu buzima bwa misi yose, ko imicokama yamye ari ishingiro ry'intwaro; agaca ahamagarira Abarundi kwama bagendera na ntaryo imico n'akaranga vy'igihugu cacu, kureka kuzera inze mu kwemera imfashanyo zibaka agateka no kureka kwisamburirako nk'impene. Agahimiriza kandi Abarundi bahunze igihugu gutahuka mu gihugu c'amavukiro.

Pentekote 2025: Umuryango usigwa na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza waifatanije n’ishengero ry'Urutare (Eglise du Rocher...
08/06/2025

Pentekote 2025: Umuryango usigwa na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza waifatanije n’ishengero ry'Urutare (Eglise du Rocher) mu kwibuka imyaka 5 iheze Petero Nkurunziza ashengeye.

Kuri uyu musi mukuru wa Pentekote, umuryango usigwa na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza warakoraniye hamwe n’abakristu bo mw’ishengero Eglise du Rocher , mu gusenga no kuramya Imana, aho banashimiye Umukama ku myaka itanu iheze uwo muhisi akuwe muri bo.

Mw’ijambo ryatanzwe n’Umutambikanyi w’uwo muhisi, Denise Bucumi Nkurunziza, yaragize ati:
"Imana ishimwe yo yari yamuduhaye mu muryango no mu gihugu."

Ico gikorwa cahimbaye cari kirimwo akanyamuneza ko gushimira Imana, ariko kandi kikaba n’akaryo ko kwibuka umurage n’akarorero Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yasize, haba mu muryango no mu gihugu muri rusangi.

08/06/2025

Address

Burundi
Gitega

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ijwi ry'Ishengero posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Ijwi ry'Ishengero:

Share