17/10/2025
💥UMUNEZERO W' UKIJIJWE 🙂🙂
--------- -------- --------- -------- --------Umunezero w' umuntu akijijwe NTUGANZWA N' AMARUSHWA CANK' IBINDI BIGOYE IVY' ARI VYO VYOSE. Tubirabire mur' aya majambo y'Imana :
📖 Bamaze KUBAKUBITA INKONI NYINSHI, babashira mw IBOHERO, babarira umurinzi KUBARINDA CANE. Na we abariwe artyo abashira mu nzu yo hagati, AROBEZA AMAGURU YABO MU MPATANE Z'IBITI. Maze nko mu gicugu 🤌 Paulo na Sila bariko barasenga BARIRIMBIRA IMANA, izindi mbohe zibumva, isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y'inzu y'ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka._*
💥 _Ivyakozwe n'intumwa 16:23-26_
🛑 Paulo na Sila bari mu marushwa menshi bazira Ukuri :
- Gukubitwa inkoni nyishi
- Bari mw' ibohero / agasho
- Barinzwe cane nk'abagizi ba nabi
- Amaguru yabo yar' aboshwe cane (mu mpatane z'ibiti
💥TUVYIBAZEKO GATO:
🤔 Mbega ivyo bihe barimwo vyar' ivyo kuririmba ??
🤔 Mbega aho hantu bari har' aho kuja muri Mpwemu ??
🫴 Ico Tubona co n'uko mu gicugu bashizeko BAGASENGA, kandi BAKARIRIMBA cane n'izindi mbohe zikavyumva. Hakurikiye ibitangaza: isi yaratigise, inzugi z'ibohero ziruguruka, iminyororo ibaboshe iradohoka, Aamen ✅ Imana ishimwe 🙏
🤌🤌 Umunezero wawe ni wiyongere no mu gihe :
- c'amarushwa,
- c' ubukene,
- c'ibibazo vyinshi,
- indwara,....
Ntibikubuze gusenga Imana, Kuyizigira no kuyiririmbir' ishimwe.
‼️👉 Ni wadendebukirwa ku musi w' amagorwa inkomezi zawe zizoba zari nke niko ijambo ry'Imana rivuga, UKWIYE KWAMANA UMUNEZERO, AMAHORO VYO MURI MPWEMU YERA NO MU GIHE C'IVYAGO. IMANA IDUFASHE.
💥 Suivre la chaîne LA VIE CHRÉTIENNE TV / Ubuzima bw'UmuKristo sur WhatsApp : https://whatsapp.com/channel/0029VaABCeA2phHLzGlTAx1r