Inturire

Inturire Sangwa Amakuru, Inkuru N'Ugutwenga !

🔴 Amajana Y'Abajenerari (Amirare) Bose Mu Gisoda Batumweko N'Umushikiranganji W'Intambara Wa USA 🇺🇸 Vyihuse❗➡️ Ibinyamak...
25/09/2025

🔴 Amajana Y'Abajenerari (Amirare) Bose Mu Gisoda Batumweko N'Umushikiranganji W'Intambara Wa USA 🇺🇸 Vyihuse❗

➡️ Ibinyamakuru Bikomeye Muri Amerika Vyemeje Iyo Nkuru.

Abasoda Bose Bakuru Bakuru, Aho Bari Kw'Isi Yose Batumweko Vyihuse Cane N'Uwo Mushikiranganji, Kugira Bazobonane Nawe Mu Ndwi Iza Ku Kigo Ca Gisirikare C'Aba Marines.

Ubwabo, Aba Généraux Hamwe N'Aba Amiraux Batumweko Ntibazi Impamvu.

📌 NI IGIKO WIBAZA KO COBA KIRIKO KIRATEGURWA ❓ NI IKIHE GIHUGU WIBAZA KO COBA KIGIRA GIKORERWEKO ❓

🔴 Swindon M'Ubwongereza, Ahantu Hogiye Ihinguriro Rya Drones Hatewe N'Umuriro Harasha Bikomeye ❗➡️ Ibinyamakuru Bivuga K...
25/09/2025

🔴 Swindon M'Ubwongereza, Ahantu Hogiye Ihinguriro Rya Drones Hatewe N'Umuriro Harasha Bikomeye ❗

➡️ Ibinyamakuru Bivuga Ko Hatanguye Gusha Imprimerie ESP Smile Iri Mu Kibanza C'Amahinguriro Hamwe Ukwiragira Mu Yandi Ma Entrepôts.

Vyabaye Gombwa Ko Ababa Mu Micungararo Yaho Bimurwa Vyimfatakibanza.

👉🏿 Leta Yaheruka Gutangaza Iciyumviro Co Kwugurura Ihinguriro Rya Drones Aho Hitwa Swindon. Ryotanguye Gukora Mu 2026.

🔴️ Missiles 2 Z'Uburinzi Bw'Ikirere « Dôme De Fer » Zahushije Drone Yatewe N'Aba Huti️ 🇾🇪 Muri Israël ️🇮🇱 Ahitwa Eilat.➡...
24/09/2025

🔴️ Missiles 2 Z'Uburinzi Bw'Ikirere « Dôme De Fer » Zahushije Drone Yatewe N'Aba Huti️ 🇾🇪 Muri Israël ️🇮🇱 Ahitwa Eilat.

➡️ Ico Gitero Cahitanye Umuntu Umwe Hamwe N'Abandi 15 Bakomeretse.

📌 Inzego Zijejwe Umutekano Zikaba Zatanguye Amatohoza Inyuma Yaho Missiles Zibiri Z'Uburinzi Bw'Ikirere Dôme De Fer Zinaniriwe Gushwanyaguza Iyo Drone.

❗Izo Missiles Igihe Zaraswa Kuri Iyo Drone, Zayihushije.

🔴« Ousmane Ntiyakunda Ishure... Nimba Mfise Umuduga Mwiza Ni Kubera We. Nimba Hari Ico Dufashisha Bamwe, Ni Kubera We " ...
24/09/2025

🔴« Ousmane Ntiyakunda Ishure... Nimba Mfise Umuduga Mwiza Ni Kubera We. Nimba Hari Ico Dufashisha Bamwe, Ni Kubera We " ❗

Fatimata Dembele, Umuvyeyi Wa Ousmane Dembele Yarafashe Ijambo Inyuma Yaho Umuhungu Wiwe Ahawe Umupira W'Inzahabu.

« Sindi Umuntu Akunda Kwiboneka, Mpitamwo Kuguma Ahatekanye. Iyo Ngiye Kuraba Umuhungu Wanje Ku Kibuga, Ndashobora Kwicara Mu Bantu Ntibamenye Ko Ndi Mama Wa Ousmane. Ntibintesha Umutwe.

Kuva Akiri Muto, Ni Umupira Wo Nyene Uri Mu Mutwe. Ousmane Ntiyakunda Ishure, Yarakurikiranye Ivyigwa Muri Rusangi Muga Ico Yakunda Gusumba Vyose Ni Gukina. Buri Gihe Yaba Afise Umupira Wiwe, Rimwe Na Rimwe Naramutuma Kw'Isoko, We Yaba Afise Umupira Wiwe. ⚽️

Nimba Mfise Umuduga Mwiza, Ni Kubera We. Nimba Hari Ico Dufashisha Bamwe, Ni Kubera We..

Narakoze Cane Kugira Ndihe Ishure Ryiwe, Umupira Wiwe, Naritanze Atakwiyitaho Ku 200% Hama, Uno Musi, Nikwo Ousmane Abikorera Umuvyeyi Wiwe. Aranyitaho Nkuko Nitayeho Abavyeyi Banje. Ubuzima Bwanje Bwarahindutse, Ntitubayeho M'Umusesekara Urenze. Tuguma Turi Abantu Basanzwe. 👏

Umupira W'Inzahabu Ni Ikindi Kintu. No Mu Bwana Bwiwe, Twaravuganye Ibijanye Na Barcelone, Muga Umupira W'Inzahabu.... Ntitwari Bwabigereko !

Le Parisien

🔴 Nguwo Prezida Wa      Kw'Isabukuru Y'Imyaka 65 Igihugu Cikukiye.
22/09/2025

🔴 Nguwo Prezida Wa Kw'Isabukuru Y'Imyaka 65 Igihugu Cikukiye.

🔴 Muri   🇲🇱: Buca Haba Isabukuru Yo Kwikukira, Habaye Ibirori Vya Drones, Abantu Banezerewe Ku Myaka 65 Iheze Bikukiye ❗...
22/09/2025

🔴 Muri 🇲🇱: Buca Haba Isabukuru Yo Kwikukira, Habaye Ibirori Vya Drones, Abantu Banezerewe Ku Myaka 65 Iheze Bikukiye ❗

Izo Drones Zacafye Prezida Wa Mali, Ikarata Y'Igihugu, Indege N'Imiduga Y'Intambara N'Ibindi Bitari Bike.

Hahora Hakora Ama Feux D'Artifice.

🔴🇻🇪 YouTube Yugaye Urubuga Rwa Nicolás Maduro, Prezida Wa Venezuela Ata Nsiguro Itanze ❗➡️ Prezida Nicolas Maduro Yarafi...
22/09/2025

🔴🇻🇪 YouTube Yugaye Urubuga Rwa Nicolás Maduro, Prezida Wa Venezuela Ata Nsiguro Itanze ❗

➡️ Prezida Nicolas Maduro Yarafise Abamukurikirana Barenga 232.000.

📌 Kuva Itariki 19 Nyakanga 2025, Urwo Rubuga Yahora Akoresha Mu Manama Hamwe N'Ibikorwa Vy'Igihugu Rwarafuswe.

🚨 Ukudahuriza K'Umu Chief N'Ahoja Icicaro Gikuru Vyatumye Urunani Rw'Abarabu Rwo Kurwanya Umwansi Nka OTAN Rutabona Izub...
22/09/2025

🚨 Ukudahuriza K'Umu Chief N'Ahoja Icicaro Gikuru Vyatumye Urunani Rw'Abarabu Rwo Kurwanya Umwansi Nka OTAN Rutabona Izuba❗

Uwo Mugambi Bivugwa Ko Ari Misiri Yari Yawutanze.

Ibihugu Vyanse Uwo Mugambi Ni Quatar Iheruka Kuraswa Na Israël Hamwe Na Emirats Arabes Unis Nibo Babizibiye Uwo Mugambi Mu Nama Yabereye I Doha Muri Quatar.

Arabie Saoudite Yashaka Ko Ariyo Yoca Ihabwa Uburongozi Bw'Ubwo Runani Mu Gihe Égypte Yavuga Ko Ariyo Yari Mu Mwanya Mwiza Bivanye N'Uburambe Ifise Mu Gisirikare.

🔴Afghanistan 🇦🇫: Trump 🇺🇸 Arashaka Ikigo Ca Gisirikare Ca Bagram Muga Aba Tal"ibans Bavyanse, Yabagabishije Ko Ingaruka ...
21/09/2025

🔴Afghanistan 🇦🇫: Trump 🇺🇸 Arashaka Ikigo Ca Gisirikare Ca Bagram Muga Aba Tal"ibans Bavyanse, Yabagabishije Ko Ingaruka Zikomeye ❗

👉🏿 Hari Ibiganiro Vyari Vyatanguye Hagati Y'Impande Zibiri Ariko Ntacavuyemwo.

Aba Tali-bans Basanzwe Bafashe Igihugu Ca Afghanistan Babanje Kwiruka Inteko Mvamakungu Biyamirije Ugushaka Kwa America Kwo Kwigarurira Ico Kigo Ca Gisirikare.

📌 Amajambo Y'Umushikiranganji Ajejwe Kwivuna Abansi Wa Afghanistan Yavuze Arerekana Ko Ibintu Bitagiye Kworoha.

Yavuze Ati :« Nimba Mushaka Ibigo Vya Gisirikare, Turiteguye Kubagwanya Mu Kiringo C'Iyindi Myaka 20 »

UBWO INTAMBARA NTIGIRA ISUBIRE KWADUKA MURI AFGHANISTAN ?

🔴🇺🇦🇷🇺 Mu Gihe Igihugu Kiri Mu Ntambara N'Uburusiya, Zelensky Ashaka Kugurisha Bimwe Mu Birwanisho Ku Bindi Bihugu ❗« Duf...
20/09/2025

🔴🇺🇦🇷🇺 Mu Gihe Igihugu Kiri Mu Ntambara N'Uburusiya, Zelensky Ashaka Kugurisha Bimwe Mu Birwanisho Ku Bindi Bihugu ❗

« Dufise Bimwe Mu Birwanisho Ku Bwinshi», Nikwo Yavuze Prezida Wa Ukraine, Ategekanya Kugurisha Drones Zo Mu Mazi Muri Leta Zunze Ubumwe Za Amerika 🇺🇸 Imaze Kumuha Miriyaridi 100 Zirenga Z'Ama Dollars Kuva Intambara Itangura.

🔴 Muri Drones 580 Na Missiles 40 Zatewe, Ukraine 🇺🇦 Ivuga Ko Yashwanyaguje Drones 552 Na Missiles 31, Abantu 3 Baritaye ...
20/09/2025

🔴 Muri Drones 580 Na Missiles 40 Zatewe, Ukraine 🇺🇦 Ivuga Ko Yashwanyaguje Drones 552 Na Missiles 31, Abantu 3 Baritaye IMANA.

➡️ Buca Ari Itariki 20 Nyakanga 2025, Uduce Twinshi Twa Ukraine Nka Kyiv, Dnipro, Odesa Twaranyagiwe N'Imvura Ya Drones Na Missiles Z'Uburusiya 🇷🇺.

Hambavu Y'Abitavye IMANA, Hari Abandi Benshi Bakomeretse.

❗ Ibiharuro Bitangwa N'Inzego Za Ukraine, Vyerekana Ko Zamanuye Drones Na Missiles Nyinshi.

Address

Gitega

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Inturire posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share