21/12/2023
😠Kanyosha umwana w'imyaka 10 yaraturiwe ku maboko na mukase akoresheje ipasi igorora impuzu amuhoye amafaranga 1.000 Fbu yari yazimiye
--------------
🥲 Ni umwana wo muri karitiye zone Kanyosha yo mu gisagara ca afise imyaka 10 yaturiwe ku maboko yose ariko akaba yababaye ku kuboko kw'iburyo hakoreshejwe ipasi igorora impuzu
🔰 Intango ya vyose ngo vyatanguye mw'ijoro ryo ku wa 13 rishira uwa 14 Kigarama 2023 aho uwo mwana yari ateramanye n'abandi muhira, niho umuvyeyi ari we mukase yafata amafaranga 1.000 c'amarundi ayashira mu mufuko w'impuzu umwana mutoya wabo yari yambaye
🌅 Bukeye bwaho ngo yamafaranga barayarondeye barayabura, niko kwibaza ko uwo mwana nyene guturirwa ku maboko ariwe yoba yayatwaye, ngo baramurindiriye ave kw'ishure, amaze gushika uwo mukase yariko aragorora impuzu aca amufukamika hasi aramubaza uwatoye ya mafaranga nawe arahakana, haheze akanya gato ngo bumvise umwana akoma induru atabaza ko ahiye
🥲 Mu nyuma rero umwana vyaragaragaye ko yababaye cane ku maboko, niho bamubaza ico yabaye we akavuga ko ariwe yituriye kubera ngo asanzwe atinya cane uwo mukase kuko akunda kumukubita, niho baheza baramugurira umuti barasiga kuri vyabiguma biri ku maboko ariko ntibigeze bamujana kwa muganga
🤺 N'ubwo biri uko baramukazi n'uwo mukenyezi (ba inasenge b'uyo mwana) baba muri urwo rugo, bo bemeza ko uwo mwana afashwe neza muri urwo rugo kimwe gusa ngo uwo mukase yakunda kumuhana rimwe rimwe iyo yakoze amakosa nko kuja kuyerera agataha bwije
📞 Mvuyekure Arthemon, umukuru wa zone Kanyosha amenyesha ko ico kibazo bakimenye kuri uyu wa 18 Kigarama 2023 baca barakorana n'abajejwe intwaro hamwe n'umutekano barumviriza uwo muryango, ariko ngo bakiriko barafata icegeranyo ngo haciye haza umukenguzamateka afata uwo mwana na papa wiwe hamwe n'uyo mukenyezi nyene kwagirizwa icaha arabajana, gushika kw'isaha 12 ( 18h) n'iminota 40 aho twavugana ngo ntiyari bwamenyeshwe iyo bajanywe