24/09/2025
๐๐๐ง๐ข ๐๐ฅ๐ฏ๐๐ฌ ๐ฒ๐๐ฉ๐๐ฎ๐ง๐ ๐ฎ๐ฐ๐ ๐ข๐ง๐ฒ๐ฎ๐ฆ๐ ๐ฒ'๐ข๐ฆ๐ข๐ฌ๐ข ๐๐๐ ๐ฆ๐ฎ ๐ ๐๐ฌ๐ก๐จ ๐๐๐ฌ๐๐ง๐ ๐ ๐๐ซ๐ข ๐ฎ๐ฆ๐ฐ๐๐ซ๐ ๐ค๐ฎ ๐ฒ๐๐ก๐ ๐ฏ๐ฒ๐จ ๐ ๐ฎ๐๐๐ญ๐ ๐ค๐ฎ ๐ง๐ ๐ฎ๐ฏ๐ฎ ๐ฒ๐๐ ๐ข๐ซ๐ข๐ณ๐ฐ๐.
N"akanjembegete akarenganyo n'inkuru ibabaje y'umukinyi wa kera wa Brazil na Fc Barcelona Dani Alves. Ku wa 28 Ntwarante 2025, sentare nkuru ya Catalonia yarafashe ingingo yo guhakana icaha co gufata ku nguvu Dani Alves yagirizwa, inyuma yo gusanga ivyemezo vyari vyuzuyemwo utunenge nโukudahuza kwโivyavuzwe nโuwamureze. Dani Alves, uwahoze ari umukinyi rurangiranwa, yari amaze iminsi 839 apfunzwe muri gereza ya Brians 2.
Ivyagiriji vyamugizeko ingaruka zikomeye: yahoze afise ubutunzi bungana nโimiriyoni 60 zโamadorare, ariko vyose vyarasambutse. Abamushigikira nka Puma baramuhagaritse, Pumas UNAM imurega imiriyoni 2.2 zโamadorare azoyisubiza, kandi umubano wiwe na cherie wiwe Joana Sanz wararangiye mu 2024.
Yari yaciriwe imyaka 4.5 yโugupfungwa hamwe nโihadabu yโamafaranga โฌ150,000, igice cayo kikaba caratanzwe nโumuryango wa Neymar. Naho yama yemeza ko ari umwere, ni ukwihangana kwatumye sentare imurekura. Uwamureze aguma atazwi, kandi nta caha yigeze acirirwa. Dani Alves yasohotse ata co yagirizwa, ariko ubuzima bwiwe bwari bwamaze guhinduka.