12/08/2022
🙅🏽♀️ "Abagabo n'imisore batwikubako ku mirongo y'ama bisi, bihagarare".
Mu gihe bamwe muri twebwe baba batonze ku mirongo y'amabisi, hari abandi bagenzwa na tubiri.
✉️ "Reka ndababwire Yaga ikindi gitangaje ku murongo. Nitwa Claudine* mba mu Ngagara. Ndi ku murongo umuhungu yari inyuma yanje numva aguma ankozako igitsina ciwe nkumva inyuma aguma anyikubako. Nanje ndanuma hanyuma atangura kuja aramfata ku bitugu yitwaza ngo ni gufyikana. Erega mu nyuma nagiye numva ankora no mu gikiriza. Abagabo bafise iyo ngendo naho ata kibera ubusa bikebuke".
📬 Iyo ni intahe twarungikiwe n'umwe mu badukurikirana, atwiganira ivyamushikiye.
🧐 Duperereje, twasanze hari n'abandi bafise iyo myidogo. Divine* ati : "Ntiyabeshe, iyo ndwara irahari ku murongo".
👤 Uwundi mwigeme nawe arongera ati : "Tubona vyinshi ni agafukamunwa. Ugira utya ukabona uwuri inyuma aguma akwegera aho wihagarariye. Iyo ngeso itanguye kuntera akoba".
📄Mwomenya ko ivyo abo bapfasoni n'abigeme bavuga ari ico bita mu gifaransa "frotteurisme".
Uti ni iki ?
👥 Ni uburyo umuntu akoresha mu kumara inambu y'umubiri wiwe mu kwikuba canke gukuba igitsina ciwe ku wundi muntu, akenshi ataba abishaka canke yamuhaye uruhusha. Iyo rero umuntu ataguhaye uruhusha rwo kubikora ni kumurengera akarimbi.
🤔 Ivyo bintu namwe hari ivyo muhora mubona ?
[Yaga]