23/05/2025
🚨 💣💥 INYUBAKO ZA REAL MADRID 💥
NICO WILLIAMS ATAZOKINA MURI REAL MADRID :
🤒Haheze iminsi havugwa ibijanye no kwimukira kwa Nico Williams muri Real MADRID. Ariko ubu, iciyumviro c’uwo mukinyi n’ic’iyo ekipe biratomoye neza: nta biganiro biriho kandi nta bizoba.
❌ Nta kibanza ca Nico Williams i Madrid
Naho Nico afise ubuhinga n’umuvuduko bishobora kuba vyarashimishije Real Madrid, ukuri ni uko atari mu migambi yayo. Nico ubwiwe yavuze ko ata kintu na kimwe azi kijanye n’iyo migenderanire, kandi yabwiye abayobozi ba Athletic Club ko ataco yamenyeshejwe.
I Madrid naho nyene, ibintu biratomoye: nta biganiro, nta gahunda n’imwe. Nico ntari mu bashobora kwinjira mu ikipe, kandi ntakenewe.
Igituma Nico atari mu migambi y’iyo kipe, ni uko umurwi w’imbere mu busatirizi wamaze kuzura :
1️⃣ I ruhande rw’ibubamfu (gauche) hari abakinnyi benshi: Vinícius Jr., Kylian Mbappé, Rodrygo na Brahim Diaz.
2️⃣ Umumenyereza Xabi Alonso akoresha uburyo bwo gukina akini 2 gusa aho hasigara gusa Mbappé na Vinícius imbere.
3️⃣ Real Madrid irondera cane umukinyi wo ku ruhande rw’uburyo (ailier droit) canke umusatirizi w’ukuri (numéro 9) – Nico ntashobora kuzuza izo mpamvu.
Mu rwego rw’ivyo, Real yanse kuja mu biciro bihanitse kuri uno mukinyi atari ngombwa, kuko yohava atera gusa urudandazwa rw’ibitari ngombwa.
Ariko hariho vyinshi bikomeye muri ino Ekipe (défense):
David Alaba – yaravunitse, ntarasubira ku rwego rwiwe.
Éder Militão – yaramaze kugira ligament kabiri mu mwaka umwe; ibintu biteye impungenge.
Rüdiger, Huijsen, Asencio – nibo bonyene bashobora gukoreshwa, ariko ntibihagije mu buryo bwo gukina n’abakinyi 3 bo hagati harakenewe abasubirizi
🔁 kuruhande rw’ibubamfu (gauche) :
🎯 Carreras ashobora gusubirira abandi, hamwe na Fran García agume mu kibanza ciwe.
🚪 Mendy yagiye ku rutonde rw’abazorekurwa.
🎩 Hagati mu kibuga (milieu de terrain): bakeneye uwusubirira Toni Kroos.
🧠 Arda Güler ariko aratera imbere, ariko aracari muto cane kugira afate ico kibanza.
Endrick ntiyiteguye kuba umusatirizi mukuru (numéro 9).
❌ Modrić – urukino rwiwe rwanyima i Bernabéu ni kumunsi w'ejo. Arangije amasezerano.
❌ Lucas Vázquez – arasohoka amasezerano.
❌ Vallejo – arasohoka Arangije amasezerano.
❌ Alaba – Yashizwe ku rutonde rw’abagurishwa.
📉 Nico Williams ntazokina muri Real Madrid.
🔒 Nta gukoresha amafaranga ku kibanza kitakenewe.
🧱 Ibibazo vy’ukuri biri ahandi: mw’ivugururwa ry’abakinyi b’inyuma, hagati mu kibuga no mu ruhande rw’uburyo mubusatirizi.