Commune Gitega

Commune Gitega Cette page nous permet d'être a jours dans les activités de la Commune GITEGA

Umukuru w'igihugu c'Uburundi   yatanguje icese kuri uyu wa gatanu ku murwa mukuru w'intara ya  , ibikorwa vy'imyiyamamaz...
09/05/2025

Umukuru w'igihugu c'Uburundi yatanguje icese kuri uyu wa gatanu ku murwa mukuru w'intara ya , ibikorwa vy'imyiyamamazo y'amatora y'abashingamateka n'abajenama b'amakomine azoba kw'igenekerezo rya 5 Ruheshi uyu mwaka wa 2025.
Ivyo birori bikaba vyatangujwe na defire ndende y'abazokwitoza mu migambwe 23 itandukanye n'abigenga ku ntara ku ntara.
Abaserukira imigambwe itandukanye n'abigenga barashima kubona haba defire ibahuza, bakavuga ko ari ikimenyetso cerekana ko intwaro rusangi iriko iratsimbatara mu Burundi, bakaba biyemeje ko bazoja mu matora bubahirije amategeko.

kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29/03/2025 kuri stade ingoma i Gitega habaye ibirori vyo kwimika no gushikiriza Um...
29/03/2025

kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29/03/2025 kuri stade ingoma i Gitega habaye ibirori vyo kwimika no gushikiriza Umukuru w'inama nkenguzamateka Emmanuel SINZOHAGERA aheruka kugenwa ngo abe Musenyeri w'ishengero Méthodiste Uni mu Burundi no mu Rwanda.

Ivyobirori vyatewe iteka n’Umukuru w'Igihugu c’uburundi Evariste NDAYISHIMIYE ari kumwe n'umutambukanyi wiwe,umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’abandi bubahwa bagize leta y’uburundi.

Emmanuel Sinzohagera akaba asubiriye umuganda yarahagarariye iryo shengero igihe kirekire kuva musenyeri Alfred Ndoricimpa yari arirongoye yitavye Imana.

🪪  : mu ntumbero yo gucungera umutekano neza kurusha uko vyahora,uburongozi bwa komine Gitega  bwaratanguje inama z' umu...
27/02/2025

🪪 : mu ntumbero yo gucungera umutekano neza kurusha uko vyahora,uburongozi bwa komine Gitega bwaratanguje inama z' umutekano ku bene Gihugu bo mu mamaritiye n’imitumba ihanamiye igisagara ca Gitega guhera ku magenekerezo ya 18 gushika kuya 25 Ruhuhuma2025.

Kugira umutekano ucungerwe neza baravuze ibishobora guhungabamya umutekano ndetse baca babwira abenegihugu bari bitavye izo nama ingingo bazokwisunga kugira umutekano uzogende neza kurusha uko vyahora.

1. Umuryango wose uba mu gisagara ca Gitega utegerezwa kuba utunze agakaye k'umuryango.
2 .Umumyamahanga aje gusaba indaro ategerezwa kumemyekanishwa ku bajejwe umutekano kugira bamemye ivyo aje gukora.
3 .impunzi ntizemerewe ko zipanga amazu yo mu gisagara ca Gitega
4 .abafise amazu y' uburaro basabwa kwandika abaje gusaba uburaro, babomye abateye amakenga bakabimemyesha abajejwe intwaro n' umutekano.

Mwomemya ko izo ngendo zo kugendera abenegihugu zari zateguwe n’uburongozi bwa komine Gitega bifadikanije n’abari mu nama npanuzwajambo ya komine Gitega hamwe n’abajejwe umutekano mu turere.

Muntumbero yo gucungera umutekano w’abantu bitura amazu y’uburaro( hôtel )ari mu gisagara ca Gitega habaye inama ku bene...
15/02/2025

Muntumbero yo gucungera umutekano w’abantu bitura amazu y’uburaro( hôtel )ari mu gisagara ca Gitega habaye inama ku benegihugu bafise amahotel ,kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 /02/2025 aho iyo nama yarirongowe n’indongozi z’ intwaro n’umutekano mu ntara ya Gitega bafadikanije na musitanteri wa komine Gitega.

Ivyo basabwabwa ku bantu bafise amazu y’uburaro mu ntara ya Gitega kugira abakiriya babahurumbire kandi bafise umutekano ukwiye.

1 kugira isuku bavuzeko hariho amazu y’uburaro amwamwe ngo hariyo amamatera yashaje ,mu vyumba bagasangamwo udukoko tw’ibihere, imigetetera itamesuye.
2 kumyarutsa ibikorwa mukwakira abakiriya gutyo bizotuma babahurumbira,gusuma urusaku muyandi Mahotel ateye imbere .
3 Gucungera umutekano ,kwandika abaje kwitura ayo mazu y’uburaro bagatanga inkuru ku bantu bateye amakenga.

Kari akamyamuneza ku benegihugu ba karitiye myabisindu aho baramutse binjira ingoro nshasha biyubakiyeKuri uyu wa gatand...
08/02/2025

Kari akamyamuneza ku benegihugu ba karitiye myabisindu aho baramutse binjira ingoro nshasha biyubakiye

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 /02/2025 , umukuru wa karitiye MUSHASHA komine Gitega yugururiwe icese imyubakwa nshasha azokoreremwo amabanga ajejwe yo kurongora abo atwara.ivyobikorwa vyaranzwe no gucacura igitamba ,igisabisho hamwe no gusukako amazi ahezagiye kuriyo ngoro nshasha.

Mwijambo ryokwakira abash*tsi bateye iteka ivyobirori ,umukuru wa karitiye Nahimana Adelin yashimiye cane ababa muriyo karitiye ukuntu bagiye baregeramya uburyo kugira biyubakire ingoro y’umutumba arashima kandi ko munkino n’imico k**a bishira imigwi y,intabo myishi kandi ko n’igikombe ku gwego gwa komine aribo bagifise.

Arashima ukuntu bakorana neza n’abajejwe umutekano ,ndetse nukuntu bakorana neza nabahurikiye muri komite ya bose COMITÉ MIXTE DE SÉCURITÉ.

Umukuru wa karitiye mwiterambere rya mushasha bipfuza ikibuga c’umupira w’amaboko,aho abana basomera ibitabo ,........

Agitangura kurongora iyo karitiye Adelin Nahimana yavuze ko inzu zishika 48 arizo zahuye nisangamya ziraguruka harimwo inzu zishaje ar’izamyakatsi ,arashima ukuntu uburongozi bwa komine Gitega hamwe n’abagiraneza babafashije kuzubaka ubu bose bakaba bafise inzu ziriko amabati mashasha. yashimiye kandi intwaro ukuntu baronkejwe amabarabara meza abahuza n’izindi karitiye,ibiraro vya myabisindu na karera ,amabarabara ya mushasha na myabisindu ,hamwe n’amabarabara ashashe ababuye # PAVE.

Musitanteri wa komine Gitega muganga Jacques Nduwimana yavuzeko bagiye barinjira ingoro nziza myishi zitandukamye ku mitumba n’amakaritiye yo muri komine Gitega ariko ingoro ya karitiye Mushasha nayo n’agahebuza.yavuzekandi ko batari kunezerwa no kwinjira inzu y’AKARURI kandi ari ikaritiye iri mu Mu gisagara.

Musitanteri yasavye abenegihugu ba karitiye Mushasha ko bobungabunga amabarabara bamaze kubakirwa kandi bayarose yarakenewe cane, nkahariko haboneka ibinogo ko bobimemyesha hakiri kare hakazib

Musitanteri wa komine   ,Jacques NDUWIMANA arikumwe n'abo mw'ishirahamwe   batanguje icese kuri uyu wagatanu igenekerezo...
08/02/2025

Musitanteri wa komine ,Jacques NDUWIMANA arikumwe n'abo mw'ishirahamwe batanguje icese kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 7/2/2025, igikorwa co gucukura amazi yo mukuzimu " "kumutumba wa . Ico gikorwa kije ciyongera kuyindi mitumba 15 imaze guhabwa amazi muri iyo komine kandi hari n'iyindi mitumba yimirije kuronswa ayo mazi aboneka avuye mukuzimu.

Ico gikorwa co gucukura amazi kandi kiriko gikorwa ku mitumba 25 yo mu ntara ya Gitega vyagaragaye ko iyakenye kurusha iyindi kuko abenegihugu batama mukuyaronka.

Ubu imashine zigera kuri zine zikaba zarashwiragijwe kumituma itandukanye kugira ico gikorwa kinyaruke gutyo bazotandukire izindi ntara bahejeje i kuko yihaye ihangiro yo gukora intara ku ntara kugira ibikorwa barangura bigaragare neza

Nkunzimana Clovis aserukira ishirahamwe mukarere ko hagati n'ubuseruko avuga ko iryo shirahamwe AmaziWater rimaze gutanga amazi mu mitumba itari mike mugihugu c'uburundi kandi ivyo bakora vyose baja inama n'ingingo n'abajejwe intwaro.

Kubwa Clovis Nkunzimana muri komine Gitega bahisemwo gutangurira ku mutumba wa Higiro. Asaba abenegihugu kuzobungabunga ayo mazi.Ikindi yabasavye kuzoshigikira ibikorwa biciye mugutanga inguvu zabo muguca imiserege izocamwo imiringoti y'amazi kugira bazoshobore kubakwiragizamwo amazi .Uretse ivyo basabwa kandi kuzoyabungabunga no gukingira ibizokwubakwa .

Musitanteri wa komine Gitega Jacques NDUWIMANA arashimira iryo shirahamwe kuba ritayaze amasigara cicaro.Avuga ko uwo mutumba wahigiro wari ufise ubukene bw'amazi. Nawenyene asaba abenegihugu kuzobungabunga inyubakwa zizokwubakwa hamwe n'ibikoresho vyose bizokoreshwa.

Jacques NDUWIMANA yagabishije abazohirahira bakonona ibikoresho canke ayo mazi ko bazohanywa hisunzwe amategeko. Yasavye ko hoshirwaho vuba komite zizokurikirana ikoreshwa ry'ayo mazi. Ikindi bakwiye kumenya ayo mazi ari rwabo atari ayishirahamwe nkuko bamwe bakunze kubivuga .

Umukuru w'umutumba wa Higiro yamenyesheje ko ba

Kari akamyamuneza kadasanzwe ku bene Gihugu bo ku mutumba wa Mungwa na Butamuba Zone Mungwa b’ikomine Gitega ,aho baramu...
27/01/2025

Kari akamyamuneza kadasanzwe ku bene Gihugu bo ku mutumba wa Mungwa na Butamuba Zone Mungwa b’ikomine Gitega ,aho baramutse baronswa amatara bari baripfuje kuva kera .

hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27/01/2025 aho ivyobikorwa vyari bigizwe no gutanga amakonteri baguze muri # Résideso,intsinga zitwara umuyagankuba mu mazu no kwakirizwa umuyagankuba mu mazu yabo ivyo birori vyari vyatewe iteka na Musitanteri wa komine Gitega arikumwe na umushingamateka yatowe mu Ntara ya Gitega akaba ariwe ahangarariye umugambwe CNDD FDD mu ntara yagutse ya Gitega.

Mwijambo ry’akamyamuneza Musitanteri wa komine Gitega muganga Jacques Nduwimana arishimira cane imvukira ziyo Mitumba hamwe n’imboneza zitandukamye zo muri zone Mungwa ’indongozi z’ishirahamwe ritanga umuyagankuba mu karere ka Gitega hamwe n’inama npanuzwa jambo rya komine Gitega.

Musitanteri yasavye abenegihugu bo muri zone Mungwa ko ayomatara barose ko kobabera akaryo keza ko kuyavyaza umusaruro mukwiteza imbere n’ibikorwa bikoreshwa umuyagankuba,yabasavye kandi kubaka amazu meza no,kwagura amabarabara yinjira mu Kigwati.

Nayo umushingamateka Nshimirimana Georges yavuzeko ko n’imvukira zagiye mu Gisagara kurondera amatara ko zigiye kugaruka kugira.yabasavye ko bohubaka bakashira imigambi y’iterambere .yavuze ko yambona kazoza bagiye kuyishikako muri 2030 aho ibintu bizoba bikwiye neza.yasozereye abemerera ko abashakashatsi bo mungwa uhereye kuri GASAPE n’abagerageje indege n’imoto ko bagiye gushiraho groupe bazoze barageriranira inama n’ishirahamwe kugira habe imigambi myishi y’iterambere.

Mukamyamuneza kashikirijwe na pasitori yashimiye indongozi zakoresheje inguvu myishi zidasanzwe kugira baronke ayo matara ubu bakaba bagiye kuruhuka ku mutima .mungwa ugwaruka rutari rufise ico rukora ko ibikorwa bibonetse bagiye kwiyungungamya yasavye indongozi ko boronswa ibirabara rya kaburimbo risize Rica Muganga.

Hagiye gutangura Coopérative y’urunani gw’abarimyi b’igitegwa c’ivoka kugwego gwa komine Gitega no kuzidandaza kwi soko ...
21/01/2025

Hagiye gutangura Coopérative y’urunani gw’abarimyi b’igitegwa c’ivoka kugwego gwa komine Gitega no kuzidandaza kwi soko mpuzamakungu y’uburundi.

Kuri uyu wa kabiri itariki 21/01/2025 uburongozi bwa komine Gitega bifadikanije n’uwujejwe guteza imbere igiterwa c’ivoka nokukidandaza hano mu burundi ,bakoresheje inama ku barimyi b’igitegwa c’ivoka ,abafundi b’indimo hamwe n’abajejwe intwaro ku mitumba no muri zone ,mu ntumbero yo gutanguza koperative y’urunani gw’abarimyi b’amavoka ku gwego gwa komine Gitega.

Mwijambo ryogutanguza ibikorwa Musitanteri wa komine Gitega Muganga Jacques Nduwimana yavuze ko muri komine arongoye hasanzwe hariho abarimyi bariko barateza imbere igitegwa c’ivoka mu mitumba itandukamye yo muri komine Gitega kandi ko hariyo abafise imirima minini y’ibiterwa vy’amavoka kandi ko nawene afise ibiti vy’amavoka bishika 100 yateye imyaka 2.

Uwurongoye urunani gw’abarimyi b’amavoka ku gwego gw’igihugu,yabasiguriye uko igitegwa c’ivoka co mu burundi uko abadandaza bagiye barakigurisha bagicamye mu binwabi bashora mu bihugu bibamyi ,ivyobihugu bigaca biyashorera ku masoko mpuzamakungu biyitiriye amavoka y’uburundi

Umuyobozi nawe : ati niyompavu twagiye hamwe ku gwego gw’igihugu dufata intubero yo kuja hamwe tukagwiza umwimbu twongere turime kijambere hama tuwushore hanze ku masoko mpuzamakungu.

yavuze kandi ko baciye baronka abadandaza bazoyabagurira ku masoko mpuzamakungu yo mubindi bihugu bishika 10 nk’amerika,uburayi ,ubushinwa,kemya,ibihugu vy’abarabu..... ngo babahe amavoka y’uburundi kubera afise akanovera.

gushika ubu hamaze kujaho isoko y’uburundi mpuzamakungu mu ntara ya muyinga ko imaze kwitabirwa n’ umwimbu w’amavoka kandi ko bamaze gushorera hanze gushika ubu bamaze kwinjiza imiriyoni 2 na 3 z’amadorari amaze kuja mu kigega ca leta.

Munyubakwa zabakenyezi Gitega harabaye inama idasanzwe kubakorera bushake aho bagiriyeko basinya gushasha ama contrat ba...
08/01/2025

Munyubakwa zabakenyezi Gitega harabaye inama idasanzwe kubakorera bushake aho bagiriyeko basinya gushasha ama contrat barongera bariyemeza KO bagiye gukora neza birinda ivyobacanishamwo iyo nama ikaba yagirishijwe n'umunyamabanga mwishikira mubiro kwa mustanteri wa Gitega n'uwujejwe indero muri commune aho yabasaba gukorana umwete
Ivyo mustanteri yabamenyeshe yaragaye cane ingingo yokwandika ikete bakayishira kurubuga vyanditswe nabantu bane ngo baserukiye abandi baca babishira kurubuga iyongingo yarayigaye naburya mubiro iwe atawukumiriwe kdi no kwa DCE yuguruye kuko ivyo bashaka ariko arabitorera inyinshu kuko kuguza agashiruka bute abifise kumutima kuko vuga agiye gukoranya abavyeyi mubwitozi abasigurire barabe ico bagiye gukora.
Muvyo basaba vyo kuronka amahera kugihe yababwiye yuko biva akuntu abavyeyi batayariha kugihe
Ikijanye ingene amahera yoja kuri compte yumwumwe yabamenyesheje yuko bazoza barayatanga kumazone kugira umukorera bushake ntaje Kure .
Yarangije abasaba kwirinda kwiyambura agashambara.

Kuri uyu wakane igenekerezo rya 26/12/2024 muri komine Gitega haramutse hatunganwa amatora y'abana 7 bagize ihuriro ry'a...
26/12/2024

Kuri uyu wakane igenekerezo rya 26/12/2024 muri komine Gitega haramutse hatunganwa amatora y'abana 7 bagize ihuriro ry'abana bazoserukira abandi kurwego rwa gw’intara ya Gitega.

Imyuma yo gutora abagize ihuriro ry’abana ku mitumba yose ya komine Gitega ,Musitanteri Jacques NDUWIMANA avuga ko amatora yagenze neza mu kumitumba ya komine Gitega . Arashimira ubushikiranganji bwogushigikirana bwiyumviriye gushiraho iryo huriro ry'abana kuko mugisagara ca Gitega hibonekeza ibintu vyinshi bihungabanya agateka k'abana.Ivyo ngo bizotuma haserurwa ivyiyumviro vyinshi bitume agateka k'abana gakingirwa.

Umuyobobozi ajejwe abana n'imiryango mubushikiranganji bwogushigikirana yasavye ko ayo matora boyakorana ubwitonzi kugira batore abazoshobora kubaserukira neza mugushikiriza ivyiyumviro vyabo kugira hatsimbatazwe agateka k'umwana mu .

Amatora yaciye atangura mu mutekanto aho baciye bitorera abazobaserukira muri komine Gitega

1Nnshimirimana Jonathan :ava ku mutumba wa Rutoke
2HABONIMANA Élie :ava ku mutumba wa Bukwazo
3IRAKOZE Beny Guillaume :ava ku mutumba wa Rutegama
4Kwizerimana Claudine :ava ku mutumba wa nyakibingo
5Nishimwe Anneck :ava ku mutumba wa Mubuga
6Niyingabire Irène Gloria :ava ku mutumba wa Bihanga
7Hishurimana Fleurie :ava ku mutumba wa Kibiri :umumyamwema

Mwomemya ko Iryo huriro ry'abana rizofatwa mu mugongo n'Ubushikiranganji bwo gushigikirana mu gutsimbaza agateka k'abana

Impene 150 nizo zashikirijwe kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 24/12/2024,imiryango y'abatwa igera 50 iba kumutumba wa z...
25/12/2024

Impene 150 nizo zashikirijwe kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 24/12/2024,imiryango y'abatwa igera 50 iba kumutumba wa zege baciye kumugambi wa Anthia khélia "Umuryango mwiza ,Burundi Bwiza" wa MissNgoma ufashwe mu mugongo na Zakatfoundation of America. Umuryango umwe umwe wese wose
Ukaba waronkejwe impene 3 zibiri zivyara n'isugiru.

Musitnteri wa komine Gitega Jacques Nduwimana yashimiye Miss QueenIngoma n'abamushigikiye kuri iyo nfashanyo ndetse acanasaba iyo miryango y'abatwa kubungabunga iyo ngabire
Musitanteri yabasavyeko izonpene baronkejwe ko batoca bazijana ku musoko ngo bazigurishe canke ngo bazibage binezereze mu muriyi misi mikuru ko uwuzoramuka abikoze ko azoca ahanwa n’uburongozi bwa komine Gitega. Musitanteri yemereye abatwa barose impene ko azobarungikira umuganga avura ibitungwa wa komine Gitega kugira ivyobitungwa bizogire amagara meza.

Mwomenya ko hategekanijwe ko imiryango irenga ijana y' abatwa iba kuri uyo mutumba wa Zege izoronswa impene 3 n'uwo mugambi wa QueenIngoma2024.

Mu ntumbero yo kwubahiriza ibiciro kubinyobwa vya Brarudi .Musitanteri wa komine   Jacques  NDUWIMANA arikumwe n'inyamir...
25/12/2024

Mu ntumbero yo kwubahiriza ibiciro kubinyobwa vya Brarudi .Musitanteri wa komine Jacques NDUWIMANA arikumwe n'inyamiramabi hamwe n, abajejwe ubutungane , kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 /12/2024, bahejeje guhagarikira ikiringo c' ukwezi biciye murubanza rw'ikibiriraho akabare la Colombe kuwitwa Niyibizi Eric kari muri karatiye Nyabisindu .
Inzoga zose zikaba zaciye zitangwa ku mugaragaro kugiciro ca Leta amahera ahabwa nyene ibinyobwa aho abenegihugu bakengurutse iyo ngingo. Uwo nyene akabare akaba yafatanywe itonga y' amakaziye 256 yanyegejwe arimwo ubwoko bwose bw' ibinyobwa vya .

Musitanteri akaba yaboneyeho akaryo ko kuvunira akagohe abadandaza banyegeza inzoga canke bakaziduza ibiciro aho yabamenyeshejeko uwuzofatwa azohanwa bimwe vy'akarorero.

Address

Gitega

Telephone

+25779432447

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Commune Gitega posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Commune Gitega:

Share