08/02/2025
Kari akamyamuneza ku benegihugu ba karitiye myabisindu aho baramutse binjira ingoro nshasha biyubakiye
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 /02/2025 , umukuru wa karitiye MUSHASHA komine Gitega yugururiwe icese imyubakwa nshasha azokoreremwo amabanga ajejwe yo kurongora abo atwara.ivyobikorwa vyaranzwe no gucacura igitamba ,igisabisho hamwe no gusukako amazi ahezagiye kuriyo ngoro nshasha.
Mwijambo ryokwakira abash*tsi bateye iteka ivyobirori ,umukuru wa karitiye Nahimana Adelin yashimiye cane ababa muriyo karitiye ukuntu bagiye baregeramya uburyo kugira biyubakire ingoro y’umutumba arashima kandi ko munkino n’imico k**a bishira imigwi y,intabo myishi kandi ko n’igikombe ku gwego gwa komine aribo bagifise.
Arashima ukuntu bakorana neza n’abajejwe umutekano ,ndetse nukuntu bakorana neza nabahurikiye muri komite ya bose COMITÉ MIXTE DE SÉCURITÉ.
Umukuru wa karitiye mwiterambere rya mushasha bipfuza ikibuga c’umupira w’amaboko,aho abana basomera ibitabo ,........
Agitangura kurongora iyo karitiye Adelin Nahimana yavuze ko inzu zishika 48 arizo zahuye nisangamya ziraguruka harimwo inzu zishaje ar’izamyakatsi ,arashima ukuntu uburongozi bwa komine Gitega hamwe n’abagiraneza babafashije kuzubaka ubu bose bakaba bafise inzu ziriko amabati mashasha. yashimiye kandi intwaro ukuntu baronkejwe amabarabara meza abahuza n’izindi karitiye,ibiraro vya myabisindu na karera ,amabarabara ya mushasha na myabisindu ,hamwe n’amabarabara ashashe ababuye # PAVE.
Musitanteri wa komine Gitega muganga Jacques Nduwimana yavuzeko bagiye barinjira ingoro nziza myishi zitandukamye ku mitumba n’amakaritiye yo muri komine Gitega ariko ingoro ya karitiye Mushasha nayo n’agahebuza.yavuzekandi ko batari kunezerwa no kwinjira inzu y’AKARURI kandi ari ikaritiye iri mu Mu gisagara.
Musitanteri yasavye abenegihugu ba karitiye Mushasha ko bobungabunga amabarabara bamaze kubakirwa kandi bayarose yarakenewe cane, nkahariko haboneka ibinogo ko bobimemyesha hakiri kare hakazib