
01/06/2025
for more
IVY'ISI VYOSE NI IBIHENDAMASO
Iciyumviro c'uko '' ivy'isi ari ibihendamaso" carasamiranye mu matwi y'abantu kuva imyaka ibihumbi n'iyirenga, kuva kuba philosophes ba kera ugash*tsa kuba physiciens b'uyu munsi wa none. Iki ciyumviro si vyabintu umuntu avuga gusa n'umunwa - ariko ni ukuri kwimbitse gushingirwa intahe na science ya none( Neuroscience & Physique quantique), hamwe n'imico nyobokamana na njamwuka( traditions religieuses et spirituelles). Uku gutahura, iyo umuntu akuzirikanye, ntibuhindura gusa uburyo tubonamwo ubuzima ahubwo n'uburyo dufatanya m'ukuburema birahinduka.
NONE SCIENCE YA NONE IBIVUGAKO IKI?
🧠Neuroscience
Ivyo tubona nk'ubuzima bwacu canke '' reality"( bigizwe n'abantu, ibintu, situations, circonstances, événements) ntakindi birico atari ivyasanasanwe n'ubwonko bwacu, ntitubona directement ibihari. Zirikana ibi :
- Ubwonko bwawe bwakira ama signaux électriques avuye mubihimba bihagarariye sens zawe( amaso, amatwi, amazuru, ururimi, umubiri ), nabwo bugaca bukora interprétation, bugahindura izo signaux mumashusho, amajwi, goûts n'izindi sensations. Ubwonko bwawe ntibukwereka ukuri, oya bwo busobanura izo signaux électriques muvyo bwibaza ko bihari. Akarorero urashobora guhura n'umuntu mwibarabara ukamwitiranya. Bamwe bakora utugenegene( magiciens) barashobora kukwizeza ikintu kidahari wewe ukibaza ko gihari. Perception(uburyo tubonamwo ibintu) si nka kurya kwa photographie, oya ubwoko bwawe nibwo bwubaka ivyo ubona iyo uravye ikintu kanaka, bushingiye kuvyo bwibaza ko arivyo n'ivyo witeze. Ni nka kurya ushobora kwibaza ko umugozi ubonye hasi ari inzoka kandi ukagira ubwoba vyanyavyo.
-Ivyo tubona biri munsi ya 1% y'ibiba bihari, twumva agace k'amajwi gato kandi amazuru n'ururimi rwacu ntivyakira ama produits chimiques yose ngo tuyumve nk'akamoto canke goûts.
Umuco uboneshwa amaso userukira 0,005% vya spectre électromagnétique. Imishwarara X(Rayons x), Za ultraviolet, za infrarouges, za micro-ondes,...ntizigaragara atabikoresho.
-Ubwonko burayungurura amakuru ava muri environnement, bugafuta vy'inguvu 99% imbere y'uko bishikira ubwenge bwamuntu bwacu.
Aya makuru abanza guca muri procedure ndende yo kuyungururwa no gupfindurwa hisunzwe ivyo twiteze, ivyo twabonye muri kahise imbere y'uko ubibamwo (expérience). Muri make, ivyo wita '' réalité'' ni ibifondano vy'ubwonko bwawe- si ifoto nyakuri y'isi.
Aba hindu bita isi ''Maya'' bisigura "ILLUSION'' canke IBIHENDAMASO.
Aba bouddhiste bakayita '' Samsara''.
Umugwi wa Islam w'aba Soufi ukayita '' Icirore'', kandi ivyo babimenye imyaka ibihumbi imbere ya science ya none.
🧬 Physique Quantique
Mwo indani, kuri level iri munsi ya atome, matière canke ibifadika vyose, birahangara bikajugumiza uburyo tudahuramwo réalité.
Umu physician umwe yitwa Sir James Jeans niwe yagize ati: " Isanzure(Univers) rimeze nk'iciyumviro gikuru/kinini/gikomeye kuruta uko ryosa n'imashini''.
- Matière ni ikirundo ca particules( intete) ariko izi particules si utuntu tugumye ni énergie pure.
- Expérience ya ''Double-Fente" yerekana ko inyishu y'iyo expérience ihinduka bivanye n'uwuriko arayikurikirana.
- Iyindi ni Quantum entanglement, iyi nayo yerekana ko ibintu vyose ari ikintu kimwe, binywana. Ibi bitwereka ko burya réalité imeze nk'ikiyaga ca énergie Ivibra buri kanya.
🪬 PHILOSOPHIE
Uku gutahura si ukwiyadukije ubu.
- Platon, umugiriki, yaciye umugani wa Cave aho avuga ukuntu abantu babona ibitutu vy'ukuri.
-Aba bouddhiste bemera ko uburyo bwemewe na benshi bwo kubona mmwo reality ari ukwihenda.
-Aba Hermetic bo mumisiri, banditse mugitabo Kybalion( ari naco tuzokwifashisha mukwiga ubu bumenyi), ko '' Isanzure riri Muvyiyumviro"(The universe is mental).
🛡️Muragabe, kwita reality "ibihendamaso" ntibisigura ko itabaho, ahubwo ko atari ico igaragara kuba. Ijambo " illusion" rikomoka muki latini "illudere"- gukinisha. Reality rero ni :
1. Ibigereranyo si ifoto iri direct
2. Energie si ibigumye bifadika
3.Ni nk'ibumba wohinduramwo uko ushaka, ari navyo tuzogenda twiga gahoro gahoro.
Gutahura ibi bintu bikwereka ukuntu Imyizere yawe, ivyo witeze hamwe na attention yawe arivyo bigena ivyo ubona na interprétation ubiha. Ibi umaze kubibona biguha ubushobozi bwo guhindura amarekezo y'ubuzima bwawe uko ubishaka. Gute neza na neza? Ni aba pastor benshi nzi babizi ariko ntavyo bazigera bakwigisha, ibihangange nka Elon Musk n'abandi barabikoresha,...nico gihe ngo nawe ubimenye maze ucike Imana m'ubuzima bwawe( yes ndazi wumva ndogose gusa tekana, ndazi ivyo mvuga). Naho ubutaha rero twinjira m'umutima w'ibintu ndaguha na exercise ukora ngo uvyigeragereze.
.