𝗜𝗞𝗔𝗡𝗚𝗨𝗥𝗢 𝗧𝗜𝗠𝗘𝗦

𝗜𝗞𝗔𝗡𝗚𝗨𝗥𝗢 𝗧𝗜𝗠𝗘𝗦 𝗨𝗕𝗨𝗠𝗘𝗡𝗬𝗜.𝗨𝗕𝗨𝗠𝗪𝗘.𝗨𝗕𝗨𝗭𝗜𝗠𝗔''
ᵁʳⁱ ᴵᵐᵃⁿᵃ ᵐ'ᵘᵐᵘᵇⁱʳⁱ ʷ'ᵘᵐᵘⁿᵗᵘ. ᴬᵏⁱʳᵃ ᵁᵇᵘᵐᵃⁿᵃ ᵇʷᵃʷᵉ, ⁿⁱʳʷᵒ ʳᵘᵖᶠᵘⁿᵍᵘʳᵘᶻᵒ ʳʷᵘᵍᵘʳᵘʳᵃ ᴵʲᵘʳᵘ.

  for more
01/06/2025

for more

IVY'ISI VYOSE NI IBIHENDAMASO

Iciyumviro c'uko '' ivy'isi ari ibihendamaso" carasamiranye mu matwi y'abantu kuva imyaka ibihumbi n'iyirenga, kuva kuba philosophes ba kera ugash*tsa kuba physiciens b'uyu munsi wa none. Iki ciyumviro si vyabintu umuntu avuga gusa n'umunwa - ariko ni ukuri kwimbitse gushingirwa intahe na science ya none( Neuroscience & Physique quantique), hamwe n'imico nyobokamana na njamwuka( traditions religieuses et spirituelles). Uku gutahura, iyo umuntu akuzirikanye, ntibuhindura gusa uburyo tubonamwo ubuzima ahubwo n'uburyo dufatanya m'ukuburema birahinduka.

NONE SCIENCE YA NONE IBIVUGAKO IKI?

🧠Neuroscience

Ivyo tubona nk'ubuzima bwacu canke '' reality"( bigizwe n'abantu, ibintu, situations, circonstances, événements) ntakindi birico atari ivyasanasanwe n'ubwonko bwacu, ntitubona directement ibihari. Zirikana ibi :

- Ubwonko bwawe bwakira ama signaux électriques avuye mubihimba bihagarariye sens zawe( amaso, amatwi, amazuru, ururimi, umubiri ), nabwo bugaca bukora interprétation, bugahindura izo signaux mumashusho, amajwi, goûts n'izindi sensations. Ubwonko bwawe ntibukwereka ukuri, oya bwo busobanura izo signaux électriques muvyo bwibaza ko bihari. Akarorero urashobora guhura n'umuntu mwibarabara ukamwitiranya. Bamwe bakora utugenegene( magiciens) barashobora kukwizeza ikintu kidahari wewe ukibaza ko gihari. Perception(uburyo tubonamwo ibintu) si nka kurya kwa photographie, oya ubwoko bwawe nibwo bwubaka ivyo ubona iyo uravye ikintu kanaka, bushingiye kuvyo bwibaza ko arivyo n'ivyo witeze. Ni nka kurya ushobora kwibaza ko umugozi ubonye hasi ari inzoka kandi ukagira ubwoba vyanyavyo.

-Ivyo tubona biri munsi ya 1% y'ibiba bihari, twumva agace k'amajwi gato kandi amazuru n'ururimi rwacu ntivyakira ama produits chimiques yose ngo tuyumve nk'akamoto canke goûts.
Umuco uboneshwa amaso userukira 0,005% vya spectre électromagnétique. Imishwarara X(Rayons x), Za ultraviolet, za infrarouges, za micro-ondes,...ntizigaragara atabikoresho.

-Ubwonko burayungurura amakuru ava muri environnement, bugafuta vy'inguvu 99% imbere y'uko bishikira ubwenge bwamuntu bwacu.

Aya makuru abanza guca muri procedure ndende yo kuyungururwa no gupfindurwa hisunzwe ivyo twiteze, ivyo twabonye muri kahise imbere y'uko ubibamwo (expérience). Muri make, ivyo wita '' réalité'' ni ibifondano vy'ubwonko bwawe- si ifoto nyakuri y'isi.

Aba hindu bita isi ''Maya'' bisigura "ILLUSION'' canke IBIHENDAMASO.
Aba bouddhiste bakayita '' Samsara''.
Umugwi wa Islam w'aba Soufi ukayita '' Icirore'', kandi ivyo babimenye imyaka ibihumbi imbere ya science ya none.

🧬 Physique Quantique

Mwo indani, kuri level iri munsi ya atome, matière canke ibifadika vyose, birahangara bikajugumiza uburyo tudahuramwo réalité.

Umu physician umwe yitwa Sir James Jeans niwe yagize ati: " Isanzure(Univers) rimeze nk'iciyumviro gikuru/kinini/gikomeye kuruta uko ryosa n'imashini''.

- Matière ni ikirundo ca particules( intete) ariko izi particules si utuntu tugumye ni énergie pure.
- Expérience ya ''Double-Fente" yerekana ko inyishu y'iyo expérience ihinduka bivanye n'uwuriko arayikurikirana.

- Iyindi ni Quantum entanglement, iyi nayo yerekana ko ibintu vyose ari ikintu kimwe, binywana. Ibi bitwereka ko burya réalité imeze nk'ikiyaga ca énergie Ivibra buri kanya.

🪬 PHILOSOPHIE

Uku gutahura si ukwiyadukije ubu.

- Platon, umugiriki, yaciye umugani wa Cave aho avuga ukuntu abantu babona ibitutu vy'ukuri.

-Aba bouddhiste bemera ko uburyo bwemewe na benshi bwo kubona mmwo reality ari ukwihenda.

-Aba Hermetic bo mumisiri, banditse mugitabo Kybalion( ari naco tuzokwifashisha mukwiga ubu bumenyi), ko '' Isanzure riri Muvyiyumviro"(The universe is mental).

🛡️Muragabe, kwita reality "ibihendamaso" ntibisigura ko itabaho, ahubwo ko atari ico igaragara kuba. Ijambo " illusion" rikomoka muki latini "illudere"- gukinisha. Reality rero ni :

1. Ibigereranyo si ifoto iri direct
2. Energie si ibigumye bifadika
3.Ni nk'ibumba wohinduramwo uko ushaka, ari navyo tuzogenda twiga gahoro gahoro.

Gutahura ibi bintu bikwereka ukuntu Imyizere yawe, ivyo witeze hamwe na attention yawe arivyo bigena ivyo ubona na interprétation ubiha. Ibi umaze kubibona biguha ubushobozi bwo guhindura amarekezo y'ubuzima bwawe uko ubishaka. Gute neza na neza? Ni aba pastor benshi nzi babizi ariko ntavyo bazigera bakwigisha, ibihangange nka Elon Musk n'abandi barabikoresha,...nico gihe ngo nawe ubimenye maze ucike Imana m'ubuzima bwawe( yes ndazi wumva ndogose gusa tekana, ndazi ivyo mvuga). Naho ubutaha rero twinjira m'umutima w'ibintu ndaguha na exercise ukora ngo uvyigeragereze.
.

UKURI KW'UBUMANA BWA YEHOVA N'UBUZIRANENGE BWA BIBILIYA.{INTANGAMARARA}Abantu benshi bapfa kwizera ivyo bizera bavyemejw...
08/12/2024

UKURI KW'UBUMANA BWA YEHOVA N'UBUZIRANENGE BWA BIBILIYA.

{INTANGAMARARA}

Abantu benshi bapfa kwizera ivyo bizera bavyemejwe n'abandi canke bashaka kugira Aho babarizwa ngo babe mu bandi. Imyizere yabo ntiba yaravuye m'ubusesanguzi bwabo. Ibi ni navyo tubona vyigaragaza cane mumadini y'abakirisu/ab'islamu, ndetse no muyandi hirya no hino kw'Isi. Uyu munsi turaraba UKURI benshi mu bakirisu badashaka kwakira kubijanye n'imana yabo YEHOVA no kugitabo ceranda Cabo BIBILIYA. Aya ni yamakuru atuma duhindura uburyo twahora tubonamwo ibintu. Musomyi, wewe woba witeguye kuraba UKURI mumaso nk'umugabo niyo kwoba kuvuguruza imyizere yawe? Niba witeguye tora ikaye n'ikaramu wicare wige. Ikindi niba uri mushasha kuri uru rubuga kora kugirango uzohore umenyeshwa burigihe amakuru nkaya n'ayandi menshi ari imbere azorekurirwa.

TWAGIYE.}

📖Kugirango tumenye niba Koko BIBILIYA ari iyo kwizerwa no gukurikizwa 100%, tugomba kubanza gutohoza n'ubushishozi bwinshi isôko canke inkomoko yayo. Hano isôko ry'ivyanditswe vya BIBILIYA, nk'uko nayo ivyivugira ubwayo, ni uwo abakirisu Bose bita imana yabo ariwe YHWH canke YEHOVA. Rero nkuko mubizi kamere nyakuri y'umuntu igaragarira mubikorwa vyiwe, inyifato yiwe ndetse rimwe na rimwe no muvyo avuga nk'uko basokuru bacu bayamaze bati akari k'umutima gasesekara k'umunwa, BIBILIYA nayo ikatwuhirira iti muzobamenyera kuvyo bama (Matayo 7:15-20). Nashaka rero ngo tubanze dutohoze n'ubushishozi bwinshi, twisunze BIBILIYA nyene, tumenye ngo YEHOVA Ninde? Ivyo Yama ni ibihe?,birtyo dutahure neza niba ari uwo kwizerwa no kwumvirwa 100%. Vyoba vyiza rero ufashe BIBILIYA tukajana.
None BIBILIYA itubwira iki kuri YEHOVA?

📌 YEHOVA ni ikiremwa c'inyama n'amaraso nka twe:
👉 Kuvayo 33:11
👉Kuvayo 33:21-23
👉Kuvayo 24:9-11, 16-18
👉Kuvayo 34:5

‼️ Biragaragara neza ko hano dufise ikiremwa c'umubiri ciyereka abantu "amaso muyandi". Kuba YEHOVA ari ikiremwa c'umubiri birahambaye kuko bidufasha kumutahura neza.

📌 YEHOVA ni umunyantegenke nka twe:

Mvuze ko YEHOVA nawe agira integenke nkatwe abakirisu bumva umengo ndamukoroye kuko bo bamwita imana Atari umuntu bakumva ko atokwigera akora amakosa ariko bakirisu BIBILIYA yanyu yahumetswe na YEHOVA ubwiwe itubwira ibitandukanye.

👉 Itanguriro 6:7*-Hatubwira ko YEHOVA "yicujije, arababara m'umutima"kubera ububi bw'abantu yaremye bituma afata umwamzuro mubi cane wo guhonya amamiliyoni y'abantu hamwe n'ibindi binyabuzima umuyoro vyari kw'Isi.
👉 Itanguriro 8:21*-Hatubwira ko YEHOVA amaze "kwica" Isi yose urupfu rubi yabonye ko yadekonye hama ''aricuza''.
👉Kuvayo 32:9-14*-Hatubwira ko YEHOVA yarengewe n'ishavu hama asubira gufata wamwanzuro mubi wo guhonya Bose abahoye amakosa ya bamwe ariko iciza n'uko hari Musa amugarura k'umurongo hama YEHOVA "aricuza".
👉 Kuvayo 34:14/ Guharura 16:20, 43-50*-Hose hatubwira ko YEHOVA ari inkazashavu ndetse tubona ko bimugora cane gufata imyanzuro atuje. Tubona Kandi ko iyo Musa atahaba ngo aze aramugarura yari kumara abantu abahoye utuntu duto. Biragutangaje ukuntu umuntu yohanura imana, siko? Nturi wenyene naje narumiwe!!

📌 YEHOVA ni umunyagitugu.

👉 Zaburi 111:10*-Hatubwira ko gutinya YEHOVA aribwo bukerebutsi. YEHOVA, cokimwe na Hi**er canke uwundi munyagitugu wese, ategekesha ubwoba kuko atabikoze uko ntawomukurikira bimuvuyeko.
👉Yobu 38*-Hatubwira ukuntu YEHOVA, cokimwe n'abandi banyagitugu Bose, aja impaka n'abantu maze akabemeza yirata ivyo yakoze. (Ntamugabo w'ubwenge akora ibi bintu.)
👉Kuvayo 22:20*-Hatubwira ko YEHOVA yica buri wese atamwemera neza neza nka kumwe kw'abategetsi b'abanyagitugu.
👉Abami 26*-Turabona *INGINGO Z'UBUTUNGANE* za YEHOVA. Vy'ukuri YEHOVA nta demokarasi azi, abo ayoboye nta burenganzira n'ubwigenge bwo kwihitiramwo abaha. Isomere ukuntu ashimikira cane kukibi azokorera abatamwumvira ariko imbere y'ivyo akabanza kubasezeranira ivyiza azobaha nibamwumvira buhumyi, neza neza nkababategetsi b'abanyagitugu Bose.(Ps: 😀 uwomushira muri documentation yohaturira).

Hama bakirisu...

📌YEHOVA ni umwicanyi:

Uru rutonde rukurikira ni urutonde rw'ubwicanyi bwagiye burakorwa na YEHOVA, abishwe bagahorwa kutamwumvira abandi bagahorwa ubusa. Ibi biza bishimagiza YEHOVA kubantu bamwe bamwe ariko ubwicanyi nk'ubu ntakindi bugaragaza Atari igitugu n'umukazo vya YEHOVA.

👉 Itanguriro 6:7*-Yehova yishe Isi yose asigaza abantu badashika 10 n'ibikoko bike.
👉Itanguriro 12:29*-Yehova yishe buri mfura y'umuntu n'igitungwa mu Misiri, abahoye ko umwami waho yanse kurekura abisirayeli biwe.
👉Kuvanyo 21:15, 17*- YEHOVA yategeka kwica uwakubise nyina canke se canke uwubipfurije inabi.
👉Kuvayo 22:19*-Yehova yategeka kwica uwaryamanye n'igikoko.
👉 Guharura 21:3*-Yehova yishe abanyakanani ibihumbi,harimwo abagore n'abana.
👉Gusubira muvyagezwe 3:4*-Yehova yishe ibisagara 60 vyuzuye abantu.
👉Gusubira muvyagezwe 7:16*-Yehova yabategeka kutagira akagongwe.
👉Yosuwa 6:21*-Yehova yishe ikindi gisagara kuva kubatama gushika no kubikoko harimwo n'utwana.
👉Yosuwa 8:25*-Yehova yishe abagore n'abagabo bashika 12 000.
👉Abacamanza 1:17-18*-Yehova yabanye na Yuda na Simeyoni m'ubwicanyi bwakorewe abanyakanani.
👉 Abacamanza 11:39*-Yehova yemeye gushikanirwa umuntu.
👉1Samweli 6:19*-Yehova yishe abantu abahoye kurunguruka isandugu y'isezerano.
👉 1Samweli 15:3*-Yehova yategetse kwica atampuhwe ubwoko bwose n'uruyoya rudasizwe.
👉2Samweli 6:7*-Yehova yishe umuntu amuhoye gushaka gusama isandugu y'isezerano ngo ntigwe.
👉1Abami 20:35-36*-Yehova yigenje k'umuntu birangira amwishe.
👉2Abami 2:24, 10:25, 19:35/1Ngoma 21:14/Yobu 1:15-19/Yesaya 13:16, 45:7/Yeremiya 48:10, 50:21/Ezekiyeli 35:8/Hoseya 13:16/Nahumu 1:2/Zefaniya 1:3, 3:6/Zekariya 13:3,...iyo yose ni imirongo ya BIBILIYA igaragaza ubwicanyi bw'uwo benshi bita "imana y'urukundo". Si agaseseshw️arumuri, biraboneka neza ko YEHOVA ari kure cane y'ubumana yiyitirira.(Ps 😂 ikindi abakirisu bamwita ko ariwe yaremye isanzure ryose noneho niba arivyo cufata ivyo yakoreye k'umubumbe wacu gusa uce ubigwiza n'igitigiri c'imibumbe yose iri mw'isanzure hama umbwire niba Koko tutageramiwe!)

💥Kuvuga menshi siko kuyamara iki cari igice cambere c'aya makuru mukurikiranire Hafi mumenye n'ayandi menshi.

‼️MUGUSOZERA

UKURI kuri mumaso yacu n'ubwo bitugora kukwakira kubera ubwoba bw'impinduka. Abakirisu benshi ntibasoma BIBILIYA canke iyo basomye naho bagasoma imirongo ibahumuriza canke ivugira mumiganii ntibatahure ivyo rero bituma batamenya UKURI. Kuwamungu babigisha kuyoboka imana ariko batazi ngo ni iyihe.
YEHOVA ntabwo ari IMANA MUREMYI RUDENDE AHORAHO! NAMBA!!!! Ni ikiremwa c'inyama n'amaraso nka twe ndetse cipfuza kuyobora. Tuzobona n'ibindi vyinshi kur'iki ikiremwa mumakuru y'ubutaha. Ikanguro Times igusavye kugira ico uvuga kuri Aya makuru muri commentaire uramutse uvyipfuje.

🕊️ Hotepx3 kuri wewe Musomyi.

23/08/2024

Nibaze ko mucibuka covid rero ntimwemere ko basubira kuduhendesha iyi

24/06/2024

Abadagi badakoranye n'ibimanuka/Ibivejuru ..👇👇👇

23/06/2024

Address

Gitega

Telephone

+25762211587

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when 𝗜𝗞𝗔𝗡𝗚𝗨𝗥𝗢 𝗧𝗜𝗠𝗘𝗦 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share