UPG tambuka

UPG tambuka UPG tambuka est une porte-voix des Jeunes Universitaires, capable d'impulser de changement positif

  Umuvyeyi yarafise abana abatuma umwe umwe wese kuzana agakoni kiwe, batuzanye ababwira ati vunagura utwo dukoni, nabo ...
16/09/2025

Umuvyeyi yarafise abana abatuma umwe umwe wese kuzana agakoni kiwe, batuzanye ababwira ati vunagura utwo dukoni, nabo baratuvunagura. Asubira ababwira ati subirayo muzane utundi. Bazanye utundi dukoni ababwira ati ni mutwegeranirize hamwe. Bahejeje kudushira hamwe duca tuba umuganda. Umuvyeyi abwira babana ati fata uwo muganda w'utwo dukoni muwuvune. Bagize ngo bavune biranka, barasubira biranka.

Dutahura iki ngaho?

Ubumwe burakomeza. Iyo abantu bagize urunani barashobora gutsinda ibibagerageza.

Ukutumvikana n’ugutandukana bidutuma tuba abanyantege nke. Iyo turi kumwe, n’ibitoroshe biroroha. Mu muryango, ku kazi, canke mu kibano, gufashanya bituma tugira inguvu zidasanzwe.

Izo ni zimwe mu mpanuro , aserukira abanyeshure b**a kuri Kaminuza y'ubuhinga y'i Gitega mu gisata c'ubutunzi yahaye abanyeshure aserukira aho bariko barakenguruka, no kwitegurira kwinjira m'ubuzima busanzwe canke bw'akazi mu birori vyo gusozera ivyigwa vy'igice ca mbere ca Kaminuza kuwa 3 Nyakanga 2025 mu ntara ya Gitega.

  S'engager, remercier et entrer dans une nouvelle vie professionnelle ou de recherche professionnelle, telle était la m...
16/09/2025

S'engager, remercier et entrer dans une nouvelle vie professionnelle ou de recherche professionnelle, telle était la motivation des étudiants de l’Université Polytechnique de Gitega , en Faculté des Hautes Etudes Commerciales , lors de la cérémonie marquant la fin de premiere cycle des études Universitaires tenue le 12 September 2025 dans la province de Gitega.

, délégué des étudiants, au nom de ses camarades, a vivement remercié l’ pour son soutien exceptionnel qui a permis le bon déroulement des activités. Il a également remercié tous les étudiants qui ont contribué de différentes manières à la réussite de cette cérémonie.

, secrétaire au service académique de l’UPG, qui représentait la direction, dans ses conseils, il a encouragé ces étudiants à rester unis, à se soutenir mutuellement et à ne pas s’oublier. Elle les a exhorté à se comporter comme des jeunes diplômés d’université capables de se créer des opportunités.

Même si vous avez terminé vos études universitaires, vous êtes encore jeunes. Je vous encourage à continuer en Master, car les études ne se terminent que lorsque quelqu’un le décide. L’université reste disponible pour vous accompagner. Que personne ne se comporte mal, car ce serait une honte pour lui-même, pour nous, et pour UPG. A ajouté Aline.

  Guteza imbere igisata co gutororokanya n'ukugwiza ubuki;Gushiraho ihinguriro ry'impuzu;Guteza imbere ubworozi bw'ibitu...
29/08/2025

Guteza imbere igisata co gutororokanya n'ukugwiza ubuki;

Gushiraho ihinguriro ry'impuzu;

Guteza imbere ubworozi bw'ibitungwa bito bito;

Gushinga ihinguriro ry'ibigori;

Guteza imbere igisata c'ubworozi bw'amafi;

Gucukura ubutare;

Guteza imbere igisata c'amahinguriro y'ivyamwa;

Iyo ni imwe mu migambi mikuru mikuru ikigo cashize imbere ngo irangurwe gushika 2030.

Vyashikirijwe na , arongoye PAEEJBurundi k'umusi ugira kabiri mw'ihuriro ry'uguhanahana ivyiyumviro ku vyaranguwe mu myaka 20 irangiye umugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi.

  Abanyeshure bahawe amafaranga y'ingurane   kugira bashobore kubandanya amashure ya Kaminuza, basabwa gutangura kuyasub...
28/08/2025

Abanyeshure bahawe amafaranga y'ingurane kugira bashobore kubandanya amashure ya Kaminuza, basabwa gutangura kuyasubiza kuko arya mafaranga ni ingurane bahawe kugira bige.

  Kaminuza y'ubuhinga y'i Gitega   iri mw'iterambere riboneka igihugu cirata kuva ryubatswe risohora urwaruka rw'incabwe...
28/08/2025

Kaminuza y'ubuhinga y'i Gitega iri mw'iterambere riboneka igihugu cirata kuva ryubatswe risohora urwaruka rw'incabwenge gusa.

Akarorero urwaruka rwize igisata c'ubuhinga bwa none (TIC), ibidukikije bagiye muri concours bama baba aba mbere. Hari n'abamaze kuvumbura ibintu vy'ubwenge n'ubuhinga kubera ubumenyi bahabwa muri UPG. None iryo si iterambere riboneka? Iyo UPG itubakwa urwo rwaruka rw'incabwenge ruba ruboneka ?

Hari ababona ikirahuri kiri à moitié vide n'abandi bakibona à moitié plein. Ababona ikirahuri kiri à moitié vide ni bamwe bama babona ko ibintu bitera biba nabi. Ababona ko ikirahuri kiri à moitié plein ni ababona ko iterambera ritera riduga. Abavuga ko ibintu vyabuze mu bareke bavuge n'aho tuzobikura batange inyishu y'ivyo bibazo.

Dufatiye k'ukuntu Uburundi bwari busa imbere ya 2005, Uburundi bugeze ku ntambwe nziza y'iterambere kandi hakoreshejwe inguvu nyinshi kugira ngo Uburundi bushike aho bugeze uno munsi. Ugukora niko kwonyene gutanga iterambere ku gihugu.

Vyashikirijwe n'Umukuru w'igihugu c'Uburundi , kuri uyu wa 28 Myandagaro 2025, mu mwirimburo w'imyaka 20 irangiye umugambwe uri kubutegetsi.

21/08/2025
  Le mercredi 6 août 2025 a représenté une grande opportunité pour les étudiants de l’Université Polytechnique de Gitega...
12/08/2025

Le mercredi 6 août 2025 a représenté une grande opportunité pour les étudiants de l’Université Polytechnique de Gitega (UPG), qui ont eu la chance d’assister à une conférence enrichissante.

, l’organisateur de l’événement, a déclaré que le premier objectif de cette activité était de présenter aux étudiants les résultats de sa recherche doctorale, soutenue le 22 novembre 2024 à l’Université de Lorraine à Nancy, en France. Sa thèse portait sur une étude comparative entre trois universités : l’Université du Burundi, l’Université Sagesse d’Afrique et l’Université Lumière de Bujumbura. À travers cette conférence, il souhaitait partager les conclusions de ses recherches avec les étudiants de l’Université Polytechnique de Gitega. Le deuxième objectif consistait à comparer les déterminants de la réussite universitaire dans deux contextes différents : le contexte européen et le contexte burundais. L’objectif était d’en tirer des pistes concrètes pour améliorer la réussite académique des étudiants au Burundi, notamment à l’Université Polytechnique de Gitega.

Enfin, une sensibilisation a été menée auprès des étudiants afin de les encourager à s’impliquer davantage dans leur formation, dans le but de devenir des professionnels qualifiés au service de la société burundaise. Ce message s’inscrit pleinement dans la vision présidentielle 2040–2060, qui ambitionne de faire du Burundi un pays émergent, puis un pays développé.

, étudiante à l’Université Polytechnique de Gitega, inscrite en Faculté des Hautes Études Commerciales, option Comptabilité, Contrôle et Audit, a dit que cette conférence lui a été très utile. Elle souligne qu’elle et ses camarades ont retenu de nombreux éléments importants, en particulier les conseils prodigués, qui les accompagneront tout au long de leur parcours universitaire. Elle a compris que la motivation personnelle constitue l’un des facteurs clés de la réussite à l’université.

De son côté, a affirmé que cette conférence leur a permis de tirer de grandes leçons, notamment sur les conditions favorables à la réussite. Il a formulé une demande à l’endroit des enseignants et professeurs : développer davantage l’usage de la langue d’enseignement en proposant des activités pratiques. Ces activités contribueraient, selon lui, à stimuler leur esprit critique, tout en les accompagnant, les motivant et les encourageant tout au long de leur formation.

est un Docteur en science de l'éducation et de la formation dans le laboratoire inter-universitaire de sciences de l'éducation et de la communication, Doctorant en histoire comptemporaine et en théorologie à l'univesité de Lorraine de Metz, Recteur de la basilique du sacré-coeur de Nancy et curé de la paroisse Saint charles de Foucaud au secteur pastoral de Nancy-ville.

  Reta y’Uburundi igiye guha akazi abigisha bashika 2000.Ubushikiranganji bw’indero bwaratunganije inama ku barongozi b’...
18/07/2025

Reta y’Uburundi igiye guha akazi abigisha bashika 2000.

Ubushikiranganji bw’indero bwaratunganije inama ku barongozi b’indero mu makamine no mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi. Iyo nama yabereye mu ntara ya Gitega kuri uyu wa 17 Mukakaro 2025 iremeshejwe n’umushikiranganji ajejwe indero ari kumwe n’abo bafashanya amabanya mu gisata c’indero.

, umuyobozi w’indero mu ntara y’indero ya kera ya Gitega avuga ko hibonekeza abigisha baheba akazi bagiye mu bindi bihugu nkuko biba no muzindi ntara. mu ntara y'indero arongoye ngo uyu mwaka w’ishure 2024-2025 ngo hari igitigiri c’abigisha bashika 32 bahevye akazi. Muri abo 13 bagiye kuva muri nzero 2025.

Umushikiranganji w’indero mw’ijambo ry’ihumure yamenyesheje yuko inama yatunganijwe kugira barabire hamwe ukuntu boha akazi abigisha kugira ngo bitegurire umwaka w’ishure neza bukeye utangura n’izongorane ntizisubire kwibonekeza. Kuri ico kibazo nyene Reta y’uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’indero izoha akazi abigisha bashika 2000 mu mashure shingiro n’inyuma y’amashure shingiro, mu gihe hahora hahabwa akazi abigisha 600. Ivyo Reta y’Uburundi yabikoze imaze kubona ko hari ibibazo vy’abigisha bikomeye, ari naho yaciye ifata yuko mu buryo ubushikiranganji bukoresha hoshirwa inguvu mu gisata c’indero. Ni naco catumye kandi igitigiri c’abigisha bahabwa akazi kigwizwa na gatatu kugira barabe ko ingorane y’abigisha yohava.

Nkuko bamwe n’abandi bari biteze ko akazi k’abigisha kazotangwa hisunzwe intonde z’abari barakoze ikibazo ubuheruka batashikiriwe (Liste d’attente) sivyo kuko basanze vyozana ingaruka mbi.

Umushikiranganji w’indero yamenyesheje ko akazi kazotanga biciye mu kibazo hisunzwe indinganizo y’amakonine 32 mashasha.

Asaba abayobozi b’indero mu makonine no mu ntara zose z’igihugu gukorana ubwenge n’ubwitonzi iki gikorwa bisunze uko amategeko abitegekanya.


  Turiko turagerageza ariko turakeneye ubufashaUrwaruka rudafise ubushobozi n’ubumenyi ntirworoherwa mu kazi. Ahubwo, ru...
15/07/2025

Turiko turagerageza ariko turakeneye ubufasha

Urwaruka rudafise ubushobozi n’ubumenyi ntirworoherwa mu kazi. Ahubwo, ruhura n’ingorane zikomeye mu rugendo rwo kuronka akazi.
Bishikirizwa na bamwe m’urwaruka rwiga kuri Kaminuza y’ubuhinga y’i Gitega UPG kuri uyu wa 15 Mukakaro 2025 mu ntara ya Gitega mu kiganira bagiranye n’ikinyamakuru UPGtambuka c’iryo shure ku bijanye n’uguteza imbere ubushobozi bw’urwaruka.

avuga yuko ubushobozi ari ububasha bwo gukora, ubwenge bwo gushikira intumbero n’ico umuntu afise kimushoboza kubaho neza n’ugufasha abandi ari naco gituma ubushobozi bwotezwe imbere kuneza y'urwaruka n'igihugu. Kubwiwe icokorwa mu guteza imbere ubushobozi bw’urwaruka hobaho :
➡️Kuronsa inyigisho zibereye urwaruka ;
➡️Gufasha urwaruka kwitegurira imigambi y’iterambere ;
➡️Gushira urwaruka mu nzego zifata ingingo ;
➡️Kworohereza urwaruka kwinjira mu masoko y’akazi n’ibindi
Ahamagarira abigeme guhindura uko biyumvira n'ukwijukira ibikorwa vy'iterambere.

avuga yuko guteza imbere ubushobozi bw’urwaruka ari uruhara rusangi ruraba Reta, imiryango, amashirahamwe n’urwaruka ubwabo. Amashure agatanga ubumenyi bujanye n’igihe, abavyeyi bagafasha urwaruka kuronka indero n’ugushigikira indoto zabo, urwaruka mu gutera imbere rukiga, rugakora, rukiyemeza kandi rukitinyuka.

Urwo rwaruka rubona yuko ivyo bikozwe inyungu zo guteza imbere ubushobozi bw’urwaruka zoba nyinshi kandi zifise akamaro ku rugero rw’umuntu, umuryango, n’igihugu.

Ku rwego rw’umuntu. Urwaruka rwiyumvamwo agaciro kandi ko rushoboye, Kwironderera akazi no kugaha abandi, Urwaruka rushobora kwitunganiriza kazoza.

Ku miryango, imiryango itera imbere kubera uruhara rw’urwaruka, Umutekano n’ubumwe mu kibano birakomera.

Ku gihugu naho ubukene buragabanuka, Iterambere ry’ubutunzi rikihuta, biragabanya ubukozi bw’ikibi, gihugu kironka abanyagihugu b’abanyabwenge n’abitanga.

Ivyo babishikirije mu gihe kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro uko umwaka utashe hama hahimbazwa umusi mukuru wahariwe ubushobozi bw’urwaruka kw’isi yose (Journée mondiale des compétences des jeunes).

  Haribonekeza urwaruka rwinshi rutagira akazi, atari kubera rutagira inguvu zo gukora, ahubwo ari kubera rubura umuntu ...
16/06/2025

Haribonekeza urwaruka rwinshi rutagira akazi, atari kubera rutagira inguvu zo gukora, ahubwo ari kubera rubura umuntu yorwereka inzira nziza yo kwitegurira akazi ruzohabwa. Ivyo ni ivyashikirijwe na arongoye ishirahamwe -Jeunes ku wa 12 Ruheshi 2025 m’uruganda rwo kwemeza ivyavuye mu vyigwa vyerekana ibikenewe kugira ibigo vyigisha imyuga bikore neza gusumba. Ni mu mugambi Umwuga-Akazi ushirwa mu ngiro n'ishirahamwe SPARK na CREOP-Jeunes, bifashwe mu mugongo n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya.

Kuganira n'abahungu canke abakobwa ubuzima bujanye n'irondoko rijanye n'amagara meza si ibiterasoni kuko n'ibintu bisanz...
16/06/2025

Kuganira n'abahungu canke abakobwa ubuzima bujanye n'irondoko rijanye n'amagara meza si ibiterasoni kuko n'ibintu bisanzwe bizwi ko bihari mu buzima butugize, ahubwo turakeneye indero runtu n'ubwubahane hagati yacu.

Address

Gitega

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when UPG tambuka posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category