Gasunu News

Gasunu News Nous publions des informations sur l'actualité en rapport l'agriculture,l'élevage, environnement,la politique, l'économie, etc.

🔴 : Umuryango w'Umukuru w’igihugu c'uburundi Evariste Ndayishimiye warifadikanije kuri uyu wa  25 Kigarama 2025 n’abakri...
27/12/2025

🔴 : Umuryango w'Umukuru w’igihugu c'uburundi Evariste Ndayishimiye warifadikanije kuri uyu wa 25 Kigarama 2025 n’abakristu ba paruwase Mugera muri diyoseze nkuru ya Gitega mu nkuka ya misa yo guhimbaza umunsi mukuru wa Noël wibutsa ivuka rya Yezu Kristu.

Muri iyo nkuka ya misa Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yifurije abarundi bose umusi mukuru mwiza wibutsa urukundo Imana yakunze abantu. Akaba yabasavye nabo gukundana no gukoreshe ingabire Imana yabashizemwo kuva bakivuka. Umukuru w’igihugu akaba yagize ati :"Duhimbaze Noël twibuka urukundo Yezu yadukunze kugira ngo turugirire benewacu, dukundane nk'uko Yezu yadukunze gushik’aze kubana natwe".

Ivuka rya Yezu ngo ryibutsa ko ubuzima bwacu ari itarenta Imana yadushizemwo kugira ngo tuyivyaze umusaruro, dutunge abacu n’abandi mbere n’igihugu. Yaciye yifuriza Noël nziza Abarundi bose na cane cane abakristu.

Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana, Patiri mukuru wa Paruwase Mugera yarakengurukiye umuryango w’Umukuru w’igihugu ku kungene witanze mu gusanura iyo sengero ndetse no gusaba ku girango ibe Basilique mineure ya Papa mu Burundi. Yaciye asaba ndetse ko abakristu bokengurukira Imana kuri uyu musi wa Noël kuko ngo ibaye Noël ya mbere bahimbarije muri iyo Basilique.

Patiri yamenyesheje ko urukiza rw’abantu barukesha ivuka rya Yezu. Ati :"Nta Mukiza wundi abantu bokwitega. Abovuga ibindi azoba ari ababeshi". Ku bwiwe ngo Noël ni umunsi mukuru w'akanyamuneza. Yasavye abemera Imana kubandanya bishimira uwu munsi kuko mw'ivuka ry'uwo mwana, Imana yashinze ihema mu bantu gutyo bakamana akanyamuneza. Yasavye Imana rero ko yoshinga ihema kandi mu karere k'ibiyaga binini.

Yasavye abenegihugu guhimbaza Noël bitwararika abatobato na cane cane ba ntahonikora. Yasavye abanyamugera kwitwararika ico cipfuzo ca Papa mu kurangura ibikorwa vy'urukundo. Yipfuza ko ingo zose zomota Ubuntu bw'Imana, zokwitaba iterambere ry'umutima n'umubiri hamwe ko no.mu gushira mu ngiro imbonakazoza 2040-2060, kanatsinda ngo igihugu na ekleziya bizotezwa imbere n'ingo zikomeye.

Mwomenya ko inyuma y’imisa, abana b’umuryango w’Umukuru w’igihugu baciye bashikana utuganuke tugenewe abana bose baraho. Utwo tugunuke twari tugizwe n’ibifungurwa n’inyobwa z’abana, ikimenyetso co gusangira akanyamuneza n’abana bifise n’abatifise nkuko Yezu Kristu yabigize.


23/12/2025
🔴  – Ababaye aba mbere mu gikorwa c’Isengesho ry’Uwakane wa muri Zone Buraza, Komine Gishubi, Intara ya Gitega.Isengesho...
21/12/2025

🔴 – Ababaye aba mbere mu gikorwa c’Isengesho ry’Uwakane wa muri Zone Buraza, Komine Gishubi, Intara ya Gitega.

Isengesho ry'uwa Kane ryatunganijwe n'umugambwr CNDD-FDD ryabaye kuri uyu wa 18 Kigarama 2025 muri Zone Buraza ryaranzwe n’ugushigikira impano, ukwemera n’urukundo rw’umugambwe CNDD-FDD. Ryaranzwe n'ibikorwa vyiza vyo gushimira abagaragaje uruhara mu kwubaka umugambwe biciye mu mpano zitandukanye.

🏆Abashimiwe ni aba bakurikira:

➡️Abarushije abandi mu kwishura ibibazo bijanye n’amateka y’igihugu n’ababaye incungu: barambitswe udupira tw’umugambwe CNDD-FDD.

➡️Imigwi yose y’abaririmvyi yitavye isengesho, barashimiwe barambikwa udupira tw’umugambwe.

➡️Urwaruka rwerekanye impano mu ndirimbo no mu biswi vy’Inkona n’Imbonerakure, rwarashigikiwe kugira rugume rutera imbere.

Umukuru wa Zone Buraza, W***y Ndayisenga, yarashimiye cane uruhara rw’urwaruka n’abagumyabanga bose, yizeza ko ibikorwa nk’ibi bizobandanya kugira bibere akarorero mu zindi zone.


Burundi_GN_Gitega

🔴Gitega– Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD muri zone Nyamugari, Christine Nitereka, yahanuye urwaruka kwirinda ibiyayur...
15/12/2025

🔴Gitega– Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD muri zone Nyamugari, Christine Nitereka, yahanuye urwaruka kwirinda ibiyayuramutwe kuko vyonona kazoza k’igihugu, bigatuma batagifise ico baterera mu mbonakazoza y’Uburundi bwifashe (2040) n’Uburundi buteye imbere (2060).

Ivyo yabivuze kuri uyu w’Imana, 14 Kigarama 2025, mu bikorwa vyarimwo umuhari w’Imbonerakure werekana inguvu zawo muri quartier Nyabututsi, Gitega. Hari harimwo n’umushingamateka Monfort Bigirimana, n’abandi bategetsi bo muri zone.

Nitereka Christine yarakeje Imbonerakure ku bikorwa vy’iterambere barimwo, anamenyesha ko hagiye gutunganywa umunsi wo kwerekana impano z’urwaruka rudasanzwe, hatarabwe imigambwe.

Umushingamateka Bigirimana Monfort yahamagariye urwaruka gushira imbere ibikorwa bifatika, indongozi nazo zikaba akarorero.

Kwibuka: quartier Nyabututsi ni yo yatahukanye ikibanza ca mbere mu matora yo mu 2025 muri zone Nyamugari (84%).


🔴  Wishing you a great start to the week by drinking fresh Souvenir Water.📍 Souvenir Water is available in all provinces...
15/12/2025

🔴 Wishing you a great start to the week by drinking fresh Souvenir Water.

📍 Souvenir Water is available in all provinces of Burundi.

📞 For more information, call:
+257 61 40 12 55
+257 68 36 10 50


🔴  Tubipfurize gutangura indwi neza mu kunywa Amazi ya Souvenir Water.📍 Souvenir Water iboneka mu ntara zose z’igihugu c...
15/12/2025

🔴 Tubipfurize gutangura indwi neza mu kunywa Amazi ya Souvenir Water.

📍 Souvenir Water iboneka mu ntara zose z’igihugu c'Ubirindi.

📞 Ukeneye ico ubaza hamagara:
+257 61 40 12 55
+257 68 36 10 50


🔴  Tunawatakia mwanzo mwema wa wiki kwa kunywa maji safi ya *Souvenir Water*.📍 Souvenir Water inapatikana katika mikoa y...
15/12/2025

🔴 Tunawatakia mwanzo mwema wa wiki kwa kunywa maji safi ya *Souvenir Water*.

📍 Souvenir Water inapatikana katika mikoa yote ya nchi ya Burundi.

📞 Kwa maelezo zaidi, piga:
+257 61 40 12 55
+257 68 36 10 50


🔴  is fresh, tasty water with a unique natural taste.Companies, retailers, and hotels — come to Souvenir Water  for clea...
13/12/2025

🔴 is fresh, tasty water with a unique natural taste.

Companies, retailers, and hotels — come to Souvenir Water for clean, high-quality, great-tasting water.

📍 Available across all provinces of Burundi.

📞 For more info, call:
+257 61 40 12 55
+257 68 36 10 50


🔴  nii maji safi, matamu yenye ladha ya kipekee.Kampuni, wafanyabiashara, na hoteli, karibuni Souvenir Water  mpate maji...
13/12/2025

🔴 nii maji safi, matamu yenye ladha ya kipekee.

Kampuni, wafanyabiashara, na hoteli, karibuni Souvenir Water mpate maji bora, safi na yenye ubora wa hali ya juu.

📍 Souvenir Water inapatikana katika mikoa yote ya Burundi.

📞 Kwa maelezo zaidi, piga:
+257 61 40 12 55
+257 68 36 10 50


Address

Avenue Du Triomphe, No1
Gitega

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Gasunu News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share