Performing Advertising, Media, Art and Drama-PAMAD Center

Performing Advertising, Media, Art and Drama-PAMAD Center PAMAD donne des nouvelles d'actualité,services de publicités et sensibilisation via théâtres divers.

Imvukira za komine   zipfurizanije umwaka mushasha wa 2024 kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 17/2/2024 . Ibirori vyat...
18/02/2024

Imvukira za komine zipfurizanije umwaka mushasha wa 2024 kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 17/2/2024 . Ibirori vyatangujwe n'ibikorwa rusangi vyo kubaka umushinge w'uruzitiro rw'ikibuga c'umupira w'amaguru ca komine Makebuko kiriko kirubakwa.

Imvukira zirangurira imirimo mu gisagara ca no mu gisagara ca bakaba baje bitwaje agakemanyi kagizwe n'isima.Haruhande aho hari n' abakunzi ba komine Makebuko bagizwe n'imvukira zo mu ntara zitandukanye zigize igihugu c'Uburundi zatanze akabahasha kazofasha kugura isima izosahiriza muri ico gikorwa co kwubaka ico kibuga.

Inyuma y'ibikorwa rusangi habaye urukino rw'umupira w'amaguru rwahuje abasangwa n' imvukira zikorera muzindi ntara. Urwo rukino rwarangiye ku ntsinzi y'igitsindo kimwe c'abasangwa ku busa bw'abash*tsi.

Hakurikiye gusangira urukanywa aho amajambo atandukanye yo gukenguruka yashikirijwe uhereye kuri musitanteri wa komine Makebuko Yvette Kanyamuneza.Yashimiye abantu bose bitanze kugira ibikorwa vy'iterambere vyo kwubaka ikibuga bitere bija imbere.

Yaciye kandi ku mayange ibimaze kurangurwa na komine mu bisata bitandukanye aho mugisata c'inyubako Yvette Kanyamuneza yamenyesheje ko hariko harubakwa ikibuga-stade Makebuko, ibirasi bitandukanye vyubatswe ,inzu z'ingenzi zitari nke zubatswe.Ivyo vyose imvukira, abakozi ba Leta hamwe n'abenegihugu bakaba baritanze mu gufasha muri ivyo bikorwa.

Mu gisata c'uburimyi n'ubworozi ngo abanegihugu barigishijwe kurima kijambere hamwe no gukingira isi mu gutera ibiti vy'imikaratusi,ibibana n'indimo hamwe n'ivyamwa ngo bakaba barigishijwe no kworora kijambere na cane cane kworora inkwavu.

Yasavye imvukira kwijukira guteza imbere aho bataye uruzogi ndetse aca aranakeza abamaze gufata iyambere bakabikora.

Uwaserukiye imvukira zikorera mu mihingo itandukanye zihurikiye mw'ishirahamwe mu mugambi wayo yashimye ndetse aca ashikiriza ko ari umusi w'akanyamuneza wo gusangirira hamwe n'abegihugu haziko.Yasavye abajejwe intwaro kwamana na ntaryo umutima wo gukunda no gukundisha abantu guteza imbere aho bavuka.

13/02/2024
Abakinyi ba NI NDE? bati:“Dufise umubabaro udasanzwe kubura NAHIMANA Adrienne wacu,... Yari umuntu adasanzwe muri twebwe...
25/01/2024

Abakinyi ba NI NDE? bati:“Dufise umubabaro udasanzwe kubura NAHIMANA Adrienne wacu,... Yari umuntu adasanzwe muri twebwe,ariko twizera ko tuzongera guhurira ahera mw’ijuru”. Ayo ni yo majambo yavurwa na bamwe mu bakinyi ba NI NDE? baje guherekeza irya numa Adrienne NAHIMANA.
Bavuze bati : “ Burya urunganwe twatanguriye rimwe mu gukina igikino NI NDE? tugeze muza bukuru. Ico twosaba nuko botugarukirako. Turashimiye abantu bose baje kudufasha uru rubanza rutari rworoshe”.

Ico cipfuzo c'abakinyi ba NI NDE? ucakiriye gute?

Umukinyi wa NI NDE?Adrienne Nahimana yaraye ashengeye.Imana imwakire mu bwami bwayo yari umunyempano akomeye.
19/01/2024

Umukinyi wa NI NDE?Adrienne Nahimana yaraye ashengeye.
Imana imwakire mu bwami bwayo yari umunyempano akomeye.

Umunyamwuga w'Umukinyi w'amareresi na NI NDE?Adrienne NAHIMANA ahajeje kudusezera.Akaba yitavye Imana yari umukinyi wa N...
18/01/2024

Umunyamwuga w'Umukinyi w'amareresi na NI NDE?Adrienne NAHIMANA ahajeje kudusezera.Akaba yitavye Imana yari umukinyi wa NI NDE? akongera akanakirosha afatiye ku mpano ziwe.

Vital'o Footbal Club irakina igihe c'isaha icenda (15h) z'uyu wa 30 Kigarama urukino rwayo rwa 2 muri rya higanwa irimwo...
30/12/2023

Vital'o Footbal Club irakina igihe c'isaha icenda (15h) z'uyu wa 30 Kigarama urukino rwayo rwa 2 muri rya higanwa irimwo rya Mapinduzi Cup hariya muri Zanzibar. Inyuma yo gukina na Chipukizi United bakanganya (0-0) , umugwi Vital'O waserukiye Uburundi uza gutana mu mitwe na Mlandege uheruka gutahukana igikombe c'iryo higanwa. Ni umugwi mu rukino rwawo rwa mbere wanganije na Azam FC wo mw'itsinda basangiye.
Ku ruhande rwa Vital'O, umumenyereza Parris Sahabo ngo urukino aza kurukina nka finale. Imyiteguro ngo irakwiye .

Akajambo ku mugwi wa Vital'O?

28/12/2023

Ngozi/Ngozi,Busiga
Abanywanyi 6 b'umugambwe CNL bo mu ntara ya Ngozi binjijwe ibohero rikuru ry'abagabo n'abagore rya Ngozi mu gihe bari bafashwe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 23/12/2023 bariko bagirira isuku ingoro y'umugambwe CNL yo ku rwego rw'intara ya Ngozi. Abo na bo ni:
1)Manirambona Josiane
2)Issa Irabaruta
3) Alexandre Nsabiyumva
4)Sivina Manariyo
5)Gaspard Ngendakumana
6)Riziki Ntahonkiriye

Twobamenyesha ko abandi banywanyi batandatu b'umugambwe CNL bagipfungiwe mu gasho k'inyamiramabi mu gihe bafashwe bariko bagira inama y'ishirahamwe ryabo muri Zone Rukeco ya Komine Busiga.
Mu miryango yabo bagasaba ko izo abo bantu borekurwa kuko ngo bariko bazira ubusa bagasaba canecane ubushikiranganji bw'ubutungane n'ubwo intwaro yo hagati,iterambere rusangi n'umutekano ko bworeka kuraba nkunzi bugafata abantu co kimwe mu burenganzira no mu butandukane bwabo.

None iyi nkuru we uyakiriye gute?

Gitega:Umuntu yitwa Ndereyimana Pascal asanzwe yatowe muri batanu barongoye umutumba wa Bwoga Komine n'Intara ya Gitega ...
27/12/2023

Gitega:
Umuntu yitwa Ndereyimana Pascal asanzwe yatowe muri batanu barongoye umutumba wa Bwoga Komine n'Intara ya Gitega yarakubiswe n'abantu bari binyegeje mu bigori atashe muhira mw'ijoro rya Noheli igenekerezo rya 25/12/2023,ubu akaba arwariye mu bitaro vy'aho i Bwoga.Abavukamutumba bagasaba ko abajejwe intwaro n'igipolisi guhana abo bamuhohoteye kuko ngo baza bamenyekanye.Abo na bo boba baturuka mu mugambwe CNDD FDD mu gihe Uwahohotewe na we aturuka mu mugambwe CNL abanyabwoga bakibaza ko yoba yahowe kutaba mu mugambwe umwe na bo ivyo bigatera amakenga na burya himirije amatora.

None wewe nk'umusomyi iyi nkuru uyakiriye gute?

Umugambwe CNL ukaba witeze ko uwakubiswe avuzwa abamukubise na bo bagahanwa bimwe biboneka.

Egide Ndayisenga,Umuyobozi wa Radio Bonesha FM yitavye Imana kuri uyu mugoroba wo ku wa mbere igenekerezo rya 13/11/2023...
13/11/2023

Egide Ndayisenga,Umuyobozi wa Radio Bonesha FM yitavye Imana kuri uyu mugoroba wo ku wa mbere igenekerezo rya 13/11/2023.
Imana Imwakire.Agiye ataranezerererwa ubugeni yaheruka kugira.Tumwipfurize uburuhukiro bwiza.

Mbega ryoba ryaribagiwe?Ni ibarabara riduga aho benshi bita mu KIRIMIRO mu gisagara ca Gitega rivuye kw'ibarabara rya ka...
24/10/2023

Mbega ryoba ryaribagiwe?
Ni ibarabara riduga aho benshi bita mu KIRIMIRO mu gisagara ca Gitega rivuye kw'ibarabara rya kaburimbo riva mu gisagara ca Gitega rija mu Rutana n'ahandi mu bumanuko no mu buseruko bw'igihugu. Iryo barabara ryari rikwiye gukorwa mu ya mbere kuko rigana ahakorera amashirahamwe mpuzamakungu nka PAM,OIM eka n'ibindi bisata bikomakomeye mu buzima bw'igihugu nka BPEAE GITEGA,SOGESTAL GITEGA,Mutuelle de la fonction publique ishami rya Gitega.Ni na ho hari ububiko bw'ifumbire ya kijambera izanwa n'ibiduga bininibinini vyanabomoye ikiraro kiri aho iryo barabara ritangurira bigatuma imvura iguye ata munyamuduga n'umwe yohaca.
Abakoresha iryo barabara risanzwe rinabangukiye abanyamaguru kuko ribapfunyiriza urugendo ntibace mu kaburimbi basaba abajejwe intwaro n'abajejwe igisata c'amabarabara gukora iryo barabara kuko ribafitiye akamaro kanini.Twobamenyesha kandi ko iryo barabara riri ahasanzwe hari ubuvyiniro nka Lenox na Mystique.

None wewe nk'umusomyi iyi nkuru uyakiriye gute?

Kuri uyu wa 19 gitugutu , umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n'umutekano Martin Niteretse...
22/10/2023

Kuri uyu wa 19 gitugutu , umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n'umutekano Martin Niteretse yagirishije inama abaserukira amashiramwe yigenga n'amashengero kugira barabire hamwe uko botuza ibiyayuramutwe. Ni ikibazo c'ubusambanyi caragarutsweko na cane cane inda z'ishushu aho aho yagabishije abatwara inda mu nyuma ngo ntibaze se w'umwana (père inconnu) . Yavuga ko vyarenze urugero kandi ngo biba mu ntambamyi kw'iterambere ry'igihugu.

Umushikiranganji asavye intererano abo batumire zoba nk'umuti w'ivyo bibazo, umwe mu ba Shehe asanzwe ari no mu nama nkuru y'inararibonye mw'idini rya Islam yahavuye asaba ijambo maze avuga ko umuti ku kibazo c'ubushurashuzi , uri muri Korowani. Nawo ngo ni ukwicisha amabuye abubatse bafashwe barenga ibigo. Ku nkumi n'imisore , ngo Korowani ivuga ko ari ukubaha igiti : inkoni 100 umwumwe.
Shehe abona ko n'abo banywa ibiyayuramutwe bohabwa igiti gushika babihevye. Yamara
iyo nararibonye y'umu ivuga ko uwo muti Korowani itanga bidakunda ko ushirwa mu ngiro kubera amategeko y'igihugu avuga ibindi , agasaba ubushikiranganji kubemerera gukoresha ivyo bihano kuko ngo vyokemura ikibazo.

Umushikiranganji Martin Niteretse ntiyemeye iyo mpanuro ahubwo abasaba kugarukira indero yo kuziko nayo ngo abaguye mw'ivyo vyaha, bohanwa hisunzwe amategeko y'igihugu.

Uwo muti Shehe yatanze muwuvuzeko iki ?

Keffa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU yari yahagaritswe ku wa 17/10, ajanwa mw'ibohero rikuru rya Mpimba aridegemvya k...
22/10/2023

Keffa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU yari yahagaritswe ku wa 17/10, ajanwa mw'ibohero rikuru rya Mpimba aridegemvya kuva ku mugoroba w'uyu wa gatandatu nk'uko vyemezwa n'umugambwe arongoye. Yari yapfunzwe inyuma yo kwumvirizwa n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika.

Iyi nkuru uyivugako iki?

Address

Gitega

Opening Hours

Monday 07:30 - 17:00
Tuesday 19:30 - 17:00
Wednesday 07:30 - 17:00
Thursday 07:30 - 17:00
Friday 07:30 - 17:00
Saturday 07:30 - 05:00
Sunday 07:30 - 05:00

Telephone

+255624811952

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Performing Advertising, Media, Art and Drama-PAMAD Center posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Performing Advertising, Media, Art and Drama-PAMAD Center:

Share