
18/02/2024
Imvukira za komine zipfurizanije umwaka mushasha wa 2024 kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 17/2/2024 . Ibirori vyatangujwe n'ibikorwa rusangi vyo kubaka umushinge w'uruzitiro rw'ikibuga c'umupira w'amaguru ca komine Makebuko kiriko kirubakwa.
Imvukira zirangurira imirimo mu gisagara ca no mu gisagara ca bakaba baje bitwaje agakemanyi kagizwe n'isima.Haruhande aho hari n' abakunzi ba komine Makebuko bagizwe n'imvukira zo mu ntara zitandukanye zigize igihugu c'Uburundi zatanze akabahasha kazofasha kugura isima izosahiriza muri ico gikorwa co kwubaka ico kibuga.
Inyuma y'ibikorwa rusangi habaye urukino rw'umupira w'amaguru rwahuje abasangwa n' imvukira zikorera muzindi ntara. Urwo rukino rwarangiye ku ntsinzi y'igitsindo kimwe c'abasangwa ku busa bw'abash*tsi.
Hakurikiye gusangira urukanywa aho amajambo atandukanye yo gukenguruka yashikirijwe uhereye kuri musitanteri wa komine Makebuko Yvette Kanyamuneza.Yashimiye abantu bose bitanze kugira ibikorwa vy'iterambere vyo kwubaka ikibuga bitere bija imbere.
Yaciye kandi ku mayange ibimaze kurangurwa na komine mu bisata bitandukanye aho mugisata c'inyubako Yvette Kanyamuneza yamenyesheje ko hariko harubakwa ikibuga-stade Makebuko, ibirasi bitandukanye vyubatswe ,inzu z'ingenzi zitari nke zubatswe.Ivyo vyose imvukira, abakozi ba Leta hamwe n'abenegihugu bakaba baritanze mu gufasha muri ivyo bikorwa.
Mu gisata c'uburimyi n'ubworozi ngo abanegihugu barigishijwe kurima kijambere hamwe no gukingira isi mu gutera ibiti vy'imikaratusi,ibibana n'indimo hamwe n'ivyamwa ngo bakaba barigishijwe no kworora kijambere na cane cane kworora inkwavu.
Yasavye imvukira kwijukira guteza imbere aho bataye uruzogi ndetse aca aranakeza abamaze gufata iyambere bakabikora.
Uwaserukiye imvukira zikorera mu mihingo itandukanye zihurikiye mw'ishirahamwe mu mugambi wayo yashimye ndetse aca ashikiriza ko ari umusi w'akanyamuneza wo gusangirira hamwe n'abegihugu haziko.Yasavye abajejwe intwaro kwamana na ntaryo umutima wo gukunda no gukundisha abantu guteza imbere aho bavuka.