Province Kayanza

Province Kayanza Page qui fournit une information réellement vérifiée.

27/05/2026

Abahurikiye mw'idini rya Islam bo muri komine mu ntara ya bifadikanije n'abandi bahurikiye muri uwo muryango mu birori vyo guhimbaza umusi wa Eid El adha. Muri zone ari naho vyabereye ku rwego rwa komine‚ ivyo birori vyabereye kw'isoko ya .
Cheich Amani Rushoza‚ aserukira uwo muryango muri komine ‚ yashimye ko uwo musi uhimbajwe aba Islam bafatanye mu nda. Akaba yabasavye kwubaha indongozi mu ntwaro no mw'idini no kwirinda uwo wese yobajuragiza. Yashimye kandi ko uwo musi wahimbajwe aba Islam barijukiye ibikorda vy'iyerambere aho ngo ngaho muri zone ya bateye ivoka zishika 300.

Tumwumvirize muri iyo reresi iri musi

05/04/2026

#𝘽𝙪𝙩𝙖𝙣𝙮𝙚𝙧𝙚𝙧𝙖 𝙐𝙢𝙪𝙨𝙝𝙞𝙣𝙜𝙖𝙢𝙖𝙩𝙚𝙠𝙖 𝙖𝙧𝙖𝙗𝙚𝙨𝙝𝙪𝙯𝙖 𝙞𝙗𝙞𝙝𝙚𝙧𝙪𝙩𝙨𝙚 𝙠𝙪𝙢𝙪𝙫𝙪𝙜𝙬𝙖𝙠𝙤

Mu kiganiro co kuwa 27 Ntwarante c'abavugizi b'inzego zitandukanye z'igihugu giheruka kubera mu , harabonetse abenegihugu bidogera umushingamateka Vincent Ndagijimana yatowe mu ntara ya Butanyerera. Bimwe mu vyo bamwagiriza, ngo ni ukurenganya abantu hamwe no kubapfungisha abahora ubusa.

Ku vyo yagirizwa vyo gupfungisha abantu, Ndagijimana agira ati :"Jewe nk'umushingamateka, njejwe kuvugira abenegihugu, sinjejwe guhohotera umuntu. Mvugira uwahohotewe, sinogaruka ngo ndamurenganye."

Uyu mushingamateka asigura ko bamwe mubamwidogera babikura ku kutamenya, abandi nabo bakabikora nk'irementanya baba batumwe n'abandi. Asaba ko uwufise uwiwe apfunzwe, yoheza akegera inzego zibijejwe kugira ngo zibatunganirize.
Vincent Ndagijimana avuga ko amatati menshi akunze kwaduka, azanana muvy'ubutare. Yamara, uwo mushingamateka avuga ko atariko vyari bikwiye kugenda kuko ngo ubutare ni ubwa Reta.
Ivyo vyose yabishikirije ku wa 30 Ntwarante 2026, aho yari aramutse atanguza ibikorwa vyo kwubaka ikiraro co ku ruzi Mwogere, ruhuza imitumba ya Ryamukona, Mutana, Yandaro, Kibuba hamwe na Kivuvu yo mu ma zone ya Jene na Kabarore.
Iki kiraro kikaba cari kimaze imyaka 20 carasenyutse kizokorwa ku miliyoni 15 z'amafaranga y'amarundi azotangwa n'uwo mushingamateka ku giti ciwe.


03/04/2026

Mu gihe uwahoze ari umukuru w'umutumba wa muri zone ya komine akaba n'umukuru wa koperative yidoze ko umushingamateka abaheraniye amafranga y'ibigori‚ uwari icegera ciwz mu ntwaro no muri iyo koperative‚ umukuru w'urwego rw'abahuza kuri uwo mutumba co kimwe n'abanywanyi b'iyo koperative bose baremeza ko ari irementanya. Bakavuga ko uwo mushingamateka yababajwe n'ukuntu iyo koperative yo ku mutimba avukako. Mbere aca yiyemeza kubaterera muri ruheshi 2026 imiriyoni 15 mu gihe bazoba bariko barishura ingurane bahawe.
Tubakurikirane kuri iyo vidéo iri musi

  Abakozi b'ihinguriro ry'icayi rya  ‚ bagiwe imbere n'umuyobozi waryo Richard Nahayo‚ bagendeye ku muhingamo wo kuri uy...
26/02/2026

Abakozi b'ihinguriro ry'icayi rya ‚ bagiwe imbere n'umuyobozi waryo Richard Nahayo‚ bagendeye ku muhingamo wo kuri uyu wa kane irerero ry'imfuvyi rya Maison Cana riri mu muri zone muri komine y'intara ya . Bakaba bari bitwaje agakemanyi kagizwe n'ibiraya‚ umuceri‚ isukari‚ amakoto‚ amajane y'icayi n'amasabuni yo kwoga no kumesura. Hamwe n'akabahasha ko gufasha kugura amata yabo bana. Richard Nahayo arongoye OTB akaba yamenyesheje ko ico gikorwa bagikoze mu ntumbero yo gushimira Imana ku vyiza idahengeshanya kubikorera. Akaba yibukije ko ico gikorwa ciyumviriweko kubera n'uwahoze arongoye intara ya Colonel yaguma ahimiriza abafise ico bajejwe kuza baragarukira kuri iryo rerero ngo kuko ryari rihanzwe n'ingorane zitari nke. Akaba yaboneyeho no gusaba n'abandi bose bafise amikoro kuza baragarukira kuri iryo rerero ry'impfuvyi.

Mama Alodie Igiraneza aserukira ico kigo Maison Cana akaba yamenyesheje ko bakira abana babura ba nyina babo bakivuka‚ abavuka ku bakenyezi bafise indwara zo mu mutwe hamwe n'abatabwa bacibarukwa. Akavuga ko ico kigo gifise ubu abana 36 harimwo n'inzoya. Ngo kikaba gihanzwe n'ubukene bw'uburyo hamwe n'uruzitiro.
Mama Alodie Igiraneza Igiraneza akaba yamenyesheje ko bariha amafranga ibihumbi 900 ku kwezi ku mata y'inka baba bakamishije hamwe n'ayandi ava hanze y'igihugu yitwa France lait. Ati: " ivyo vyose tubifashwamwo n'abatugendera". Akaba asaba ko n'abandi bobandajya babagarukirako.
Akamo nk'ako kakaba ari nako katewe na Révérien Sindayigaya aho yanamenyesheje ko ico kigo kinahanzwe n'ubukene bw'amazi meza ngo kuko biba ngombwa ko avomwa kure.

06/12/2025
06/12/2025

Rya higanwa ry'abigeme baciye ubwenge kandi beza ryagarutse. Ariko rero, uwu mwaka ryahinduye isura n'abaritunganya!!! Dusabe Sylvestre arongoye ahamagarira abarwizatunga gushigikira urwaruka rufise ivyiyumviro birashe vyo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu.

, umwe mubafise ibibanza bikunzwe mu mu kirabo kizwi nka , arizeza abazoza muri ico kirori ko atawuzobira agacupa canke imfungurwa ngo kuko avyiteguriye ku rugero rushimishije.
Kurikira aho adusigurira uko bizoba bitunganijwe.

Minani Abdallah  niwe yizewe ngo arongore District ya   mu ntara   mu mupira w'amaguru. Ako karere kakaba kagizwe n'amak...
22/11/2025

Minani Abdallah niwe yizewe ngo arongore District ya mu ntara mu mupira w'amaguru. Ako karere kakaba kagizwe n'amakomine ya , na

Akaba yatowe ku majwi ijana kw'ijana.

Province Kayanza

05/11/2025
   Igikotikoti kibanguriye gishobora gutanga umwimbu uri hagati y'ibiro 70 n'100 nayo umwumbati uvuyeko  ugapima imetero...
01/11/2025

Igikotikoti kibanguriye gishobora gutanga umwimbu uri hagati y'ibiro 70 n'100 nayo umwumbati uvuyeko ugapima imetero zibiri n'izirenga...

Muri zone Kabuye, komine Kayanza mu ntara ya Butanyerera, hari urwaruka rwagiye hamwe rurashinga ikoperative igwiza imivyaro y'ibikotikoti vy'imyumbati.
Emmanuel Barukinamwo arongoye Koperative akamenyesha ko ibikorwa vyo kurima imyumbati babitanguye mu mwaka w'2000, ariko ngo ntibari bwiyumvire gukorera hamwe.

Akavuga ko bamaze kubona ko igiterwa c'imyumbati catewe n'ingwara ariho baciye biyumvira gushinga koperative mu 2021.
Muri ico gihe ngo barunguranye ubumenyi, maze baca b**a kurwiza igiterwa c'umwumbati mu kuyibangurira(Greffage).

Emmanuel Barukinamwo akemeza ko ihangiro koperative yihaye ari ukurwiza umwimbu w'imyumbati biciye mu gukwiragiza ibikotikoti bibanguriye, ku buryo haboneka umwimbu ukwiye, ndetse n'umusesekara.
Mu mirima aho iyo koperative yarimye ico giterwa, igikotikoti kimwe ngo kirashobora kuvamwo imyumbati ipima ibiro 100.

Nk'uko twavyiboneye kuri uyu wa kane, umwumbati umwe urashobora gupima hagati y'imetero 1 na 2, aho hari iyipima ibiro 5 na 6. Eka mbere ngo iyo isoromwe ku gihe, umwumbati urashobora gupima ibiro 15.

Akandi kabirya ko kuri ivyo bikotikoti bibangurirwa na koperative "Mbegerabunini" ngo n’uko iyo umurimyi asoromye imyumbati, kirya gikotikoti cavuyeko imyumbati asubira akagitera nka kurya kw'amateke. Ivyo ngo birashobora gukorwa incuro zishika umunani zikurikiranya kandi umwimbu ukaguma wiyongera.
Kugwiza ibikotikoti bibanguriye rero ngo birinjiza n'akanoti muri koperative kuko igikotikoti kimwe kigurishwa amafaranga ibihumbi 5.

Hambavu yo kugwiza ibikotikoti bibanguriye, urwo rwaruka ruhurikiye koperative 'Mbegerabunini' ruriko ruragerageza igiterwa c'imizabibu, igitoki, pomme, ....



Province Kayanza

  Abakenyererarugamba bahurikiye muri koperative   ya Nyabitwe muri zone Bisha ya komine yagutse ya Muhanga mu ntara ya ...
23/07/2025

Abakenyererarugamba bahurikiye muri koperative ya Nyabitwe muri zone Bisha ya komine yagutse ya Muhanga mu ntara ya Butanyerera bahamagarirwa kwitaho ivoka bateye no gukurikirana izomekerewe. Ako kamo bagatewe kuri uyu wa kabiri na Diomède Manirambona umunyamabanga w'umugambwe Cndd-Fdd muri iyo komine mu gihe yabagendera.
Imbere yaho, akaba yabanje gusozera ingendo zo gusanga abenegihugu ku kivi mu bikorwa bijanye n'irima ryo mu myonga.

Address

Kayanza

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Province Kayanza posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Province Kayanza:

Shortcuts

Share