02/07/2025
Abenegihugu bo muri Province Kayanza barifafikanije n' abandi barundi mu guhimbaza imyaka 63 irangiye Uburundi buronse intahe yo kwikukira
Ibirori bikaba vyabereye mu makomine mashasha atatu, ahurikiyemwo amakomine icenda yahora agize iyo ntara.
Muri komine ya Kayanza ibirori vyatewe iteka na colonel Rémy Cishahayo Buramatari .
Mw' ijambo ryiwe, akaba yashimye ko uyo musi mukuru ush*tse intara ya Kayanza irangwamwo amahoro n' umutekano, abenegihugu bafatanye mu nda kandi bari ku kivi cane cane mu gisata c' uburimyi n' ubworozi.
Kubera umutekano ari karahara mu ruganda ntibacure, yabasavye kubandanya babungabunga amahoro n' umutekano badasize inyuma kurwanya Urudandazwa rwo mu kinyegero, ngo boye gusukira mu coze umwansi, kuko ngo ari ukwisahura.
Yakengurutse ingene abenegihugu bitabiriye amatora mu mahoro n' umutekano, hamwe n' ingene batoye, kuko Ku bwiwe ngo amatora si amagaburanyama, kandi igihugu ntikigaburwa, kuko giciwemwo ibipande, umusurusuru wo kwongera kugisona wogorana kuboneka.
Mu gihe inzego zahahora zigiye kurangiza ikiringo cazo, yasavye abanyakayanza kuzoyoboka inzego nshasha nk' uko bahora bayoboka izari zihari.
Muri komine ya Muhanga yagutse ahari hakoraniye ama komine atatu ariyo Muhanga, Gahombo na Rango, ibirori bijanye nab'uwo musi vyatewe iteka nab Théodosie Karikurubu, umuhannuzi wa buramatari ajejwe intwaro n'ibutunzi hamwe na Sylvain Bakanibona, umuhanuzi wa buramatari ajejwe ivy'imibano.
Mw'ijambo ryan'ikaze, musitanteri wa komine Muhanga, Benoit Ndayizeye, akaba yamenyesheje ko umutekano wifashe neza kiretse ko uhunganywa n'akaborerwe gaterwa ahanini n'inzoga itemewe n''amategeko bita ikibarube. Yamenyesheje kandi ko amalitilo angana 1620 y'iyo nzoga itemewe n'amategeko imaze guseswa mw'isakwa ry'abakora iyo nzoga.
Iyo ndongozi ya komine Muhanga yavuze kandi ko ama hangars acuzuye ibigori vyaguzwe n'ikigo ANAGESSA mu mwaka w'irima uheze b**atuma babura aho bashira umwimbu w'ibindi vyimburwa nk'umuceri, ibigori, n'ibiharage.
No muri komine Matongo, ibirori vyo guhimbaza umusi mukuru w'ukwikukira kw'u Burundi Ku ncuro ya 63 vyarabaye bikaba vyari vyatewe iteka n'umuhanuzi wa buramatari w'intara ya Kayanza ajejwe amategeko Jean Marie Vianney Ndayishimiye ari kumwe na Vénuste Nduwimana umuhanuzi wa buramatari mu vyo ajejwe harimwo iterambere.
Mw'ijambo ryiwe, Jean Marie Vianney Ndayishimiye akaba yabwiye abari aho ko guhera ubu ata vy'amakomine ya Gatara, Butaganzwa na Matongo bizosubira kuvugwa, ahubwo ko ari ikomine imwe ya Matongo, ngo kuri ubwo biyumvanemwo nk'abavukanyi.