14/08/2025
🔴Ni gute i Mugera kwa Ntare Rugamba habaye ikirimba ca Bikira Mariya ndetse hagiye kuba insengero nto ya Papa mu Burundi ?
⛰️Umusozi wa Mugera i Gitega, ni hamwe mu hantu hadasanzwe muri kahise k'Uburundi ubu hagiye insengero nto ya Papa bita "petit basilique". Inyuma yaho ishengero Katolika rihagiriye ikibanza ca Bikira Mariya.
🎯Nk'uko bivugwa n'amasoko menshi ya kahise, i Mugera war'umusozi uhezagiye, iyo har'urwimo uwushoboye kuhahungira yaba akize, n'igikoko kiriko kirahigwa kihash*tse Caba gikize.
🙌🏽Mu Mana za Mugera, cari kimwe mu bibanza bambarizamwo Imana y'Uburundi .
🎯 I Mugera hari n'ikirimba c'umwami w'Uburundi Umwami Ntare Rugamba ni naho yatangiye, Umwami Mwezi Gisabo niho yavukiye.
📌Aba Missiyonari baje mu Burundi kwigisha inyigisho za gikristu bahash*tse barahakunze cane, bivugwa ko umwami Mwezi Gisabo yagomvye kuhabakura ariko umupfumu w'umwami amuhanura ko yobireka ko nyimba atar'abantu b'Imana yonyene izohabakura. Ariko nticabuza ko rimwe na rimwe haba ibitero kur'abo ba missiyonari bar'i Mugera, vyagiye guhagarara mu masezerano y'i kiganda yemeza ko Uburundi bugiye kugabwa n'Ububirigi.
🎯Mu mwaka w'1958, ingoma y'Uburundi iserukiwe n'umuganwa Ludoviko Rwagasore, ishengero Katolika i Mugera ryaharagije Bikira Mariya haba habaye ikibanza ca Bikira Mariya mu Burundi, buri uwa 15 z'ukwezi Myandagaro i Mugera harakoranira abakirisu harimwo n'indongozi nkuru z'igihugu ziri mu kwemera kwa Katolika mu guhimbaza umusi wahariwe "iyurizwa mw'ijuru rya Bikira Mariya"
✍🏾Ahanini i Mugera hakomeye mw'ishengero Katolika kubera car'ikirimba c'umwami Ntare Rugamba, kubera aba Missiyonari batanguye gushika i Muyaga mu Cankuzo.
⛪ Kuba i Mugera hagiye kuba insengero y'umwungere w'ishengero Katolika, vyerekana imigenderanire ikomeye hagati y'Uburundi n'igihugu ca Vatikano kuva mu gihe c'Ubukoloni gushika uyu musi nk'uko Umusesanguzi w'ikinyamakuru Isanamu Media abibona.
Basomyi bahire Kahise k'i Mugera har'uci mwotwunganira tutavuze, kuba hagiye kuba