Kayanza TV

Kayanza TV Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Kayanza TV, Media/News Company, Kayanza.

Finale ya   yadushwayemwoNi ku musi wa gatanu, igenekerezo ry'7 Myandagaro 2026 muri   i Bujumbura. Abaririmvyi mukunda ...
02/08/2026

Finale ya yadushwayemwo

Ni ku musi wa gatanu, igenekerezo ry'7 Myandagaro 2026 muri i Bujumbura. Abaririmvyi mukunda nibo bazoteramisha. Abo nabo ni , Akili na .

Nta handi nzoteramira atari aha👇🏾

29/07/2026

Ihemba rya kabiri mw'ikawa ni kuva kw'igenekerezo rya 17 gushika ku rya 31 Myandagaro 2026. Gupfunga ni kw'igenekerezo rya 31 Mukakaro 2026.

  utuzu 9 tw'idandarizo twubatswe ahatariho mu Burengo twungurujwe. Kuri uwu wa 29 Mukakaro 2026, abajejwe igisata c'ubu...
29/07/2026

utuzu 9 tw'idandarizo twubatswe ahatariho mu Burengo twungurujwe.

Kuri uwu wa 29 Mukakaro 2026, abajejwe igisata c'ubudandaji, ico gutunganya ibisagara bari kumwe n'abajejwe umutekano bagize urugendo aho bita mu Burengo.

Intumbero y'ugwo rugendo kukaba kwari ukuja gufasha kwunguruza utuzu tw'idandarizo( Kiosques) twubatswe ahatariho kandi hatisunzwe amategeko nko mu bibanza vya Reta n'ahandi .

Abajejwe intwaro muri komine basaba abenegihugu kuza barisunga amategeko muvyo bakora vyose.

Ku musi w'Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2026, Kayanza United na Messager Ngozi zizotana mu mitwe mu rukino rwa gicu...
29/07/2026

Ku musi w'Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2026, Kayanza United na Messager Ngozi zizotana mu mitwe mu rukino rwa gicuti. Hazoba ari hariya kuri stade Urukundo igihe c'isaha 9 z'umuhingamo.

 : Haraye habaye ibisikanya kuri uwu wa 27 Mukakaro 2026 hagati ya Muganga Emmanuel Ndayisaba yahora arongoye ibiro vya ...
28/07/2026

: Haraye habaye ibisikanya kuri uwu wa 27 Mukakaro 2026 hagati ya Muganga Emmanuel Ndayisaba yahora arongoye ibiro vya komine Matongo bijejwe amagara y'abantu na Fidèle Kubwayo agiye kurongora ivyo biro.

 : Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wa Leta wo gukuraho burundu ubukene bw'intebe Ku bana b**a bicaye hasi, kuri...
28/07/2026

: Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wa Leta wo gukuraho burundu ubukene bw'intebe Ku bana b**a bicaye hasi, kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 27 Mukakaro 2026, Musitanteri wa Komine Kiremba, Habiyakare Pascal, yakiriye intebe 1.011 zagenewe amashure yo muri iyo komine, kugira zishikirizwe abarongoye ibigo vy'amashure.

Izo ntebe zakozwe mu mazone ya Gakere, Musasa, Bugina na Kiremba, biciye mu mugambi wa Leta ushirwa mu ngiro n'Ibiro vy'Umushikiranganji wa Mbere, ugamije gukuraho burundu ikibazo c'ubukene bw'intebe Ku banyeshure b**a bicaye hasi.

Mu majambo yashikirije, Musitanteri wa Komine Kiremba yasavye abarongoye igisata c'indero kwihutira gushikiriza izo ntebe ibigo vy'amashure, bahereye ku bifise ikibazo gikomeye kurusha ibindi. Yabibukije kandi ko zikwiye kubungabungwa, narirya zatwaye uburyo bwinshi bw'Igihugu n'ubw'abenegihugu.

Ku ruhande rwiwe, Umukuru w'Igisata c'Indero muri Komine Kiremba, Irakiza Gratien, yasavye abazohabwa izo ntebe kuzifata neza, anibutsa ko zavuye mu ntererano n'utwigoro tw'abenegihugu. Yamenyesheje kandi ko hagiye gushingwa amakomite ku mashure yose azoba ajejwe gukurikirana, kubungabunga no gusanura hakiri kare intebe zose zoshobora kwononekara.

Ico gikorwa ni intambwe ikomeye mu gukomeza Igisata c'indero no guteza imbere imibereho myiza y'abanyeshure, hisunzwe ihangiro rya Leta ryo kuronsa bose inyigisho zibereye kandi z'akanovera.

27/07/2026

📌 Inyuma yo gutahukana ikibanza ca mbere muri Demi-final TAMBA BIC, abagize umugwi MPD Kids baratubwira uko biyumva, nuko biteguriye Finale izoba kw'igenekerezo ry'7/08/2026, i Bujumbura.

Rwa rukino rwa gicuti rwahuza Kayanza United na Interstars rurangiye imigwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi
26/07/2026

Rwa rukino rwa gicuti rwahuza Kayanza United na Interstars rurangiye imigwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi

26/07/2026

Raba ingene i Jene bavyiniye umushingamateka Vincent Ndagijimana mu gihe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2026 yabashikiriza ikiraro yabubakiye ku ruzi Mwogere cari kimaze imyaka 20 carabomotse.

Imigwi yageze mu gice ca nyuma (finale) mw'ihiganwa TAMBA BIC ni : 1. MPD KIDS2. CLUB CULTUREL INDANGABURUNDI3. TEAM BUR...
26/07/2026

Imigwi yageze mu gice ca nyuma (finale) mw'ihiganwa TAMBA BIC ni :
1. MPD KIDS
2. CLUB CULTUREL INDANGABURUNDI
3. TEAM BURUNDI
4. ABANA B'INTARE
5. NTARE ACADEMY

Mubona muri demi-finale bitari umuriro?👇

Address

Kayanza

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kayanza TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Kayanza TV:

Shortcuts

Share