Kayanza TV

Kayanza TV Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Kayanza TV, Media/News Company, Kayanza.

Erega mwakwiye 𝐢𝐛𝐢𝐡𝐮𝐦𝐛𝐢 𝐦𝐢𝐫𝐨𝐧𝐠𝐨 𝐢𝐛𝐢𝐫𝐢 𝐧𝐚 𝐛𝐢𝐧𝐞(24.000)  mudukurikirana uko bukeye uko bwije. Turabakengurukiye cane. Aya ...
18/06/2025

Erega mwakwiye 𝐢𝐛𝐢𝐡𝐮𝐦𝐛𝐢 𝐦𝐢𝐫𝐨𝐧𝐠𝐨 𝐢𝐛𝐢𝐫𝐢 𝐧𝐚 𝐛𝐢𝐧𝐞(24.000) mudukurikirana uko bukeye uko bwije. Turabakengurukiye cane. Aya mashurwe ni rwanyu🌹🌺🌷🥀

18/06/2025

Ingo hano wumve kino kigoma ca Emma Emma niga, OLG Olègue na baheruka kudutamwo. Ni uburyohe pe! Hano muri iyi video yo musi turakibahonja mugabo ushaka kuyumva umurava uca ufyonda kuri iki kiraro kigutura kuri youtube wumvirize usubire wumvirize bibaye ngombwe uvome(télécharger) wibikire.

https://youtu.be/gpm3QFyAaPs?feature=shared

Butanyerera yacu
17/06/2025

Butanyerera yacu

Kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 14 Ruheshi 2025, ubuserukizi bw'umugambwe Cndd-Fdd  mu ntara ya   bwaratunganije ...
15/06/2025

Kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 14 Ruheshi 2025, ubuserukizi bw'umugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya bwaratunganije igikorane kuri stade Agasaka yo muri komine Ngozi, mu ntumbero yo kwibuka no kuzirikana iragi ry'umuhisi Prezida Petero Nkurunziza.

Muri ico gikorane, Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Butanyerera, Ferdinand Habimana yarashimye cane kuba kibaye mu gihe umugambwe uheruka gutsinda amatora y'abashingamateka n'ay'abajenama b’amakomine ku majwi menshi, mbere intara ya Butanyerera ngo ikaba iya mbere mu ntara zose mu gutora umugambwe CNDD-FDD. Kubwiwe ngo Umuhisi Petero Nkurunziza ngo azokwama ari icitegererezo kuko ngo yakoreye ivyiza vyinshi igihugu n'intara ya Butanyerera.

Réverien Ndikuriyo, Umunyamabanga Mukuru w'umugambwe CNDD-FDD yari yifadikanije n'abagumyabanga b'i Butanyerera, yamenyesheje ko ibirori vyo gusozera ukwezi kwo kwibuka no kuzirikana iragi rya Petero Nkurunziza bizobera mu ntara ya kw'igenekerezo rya 28 Ruheshi 2025.

Ico gikorane cabaye akaryo ku bagumyabanga b'i Butanyerera ko gushikiriza imfungurwa n'ibindi vya nkenerwa, irerero ry'impfuvyi ryiswe umusamariya w'imbabazi riri i , rirongowe na Denise Nkurunziza, umutambukanyi w'umuhisi.

Kayanza nziza
14/06/2025

Kayanza nziza

Aho bukera, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye azogirana ikiganiro n'abamenyeshamakuru ku vyerekeye amatora aheruka...
13/06/2025

Aho bukera, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye azogirana ikiganiro n'abamenyeshamakuru ku vyerekeye amatora aheruka kuba mu . Kizoca ikibiriraho ku mbuga za RTNB.

Mu rukurikirane rw’ibikorwa vyo kwemera stade   nk’ikibuga mpuzamakungu gikwije ibisabwa, Muhammed Goulette, umuhinga wa...
12/06/2025

Mu rukurikirane rw’ibikorwa vyo kwemera stade nk’ikibuga mpuzamakungu gikwije ibisabwa, Muhammed Goulette, umuhinga wa mu vyerekeye imisezero yishikiye kuri ico kibuga mu ntumbero yo gusuzuma ko cashizweko umusezero hakurikijwe ubuhinga n’amategeko.

12/06/2025

Umvirize muri iyi reresi amazina y’abashingamateka bo mu ntara ya Butanyerera badondagurwa n’uwurongoye CENI, Prosper Ntahorwamiye.

🎥RTNB

Abashingamateka ba Butanyerera 👇
11/06/2025

Abashingamateka ba Butanyerera 👇

Umugambwe Cndd-Fdd watsindiye intebe zose z’abashingamateka mu ntara zose nk’uko bihejeje kumenyeshwa na CENI.
11/06/2025

Umugambwe Cndd-Fdd watsindiye intebe zose z’abashingamateka mu ntara zose nk’uko bihejeje kumenyeshwa na CENI.

11/06/2025

"...Abaporona nibaze dukore, abaCNL nibaze dukore na barya bandi bari mw’ihiganwa, hatsinze imigambi, hatsinze abanyabutanyerera..." Ferdinand Habimana, Umunyamabanga w’umugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya .

  hejuru cane. Uku niko intara zasumbanije gutora umugambwe Cndd-Fdd mu gutera igikumu mu kadirisha kari imbere y’inkona...
11/06/2025

hejuru cane. Uku niko intara zasumbanije gutora umugambwe Cndd-Fdd mu gutera igikumu mu kadirisha kari imbere y’inkona:

1.BUTANYERERA:99%
2.BURUNGA:98,9%
3.BUJUMBURA:97,77%
4.BUHUMUZA:97,64%
5.GITEGA:93,85%

Address

Kayanza

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kayanza TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Kayanza TV:

Share