
01/08/2025
, Utegerezwa kuruha kugira utere imbere.
Ku munsi ugira 2 w'igikorane categuwe n'umugambwe muri komine , kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 01/08/2025, icegere c'umunyamabanga w'Umugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya Révérend pasteur honorable yatanze inyigisho kugwaruka rurenga 1000.
Umukozi w'Imana yishimikije imirongo iri muri bibiriya yabwiye abaraho ko umuntu ategerezwa gukora kugira atere imbere. ati "urugo rwose rutegerezwa kugira imbono kazoza kuko niyo yunganira iyigihugu iduhamagarira gukora kugira umunwa wose uronke ico ufungura umufuko nawo uronke amahera"
Uwo mwubahwa yibukije abaraho intambuko zo gutera imbere nko kugira ubwenge, ugakora, gushiraho imbono, ihangiro ukongera ugakunda ibikorwa. ati "Ntibisaba kugira umutahe munini kugira utere imbere kuko izo zose zibika zari amagi". Yavuze ko gutera imbere ari umurongo uduga ukongera ukamanuka ati ugikora uraruha ariko ugeze kundunduro uca wibagira umuruho wagize.
Nayo Apôtre Charles NDUWUMUKAMA ati Butanyerera igiye kumurikira izindi ntara mwiterambere kuko yagize iyerekwa ryiza ryo kugwiza ivoka za ruhere.
Umuvugabutumwa ava muri Leta zunze ubumwa za Amerika yigishije abari bitavye Igikorane kubaha no kumvira indongozi Imana yadushize imbere ati abarundi bashize Imana imbere nayo izobashira heju.