Cndd-Fdd Butanyerera

Cndd-Fdd Butanyerera Cndd-Fdd Butanyerera kayanza

   , Utegerezwa kuruha kugira utere imbere.Ku munsi ugira 2 w'igikorane categuwe n'umugambwe   muri komine  , kuri uyu w...
01/08/2025

, Utegerezwa kuruha kugira utere imbere.

Ku munsi ugira 2 w'igikorane categuwe n'umugambwe muri komine , kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 01/08/2025, icegere c'umunyamabanga w'Umugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya Révérend pasteur honorable yatanze inyigisho kugwaruka rurenga 1000.

Umukozi w'Imana yishimikije imirongo iri muri bibiriya yabwiye abaraho ko umuntu ategerezwa gukora kugira atere imbere. ati "urugo rwose rutegerezwa kugira imbono kazoza kuko niyo yunganira iyigihugu iduhamagarira gukora kugira umunwa wose uronke ico ufungura umufuko nawo uronke amahera"

Uwo mwubahwa yibukije abaraho intambuko zo gutera imbere nko kugira ubwenge, ugakora, gushiraho imbono, ihangiro ukongera ugakunda ibikorwa. ati "Ntibisaba kugira umutahe munini kugira utere imbere kuko izo zose zibika zari amagi". Yavuze ko gutera imbere ari umurongo uduga ukongera ukamanuka ati ugikora uraruha ariko ugeze kundunduro uca wibagira umuruho wagize.

Nayo Apôtre Charles NDUWUMUKAMA ati Butanyerera igiye kumurikira izindi ntara mwiterambere kuko yagize iyerekwa ryiza ryo kugwiza ivoka za ruhere.

Umuvugabutumwa ava muri Leta zunze ubumwa za Amerika yigishije abari bitavye Igikorane kubaha no kumvira indongozi Imana yadushize imbere ati abarundi bashize Imana imbere nayo izobashira heju.

31/07/2025
  Ku civugo, "Rwaruka rukristo tugire  urunani mu gukora ibikorwa vyo soko ry'iterambere rirama rizodushikana ku gihugu ...
31/07/2025




Ku civugo, "Rwaruka rukristo tugire urunani mu gukora ibikorwa vyo soko ry'iterambere rirama rizodushikana ku gihugu cifashe muri 2040 giteye imbere 2060"

Igikorane c'imisi 2 categuwe n'umugambwe Cndd-Fdd muri komine catanguye kuri uyu wa 4 itariki 31/7/2025 ku kibuga c'umupira w'amaguru co ku mutumba zone Rango.

Mw'Ijambo ry'ikaze ryashikirijwe na Manirambona Diomède umunyamabanga wa cnddfdd muri komine yamenyesheje abaraho ko komine arongoye itekanye, abenegihugu bari ku kivi mu bikorwa vyo kwiteza imbere ati "Igikorane kibaye mu gihe ciza kuko umugambwe cnddfdd watsinze urukombamazi mu matora y'Abashingamateka n'abajenama ba komine yabaye itariki 5/6/2025".

Imbere yuko Igikorane gitangura , Apôtre Charles NDUWUMUKAMA umwungere w'ishengero mu Burundi yatanze inyigisho zijanye n'uburongozi bwiza, kwubaha indongozi hamwe no kwiteza imbere kugwaruka rurenga 1000.

uwo mukozi w'Imana akaba yabamenyasheje ko kugira ube indongozi nziza utegerezwa gutinya Imana ,kuyumvira no kubaha indongozi, nayo ugomba kuganza nuko wemera kuganzwa ukaba musi y'uburongozi.

 -Fdd Ngozi: "Twubake Ingo zikomeye ,ziteye Imbere ,zirangwamwo urukundo ,  umwumvikano ,gushiramwe n'urupfasoni niryo s...
30/07/2025

-Fdd Ngozi: "Twubake Ingo zikomeye ,ziteye Imbere ,zirangwamwo urukundo , umwumvikano ,gushiramwe n'urupfasoni niryo soko ry'iterambere rirama n' umugambwe upanze neza."

Vyashikirijwe kuri uyu wa 30 Mukakaro 2025 na Bosco ,umunyamabanga wa -Fdd muri Komine ,mu rugendo yatunganije arikumwe n'abo basangiye ubuserukizi ,muri zone na mu ntumbero yogusanga abagumyabanga Ku kivi.
Umunyamabanga wa -Fdd muri komine yashimiye abagumyabanga ko batoye neza mu matora aherutse kandi biteguriye neza n'amatora y'abajenama b'imitumba .Yabahamagariye kuzoyitabira Ku bwinshi bazotore abantu b'ijuja n'ijambo ,b'imvugakuri,batagira ka mwana wa mama.
Yabasavye kugira imbonokazoza y'igihugu iyabo mu gukora ibikorwa vy' iterambere;kurima ikawa n'ivoka vyozana amahera mvamakungu ,kwirinda imyidogo,kutibagira iyo igihugu cavuye ,gukomeza amahoro n'umutekano .
Mwomenya ko umunyamabanga wa -Fdd agendeye amazone 12 agizwe n'imitumba 92.

 -Fdd Ngozi Mur' urukurikirane rwo kugendera amazone agize Komine   ,Umunyabanga wa  -Fdd muri Komine arikumwe n'abo bas...
29/07/2025

-Fdd Ngozi
Mur' urukurikirane rwo kugendera amazone agize Komine ,Umunyabanga wa -Fdd muri Komine arikumwe n'abo basangiye ubuserukizi ,yagendeye zone na kuri iri igenekerezo 29/7/2025.
Muri ayo ma zone yose , Umunyamabanga w' umugambwe muri komine yagenda atanga impanuro,ahamagarira abagumyabanga bose kwitabira ibikorwa vy' iterambere,guteramira amahoro n' umutekano.
Muguzosera urwo rugendo,Umunyamabanga w' umugambwe muri Komine n'abo bagendanye ,bagendeye umurima w' ivoka wa zone uteye igomwe uri muri zone ,akaba yabasavye kuzibagarira ,kuzisasira hamwe n'ukuzivomera muri Iki gihe c' ici.

Mwomenya ko Umunyamabanga Bosco amaze kugendera amazone 10 kuri 12 kuva yizewe kuba Umunyamabanga w' umugambwe muri Komine mu kwezi Kwa Ruheshi igenekerezo rya 22.

 -Fdd  Umunyamabanga wa  -Fdd muri komine Ngozi arikumwe nabo basangiye ubuserukizi bagendeye amazone ya   na   kuri uyu...
28/07/2025

-Fdd

Umunyamabanga wa -Fdd muri komine Ngozi arikumwe nabo basangiye ubuserukizi bagendeye amazone ya na kuri uyu wa 28/7/2025.
Umunyamabanga wa -Fdd muri Komine Bosco,mu mpanuro ziwe, yasavye abagumyabanga bo muri ayo mazone kwijukira ibikorwa vy'iterambere na cane cane kurima ibiterwa njabukamazi ,kwirinda urudandazwa ruciye mu binwabi( ) ,kubumbatira amahoro n'umutekano, gukomeza ingo n'imiryango kuko iterambere ariho rihera.
Bosco yashimiye ayo ma zone uko yitwaye mu matora arangiye aho barengeje amajwi #98% no mw'isizeni ry'ikawa aho ata yaharanzwe .

Mwomenya ko inyuma yaho, ubuserukizi bwagendeye imirima y' ya shoget yagiriwe ico bita gréffage inyuma yogukatwa kuko yari ashaje ubu akaba yamye amavoka ya (Hass) hamwe n'imirima y' ingano iteye igomwe yose yo muri zone Rwabiriro.

28/07/2025
Cndd-Fdd   Ubuserukizi bw'Umugambwe    muri Komine  , bwagirishije kuri uyu wa 27/7/2025 inama indongozi zose zikorera m...
27/07/2025

Cndd-Fdd Ubuserukizi bw'Umugambwe muri Komine , bwagirishije kuri uyu wa 27/7/2025 inama indongozi zose zikorera muri Komine, aho ubwo buserukizi bwariko buhamagarira abagumyabanga gushira mu ngiro amategeko yose y'igihugu na cane cane ko ariyo azofasha igihugu gushika ku mbonokazoza 2040-2060.

Umunyamabanga w'umugambwe muri komine yamenyesheje ko iki arico gihe ciza co gush*tsa ivyo indongozi zatowe zemereye abenegihugu mu kwakira neza ababitura bose mu kubatunganiriza kuvyo bafitiye uburenganzira.

Uwo munyamabanga yahamagariye abadandaza kwubahiriza ibiciro Leta yashinze ku nyungu z'Abanegihugu n'igihugu hanyuma uwutazobikurikiza akazohanwa hisunzwe amategeko.

Yasozereye kandi asaba abagumyabanga bose kuvavanura n'urudandaza rwose rutemewe n'amategeko.

 Abanyamabanga b'Umugambwe mumazone agize Komine   barakeza umunyamabanga w'umugambwe muri Komine yaraye yizewe ngo abe ...
25/07/2025


Abanyamabanga b'Umugambwe mumazone agize Komine barakeza umunyamabanga w'umugambwe muri Komine yaraye yizewe ngo abe musitanteri mukiringo c'imyaka itanu 2025-2030

 -Fdd Ngozi Umukuru w' Imbonekarakure     yuguruye ibikorwa vy' iterambere vya Coopérative y' Imbonekarakure    yo muri ...
24/07/2025

-Fdd Ngozi
Umukuru w' Imbonekarakure yuguruye ibikorwa vy' iterambere vya Coopérative y' Imbonekarakure yo muri zone ,kuri uyu 24/7/2025.
Iyo koperative ikaba igizwe n' Imbonekarakure za zone ,bakaba batanguriye Ku bikorwa vyo kubumba amatafari Ku mutumba aho babumvye amatafari #7000 Ku musi umwe, mugihe bategekekanya kubumba #300.000 vy' amatafari.
Umukuru w' Imbonekarakure muri komine yabateye intege anabatumirira kandi gukunda ibikorwa ryo soko ry' iterambere rirama.
Yamenyesheje ko inama zose azogirisha Imbonekarakure zo muri Komine zizobera aho bakorera ibikorwa vy' iterambere mu ntumbero yokwinjira neza mu mbonokazoza y' igihugu.

24/07/2025

Mbega   Jean Berchmas yatorewe kurongora Komine   mu     Ninde?===================≈===  J.Berchmas yavukiye Ku mutumba w...
24/07/2025

Mbega Jean Berchmas yatorewe kurongora Komine mu Ninde?
===================≈===
J.Berchmas yavukiye Ku mutumba wa zone Commune intara ya akaba asanzwe aba ku mutumba wa -bushaza muri zone mwiyo komine nyene. Yize amashure mato kuri EP GAKANA abandaniriza ayisumbuye kuri Lycée KIRUNDO Ari naho yahereje igisata c' (ScientifiqueB).Yarize kuri kaminuza ya aho yahakuye aho yahakuye d'ingénieur en agronomie, yarashoboye kubandaniriza aho nyene i Ngozi araca muri sécurité Alimentaire et Nutrion Humaine.
Muvyerekeye no kuzezwa amabanga naho si mushasha kuko yarigishije kuri communal muri komine mu ntara ya ya kera. Yarabaye de service de Formation et Vulgarisation Recherche de Développement et appui aux organisations des producteurs agricoles muri KIRUNDO.
Yarabaye kandi de la direction de la fertilisation des sols Muri . Sivyo gusa aramaze gukora ivyo twokwita imyimerezo myinshi (stages) arikumwe n'amashirahamwe atandukanye(JICA,CNAC MURIMA W'ISANGI,OPA,PNV,ENAF,....) mu bihugu vyo hanze no ngaha mu burundi mu bijanye no kurima ibiterwa bitandukanye, Ibihugu amaze kuja gukarishamwo ubumenyi ni nka( CHINE,JAPON,.....).Ubu akaba aronse amabanga yo Kurongōra KIRUNDO mu ntunganyo nshasha yari Directeur du génie Rural de l'urgation et du développement des serres.

Kirundo
Butanyerera

Address

32
Kayanza

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Cndd-Fdd Butanyerera posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Cndd-Fdd Butanyerera:

Share

Category