06/06/2026
🌱🇧🇮 : Hatangujwe inyigisho ku buhinga bwo gukora nyabarega
Mu ntumbero yo guteza imbere uburimyi no kwongereza umwavu w'ibiterwa, Umuyobozi w’uturere mu ntara ya Gitega, Sevérin SINZOBATOHANA, afadikanije n'abandi bayobozi, yatanguje inyigisho zihabwa abenegihugu bo ku mutumba Kibimba ku bijanye no gukora no gukoresha inyabarega.
📌 Muri izo nyigisho, berekanye uburyo bwo gutegura ikinogo c’inyabarega, ibikigiyemwo n'uko hakoreshejwe ibikoresho bitandukanye birimwo ibisigarira vy'ibiterwa n'ibindi bishobora kubora.
🎙️ Micheline NINAHAZA, Umunyamabanga Nshingwabikorwa, yavuze ko iyo gahunda igamije kwongereza umwavu k**a no guteza imbere umwimbu w'abarimyi.
🌿 Sevérin SINZOBATOHANA yahamagariye abenegihugu kubungabunga ibidukikije, kworora ibitungwa bitobito no gukorera hamwe mu makoperative kugira baronke inyigisho n'ubufasha bukenewe.
🌱🇧🇮