16/06/2025
🇧🇮🎾 “𝐓𝐰𝐚𝐫𝐢 𝐭𝐮𝐳𝐢 𝐤𝐨 𝐭𝐮𝐫𝐢 𝐢𝐦𝐢𝐫𝐢𝐲𝐨𝐧𝐢 𝟏𝟑 𝐳’𝐀𝐛𝐚𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢”: 𝐀𝐛𝐚𝐤𝐢𝐧𝐧𝐲𝐢 𝐛𝐚 𝐓𝐞𝐧𝐧𝐢𝐬 𝐛’𝐔𝐛𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐛𝐚𝐬𝐞𝐫𝐮𝐤𝐢𝐲𝐞 𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐧𝐞𝐳𝐚 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐀𝐧𝐠𝐨𝐥𝐚.
Mu gatondo ko ku wa 16 Ruheshi 2025, ni ho abakinyi b’umugwi wa Tennis w’Uburundi batahukana imidari n'igikombe , inyuma yo kwitwara neza mu nkino za Davis Cup zabereye muri Angola. Bakiri ku kibuga c’indege, bakiriwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’inkino za Tennis mu Burundi, Gilbert Nibigirwe, mu kanyamuneza kenshi.
🎤 Umwe mu bakinyi, Guy Orly Iradukunda, yashikirije ati:
“Gukina tuzi ko turi imiriyoni 13 z’Abarundi turiko turaserukira vyaraduhaye inguvu nyinshi. Ivyo ni vyo vyatumye dushira umutima ku rutare kugira ngo igihugu cacu kitaduterereza.”
Yabandanije agira ati:
“Tukiva mu Burundi, twari twihaye intumbero yo gushikana igihugu cacu kure bishoboka, tukakiserukira neza. Naho twahuye n’ibihugu bikomeye, nta bwoba twagize, kuko twari tuzi neza ico twipfuza gushikako.”
🤝 Ku ruhande rwiwe, Innocent Nshimirimana, Capitaine w’uwo mugwi, yamenyesheje ko ubumwe ari ryo pfundo ryatumye bagira intsinzi:
“Twashize hamwe umutima, ubuhizi n’ishaka. Ivyo ni vyo vyaduteye akanyabugabo, bituma dutahukana umwimbu mwiza.”
🌟 Nayo Omar Mohamed, nawe nyene yari mu bari bagiye muri urwo rugendo, yagaragaje akanyamuneza ati:
“Uburundi gushika mu bihugu bibiri vya mbere mu muce wa kane ni ikimenyetso c’uko mu gihugu cacu hari impano, kandi zisaba gushigikirwa kugira zitere imbere.”