Kivu Magazine

Kivu  Magazine Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Kivu Magazine, Magazine, BUMBURA, Kinama.

KIVU MAGAZINE est une initiative portée par une jeunesse dynamique qui vise à combler ce vide en offrant un média éducatif, informatif et valorisant, destiné à mettre en lumière les savoirs, les talents et les richesses du Burundi et de la région.

13/07/2025
🏀𝐔𝐫𝐮𝐧𝐚𝐧𝐢 𝐦𝐮 𝐫𝐮𝐠𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐫𝐰𝐨 𝐠𝐮𝐭𝐚𝐡𝐮𝐤𝐚𝐧𝐚 𝐢𝐠𝐢𝐤𝐨𝐦𝐛𝐞 𝐜𝐚 𝐏𝐥𝐚𝐲𝐨𝐨𝐟.Urunani BBC rwasubiriye kwerekana ko ruri mu rugamba rw’igikombe!...
13/07/2025

🏀𝐔𝐫𝐮𝐧𝐚𝐧𝐢 𝐦𝐮 𝐫𝐮𝐠𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐫𝐰𝐨 𝐠𝐮𝐭𝐚𝐡𝐮𝐤𝐚𝐧𝐚 𝐢𝐠𝐢𝐤𝐨𝐦𝐛𝐞 𝐜𝐚 𝐏𝐥𝐚𝐲𝐨𝐨𝐟.

Urunani BBC rwasubiriye kwerekana ko ruri mu rugamba rw’igikombe! Mu rukino rukomeye cane, rwaraye rutsinze Dynamo BBC ku manota 82 kuri 80 🧨, itandukaniro ry’amanota abiri gusa!

⏱️ Amasegonda ya nyuma y’urukino ni yo yatatuye ibintu, Dynamo ikaba itashoboye kubungabunga amahirwe yari ifise yo gutsinda.

🔥 Playoffs z’uyu mwaka ziri ku rwego rwo hejuru cane !

Ubu harindiriwe urukino rwa 6 arinarwo rushobora guha Urunani igikombe, canke rugaha Dynamo amahirwe yo gukomeza urugamba mu rukino rwa 7 ruzoba ari rwo rwa nyuma.

𝐔𝐦𝐮𝐤𝐮𝐫𝐮 𝐰'𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐍𝐲𝐞𝐧𝐢𝐜𝐮𝐛𝐚𝐡𝐢𝐫𝐨 𝐄𝐯𝐚𝐫𝐢𝐬𝐭𝐞 𝐍𝐝𝐚𝐲𝐢𝐬𝐡𝐢𝐦𝐢𝐲𝐞 , 𝐚𝐡𝐞𝐫𝐞𝐤𝐞𝐣𝐰𝐞 𝐧'𝐔𝐦𝐮𝐭𝐚𝐦𝐛𝐮𝐤𝐚𝐧𝐲𝐢 𝐰𝐢𝐰𝐞 𝐍𝐲𝐞𝐧𝐢𝐜𝐮𝐛𝐚𝐡𝐢𝐫𝐨 𝐀𝐧𝐠𝐞𝐥𝐢𝐧𝐞 𝐍𝐝𝐚𝐲𝐢𝐬𝐡𝐢𝐦...
13/07/2025

𝐔𝐦𝐮𝐤𝐮𝐫𝐮 𝐰'𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐍𝐲𝐞𝐧𝐢𝐜𝐮𝐛𝐚𝐡𝐢𝐫𝐨 𝐄𝐯𝐚𝐫𝐢𝐬𝐭𝐞 𝐍𝐝𝐚𝐲𝐢𝐬𝐡𝐢𝐦𝐢𝐲𝐞 , 𝐚𝐡𝐞𝐫𝐞𝐤𝐞𝐣𝐰𝐞 𝐧'𝐔𝐦𝐮𝐭𝐚𝐦𝐛𝐮𝐤𝐚𝐧𝐲𝐢 𝐰𝐢𝐰𝐞 𝐍𝐲𝐞𝐧𝐢𝐜𝐮𝐛𝐚𝐡𝐢𝐫𝐨 𝐀𝐧𝐠𝐞𝐥𝐢𝐧𝐞 𝐍𝐝𝐚𝐲𝐢𝐬𝐡𝐢𝐦𝐢𝐲𝐞, 𝐲𝐚𝐬𝐡𝐢𝐭𝐬𝐞 𝐢 #𝐌𝐚𝐥𝐚𝐛𝐨 𝐦𝐮 𝐧𝐚𝐦𝐚 𝐢𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐢𝐧𝐝𝐰𝐢 𝐢𝐡𝐮𝐳𝐚 𝐢𝐬𝐡𝐢𝐫𝐚𝐡𝐚𝐦𝐰𝐞 𝐫𝐲'𝐔𝐛𝐮𝐦𝐰𝐞 𝐛𝐰𝐚 𝐀𝐟𝐫𝐢𝐤𝐚 𝐧'𝐢𝐦𝐢𝐫𝐲𝐚𝐧𝐠𝐨 𝐲'𝐮𝐛𝐮𝐫𝐞𝐫𝐞 𝐛𝐮𝐲𝐢𝐤𝐨𝐦𝐨𝐤𝐚𝐤𝐨.𝐘𝐚𝐤𝐢𝐫𝐢𝐰𝐞 𝐤𝐮 𝐤𝐢𝐛𝐮𝐠𝐚 𝐜'𝐢𝐧𝐝𝐞𝐠𝐞 𝐧'𝐔𝐦𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚𝐧𝐣𝐢 𝐰𝐚 𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐌𝐚𝐧𝐮𝐞𝐥 𝐎𝐬𝐚 𝐍𝐬𝐮𝐞 𝐍𝐬𝐮𝐚.

source:Présidence - République du Burundi

𝐍𝐲𝐞𝐧𝐢𝐭𝐞𝐤𝐚 𝐒𝐈𝐍𝐙𝐎𝐇𝐀𝐆𝐄𝐑𝐀 𝐚𝐛𝐚𝐡𝐚𝐦𝐚𝐠𝐚𝐫𝐢𝐫𝐚 𝐚𝐛𝐚𝐤𝐫𝐢𝐬𝐭𝐨 𝐛𝐨 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐤𝐨𝐦𝐢𝐧𝐞 𝐍𝐭𝐚𝐡𝐚𝐧𝐠𝐰𝐚,𝐠𝐮𝐬𝐡𝐢𝐫𝐚 𝐈𝐦𝐚𝐧𝐚 𝐢𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐲𝐚 𝐯𝐲𝐨𝐬𝐞.Kw’igenekerezo rya ...
13/07/2025

𝐍𝐲𝐞𝐧𝐢𝐭𝐞𝐤𝐚 𝐒𝐈𝐍𝐙𝐎𝐇𝐀𝐆𝐄𝐑𝐀 𝐚𝐛𝐚𝐡𝐚𝐦𝐚𝐠𝐚𝐫𝐢𝐫𝐚 𝐚𝐛𝐚𝐤𝐫𝐢𝐬𝐭𝐨 𝐛𝐨 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐤𝐨𝐦𝐢𝐧𝐞 𝐍𝐭𝐚𝐡𝐚𝐧𝐠𝐰𝐚,𝐠𝐮𝐬𝐡𝐢𝐫𝐚 𝐈𝐦𝐚𝐧𝐚 𝐢𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐲𝐚 𝐯𝐲𝐨𝐬𝐞.

Kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2025, Nyeniteka Emmanuel SINZOHAGERA, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba kandi Umwepiscopi w’Ishengero Méthodiste Unie mu Burundi no mu Rwanda, yarifatanyije n’abakristo bo mw’Ishengero Mvugabutumwa rya Pantekoti riri muri Komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, mu gisabisho co gusabira igihugu no gushimira Imana.

Yari aherekejwe n’umutambukanyi wiwe, bamwe mu bategetsi barimwo umukenguzamateka yatowe mu gisagara ca Bujumbura, Buramatari w’intara ya Bujumbura hamwe n’abavuka muri Komine Ntahangwa.

Mu nyigisho yashikirije, yisunze ijambo ry’Imana riri muri “Gusubira mu Vyagezwe 28:10” no “Yohani 1:12”. Nyeniteka SINZOHAGERA yibukije abakristo ko ari abantu b’agaciro imbere y’Imana kuko bayubaha, kandi ko bubashwe cane mu buryo bw’impwemu.

Yabasavye kutiratira ubutunzi, canke ivyubahiro vyo mw’isi, ahubwo kwishimira ko bamenye Imana Muremyi wa vyose, kuko ari vyo bifise agaciro gahoraho.

🎤 Ibi yabishikirije mu gihe yagaragaje ko igihugu kiri mu mahoro, asaba abakristo n’abarundi bose gukomeza inzira y’ukwizera, ubumwe n’iterambere rishingiye ku Mana.

Ngabirano Fleurisse yinjiye mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2025📍Kuri uyu wa 26 Ruheshi 2025 ,ishirahamwe I...
27/06/2025

Ngabirano Fleurisse yinjiye mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2025

📍Kuri uyu wa 26 Ruheshi 2025 ,ishirahamwe Ingo Magazine, rirongoye ihiganwa rya Miss Burundi, ryamenyesheje ko Ngabirano Fleurisse, afise inomero 46 , yemejwe ko yinjira mu gice ca nyuma c’iryo higanwa.

Iyo ngingo yafashwe n’umugwi ujejwe gutanga amanota inyuma y’uko Kenguruka Delia Chainez Ketina yikuye mu mahiganwa ku mvo zijanye n’amagara yiwe.

Nk’uko bimenyeshwa n’abarongoye iryo higanwa, Ngabirano Fleurisse aciye asubirira Delia kugira ngo igitigiri c’abigeme bazohiganirwa ikibanza ca Miss Burundi kigume ari 15, nk’uko vyari vyarateguwe kuva kera.

🗓️ Gice ca nyuma c’iryo higanwa, ni ukuvuga finale, kizobera kw’igenekerezo rya 25 Mukakaro 2025.

🎯 Ihiganwa rya Miss Burundi rifise intumbero yo guteza imbere umukenyezi w’Uburundi, kumufasha kwerekana impano ziwe no kuba icicaro c’ihinduka mw’iterambere ry’igihugu.




🎙️Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Ruheshi 2025 , Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM yahaye ikiganiro aba...
23/06/2025

🎙️Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Ruheshi 2025 , Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM yahaye ikiganiro abanditsi n'abamenyeshamakuru kugira mu ntumbero yo kwerekana ibitagenze neza mu myaka 5 Umukuru w'igihugu Evariste NDAYISHIMIYE amaze ari kubutegetsi.

Nyuma y’imyaka 5 Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi, PARCEM ivuga ko hari ibintu vyari vyitezwe bitash*tsweko.

📌 Mubitash*tsweko Ndikumana yashikirije ibi bikurikira :

🔺 Ibiciro vy’ibifungurwa vyaduze gushika ku bice 40 %
🔺 Ifaranga ry’Uburundi ryatakaje agaciro
🔺 Ibitoro vyabuze bigira ingaruka hose
🔺 Abaganga n’urwaruka barahunze igihugu
🔺 Umwimbu uri hasi cane ku bice 3 % aho wobaye ku 15 % kugira igihugu gitere imbere

💬 “Imvugo ngo ibintu vyose ni sawa ni yo idutembagaje. Uwutemeye ko agwaye, ntashobora gukira,” .

👉🏾 Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM asaba , kwicarana nk’igihugu, hakaba urupapuro rw’inzira ruzokwerekana iyo Uburundi bwerekeza. Nayo Umugambwe uri ku butegetsi asabwa kwumviriza n’abandi batari mu mugambwe.

📌 𝐔𝐦𝐮𝐫𝐢𝐫𝐢𝐦𝐯𝐲𝐢 𝐰’𝐔𝐦𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐍𝐝a𝐲𝐢𝐤𝐞𝐳𝐚 𝐂𝐥𝐚𝐮𝐝𝐞 𝐀.𝐊.𝐀 𝐃𝐢𝐝𝐢𝐨𝐬𝐬  𝐲𝐢𝐭𝐞𝐳𝐰𝐞 𝐦𝐮 𝐛𝐢𝐤𝐨𝐫𝐰𝐚 𝐛𝐢𝐤𝐨𝐦𝐞𝐲𝐞 𝐦𝐮 𝐠𝐮𝐭𝐞𝐫𝐞𝐫𝐚 𝐦𝐰’𝐢𝐭𝐞𝐫𝐚𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐫𝐲’𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠...
21/06/2025

📌 𝐔𝐦𝐮𝐫𝐢𝐫𝐢𝐦𝐯𝐲𝐢 𝐰’𝐔𝐦𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐍𝐝a𝐲𝐢𝐤𝐞𝐳𝐚 𝐂𝐥𝐚𝐮𝐝𝐞 𝐀.𝐊.𝐀 𝐃𝐢𝐝𝐢𝐨𝐬𝐬 𝐲𝐢𝐭𝐞𝐳𝐰𝐞 𝐦𝐮 𝐛𝐢𝐤𝐨𝐫𝐰𝐚 𝐛𝐢𝐤𝐨𝐦𝐞𝐲𝐞 𝐦𝐮 𝐠𝐮𝐭𝐞𝐫𝐞𝐫𝐚 𝐦𝐰’𝐢𝐭𝐞𝐫𝐚𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐫𝐲’𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐦𝐮 𝐁𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐚𝐛𝐢𝐜𝐢𝐬𝐡𝐢𝐣𝐞 𝐦𝐮 𝐠𝐮𝐭𝐞𝐳𝐢𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐢𝐦𝐩𝐚𝐧𝐨.

Mu kwezi guheze turangije, umuririmvyi w’umurundi Ndayikeza Claude , azwi cane kw’izina rya Didioss, yari mu rugendo mu gihugu c’Ubufaransa 🇫🇷, avuye mu gisagara ca Ostende mu gihugu c’Ububiligi, aho asanzwe aba akanahakorera ibikorwa vyiwe vya minsi yose hamwe n’ivy’umuziki. 🎶✈

Didioss ni umwe mu baririmvyi bariko bariyerekana cane mu muziki w’Abarundi baba mu mu gihugu c’ububirigi, akaba amaze gushira ahabona indirimbo zitandukanye, zikundwa n’abakunzi b’umuziki .
🎤 Mu kiganiro yagiranye n’abamwegereye, yamenyesheje ko vuba agiye gutangura ibikorwa bikomeye mu gihugu c’amavukiro bijanye no guterera mw’iterambere ry’igihugu , aho azoshira imbere umuziki wubakiye ku nkomezi z’impano z’urwaruka rw’igihugu. 🇧🇮✨

📰 Ntitwokwibagira ko Ndayikeza Claude A.K.A Didioss ari n’umwe mu bamenyeshamakuru b’inararibonye, yigeze gukorera kuri Radio Izere FM yo mu Rumonge mu kiganiro gikunzwe cane nka IZERE SHOW. 📻🎙
👉🏾 Tukaba tumusabiye intsinzi muri uru rugendo rwiwe, tukongera tukamushigikira kugira yongere ahagararire neza impano z’Abarundi, haba mu gihugu canke mu makungu. 💪🏾🌍

🇧🇮🎾 “𝐓𝐰𝐚𝐫𝐢 𝐭𝐮𝐳𝐢 𝐤𝐨 𝐭𝐮𝐫𝐢 𝐢𝐦𝐢𝐫𝐢𝐲𝐨𝐧𝐢 𝟏𝟑 𝐳’𝐀𝐛𝐚𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢”: 𝐀𝐛𝐚𝐤𝐢𝐧𝐧𝐲𝐢 𝐛𝐚 𝐓𝐞𝐧𝐧𝐢𝐬 𝐛’𝐔𝐛𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐛𝐚𝐬𝐞𝐫𝐮𝐤𝐢𝐲𝐞 𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐧𝐞𝐳𝐚 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐀𝐧𝐠𝐨𝐥𝐚.Mu ...
16/06/2025

🇧🇮🎾 “𝐓𝐰𝐚𝐫𝐢 𝐭𝐮𝐳𝐢 𝐤𝐨 𝐭𝐮𝐫𝐢 𝐢𝐦𝐢𝐫𝐢𝐲𝐨𝐧𝐢 𝟏𝟑 𝐳’𝐀𝐛𝐚𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢”: 𝐀𝐛𝐚𝐤𝐢𝐧𝐧𝐲𝐢 𝐛𝐚 𝐓𝐞𝐧𝐧𝐢𝐬 𝐛’𝐔𝐛𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐛𝐚𝐬𝐞𝐫𝐮𝐤𝐢𝐲𝐞 𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐧𝐞𝐳𝐚 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐀𝐧𝐠𝐨𝐥𝐚.

Mu gatondo ko ku wa 16 Ruheshi 2025, ni ho abakinyi b’umugwi wa Tennis w’Uburundi batahukana imidari n'igikombe , inyuma yo kwitwara neza mu nkino za Davis Cup zabereye muri Angola. Bakiri ku kibuga c’indege, bakiriwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’inkino za Tennis mu Burundi, Gilbert Nibigirwe, mu kanyamuneza kenshi.

🎤 Umwe mu bakinyi, Guy Orly Iradukunda, yashikirije ati:

“Gukina tuzi ko turi imiriyoni 13 z’Abarundi turiko turaserukira vyaraduhaye inguvu nyinshi. Ivyo ni vyo vyatumye dushira umutima ku rutare kugira ngo igihugu cacu kitaduterereza.”

Yabandanije agira ati:

“Tukiva mu Burundi, twari twihaye intumbero yo gushikana igihugu cacu kure bishoboka, tukakiserukira neza. Naho twahuye n’ibihugu bikomeye, nta bwoba twagize, kuko twari tuzi neza ico twipfuza gushikako.”

🤝 Ku ruhande rwiwe, Innocent Nshimirimana, Capitaine w’uwo mugwi, yamenyesheje ko ubumwe ari ryo pfundo ryatumye bagira intsinzi:

“Twashize hamwe umutima, ubuhizi n’ishaka. Ivyo ni vyo vyaduteye akanyabugabo, bituma dutahukana umwimbu mwiza.”

🌟 Nayo Omar Mohamed, nawe nyene yari mu bari bagiye muri urwo rugendo, yagaragaje akanyamuneza ati:

“Uburundi gushika mu bihugu bibiri vya mbere mu muce wa kane ni ikimenyetso c’uko mu gihugu cacu hari impano, kandi zisaba gushigikirwa kugira zitere imbere.”





🌐🇮🇷🇮🇱 𝐈𝐬𝐫𝐚𝐞̈𝐥 - 𝐈𝐫𝐚𝐧: 𝐈𝐧𝐤𝐮𝐫𝐮 𝐧𝐬𝐡𝐚𝐬𝐡𝐚 𝐳'𝐢𝐧𝐭𝐚𝐦𝐛𝐚𝐫𝐚 𝐢𝐫𝐢𝐤𝐨 𝐢𝐫𝐚𝐫𝐞𝐧𝐠𝐚 𝐢𝐦𝐛𝐢𝐛𝐞.Intambara hagati ya Israël na Iran iriko irafata ...
16/06/2025

🌐🇮🇷🇮🇱 𝐈𝐬𝐫𝐚𝐞̈𝐥 - 𝐈𝐫𝐚𝐧: 𝐈𝐧𝐤𝐮𝐫𝐮 𝐧𝐬𝐡𝐚𝐬𝐡𝐚 𝐳'𝐢𝐧𝐭𝐚𝐦𝐛𝐚𝐫𝐚 𝐢𝐫𝐢𝐤𝐨 𝐢𝐫𝐚𝐫𝐞𝐧𝐠𝐚 𝐢𝐦𝐛𝐢𝐛𝐞.
Intambara hagati ya Israël na Iran iriko irafata isura nshasha kandi ikomeye. Uko Israël iguma ikoresha drones mu bitero ni ko na Iran isubiriza mu kurekura missiles hypersoniques zica mu ryahumye ubwirinzi bwa Israël, zigatera inkonka.

Mu gitondo co uno munsi, missiles za Iran zash*tse aho bitari vyitezwe. Ubwirinzi bwa Israël bwaratitutse. Inkurikizi zabaye ndende:

Ku kibuga c’indege ca Nevatim, kirimwo indege za gisirikare F-35, haradutse umuriro.

Muri Haïfa, urugomero rw’amashanyarazi rwaguyeko ibiturika.

Inzu ya Netanyahu iri i Césarée yageramiwe n’ibisasu.

Hezbollah, ibifashijwemwo, nayo nyene yarashwe.

Iran yasambuye kandi ihinguriro ry’ibitoro rya mbere muri Israël.

Ibiturika vyanash*tse hafi y’ubuserukizi bwa Russiya na USA biri Tel-Aviv no Jérusalem, ariko ntaco vyononye.

Nyuma y’imisi Mossad ikora ibitero vyo kwubira ku butaka bwa Iran, Iran yarafashe umutasi waturuka muri Turquie yagiye atanga amakuru y’ibanga; yaciye anyongwa. Abandi bane barafashwe bagirizwa ubutasi.

Russiya yaraye ikuye abanyagihugu bayo muri Israël biciye ku mupaka wa Egypte wafunguye amasaha yose. Ibindi buserukizi burimwo ubw’Ubusuwisi, bwari buhagarariye América muri Iran, nabwo buriko burava mu karere.

Indege za gisivile zose ziri guca mu bihugu vya Chypre na Grèce.

Ibimenyetso vyerekana ko intambara ishobora gukomera kurusha:

Tsahal (igisirikare ca Israël) carabwiye abanya-Iran ko bashobora kuhasiga ubuzima ku bwinshi.

USA igiye kwubaka ikiraro c’indege cidasanzwe mu kirere c’uburasirazuba bwo hagati, gishobora kuzotuma bagabanya umuvuduko w’ibisasu vya Iran.

Bamwe mu bahinga batanguye kuvuga ko Israël yasuzuguye ubushobozi bwa Iran, none iriko irahabwa icigwa c’ukuri.

⚽ 𝐀𝐛𝐚 𝐧𝐢𝐛𝐨 𝐛𝐚𝐤𝐢𝐧𝐲𝐢 𝟏𝟏 𝐛'𝐮𝐦𝐮𝐠𝐰𝐢 𝐍𝐬𝐞𝐫𝐮𝐤𝐢𝐫𝐚𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐈𝐧𝐭𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐦𝐮 𝐫𝐮𝐠𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐛𝐚𝐭𝐚𝐧𝐠𝐮𝐫𝐚 𝐦𝐮 𝐤𝐢𝐛𝐮𝐠𝐚 𝐤𝐮 𝐫𝐮𝐤𝐢𝐧𝐨 𝐈𝐧𝐭𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐦𝐮 𝐑𝐮𝐠𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐳𝐢𝐠𝐢𝐫...
13/06/2025

⚽ 𝐀𝐛𝐚 𝐧𝐢𝐛𝐨 𝐛𝐚𝐤𝐢𝐧𝐲𝐢 𝟏𝟏 𝐛'𝐮𝐦𝐮𝐠𝐰𝐢 𝐍𝐬𝐞𝐫𝐮𝐤𝐢𝐫𝐚𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐈𝐧𝐭𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐦𝐮 𝐫𝐮𝐠𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐛𝐚𝐭𝐚𝐧𝐠𝐮𝐫𝐚 𝐦𝐮 𝐤𝐢𝐛𝐮𝐠𝐚 𝐤𝐮 𝐫𝐮𝐤𝐢𝐧𝐨 𝐈𝐧𝐭𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐦𝐮 𝐑𝐮𝐠𝐚𝐦𝐛𝐚 𝐳𝐢𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐳𝐢𝐤𝐢𝐧𝐞 𝐧𝐚 𝐔𝐠𝐚𝐧𝐝𝐚 𝐢𝐬𝐚𝐡𝐚 𝟗 (𝟏𝟓𝐡) 𝐳𝐚 𝐡𝐚𝐧𝐨 𝐢𝐰𝐚𝐜𝐮𝐨.

🏟 Peace Olga Niyomwungere batazira Pogba, akinira Rayon Sport FC yo mu Rwanda ni we yambaye igitambara ca kizigenza muri uru rutonde umumenyereza Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombora atanguje muri uru rukino ruja gutangura mukanya isaha 10 z'umuhingamo (16h) mu masaha y'i Dar-Es-Saalam (Tanzaniya), ni ukuvuga isaha 9 z'umuhingamo (15h) mu masaha yo mu , ku kibuga Azam Complex Stadium muri ico gisagara ca Dar es Salaam nyene

✍🏿 Tubibutse ko bugiye guhura n'igihugu catwaye iri higanwa ubuheruka, kandi ko ari rwo rukino rugiye kwugurura iri higanwa rya Cecafa Senior Women

Address

BUMBURA
Kinama
257

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kivu Magazine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category