Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ.

Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ. Remeshamahoro FM est une Radio communautaire émettant depuis Kirundo sur 102.1 MHZ .

  : Kur'uno wa gatanu igenekerezo rya 17-10-2025, Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yari yagendeye Inta...
17/10/2025

: Kur'uno wa gatanu igenekerezo rya 17-10-2025, Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yari yagendeye Intara ya Butanyerera muri Komine Kirundo. Hari mu ntumbero yo gushikiriza abenegihugu Musitanteri mushasha wa Komine Kirundo. Ivyo birori bikaba vyabereye muri Zone Ntega ku Kibuga c'umupira ca Mihigo.

Mw'ijambo ryiwe, Musitanteri wa Komine Kirundo Ndikuriyo Jean Berchimans yasavye abenegihugu kugira ubumwe no kugira urunani rw'intamenwa mw'iterambere. Yabasavye gusenyera ku mugozi umwe baje mu mbono kazoza kuva mw'ikomine, mu mazone, imitumba gushika no mu miryango.

Nayo Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yavuze ko amaze kubona ko igihugu kiriko kiratera intambwe mw'iterambere kuko gifise ubutunzi, mu gihe hariko haraboneka ubutare hirya no hino. Ati :" N'ikimenyetso c'uko imbere ari heza."

Mwomenya ko ivyo bikorwa yabitanguriye ku misozi ya Shinge na Rugero aho yari yishikiye kwirabira uko ubutare bwaho buriko burimbwa. Ibirori bikaba vyasozerewe kandi n'ukuja kuraba ibirombwe biriko birimbwamwo ubutare k'Umutumba wa Busenyi. Akaba yateye intege urwaruka gukora cane kugira rwiteze imbere, umunwa wose ugire ico kurya, umufuko nawo ugire amahera.

  : Amabarabara n'amwe mw'itunga rusangi ry'igihugu duhamagariwe kuyakingira nk'abenegihugu ata n'umwe avuyemwo. Bivugwa...
15/10/2025

: Amabarabara n'amwe mw'itunga rusangi ry'igihugu duhamagariwe kuyakingira nk'abenegihugu ata n'umwe avuyemwo. Bivugwa na Ntakirutimana Pascal arongoye Ikoperative "Tam_Tam Dukore" ihingura ibinyobwa bitandukanye mu Gisagara ca Kirundo. Yabivuze kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15/10/2025 aho bariko barasanura ibarabara rikuru ry'igihugu "RN14" ahitwa kw'idodani hahora habera amasanganya kubera hari harononekaye cane.

Mw'ijambo ryiwe, Ntakirutimana Pascal batazira "Mwarimu ruvange" yavuze ko igihugu gifise abenegihugu ata kuntu na kumwe kitotera imbere kiretse habayemwo kwisamaza no kudashaka kugikorera. Yamahagariye abenegihugu kudatangwa mu bikorwa vyo guteza imbere igihugu kuko ari umuvyeyi wa bose .

Nayo Karambizi Jean Marie Umukuru wa Zone Kirundo yavuze ko abanyakirundo bose bakwiye kwigira kuri uyu mwenegihugu asanzwe atunganya ibikorwa vyo gusanura amabarabara kuko ngo abikora ku bwitange kubera bitwara uburyo bwinshi. Agashima ukuntu ibikorwa bikorwa n'iyo Koperative "Tam_Tam Dukore" atar'ivyo kwubaka amabarabara gusa ahubwo ngo na bamwe bitwa abashomeri bahatoreye akoyokwe kuko baronkejwe akazi n'iyo koperative .

  : "Hambavu yuko hariho imbono kazoza y'igihugu cifashe muri 2040, giteye imbere mu 2060, hagiye kujaho imbono kazoza y...
12/10/2025

: "Hambavu yuko hariho imbono kazoza y'igihugu cifashe muri 2040, giteye imbere mu 2060, hagiye kujaho imbono kazoza ya komine, iy'ama zone n'iy'imitumba. Kandi zikazomanikwa ku biro kugira umwenegihugu wese ahash*tse abone iyo mbono kazoza."

Vyavuzwe na Musitanteri wa Komine Kirundo Jean Berchimans Ndikuriyo, mu kiganiro carimwo n'abakenguzamateka, aho bari bagendeye Komine Kirundo kugira barabire hamwe ingene indongozi zishasha zokora muri ya ntumbero yo kwegereza ubutegetsi abenegihugu. Hari kur'uyu wa gatanu igenekerezo rya 10/10/2025.

Uwari arongoye uyo murwi w'abakenguzamateka Sabine Ntakarutimana yavuze ko abarongoye ibisata bitandukanye mw'ikomine bahamagariwe kubitunganya neza kubw'iterambere rya komine n'iry'abenegihugu.

Mwomenya ko mu mafaranga imiryoni 50 komine yose isabwa kwinjiza k'ukwezi, Komine Kirundo yinjije 144 715 451Fbu mu Kwezi guheze kwa Nyakanga.

  : Kur'uno wa kane igenekerezo rya 09-10-2025, uwurongoye Zone Kirundo Karambizi Jean Marie yaragirishije inama abakuru...
10/10/2025

: Kur'uno wa kane igenekerezo rya 09-10-2025, uwurongoye Zone Kirundo Karambizi Jean Marie yaragirishije inama abakuru b'imitumba, abayobozi b'amashure, abaserukira abadandaza n'abaserukira umugambwe uri ku butegetsi ku mitumba. Iyo nama yabereye mu nyubakwa za Lyceé Kanyinya. Intumbero yayo kukaba kwari ukwidondorana kugira bamenyane , kuraba ibimaze kuranguka kuva aho uwurongoye zone ashikirijwe amabanga no kurabira hamwe ibizorangurwa muri aya mezi atatu ar'imbere .

Muri uyo mwanya muto ungana n'ukwezi kumwe ashikiriye amabanga, umukuru wa Zone Kirundo yarahimirije abakuru b'imitumba n'ama "Quartier" gukora ibishoboka vyose igisagara kikagira isuku umuntu ahereye aho abaye n'iruhande yaho.

Mu bigiye kuranguka harimwo guca amabarabara y'imigenderanire. Yasavye abakuru b'imitumba gukurikirana uruja n'uruza ku mitumba, basuzume barabe ko umuryango wose ufise agatabo k'umuryango. Yasavye abadandaza bo mw'isoko nkuru ya Kirundo gufata abasuma bahiba kuko usanga baba babazi. Yasavye kandi gushira ibiraro vya "madarete" biva ku mabarabara bijabuka ku mazu ari iruhande y'ibarabara, ibiraro vy'ibiti ntivyemewe.

Mu gukomeza isuku yasavye ko umuntu azofatwa ataye ikibuni mw'ibarabara canke ahandi hose hatabigenewe kw'azoca acibwa amande y'ibihumbi bibiri.

Mwomenya ko iyo nama yari yitabiriwe n'uwujejwe igendereza mu Karere ka Kirundo, uwujejwe gukinga ibiza n'isibe muri Komine Kirundo, uwuserukira inyamiramabi muri Komine Kirundo hamwe n'intumwa za Musitanteri.

  : Kur'uyu wa mbere igenekerezo rya 06/10/2025 intumwa zo mu bushikiranganji  bujejwe ibidukikije uburimyi n'ubworozi z...
07/10/2025

: Kur'uyu wa mbere igenekerezo rya 06/10/2025 intumwa zo mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije uburimyi n'ubworozi zarishikiye ku mitumba ya Kiyonza, Ruhehe, Rukondokondo na Rugando. Bari bajanywe no kwigisha abarimyi indwara zifata ibiterwa n'ukuntu bozivura kugira umwimbu wiyongere.

Manirakiza Cyrille akora mu Kigo "ISABU" mu gusigura uko borwanya indwara y'ibigori (Nécrose Létale du maïs) yasavye abarimyi kurimira rimwe, guteragira imbuto irobanuye neza, kurandura ibiterwa vyafashwe, gup***a imiti yica udukoko yitwa "Dudu fenos( cypermetrine+Profenofos)" na "Dudu acelamectin(abemectin+acetamiprid)" k'urugero rwa miri ritiro 30 muri ritiro 15 z'amazi.

Ndagijimana Violet nawe akora muri "ISABU" yavuze ko ku kijanye n'igiterwa c'itomate amaze kubona ko iziriko ziradandazwa ziba ziriko imiti, yababwiye ko ari bibi kuko imiti idaheza iveko n'ubwo woyonga incuro nyishi. Ati : " vyiza umuntu mukwihereza yasaruye yorindira indwi 2 inyuma yo gup***a." Avuga kandi ko
ku bijanye n'indwara ya ruhonyabitoke umuntu yokurikirana umurima wiwe kenshi gashoboka, akarandura, agatemagura mu duce duto duto akongera agahamba mu kuzimu ibiterwa birwaye. Yotera kandi imivyaro ikomeye ivuye mu murima utarwaye, umuhoro wakoreshejwe ku biterwa birwaye bobanza kuwucisha ku muriro canke hagakoreshwa umuti wica imigera (alcool).

  : Imbuto igizwe n'ibiharage ibiro 1.824 n'iy'ibigori ibiro 102 nivyo Ishirahamwe "NANJE NIGE" ryaronkeje imiryango ifi...
04/10/2025

: Imbuto igizwe n'ibiharage ibiro 1.824 n'iy'ibigori ibiro 102 nivyo Ishirahamwe "NANJE NIGE" ryaronkeje imiryango ifise abanyeshure bafashwe mu mugongo n'iryo shirahamwe.

Ico gikorwa kikaba cabereye ku cicaro c'iryo shirahamwe k'Umutumba wa Nyange-Bushaza muri Komine Kirundo. Ivyo bibaye mu gihe baheruka gutanga ibikoresho vy'ishure hamwe n'impene kugira baze bararonka umwavu.

Emmanuel Nkeraguhiga arongoye iryo shirahamwe avuga ko bafise ihangiro ryo guhagarika burundu ibitigiri vy'abana baheba amashure. Yasavye abaronse izo mbuto kuzozigarukana mu bubiko ni vyera kugira bazokwongere kubironswa mu rindi rima.

Mwomenya ko umwe wese yaronka imbuto ihwanye n'itongo afise kandi ko bwari bubaye ubugira kabiri bakora ico gikorwa . Ku ncuro ya mbere mu mwaka uheze batanze imbuto igera ku biro 600. Ababihawe bakaba barashoboye kugarukana ibiro 470 .

  : Kuri uyu wa 01-10-2025, niho hatangura iyandikwa ry'urwaruka rw'abarundi n'abarundikazi bipfuza kwinjira mw'ishure k...
01/10/2025

: Kuri uyu wa 01-10-2025, niho hatangura iyandikwa ry'urwaruka rw'abarundi n'abarundikazi bipfuza kwinjira mw'ishure kaminuza ry'intwazangabo ( I.S.P). Nk'uko tubisanga mw'itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano, iryo yandikwa rizosozerwa kw'igenekerezo rya 20-10-2025.

Abipfuza kwinjira muri iryo shure kaminuza ry'intwazangabo bazoza barandikirwa ku makomine bavukamwo, buri munsi kuva isaha zibiri z'igitondo gushika isaha zitandatu, no kuva isaha umunani gushika isaha cumi n'imwe z'umugoroba.

👇👇👇

 : "Barabangamiwe n'isuku rike rituruka ku tuzu twa surwumwe two mu mihana imwe ihanamiye Umwonga wa Mpimbiguye."Abo ni ...
29/09/2025

: "Barabangamiwe n'isuku rike rituruka ku tuzu twa surwumwe two mu mihana imwe ihanamiye Umwonga wa Mpimbiguye."

Abo ni abenegihugu bo mu Gisagara ca Kirundo muri "quartier" Rupfunda. Nk'uko twavyiboneye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29-09-2025, hari imihana itagira ubwiherero, n'iyibufise bukaba budashemeye. Bavuga ko bafise ubwoba ko hashobora kwaduka indwara zituruka kw'isuku rike na rirya hari bamwe bakoresha amazi yo muri uwo mwonga mu bikorwa vyo kumesura no gukoropa mu mazu. Basaba abajejwe ivy'inyubako mu gisagara kuza barakora igenzura kugira bahanure bongere bahane abatagira utuzu twa surwumwe.

Ndayishimiye Cyriaque arongoye iyo "quartier" avuga ko ico kibazo bakizi, ariko ko bakoresheje amanama abenegihugu mu ntumbero yo kubahimiriza kwitwararika amabwirizwa y'isuku kandi ko bitaraba imihana gusa ariko no mu bubare n'amazu y'uburiro nayo nyene biyaraba. Ngo bagiye kuzoca ku rugo ku rundi bagenzura kugira uwuzofatwa azohanwe hisunzwe amategeko.

Mwomenya ko Reta iza yarashizeho ihadabu icibwa uwo wese adakurikiza amabwirizwa y'isuku. Iyo hadabu iva ku mafaranga 5000Fbu kugera kuri 500000Fbu bivanye n'icaha umuntu aba yakoze.

  : Kur'uno wa gatatu igenekerezo rya 24-09-2025,  Ishirahamwe " Help Channel Burundi " ryatanze ibikoresho vy'ishure  k...
24/09/2025

: Kur'uno wa gatatu igenekerezo rya 24-09-2025, Ishirahamwe " Help Channel Burundi " ryatanze ibikoresho vy'ishure ku bana ba ntahonikora bagera ku 79 bo kw'Ishure shingiro rya Murama.

Mw'ijambo ry'ikaze, Umuyobozi w'ishure Dusabe Yvette yabakiranye urweze aranabashimira kur'iyo mfashanyo yahawe abo bana. Yabemereye ko bazokurikirana ko ibikoresho bahawe bariko babikoresha ico bategerezwa kubikoresha.

Umuyobozi w'indero Mukaporona Leocadie yari yitabiriye ico gikorwa yashimiye Ishirahamwe "Help Chanel" ryiyumviriye gufasha gutangura umwaka w'ishure neza abana ba ntahonikora. Akaba nawe nyene yasavye abo bana gufata neza ivyo bikoresho bahawe yongera abahamagarira gushirako umwete mu kwiga kugira bazomenye mw'ishure.

Uwaserukiye Ishirahamwe "Help Chanel" Nduwayo J.Berchimans mw'ijambo ryiwe yavuze ko hambavu yuko basanzwe bashigikira ivy'uburimyi ngo habayeho abavyeyi babasavye kubafashisha ibikoresho vy'ishure vy'abana ari naco gituma bash*tse kw'iryo shure gutanga ivyo bikoresho.

Mwomenya ko ivyo bikoresho bizotangwa muri Komine Kirundo na Busoni ku bana ba ntahonikora bagera ku 15400.

  : Hagiye gutangwa imisegetera kuva kw'igenekerezo rya 10/10/2025 gushika kwigenekerezo 15/10/2025 mu Burundi bwose!Ivy...
22/09/2025

: Hagiye gutangwa imisegetera kuva kw'igenekerezo rya 10/10/2025 gushika kwigenekerezo 15/10/2025 mu Burundi bwose!

Ivyo bikaba vyavugiwe mu nama yatunganijwe n'ibiro bijejwe amagara y'abantu mu Ntara yahahora ya Kirundo, yari itumiwemwo abaserukira ibisata bitandukanye nk'abakorera mu gisata c'amagara y'abantu, abajejwe umutekano, abaserukira amadini, abaserukira amashirahamwe atandukanye, n'abandi.

Nk'uko vyamenyeshejwe muri iyo nama, ico gikorwa co gutanga imisegetera kizokorwa n'abari barakoze rusansuma, kikazokorwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none. Umuryango uzohabwa imisegera 2, abari mu buraro bw'amashure nabo bazohabwa umusegetera umwe kuri buri gitanda. Abazohabwa imisegetera basabwa kuzokwitwararika na ntaryo kuyiziganya kuko ari ku neza y'amagara yabo. Uwaronse imisegetera azohabwa agapapuro (reçu ) kazoba gahujwe n'umusegetera wiwe. Abenegihugu bahamagarirwa kuzoba bari mu mihana yabo kuko hazoharurwa umuryango wose uko ungana kugira hatangwe imisegetera iwukwiye.

Mwomenya ko isekeza ryo gutanga imisegetera ryaheruka mu mwaka w' 2022, ubu rikaba risubiriye inyuma y'aho haheruka kuba ip***a mu mazu. Nk'uko vyagarutsweko muri iyo nama, iryo p***a ryarazanye umusaruro mu gukinga indwara ya marariya.

  :  Mu ntumbero yo gusukura Igisagara ca Kirundo, ibikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20-09-2025...
20/09/2025

: Mu ntumbero yo gusukura Igisagara ca Kirundo, ibikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20-09-2025 muri Zone ya Kirundo, vyabaye ivyo gusibura imifurege y'ibarabara riva mu kabande ryerekeza ku bitaro bikuru gushika ku biro vya komine.

Cyriaque Nikoyangize, Umuhanuzi wa Buramatari w'Intara ya Butanyerera ajejwe ibibazo vya poritike n'amategeko, yasavye indongozi za Zone Kirundo kutama batunganya ibikorwa rusangi vyo gukora imbere y'amazu y'abantu kuko umwe wese akwiye kwitwararika gusukura aho akorera n'aho aba. Ahubwo bokwama bategura ibikorwa vyagutse nko guca amabarabara, kwubaka amashuri n'ibindi.
Ku kijanye n'umutekano, uwo mutegetsi yasavye umukuru wa zone gutegeka abanyagisagara kurwanya umwijima mu gushiraho amatara abonesha ku mpangu zose zifise umunyagankuba, abagararije nabo ngo regideso yobazimiriza umuyagankuba.

Kubwa Nestor Musafiri, Umushingamateka yatowe muri Komine Kirundo, ngo ntivyari bikwiye ko harinda kubaho abacibwa amande kubera kudakora isuku aho bakorera canke babaye kuko iterambere ari ku neza ya bose.

Mwomenya ko inyuma y'ivyo bikorwa rusangi kabaye akaryo keza ku munyamabanga nshingwabikorwa wa komine ko kwereka abenegihugu abizewe kugira barongore ibisata bitandukanye bigize ubuzima bwa komine.

  :  Mu ntumbero yo kuraba impano nshasha no gutera intege abo dusanganwe, "Académie Sportive la Conscience" yatunganijw...
20/09/2025

: Mu ntumbero yo kuraba impano nshasha no gutera intege abo dusanganwe, "Académie Sportive la Conscience" yatunganijwe ihiganwa ryo kwiruka k'urwaruka rwo mu Kirundo kur'uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20/09/2025. Iryo higanwa rikaba ryar'iryo kwiruka ku metero 1500, 2000 na 5000. Rikaba ryabereye ku kibuga ca Bushaza kiri mu Gisagara ca Kirundo.

Uwusanzwe arongoye inkino zo kwinonora imitsi mu Kirundo Innocent Nkurunziza yashimiye abo banonotsi aho yabateye intege yongera abasaba gukunda iryo higanwa kugira bazobe nka Charles Nkazamyampi na Francine Niyonsaba baserukiye i Gihugu mu makungu. Yanasavye abajejwe gutegura iryo higanwa mu Kirundo ko boza bararitegura hatarinze guhera umwaka. Mu gusozera Innocent Nkurunziza yamenyesheje ko vuba hagiye kuzotangura ihiganwa ryiswe "Cross country".

Nayo Donatien Hakiza arongoye "Académie Sportive la Conscience" yasavye abafise impano kubandanya bazigaragaza. Yavuze ko urwaruka rwo mu Kirundo arirwo rwatumye hatunganywa ico gikorwa kuko mu karere k'uburaruko uwashoboye kuba uwa mbere mu myaka iheze ku metero 2000 ari Emerimana Emery nayo ku metero 5000 Étienne Haringanji akaba yabaye uwa kabiri. Ni mugihe mu bigeme ku metero 5000 Mukeshimana Joselyne ariwe yabaye uwa mbere mw'ihiganwa ryo kur'uyu wa Gatandatu, Niyubahwe Ange Kelly mu bigeme akaba yabaye uwa mbere bukaba bwari bubaye ubwa mbere yitabiriye iryo higanwa.

Mwomenya ko haciye hatangwa ubushimwe ku ruhande rw'abahungu n'abigeme aho ubushimwe bwahawe batatu bambere.

Address

Runanira 3
Kirundo

Opening Hours

Monday 06:00 - 21:00
Tuesday 06:00 - 21:00
Wednesday 06:00 - 21:00
Thursday 06:00 - 21:00
Friday 06:00 - 21:00
Saturday 06:00 - 21:00
Sunday 06:00 - 21:00

Telephone

+25762335373

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ. posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ.:

Share

Category