17/10/2025
: Kur'uno wa gatanu igenekerezo rya 17-10-2025, Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yari yagendeye Intara ya Butanyerera muri Komine Kirundo. Hari mu ntumbero yo gushikiriza abenegihugu Musitanteri mushasha wa Komine Kirundo. Ivyo birori bikaba vyabereye muri Zone Ntega ku Kibuga c'umupira ca Mihigo.
Mw'ijambo ryiwe, Musitanteri wa Komine Kirundo Ndikuriyo Jean Berchimans yasavye abenegihugu kugira ubumwe no kugira urunani rw'intamenwa mw'iterambere. Yabasavye gusenyera ku mugozi umwe baje mu mbono kazoza kuva mw'ikomine, mu mazone, imitumba gushika no mu miryango.
Nayo Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yavuze ko amaze kubona ko igihugu kiriko kiratera intambwe mw'iterambere kuko gifise ubutunzi, mu gihe hariko haraboneka ubutare hirya no hino. Ati :" N'ikimenyetso c'uko imbere ari heza."
Mwomenya ko ivyo bikorwa yabitanguriye ku misozi ya Shinge na Rugero aho yari yishikiye kwirabira uko ubutare bwaho buriko burimbwa. Ibirori bikaba vyasozerewe kandi n'ukuja kuraba ibirombwe biriko birimbwamwo ubutare k'Umutumba wa Busenyi. Akaba yateye intege urwaruka gukora cane kugira rwiteze imbere, umunwa wose ugire ico kurya, umufuko nawo ugire amahera.