15/05/2025
: Ku civugo kivuga giti: ''Ihute tubenurire''.
Manirakiza Joachim, umunyamabanga w'umugambwe -FDD muri iyo komine yamenyesheje mw'ijambo ry'ikaze ko umugambwe wifashe neza mu nama nshingiro zose zigize iyo komine ari naco gituma biteze intsinzi y'amajwi menshi aho avuga ijana kw'ijana 100/100 ata gukekeranya. Yanamenyesheje ko abagumyabanga bari ku kivi mu bikorwa vy'iterambere ngo bagwize umwimbu.
Alexandre Ngoragoze umunyamabanga wa CNDD-FDD mu ntara ya yibukije abagumyabanga kubungabunga umugambwe -FDD kuko ngo wavuye mu kwitanga kw'abana b'Uburundi aho bitanze baharanira intwaro rusangi (démocratie).
Alexandre Ngoragoze akaba yasavye abagumyabanga kwirinda gusotorana n'abanywanyi b'iyindi migambwe muri kino gihe c'imyiyamamazo ahubwo ngo bakwiragire mu mihana bigisha ivyiza vy'umugambwe -FDD kuva ugiye ku butegetsi kuko hari ivyiza vyinshi vyaranguwe.
Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD yongeye avuga ko aravye isinzi ry'abagumyabanga bari mu ntara ya ata kabuza ko umugambwe -FDD muri iyo ntara uzotahukana intsinzi nini cane haba ku bashingamateka bo muri iyo ntara co kimwe n'abagize inama mpanuzwajambo bose bakaba abava mu mugambwe FDD kugira ngo mu makomine 11 agize iyo ntara yitwe iwabo w'umugambwe -FDD. Ngo kandi kugira ivyo bishoboke bisaba ko umugambwe uronka amajwi arenga 96 kw'ijana.
Ngoragoze yongeye ati: "Ivyo birashoboka kuko -FDD yashize Imana imbere aho yanamenyesheje abagumyabanga ko umugambwe ugiye gushishikara ukubumbatira amahoro n'umutekano haba mu gihugu no gufasha ibindi bihugu, kugwiza ibijanye n'inyubako hamwe n'amashure, kugwiza akazi biciye mu ma koperative,kugwiza ibigwati, gukomeza uburimyi na cane mu kugwiza ibitegwa njabukamazi.
Mu kwerekana ku mugaragaro abazitoza mu rwego rw'abashingamateka na mpanuzwajambo za komine, yanabasavye kwunamira abagumyabanga bo muri iyo komine bazobahunda amajwi, ikimenyetse co kwicisha bugufi.
Icirwa co kwereka abagumyabanga uko bazokoresha ikarata z'itora, catanzwe n'umushingamateka Nibigira Ezéchiel avuka muri iyo ntara nyene ya , aho yeretse abagumyabanga ko ari amakarata abiri, iyo gutora abashingamateka hamwe n'iyo gutora abajenama ba komine, abereka neza ko bazotora aho umugambwe CNDD-FDD uri, kunomero yambere bakoresheje igikumu canke ikaramu.
Cndd-Fdd
-Fdd Bujumbura