Radio Magara Times FM

Radio Magara Times FM : Compte Officiel de la Radio Magara Times FM au , 92.00 Mhz. | Tél: 68 15 85 89 | La Radio Toute Proche de Vous.

Abagumyabanga bo muri komine Muhuta bahamagarirwa kwijukira uburimyi na cane cane ibitegwa njabukamazi nk’igiterwa c’Ika...
22/12/2025

Abagumyabanga bo muri komine Muhuta bahamagarirwa kwijukira uburimyi na cane cane ibitegwa njabukamazi nk’igiterwa c’Ikawa hamwe n’ivoka.
=========================================
Umunyamabanga w’Umugambwe -FDD mu ntara ya Bujumbura arikumwe nabo bafashanya kurongora Umugambwe mu ntara ya Bujumbura bagendeye komine Muhuta kuri uyu wa mbere kuwa 22 Kigarama 2025.

Mw’ijambo ry’ikaze Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD muri komine Muhuta yamenyeshejeko umutekano w’ifashe neza kandi Abagumyabanga bose bo muri komine Muhuta batekanye kandi bari kumirimo.

Alexandre Ngoragoze akaba yashimiye Abagumyabanga ba komine Muhuta ukuntu berekanye umutima w’urukundo mu matora, aho yaciye abahamagarira kwijukira ibikorwa vy’iterambere na cane cane kwijukira kurima ibiterwa njabuka mazi nk’Ikawa hamwe n’ivoka. Akaba yaboneyeho gushimira Umuhumure Bivugire_ Sébastien batazira yatanguye umugambi wo gutera ibiti vy’ikawa n’Amavoka birenga hegitare 10.

Mukurangiza uwo mu Nyamabanga akaba yarangije asaba ko bokomeza kubumbatira amahoro n’umutekano kuko ari karahara mu ruganda ntibacura narirya komine Muhuta iri mu makomine yo mu ntara ya Bujumbura ari ku rubibe.

Tubibutse ko hatunganijwe amasengesho ku magenekerezo ya 29, 30 na 31 Kigarama 2025 ku kibuga c’umupira w’amaguru kuri ETS Kamenge.

Radio Magara Times FM
Magara Times TV
Kibonobono Media


Santé Magara II
i Magara

Kuri Uyu w'imana  haratangura   aho urukino  rwambere ruza guhuza  🇲🇦Morocco na 🇰🇲Comoros saa 21H:00.Uru rukino  muraruk...
21/12/2025

Kuri Uyu w'imana haratangura aho urukino rwambere ruza guhuza 🇲🇦Morocco na 🇰🇲Comoros saa 21H:00.

Uru rukino murarukwirikirana kuri 📻 92.00Mhz

Ku bifuza kumenyekanisha ibikorwa vyabo muri iri rushanwa ndetse n'iminsi mikuru isoza umwaka, twabashiyiriyeho igabanirizwa rya 50%.

Hamagara: 68158589

92.00Mhz



Santé Magara II

i Magara

Muri ino misi mikuru dusabwa kurikanura mubijanye n’umutekano kugira ngo tuzohimbaze imisi mikuru mu mahoro meza.=======...
21/12/2025

Muri ino misi mikuru dusabwa kurikanura mubijanye n’umutekano kugira ngo tuzohimbaze imisi mikuru mu mahoro meza.
===========================================
Mu nama n’ Abenegihugu bo ku mutumba Magara zone Magara komine Muhuta intara ya Bujumbura yabaye kuri uyu wa gatandatu kuwa 20 Kigarama 2025, Umukuru wa zone Magara arikumwe nabo bafasha gutwara zone Magara hamwe n’uwutwara igi Polisi mu karere ka Bugarama baragirishije inama Abenegihugu bo kuri uyo mutumba mu ntumbero yo kurabira hamwe no gutanga impanuro ingene Abenegihugu bo kwitwara murino misi mikuru ya na .

asanzwe atwara umutumba wa Magara akaba yaramenyesheje ko umutumba utekanye na cane cane muvy’umutekano kandi ko n’ Abenegihugu bari kukivi batekanye. Yongera arashima cane kuba umutumba wa Magara wagendewe.

Umukuru wa zone Magara mw’ijambo ryiwe akaba yasavye abaraho kwama babumbatira amahoro n’umutekano kuko atamahoro nta n’imigambi tworangura eka mbere ntacokorwa kuko ahari amahoro umuhoro uramwa. Agasaba Abenegihu bo kuri uwo mutumba kwama barikanuye na cane cane mu guteramira amahoro n’umutekano murino misi mikuru.

Mukurangiza akaba yipfurije Abenegihugu bo muri zone Magara kurangiza umwaka mu mahoro aho yabasavye kandi kuzirinda gusesagura ubutunzi bafise murino misi mikuru kuko inyuma y’imisi mikuru ubuzima burabandanya, kandi ngo abazonywa bazibuke kwigerera kuko hariho abanywa bakibagira niyo bataha.

Uwusanzwe arongoye igipoli mu karere ka Bugarama yasavye Abenegihu naho bazoba bari mu misi mikuru kuzoguma bari kanuye kugira ntihagire igihungabanya amahoro n’umutekano dufise muri ino misi, yongeye kandi asaba abagendesha ama moto, imodokari n’ibindi kwirinda umuvuduko muremure kuko bitera amasanganya.

Radio Magara Times FM
Magara Times TV
Kibonobono Media


Santé Magara II
i Magara

Hatunganije inama yabaserukizi bakuru bakuru bakuru  bumugambwe( MSP)   muntumbero yo gukomeza uwo mugambwe no kurabira ...
20/12/2025

Hatunganije inama yabaserukizi bakuru bakuru bakuru bumugambwe( MSP) muntumbero yo gukomeza uwo mugambwe no kurabira hamwe uko amatora aherutse kuba yagenze.

Kubwa asanzwe aserukira uwo mugambwe kugwego rw'igihugu ngo muri barashima ivyavuye mumatora aherutse kuko inzira yamatora yerekana demokarasi ninaco gituma ibivuye mu matora vyerekana ikiba Kiri kumutima wabenegihugu.

Ariko Nubwo biri uko Muri bamenyesha ko mumatora aherutse yash*tse batararonka umwanya mwiza wo kwitegura ngo kuko bamwe ariho bari bagishika mumabanga yawo bikaba biri muvyatumye abanwanyi bamera nkabahungabanye . Ariko nubwo biruko uwo aserukira uwo mugambwe amenyeshako intumbero yuwu mugambwe ari kumenyesha intumbero yawo no kwigisha abene gihugu akaranga mutima kuwo mugambwe.

Mwomenyako iryo huriro ryabaye kuruyu wagatandatu wigenekerezo rya 20 kigarama 2025 munyubakwa za Source du NIl i Bujumbura igizwe nurwego rwinararibinye zuwo mugambwe(Conseil général) hamwe nabaserukizi bakuru bakuru mu ntara zigihugu uko ari zitanu mumvo yo kurabira hamwe uko amatora aherutse yageze nuko bagiye kwitegurira ayandi yimirije kuba ya 2027.

92.00Mhz


Santé Magara II

i Magara

Ishirahamwe rya   rirakwiye kubaka  ibiro vyaryo vyiza bitujana muri yambona kazoza y'Uburundi. ========================...
20/12/2025

Ishirahamwe rya rirakwiye kubaka ibiro vyaryo vyiza bitujana muri yambona kazoza y'Uburundi.
======================================
Vyashikirijwe kuri uyu wa gatanu kuwa 19 Kigarama 2025 na Révérien Ndikuriyo Umunyamabanga mukuru w'Umugambwe Cndd-Fdd mu gihe ishirahamwe Lumitel risanzwe rikomoka mu gihugu ca ryari riramutse rihimbaza imyaka cumi rimaze rikorera mu gihugu c'Uburundi.

'ijambo ryiwe Ndikuriyo yatumiriye iryo shirahamwe kubandanya nkuko vyahoze kera mu gushigikira imigwi yo mu Burundi na cane cane umugwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba hamwe na Aigle noir kuko iryo shirahamwe rigifasha vyatumye iyo migwi ishika mu nkino mpuza makungu nka ku mugwi w'igihugu Intamba mu rugamba hamwe na Champions League ku mugwi wa Aagle noir.

Muri ivyo birori kakaba kabaye nakaryo keza ko kokwereka umushikiranganji wa mbere wa Leta y'uburundi Nestor Ntahontuye ibikorwa iryo shirahamwe ryaranguye mu myaka cumi irangiye iryo shiramwe rimaze rikorera mu gihugu c'Uburundi . harimwo gufasha mu bikorwa bitandukanye, kuduza umuvuduko wa Internet nibindi.

Mwomenyako ivyo birori vyari vyatewe iteka n' Umushikiranganji wa mbere , Umunyamabanga w'Umugambwe uri ku butegetsi Cndd-fdd , Umushikiranganji wo gutuma tumanako amakuru hamwe n'abandi banyecubahiro batandukanye.

📷:RTNB
magara times FM

Umuntu umwe nubwo abakomeye gute ntashobora kw'ubaka Amabarabara canke Ibitaro n'ibindi. Ni ivyavuzwe na   Aserukira iki...
19/12/2025

Umuntu umwe nubwo abakomeye gute ntashobora kw'ubaka Amabarabara canke Ibitaro n'ibindi.

Ni ivyavuzwe na Aserukira ikigo kijejwe kugwanya igiturire kuruyu wa gatanu wigenekerezo rya 19/12/2025 mukiganiro yahaye abanditsi hamwe n'abanyamakuru mugihe wari umusi urangiza imisi cumi nitandatu yahariwe kugwanga igiturire.

Kubwa asanzwe aramutswa ikigo kijejwe kugwanya igiturire yamenyeshejeko mu mumvo zo kugwanya igiturire umukuru wigihugu c'uburundi Evariste Ndayishimye munama iherutse kuba ibireye i Gitega yemeye ko hagiye kwemezwa igitabo co kugwanya igiturire kandi ko ico gitabo coba camaze kwemezwa mu kwezi kwa mbere cemejwe ninama nshingamateka. ikindi nuko hategerezwa kwerekana ivyakozwe mumezi atatu bivuye muri ico gitabo.

Zimwe mu nkingi zigize ICO gitabo harimwo.

-Kugarukana Ubuntu mu bantu.
-Gukorera hamwe (Sinergie).
-Kuza hararabwa uko ibikorwa biriko birakurikirana____.

Rufyiri abandanya amenyeshako mu gihugu ikintu kijanye nigiturire cari gikwiye guhererwa munyigisho zo hasi cane cane mumashure yabana bakiri bato kuko iyo umwana akuze yiga kwishure ko igiturire ari ikizira birafasha kuko Yama azirikana ko kizira kikaziririzwa kurya igiturire Nayo kukijanye n'ubuntu amenyeshako abantu benshi bamaze gufatwa nakaranda ko kuberesha aho anatanga akarorero kubantu bakunda gukoresha amanama aho usanga ikintu kijanye no gukorera kumwanya kibagora cane akamenyeshako gucerwa mugikorwa kanaka biterekana Ubuntu.

Rufyiri akaba yarangije akebura abantu bafise ingendo yo kudasonera itunga ryi Gihugu ko bovavanura niyo ngendo kuko iyo uriko ushira umutima cane kubutunzi bwawe bituma utita kuneza yabandi kuko ngo ubutunzi bwawe aho buri niho n'umutima wawe uba uri.

FM 92.00Mhz


Santé Magara II

i Magara

Iyo imisi mikuru igeze ibinyobwa birakunze gukena , Badandaza ntimubure aho murangurira ibinyobwa  kwa    I Magara nta k...
17/12/2025

Iyo imisi mikuru igeze ibinyobwa birakunze gukena , Badandaza ntimubure aho murangurira ibinyobwa kwa I Magara nta kinyobwa nakimwe utahasanga.
===========================================
Uhereye ku kinyobwa citwa , , k’Umuruturutu , Tnagawizi na zose zirahari. Arafise kandi n’ibindi binyobwa bikunzwe cane aho iwanyu vyinshi kandi vy’ubwoko bwose harimwo za , , n’izindi aho kandi ntiwibagiye ikinyobwa gikunzwe cane mu karere nka c’Ubuzima hamwe n'Amazi y’ubwoko bwose n’ibindi.

Kwa Manirakiza Alexandre rero ushaka urarangura kuko ntakindi yabizaniye n’ukuranguza kugira abafata ingendo za kure boroherwe na cane cane abari mu turere twa komine na komine Rumonge n'ahandi.

Nimba hari ikinyobwa wabuze simbirayo arabifise ntanahandi mu karere ka uzosanga baranguza ibinyobwa Atari kwa i Magara kw’isoko nkuru ya Magara urenganye ku mugabo yamenyekanye cane mukudandaza ama na ari nawe yatanguriye abandi yitwa hepfo yahahoze .

Kukijanye n’ibeyi ntakwidoga kandi ninawe muntu afata neza abakiriya kuko uwushoreye iwe ikintu aca azira n’uguhemuka, hano rero tuhabarangiye kugira ntimuze muzimbwe canke muhave musanga mwaranguye ibinyobwa vyataye igihe kuko nyene afise ibiri kumwanya, ikindi ni muntumbero yo kutazobura ibinyobwa muzimana abash*tsi kubafise imanza murino misi mikuru canke kuri bamwe mw’inywera amazi meza ahinguwe ntimubure aho muyagurira azimbutse.
Ufise ico umubaza canke ushaka kurangura mwakure kuri 68 28 71 44 canke 61 30 12 81

Radio Magara Times FM
Magara Times TV
Kibonobono Media
Santé Magara II
i Magara

  : Igikorwa co kwimura impunzi z’Abakongomani zari mu gisagara ca Rumonge caratanguye kuva kuri wa Mungu kuwa 15 Kigara...
16/12/2025

: Igikorwa co kwimura impunzi z’Abakongomani zari mu gisagara ca Rumonge caratanguye kuva kuri wa Mungu kuwa 15 Kigarama 2025 zijanywa mw’inkambi iri muri komine Ruyigi mu ntara ya Buhumuza.
===========================================
Impunzi z'abanyekongo ziri mu gisagara ca Rumonge kuva mu ntango z'indwi iheze zatanguye kujanwa mw'ikambi iri muri Komine , mu ntara ya .

Igikorwa nyezina co kwimura izo mpunzi catangiye ku mugoroba wo kuri uyu wa Mungu kuwa 15Kigarama 2025 kandi kirabandanya aho no kuri uyu wa kabiri kuwa 16Kigarama 2025 hagiye amamodoka arenga 10.
Radio Magara Times FM
Magara Times TV
Kibonobono Media

II

  : Gushika ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu kuwa 14 Kigarama 2025 impunzi zababa 10 000 nizo zimaze kwakirwa muri K...
15/12/2025

: Gushika ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu kuwa 14 Kigarama 2025 impunzi zababa 10 000 nizo zimaze kwakirwa muri Komine Rumonge mu ntara ya . ===========================================
Komine Rumonge irarengewe n'ibitigiri birenze vy'impunzi zihunga ziva muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kubw'umutekano muke.Guhera mu ntango z'ino ndwi hariko haribonekeza impunzi nyinshi muri Komine Rumonge. Izo mpunzi ziva ahanini mu karere ka , intara ya maze zikinjirana mu kiyaga .

Gushika ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu kuwa 14 Kigarama 2025, impunzi zababa 10 000 nizo zimaze kwakirwa muri Komine Rumonge. Ivyo bitigiri birushirizaho kwiyongera vyatumye Komine Rumonge irengerwa kuko ikibuga c'umupira ca Rumonge camaze kwuzura, yo mu ( ) yuzuye mu gihe hari n'izindi mpunzi zikigandagaje ku kivuko ca Rumonge.

Musitanteri wa komine Rumonge , atera akamo amashirahamwe atandukanye yitaho agateka k'impunzi kwihutira gufasha Komine Rumonge mu kwakira izo mpunzi. Aho, ahamagarira abo arongoye n’abandi babishoboye kuba baregeranya ibifungurwa nk’umuceri, ibiharage, ifu n’ibindi kugira bafashe izo mpunzi ntibicwe n’inzara. Asaba abafashanya na Reta muri ico gisata gufasha kugira abari mu bajanwe mu makambi yabagenewe, abakiri mu gisagara ca Rumonge baronke aho bungururizwa. Agasaba Abenegihugu kurushiriza guteramira amahoro n'umutekano.

Tubibutseko Impunzi z’Abakongomani zari ku mutumba wa Mugendo muri zone Magara komine Muhuta nazonye ziriko zirimurirwa muri ya iri muri komine Rumonge.

Ivyo biri uko mu gihe, no mu gitondo co kuri uyu wa mbere, ku kivuko c’ubudandaji ca Rumonge haboneka ubwato bunini bunini butanu bwarimwo impunzi zitarururuka.

Radio Magara Times FM
Magara Times TV
Kibonobono Media
II

Abenegihugu bo ku mitumba ya   na   iri muri zone Magara komine Muhuta nabo ntibasigaye inyuma mugufasha impuzi z’Abakon...
14/12/2025

Abenegihugu bo ku mitumba ya na iri muri zone Magara komine Muhuta nabo ntibasigaye inyuma mugufasha impuzi z’Abakongomani ziri ku mutumba wa Mugendo.
===========================================
Umutumba wa Kazigo ukaba waraye utanze ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu kuwa 13 Kigarama 2025. Umutumba wa nawo ukaba wazindutse ukora ico gikorwa mu gatondo ko kuri uyu wa Mungu kuwa 14 Kigarama 2025.

Iyo mitumba yose ikaba yatanze imfashanyo igizwe n’ivyo gufungura hamwe n’ibindi ….. Bamwe mu mpunzi barashima cane ukuntu Abenegihugu bo muri zone Magara bariko barabitaho mu kubafasha. Umwe muri izo mpunzi yaganiriye n’ Umumenyeshamakuru wa Radio Magara Times FM akaba avugako yanezerejwe nukubona Abarundi biyumvira kubashira ivyo bafungura ndetse agashima ukuntu biyumvira nukubazanira amakara hamwe n’inkwi zo gucanisha. Kubwiwe akaba avugako abashimiye cane kubamaze bose kubafasha, akabandanya asaba ababishoboye kubandanya kubafasha kuko bitariko biraborohera muvya nkenerwa vya buri musi.

Pérès Nibigira umukuru wa zone Magara akabanda ashimira Abenegihugu ukuntu bariko bitanga umutumba ku mutumba agasaba amashirahamwe nayonyene kuja gufasha izo mpunzi.

Tubibutse ko kwimura izo mpunzi mu kibanza bagenewe vyatanguye kuva kuri uyu wa gatanu kuwa 13 Kigarama 2025 bajanywa mu muri komine Rumonge.

Radio Magara Times FM
Magara Times TV
Kibonobono Media
II

 : Imigambi 10 yari mw’ihiganwa ry’imigambi myiza kurusha iyindi, itatu ni yo yahawe agashimwe. ========================...
14/12/2025

: Imigambi 10 yari mw’ihiganwa ry’imigambi myiza kurusha iyindi, itatu ni yo yahawe agashimwe.
===========================================
Ivyo birori vyaraye bibaye kuri uyu wa gatandatu kuwa 13 Kigarama 2025 mu gisagara ca Bujumbura mu kibanza ca aho vyari vyatewe iteka n'Umukuru w'igihugu .

Umugambi wabaye uwa mbere ni uw’urwaruka ruhingura amamashini y’ubwoko butandukanye harimwo n’insyo. Uyo mugambi w’uwitwa ukaba wahawe igihembo c’umugambi mwiza wa mbere.

Umugambi wabaye uwa kabiri ni uw’uwitwa agendana ubumuga afise ishirahamwe ryo gucapa. Umugambi waje mu kibanza ca gatatu ni uwa afise uruganda rwo gushona aho akoresha abantu 13.

Ariko naho biruko hari n’abandi batashoboye kuronka ubushimwe nk’umuririmvyi akaba n’umucuraranzi azwi kw’izina rya , umuririmvyi mu mugambi wiwe wo kwigisha abana bo mw’ibarabara ngo baje ku kivi kuko nawe nyene yahoze mw’ibarabara hamwe n’abandi nka afise ishirahamwe rishona rikanadandaza impuzu, akora mu vy’umuyagankuba, akora ama videwo yerekana imfungurwa z’i Burundi, hamwe n'urwaruka rwimba ubutare.

Hashimiwe kandi urwaruka rwo mu ntara zitandukanye bashoboye kuriha ingurane y'umutahe bari bahawe n’umugambi Paeej-Burundi. Umukuru w’igihugu yashimiye kandi umugwi w’Amagaba aho yabemereye inka nziza 2 z’inzugu.

Radio Magara Times FM
Magara Times TV
Kibonobono Media
II

  : Mukanaya umuriro uraka muri Jardin Public mu gisagara ca Bujumbura.Muri ivyo birori, imigambi 4 y'urwaruka rwitwaye ...
13/12/2025

: Mukanaya umuriro uraka muri Jardin Public mu gisagara ca Bujumbura.

Muri ivyo birori, imigambi 4 y'urwaruka rwitwaye neza kurusha abandi ni yo ija kuronswa ubushimwe n'Umukuru w'igihugu kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Kigarama 2025.

📸RTNB

Radio Magara Times FM
Magara Times TV
Kibonobono Media
II

Address

Magara
3262BUJA

Opening Hours

Monday 05:00 - 00:00
Tuesday 05:00 - 00:00
Wednesday 05:00 - 00:00
Thursday 05:00 - 00:00
Friday 05:00 - 00:00
Saturday 05:00 - 00:00
Sunday 05:00 - 00:00

Telephone

+25761488466

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Magara Times FM posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category