Rukonwe News

Rukonwe News menya umenyeshe ufashe abandi

 : ibikorwa Regideso yari imazemwo imisi vyarangiyeNk'uko yari yabimenyesheje, ibikorwa Regideso Burundi yari imazemwo i...
14/08/2025

: ibikorwa Regideso yari imazemwo imisi vyarangiye

Nk'uko yari yabimenyesheje, ibikorwa Regideso Burundi yari imazemwo imisi vyarangiye.
Mu buyobozi bukuru bw'iryo shirahamwe baravyemeza.

Ivyo bikorwa vyari vyatumye bamwe bamwe bidoga kubera ihungabana ry'umuyagankuba, ubu bakaba kumbure bagiye kwiruhutsa.

́

 : uwu we ntiyaronse amahirwe yo gushikana igitoro ca magendoYari ageze neza na neza aho bita i  , kw'ibarabara ry'igihu...
14/08/2025

: uwu we ntiyaronse amahirwe yo gushikana igitoro ca magendo

Yari ageze neza na neza aho bita i , kw'ibarabara ry'igihugu nimero 11, rija mu , ikomine yahoze mu ntara ya . Ubu ni mu ntara ya . Uwu muhungu akiri muto ababibonye bavuga ko yari ahetse amabido 8 yuzuye ibitoro ayakuye mu gihugu ca .

Ash*tse aho i , ibido imwe ngo yaciye yadukamwo umuriro, arasimba biranka, imoto akaba yayikuweko n'abamutabara.

Zaba izo bido umunani zuzuye ibitoro, yaba ipikipiki vyose vyahiye.

Ibaze isanganya nkiryo

14/08/2025
⛽ Abagabo babiri bafatanwe igitoro ca   ku   muri komine   none umwe wese yaciriwe igihano c'ugupfungwa umwaka no kuriha...
14/08/2025

⛽ Abagabo babiri bafatanwe igitoro ca ku muri komine none umwe wese yaciriwe igihano c'ugupfungwa umwaka no kuriha ihadabu ringana na 1000 000Fbu hamwe n’indishi y’akababaro ihabwa Reta ingana na 500.000Fbu...

👆🏿Ico ni igihano sentare nkuru ya Rumonge mu ntahe y'ikibiriraho yo kuri uyu wa 14/08/2025 yagiciriye Paul Ndagijimana avuka i Jene muri Kabarore mu ntara ya na Tuyihimbaze Assoumani avuka ku Muyange muri komine Nyanza y’intara ya Burunga kuko bafatanwe igitoro ca mangendu. Bose bemeza ko ubu bari basanzwe baba ku Muyange

➡️Abo bagabo bafashwe kuri uyu wa 13/08/2025 bavuga ko bari abakozi b’imwe mu ntwazangabo z’igiporisi c’Uburundi nkuko baburanye bavuga muri iyo ntahe y’ikibiriraho

⚖️ Muri urwo rubanza, umushikirizamanza yaserukiye parake ya Rumonge, yavuze ko abo bagabo bafatiwe kumutumba Mutambara bafise mu modokari, igitoro ca magendu kingana na ritiro 440. Abo bagirizwa bakaba baburanye bemera ko ico gitoro bagifatanywe koko

🚗 Iyo modokari, bafatiwemwo ikaba yari yarateguwemwo igikono arico nkuko radio SHIMA dukesha ano makuru yavyiboneye, batwaramwo igitoro ca magendu. Abo bagabo bemeje ko ico gikono gifise ububasha bwo gutekera amaritiro arenga 500.

➡️ Umushikirizamanza yagirije abo bagabo icaha co guhungabanya amatungo y’igihugu, maze abasabira buri muntu igihano co gupfungwa amezi 6, gutanga ihadabu ringana n’amafaranga y’amarundi 500 hamwe n’indishi y’akababaro ihabwa Reta ingana na 500.000Fbu. Abo bagabo baburanye bemera icaha. N’ubwo biri uko, mu mburano zabo batomoye ko bo, muri urwo rudandazwa rw’ico gitoro, ari abakozi. Ngo bakorera intwazangabo mugiporisi c’Uburundi yo ku rwego rw’ipete rya Colonel yitwa Arakaza Moïse, benshi bazi kw’izina rya Nyeganyega

📌 Umushikirizamanza yaserukiye parake ya Rumonge muri urwo rubanza, yatomoye ko uwo batazira Nyeganyega, uwo munsi nyene abo bagabo bafatwa, yari yafashwe n’abaporisi muri komine Rumonge, nawe afise igitoro ca magendu co mu bwoko bwa mu mabido, kingana n’ama ritiro 60, maze ahakurwa nuko ngo yoba yabakangishije inkoho yari afise avuga ko abarasa. Ico gitoro, abo baporisi bakaba baragisigaranye

📌 Inyuma y’umwiherero, sentare nkuru ya Rumonge ikaba yagirije abo bagabo babiri, icaha co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu. Iyo sentare yaciriye umwe wese, gupfungwa umwaka no kuriha ihadabu ringana n’amafaranga y’amarundi umuriyoni, hamwe n’indishi y’akababaro ihabwa Reta ingana na 500.000Fbu

👉🏿 Iyindi ngingo yafashwe ni uko iyo modokari yafatiwemwo ico gitoro ihabwa Reta, nayo amaritiro 500 ya essence yafashwe, agurishwe icamunara kugiciro ca Reta, maze amafaranga avuyemwo ashirwe mw’isandugu ry’igihugu

🤷🏿‍♂️ Mwomenya ko ico gitoro cama gikurwa muri giciye ku kikinjirana muri komine y'intara ya mu bumanuko bw'Uburundi

13/08/2025

Burya nta muntu akuze atazi ishantiye icarico.nimwiyumviririze namwe igituma mudafise umuyagankuba Aho iwanyu murino misi

🦛  : yagirizwa kwihindura imvubu, ariko we akabihakana--------------👱🏿‍♀️ Ni umukenyezi wo ku mutumba   muri komine Rumo...
13/08/2025

🦛 : yagirizwa kwihindura imvubu, ariko we akabihakana
--------------
👱🏿‍♀️ Ni umukenyezi wo ku mutumba muri komine Rumonge asanzwe yisumamwo mu kudandaza ibidandazwa bitobito hafi y'umweha. Yagirizwa ko yihindura imvubu mw'ijoro, izindi nazo ngo yoba azitunze zigasohoka mw'ijoro kurya abantu aho bivugwa ko abantu 7 bamaze kuribwa n'izo mvubu mu kiringo kitarenga amezi 4

🙅🏿‍♂️ Uwo mukenyezi arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko ari amarementanya agamije kumucafuza, akabona ko umutekano wiwe ushobora guhungabana kuko n'umwe mu bana biwe amaze guhohoterwa ahowe ivyo nyene

👥 Abajejwe intwaro muri komine Rumonge bavuga ko bamaze kumenya ikibazo c'uwo mukenyezi, bagasaba abanyagihugu gutekana no kureka kwagiriza abandi ivyo badafitiye ivyemezo, hakaba hafashwe ingingo ko uwo mukenyezi akinjura muri ico kibanza buri gihe rimaze kurenga mu ntumbero yo gukingira wiwe

Ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi ryadugije ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe kuva kuri uyu wa gatatu. Nk’akarorero, icupa ...
13/08/2025

Ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi ryadugije ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe kuva kuri uyu wa gatatu. Nk’akarorero, icupa ry’ifanta rizogurwa 2000 ryahora ku 1600 ku muguzi. Amstel ndende (Amstel Blonde 65 cl) yavuye ku 3500 ija ku 6000. Amstel Bright ndende ariko yagumijwe ku 5000 ntoya nayo 4000. Mw’itangazo basohoye kuri uyu wa 12 Myandagaro, basiguye ko ibiciro vy’ibikoresho bakoresha biguma biduga.

Iryo hinguriro ryaheruka guhindura ibiciro ku wa 1 Ruheshi 2024. Naho biri uko, bamwe mu banyagihugu bo mu mihingo itandukanye y’igihugu bahora bidoga ko vyinshi mu binyobwa vya Brarudi babironka ku giciro kirenze icashinzwe na reta. Bavuga ko biboneka ku rugero ruto bigatuma ababironse bikika mu kiza. Basaba ko biza biraboneka bikwiye.

Turahojeje  umuryango wabuze
06/06/2025

Turahojeje umuryango wabuze

03/06/2025

Ibi avuga hari uwumva yabeshe?hari uwumva yavuze ukuri?
Umwanya ni rwanyu mumuharize,mumushigikire canke mu mwunganire.

02/06/2025

Abantu mutaronse akanya KO kwiga neza ingene muzotora kwirikirane inyigisho zatanzwe na umunyamabanga n'umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya

Cndd-Fdd Province Gitega J.P.G Our province makamba Rukonwe News

02/04/2025

Aba bakenyezi b'i makamba bari badyohewe peeee

30/03/2025

uyu mugabo ntabesha umviriza nawe.

Address

Makamba

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Rukonwe News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Rukonwe News:

Share