14/08/2025
⛽ Abagabo babiri bafatanwe igitoro ca ku muri komine none umwe wese yaciriwe igihano c'ugupfungwa umwaka no kuriha ihadabu ringana na 1000 000Fbu hamwe n’indishi y’akababaro ihabwa Reta ingana na 500.000Fbu...
👆🏿Ico ni igihano sentare nkuru ya Rumonge mu ntahe y'ikibiriraho yo kuri uyu wa 14/08/2025 yagiciriye Paul Ndagijimana avuka i Jene muri Kabarore mu ntara ya na Tuyihimbaze Assoumani avuka ku Muyange muri komine Nyanza y’intara ya Burunga kuko bafatanwe igitoro ca mangendu. Bose bemeza ko ubu bari basanzwe baba ku Muyange
➡️Abo bagabo bafashwe kuri uyu wa 13/08/2025 bavuga ko bari abakozi b’imwe mu ntwazangabo z’igiporisi c’Uburundi nkuko baburanye bavuga muri iyo ntahe y’ikibiriraho
⚖️ Muri urwo rubanza, umushikirizamanza yaserukiye parake ya Rumonge, yavuze ko abo bagabo bafatiwe kumutumba Mutambara bafise mu modokari, igitoro ca magendu kingana na ritiro 440. Abo bagirizwa bakaba baburanye bemera ko ico gitoro bagifatanywe koko
🚗 Iyo modokari, bafatiwemwo ikaba yari yarateguwemwo igikono arico nkuko radio SHIMA dukesha ano makuru yavyiboneye, batwaramwo igitoro ca magendu. Abo bagabo bemeje ko ico gikono gifise ububasha bwo gutekera amaritiro arenga 500.
➡️ Umushikirizamanza yagirije abo bagabo icaha co guhungabanya amatungo y’igihugu, maze abasabira buri muntu igihano co gupfungwa amezi 6, gutanga ihadabu ringana n’amafaranga y’amarundi 500 hamwe n’indishi y’akababaro ihabwa Reta ingana na 500.000Fbu. Abo bagabo baburanye bemera icaha. N’ubwo biri uko, mu mburano zabo batomoye ko bo, muri urwo rudandazwa rw’ico gitoro, ari abakozi. Ngo bakorera intwazangabo mugiporisi c’Uburundi yo ku rwego rw’ipete rya Colonel yitwa Arakaza Moïse, benshi bazi kw’izina rya Nyeganyega
📌 Umushikirizamanza yaserukiye parake ya Rumonge muri urwo rubanza, yatomoye ko uwo batazira Nyeganyega, uwo munsi nyene abo bagabo bafatwa, yari yafashwe n’abaporisi muri komine Rumonge, nawe afise igitoro ca magendu co mu bwoko bwa mu mabido, kingana n’ama ritiro 60, maze ahakurwa nuko ngo yoba yabakangishije inkoho yari afise avuga ko abarasa. Ico gitoro, abo baporisi bakaba baragisigaranye
📌 Inyuma y’umwiherero, sentare nkuru ya Rumonge ikaba yagirije abo bagabo babiri, icaha co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu. Iyo sentare yaciriye umwe wese, gupfungwa umwaka no kuriha ihadabu ringana n’amafaranga y’amarundi umuriyoni, hamwe n’indishi y’akababaro ihabwa Reta ingana na 500.000Fbu
👉🏿 Iyindi ngingo yafashwe ni uko iyo modokari yafatiwemwo ico gitoro ihabwa Reta, nayo amaritiro 500 ya essence yafashwe, agurishwe icamunara kugiciro ca Reta, maze amafaranga avuyemwo ashirwe mw’isandugu ry’igihugu
🤷🏿♂️ Mwomenya ko ico gitoro cama gikurwa muri giciye ku kikinjirana muri komine y'intara ya mu bumanuko bw'Uburundi