RADIO Télévision Rurale - RTR

RADIO Télévision Rurale - RTR Radio Télévision Rukaramu est une radio en ligne communautaire dédiée au développement de Rukaramu et toute la Commune NTAHANGWA.

Elle informe, éduque sur des sujets locaux, tout en soutenant la cohésion sociale et les projets de développement durable.

Indirimbo Près de moi by Didioss On iri kumeza kurikira ngaho kuri ino link:
15/08/2026

Indirimbo Près de moi by Didioss On iri kumeza kurikira ngaho kuri ino link:

Près de moi introduced by one of the best in the Burundian Music In...

𝐓𝐞𝐧𝐠𝐚 : 𝐄𝐯𝐚𝐫𝐢𝐬𝐭𝐞 𝐍𝐝𝐚𝐲𝐢𝐬𝐡𝐢𝐦𝐢𝐲𝐞 𝐲𝐮𝐠𝐮𝐫𝐮𝐲𝐞 𝐢𝐛𝐢𝐤𝐨𝐫𝐰𝐚 𝐯𝐲𝐨 𝐠𝐮𝐭𝐚𝐧𝐠𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐳𝐢 𝐦𝐞𝐳𝐚 𝐤𝐮 𝐛𝐚𝐧𝐭𝐮 𝟓𝟖.𝟎𝟎𝟎 Kuri uyu wa 11 Myandagaro 2026, U...
11/08/2026

𝐓𝐞𝐧𝐠𝐚 : 𝐄𝐯𝐚𝐫𝐢𝐬𝐭𝐞 𝐍𝐝𝐚𝐲𝐢𝐬𝐡𝐢𝐦𝐢𝐲𝐞 𝐲𝐮𝐠𝐮𝐫𝐮𝐲𝐞 𝐢𝐛𝐢𝐤𝐨𝐫𝐰𝐚 𝐯𝐲𝐨 𝐠𝐮𝐭𝐚𝐧𝐠𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐳𝐢 𝐦𝐞𝐳𝐚 𝐤𝐮 𝐛𝐚𝐧𝐭𝐮 𝟓𝟖.𝟎𝟎𝟎

Kuri uyu wa 11 Myandagaro 2026, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yuguruye icese ibikorwa vyo gutanga amazi meza yubatswe muri karatiye Tenga, zone Rubirizi, Komine Ntahangwa, mu Ntara ya Bujumbura.

Ivyo bikorwa vyitezwe ko bizofasha abantu bashika ku 58.000 baba muri karatiye Tenga kuronka amazi meza ava mu kuzimu.

Ayo mazi azobikwa mu matangi afise ubushobozi bwo kubika litiro 600.000, akaba afise n’amarobine 182 azofasha mu kuyashikiriza abanyagihugu.

Ivyo bikorwa vyubatswe n’ishirahamwe mpuzamakungu Amazi Water, mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu kuronka amazi meza no guteza imbere imibereho myiza.

Uyu mugambi uje mu gihe kubona amazi meza ari kimwe mu bibazo bisaba inyishu zirama, cane cane mu bice vy’abantu benshi baba hamwe.

Photo: Tubiyage Media

11/08/2026
𝐑𝐔𝐒𝐈𝐙𝐈 𝐋𝐈𝐌𝐈𝐓𝐄𝐃, 𝐍𝐎𝐍𝐀𝐑𝐀 𝐁𝐄𝐀𝐂𝐇 𝐍𝐀 𝐁𝐑𝐀𝐑𝐔𝐃𝐈 𝐁𝐀𝐙𝐀𝐍𝐈𝐘𝐄 𝐑𝐔𝐌𝐎𝐍𝐆𝐄 “𝐓𝐀𝐍𝐆𝐀𝐍𝐘𝐈𝐊𝐀 𝐒𝐔𝐌𝐌𝐄𝐑 𝐓𝐈𝐌𝐄”.RUSIZI LIMITED, ku bufatanye na NONARA...
11/08/2026

𝐑𝐔𝐒𝐈𝐙𝐈 𝐋𝐈𝐌𝐈𝐓𝐄𝐃, 𝐍𝐎𝐍𝐀𝐑𝐀 𝐁𝐄𝐀𝐂𝐇 𝐍𝐀 𝐁𝐑𝐀𝐑𝐔𝐃𝐈 𝐁𝐀𝐙𝐀𝐍𝐈𝐘𝐄 𝐑𝐔𝐌𝐎𝐍𝐆𝐄 “𝐓𝐀𝐍𝐆𝐀𝐍𝐘𝐈𝐊𝐀 𝐒𝐔𝐌𝐌𝐄𝐑 𝐓𝐈𝐌𝐄”.

RUSIZI LIMITED, ku bufatanye na NONARA BEACH hamwe na BRARUDI ibicishije mu kinyobwa ca Amstel Bright, bariko bategura igiteramo “TANGANYIKA SUMMER TIME”, kizobera mu Rumonge ku wa 5 Nyakanga 2026.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabereye kuri NONARA BEACH kuri uyu wa Mbere, igenekerezo rya 10 Myandagaro 2026, abategura ico gikorwa barasiguye intumbero yaco hamwe n’ibikorwa bitegekanijwe kuri uwo musi.

Umuyobozi wa RUSIZI LIMITED, NIYONKURU Jean, yavuze ko “Tanganyika Summer Time” izoba ari umugambi uzogenda urategurwa mu bibanza bitandukanye biri hafi y’ikiyaga Tanganyika, mu ntumbero yo guhesha agaciro ubukerarugendo no guteza imbere ibikorwa vy’urwaruka.

Yavuze kandi ko ico gikorwa kizoba ari akaryo keza ko kumenyekanisha ubwiza n’ubutunzi bw’igisagara ca Rumonge, cane cane ibibanza bikwega ingenzi. Yibukije ko Rusizi Limited yatanguye uruhererekane rw’ibiteramo mu mpeshi biciye kuri Cibitoke Summer Time, ikaba yipfuza gusozera iyo ntumbero mu Rumonge.

Ku ruhande rwa NONARA BEACH, imwe mu nzego zishigikiye ico gikorwa, abaserukira ico kibanza bavuze ko biteguye gutanga intererano yabo mu vyo bazoshobora vyose. Basavye kandi ko mu bihe bizokurikira abategura ico gikorwa bobona ko Tanganyika Summer Time yoshobora kuzobera kuri NONARA BEACH.

Muri ico giteramo hazoba abaririmvyi, aba MC n’aba DJ bazwi kandi bakunzwe n’abakunzi b’umuziki mu Burundi. Abategura ico gikorwa bavuze ko abariko baragitegura bazogikoresha kandi mu kumenyekanisha impano z’abanyaburundi biciye ku mbuga ngurukanabumenyi no ku bandi bafatanyabikorwa mu kumenyekanisha ico gikorwa.

Abategura kandi bariko barondera ibigo n’abikorera utwabo botanga imiduga yunguruza abantu, kugira ngo abantu bazokwitabira ico giteramo boroherwe mu bijanye no gushika aho kizoberera.

Alain Nova, ajejwe kumenyekanisha amakuru y’ico gikorwa, yavuze ko ibikorwa vyo kumenyekanisha Rumonge bitagarukira kuri ico giteramo gusa. Yamenyesheje ko bazogendera n’ibindi bibanza nyaburanga, harimwo amashuha hamwe n’ikibira ca Kigwema, mu ntumbero yo kwereka abantu ivyiza biboneka muri Komine Rumonge.

“Tanganyika Summer Time” izoba ku wa 5 Nyakanga 2026, guhera isaha 6 zo ku murango (12h00). Hazokwitabira abanyempano batandukanye bo muri Komine Rumonge, abo mu ntara ya Burunga, hamwe n’abandi banyempano bazwi kandi bakunzwe mu Burundi.

Abategura ico gikorwa bavuga ko uwo musi utazoba uw’imyidagaduro gusa, kuko harategekanijwe n’ibindi bikorwa bigamije gufasha urwaruka. Muri iyo ntumbero harimwo gutanga ubuzi ku rwaruka rugera ku bantu 50, biciye mu bikorwa bitandukanye bizoba bigize ico giteramo.

Tanganyika Summer Time rero izoba akaryo ko kwidagadura, kumenyekanisha impano z’urwaruka no guteza imbere ubukerarugendo muri Rumonge, mu gihe abategura n’abafatanyabikorwa babo bariko baritegurira kwakira abazoza kwifatanya na bo kuri uwo musi.

𝐏𝐚𝐢𝐱 𝐞𝐭 𝐬𝐞́𝐜𝐮𝐫𝐢𝐭𝐞́ 𝐞𝐧 𝐀𝐟𝐫𝐢𝐪𝐮𝐞 : 𝐀𝐧𝐠𝐞𝐥𝐢𝐧𝐞 𝐍𝐝𝐚𝐲𝐢𝐬𝐡𝐢𝐦𝐢𝐲𝐞 𝐚𝐩𝐩𝐞𝐥𝐥𝐞 𝐚̀ 𝐫𝐞𝐧𝐟𝐨𝐫𝐜𝐞𝐫 𝐥𝐞 𝐥𝐞𝐚𝐝𝐞𝐫𝐬𝐡𝐢𝐩 𝐝𝐞𝐬 𝐟𝐞𝐦𝐦𝐞𝐬.Bujumbura, 11 août 2...
11/08/2026

𝐏𝐚𝐢𝐱 𝐞𝐭 𝐬𝐞́𝐜𝐮𝐫𝐢𝐭𝐞́ 𝐞𝐧 𝐀𝐟𝐫𝐢𝐪𝐮𝐞 : 𝐀𝐧𝐠𝐞𝐥𝐢𝐧𝐞 𝐍𝐝𝐚𝐲𝐢𝐬𝐡𝐢𝐦𝐢𝐲𝐞 𝐚𝐩𝐩𝐞𝐥𝐥𝐞 𝐚̀ 𝐫𝐞𝐧𝐟𝐨𝐫𝐜𝐞𝐫 𝐥𝐞 𝐥𝐞𝐚𝐝𝐞𝐫𝐬𝐡𝐢𝐩 𝐝𝐞𝐬 𝐟𝐞𝐦𝐦𝐞𝐬.

Bujumbura, 11 août 2026 — La Première Dame du Burundi, Angeline Ndayishimiye, a plaidé pour une participation accrue des femmes, en particulier des jeunes femmes, dans les processus de paix, de prévention et de résolution des conflits en Afrique.

Elle s’exprimait lors des échanges consacrés au rôle des femmes dans le cadre de la 5ᵉ édition du Dialogue continental sur la Jeunesse, la Paix et la Sécurité, organisée à Bujumbura.

Au cœur des discussions figuraient notamment le leadership des jeunes femmes dans les négociations de paix ainsi que leur accès à la justice dans les questions liées à la paix et à la sécurité.

Selon Angeline Ndayishimiye, la participation des femmes ne devrait pas se limiter à leur présence dans les différentes rencontres. Elle a insisté sur la nécessité de leur permettre de prendre part aux décisions, porter des initiatives et contribuer directement à la recherche de solutions aux crises qui touchent les communautés africaines.

𝐑𝐞𝐧𝐟𝐨𝐫𝐜𝐞𝐫 𝐥’𝐚𝐜𝐜𝐞̀𝐬 𝐝𝐞𝐬 𝐟𝐞𝐦𝐦𝐞𝐬 𝐚𝐮𝐱 𝐞𝐬𝐩𝐚𝐜𝐞𝐬 𝐝𝐞 𝐝𝐞́𝐜𝐢𝐬𝐢𝐨𝐧

La Première Dame a appelé au renforcement des mécanismes favorisant l’accès des femmes, notamment des jeunes femmes, aux instances de décision et aux processus de prévention et de résolution des conflits.

Cette position repose sur la reconnaissance du rôle que les femmes peuvent jouer dans la mobilisation communautaire, le dialogue et la consolidation d’une paix durable.

À travers ce message, le Burundi réaffirme également son engagement en faveur d’une approche inclusive, plaçant les femmes et les jeunes parmi les acteurs majeurs du développement et de la stabilité du continent.

𝐋𝐚 𝐩𝐚𝐢𝐱 𝐞𝐭 𝐥𝐞 𝐝𝐞́𝐯𝐞𝐥𝐨𝐩𝐩𝐞𝐦𝐞𝐧𝐭, 𝐝𝐞𝐮𝐱 𝐞𝐧𝐣𝐞𝐮𝐱 𝐥𝐢𝐞́𝐬

Angeline Ndayishimiye a par ailleurs souligné le lien entre paix et développement. Elle a relevé qu’un environnement pacifique favorise notamment l’éducation, l’entrepreneuriat, l’innovation ainsi que l’autonomisation des femmes et des jeunes.

Elle a ainsi appelé à une mobilisation impliquant les gouvernements, les organisations régionales, la société civile, les jeunes et les femmes autour d’objectifs communs.

𝐕𝐞𝐫𝐬 𝐝𝐞𝐬 𝐫𝐞́𝐩𝐨𝐧𝐬𝐞𝐬 𝐚𝐟𝐫𝐢𝐜𝐚𝐢𝐧𝐞𝐬 𝐚𝐮𝐱 𝐝𝐞́𝐟𝐢𝐬 𝐝𝐮 𝐜𝐨𝐧𝐭𝐢𝐧𝐞𝐧𝐭

La Première Dame a également encouragé les participants au Dialogue continental à renforcer les partenariats et à promouvoir des solutions adaptées aux réalités africaines.

Pour elle, l’Afrique doit davantage s’appuyer sur ses ressources humaines, son intelligence collective et ses forces vives pour relever les défis liés à la paix, à la sécurité et au développement.

La rencontre consacrée au rôle des femmes vient ainsi renforcer les réflexions engagées dans le cadre de cette 5ᵉ édition du Dialogue continental, en mettant en avant le potentiel du leadership féminin et de la jeunesse féminine dans la prévention des conflits, la consolidation de la paix et la transformation sociale.

𝐋𝐞𝐬 𝐟𝐞𝐦𝐦𝐞𝐬 𝐚𝐩𝐩𝐞𝐥𝐞́𝐞𝐬 𝐚̀ 𝐝𝐞𝐯𝐞𝐧𝐢𝐫 𝐝𝐞𝐬 𝐥𝐞𝐚𝐝𝐞𝐫𝐬 𝐝𝐞 𝐥𝐚 𝐩𝐚𝐢𝐱

À Bujumbura, le message porté par la Première Dame est sans équivoque : la construction d’une paix durable en Afrique nécessite une participation effective des femmes et une implication accrue de la jeunesse.

En plaçant le leadership féminin au centre des discussions sur la paix et la sécurité, le Dialogue continental entend promouvoir une approche davantage inclusive, au service d’une Afrique plus unie, pacifique, prospère et maîtresse de son destin.

Photo: USAD BURUNDI

’Umutekano

𝐁𝐮𝐣𝐮𝐦𝐛𝐮𝐫𝐚: 𝐔𝐫𝐰𝐚𝐫𝐮𝐤𝐚 𝐧’𝐚𝐛𝐚𝐤𝐞𝐧𝐲𝐞𝐳𝐢 𝐛𝐚𝐫𝐚𝐬𝐡𝐢𝐦𝐚𝐧𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐮𝐫𝐮𝐡𝐚𝐫𝐚 𝐫𝐰𝐚𝐛𝐨 𝐦𝐮 𝐤𝐰𝐮𝐛𝐚𝐤𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐡𝐨𝐫𝐨 𝐧’𝐮𝐦𝐮𝐭𝐞𝐤𝐚𝐧𝐨 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐀𝐟𝐫𝐢𝐤𝐚. Umusi ugira ka...
11/08/2026

𝐁𝐮𝐣𝐮𝐦𝐛𝐮𝐫𝐚: 𝐔𝐫𝐰𝐚𝐫𝐮𝐤𝐚 𝐧’𝐚𝐛𝐚𝐤𝐞𝐧𝐲𝐞𝐳𝐢 𝐛𝐚𝐫𝐚𝐬𝐡𝐢𝐦𝐚𝐧𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐮𝐫𝐮𝐡𝐚𝐫𝐚 𝐫𝐰𝐚𝐛𝐨 𝐦𝐮 𝐤𝐰𝐮𝐛𝐚𝐤𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐡𝐨𝐫𝐨 𝐧’𝐮𝐦𝐮𝐭𝐞𝐤𝐚𝐧𝐨 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐀𝐟𝐫𝐢𝐤𝐚.

Umusi ugira kabiri w’Ikiganiro c’Urwaruka n’Abakenyezi ku Mahoro n’Umutekano wabandanije kuri uyu wa kabiri i Bujumbura, aho urwaruka n’abakenyezi baturuka mu bihugu bitandukanye vya Afrika bahuriye hamwe kugira barabire hamwe uruhara rwabo mu kwubaka amahoro, umutekano n’ubushobozi bwo guhangana n’ibibazo bitandukanye bibangamira umugabane wa Afrika.

Ibi biganiro vyabereye kuri Donatus Conference Center, aho abitabiriye bibanze ku bibazo bijanye n’uruhara rw’urwaruka mu bijanye n’umutekano w’amazi, hamwe n’uruhara n’uburongozi bw’abakenyezi mu biganiro vy’amahoro no mu gutorera inyishu amatati.

Abitabiriye ibi biganiro basubiye gushimangira ko ijwi ry’urwaruka n’abakenyezi mu nzego zifata ingingo ari ngirakamaro, kugira ngo bagire uruhara rufadika mu gutegura no kwubaka kazoza ka Afrika.

Ico kiganiro catewe iteka n’Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Angeline Ndayishimiye, bikaba vyerekana akamaro ko guha urwaruka n’abakenyezi ikibanza gikwiye mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro n’umutekano.

Umurwa mukuru w’urwaruka rwa Afrika, Bujumbura, ubandanya kuba ihuriro ry’urwaruka n’abakenyezi baturuka mu bihugu bitandukanye vya Afrika, bahurira ku ciyumviro kimwe co kwubaka Afrika itekanye, itunganijwe kandi ifise amahoro n’umutekano birama.

𝐃𝐢𝐚𝐥𝐨𝐠𝐮𝐞 𝐜𝐨𝐧𝐭𝐢𝐧𝐞𝐧𝐭𝐚𝐥 : 𝐓𝐡𝐢𝐞𝐫𝐫𝐲 𝐈𝐧𝐠𝐚𝐛𝐢𝐫𝐞 𝐚𝐩𝐩𝐞𝐥𝐥𝐞 𝐥𝐚 𝐣𝐞𝐮𝐧𝐞𝐬𝐬𝐞 𝐚̀ 𝐚𝐬𝐬𝐮𝐦𝐞𝐫 𝐬𝐞𝐬 𝐫𝐞𝐬𝐩𝐨𝐧𝐬𝐚𝐛𝐢𝐥𝐢𝐭𝐞́𝐬.À l’occasion de la 5ᵉ éditio...
10/08/2026

𝐃𝐢𝐚𝐥𝐨𝐠𝐮𝐞 𝐜𝐨𝐧𝐭𝐢𝐧𝐞𝐧𝐭𝐚𝐥 : 𝐓𝐡𝐢𝐞𝐫𝐫𝐲 𝐈𝐧𝐠𝐚𝐛𝐢𝐫𝐞 𝐚𝐩𝐩𝐞𝐥𝐥𝐞 𝐥𝐚 𝐣𝐞𝐮𝐧𝐞𝐬𝐬𝐞 𝐚̀ 𝐚𝐬𝐬𝐮𝐦𝐞𝐫 𝐬𝐞𝐬 𝐫𝐞𝐬𝐩𝐨𝐧𝐬𝐚𝐛𝐢𝐥𝐢𝐭𝐞́𝐬.

À l’occasion de la 5ᵉ édition du Dialogue continental sur la Jeunesse, la Paix et la Sécurité, le président du Conseil national de la jeunesse, Thierry Ingabire, a appelé les jeunes à jouer pleinement leur rôle dans la consolidation de la paix, de la cohésion nationale et du développement.

« La jeunesse ne peut être appelée à prendre ses responsabilités que si elle est elle-même prête à les assumer. »

Dans son intervention, Thierry Ingabire a plaidé pour davantage d’espaces de dialogue, d’échange et de participation des jeunes, tout en saluant les initiatives consacrées à leur autonomisation, à l’entrepreneuriat, à l’innovation et à la formation.

S’adressant au Président de la République, Évariste Ndayishimiye, également Président en exercice de l’Union africaine, il a salué les efforts consentis en faveur de la jeunesse burundaise et l’engagement du Burundi dans les initiatives continentales liées à la jeunesse, à la paix et à la sécurité.

Alors que le Burundi assure la présidence de l’Union africaine, le président du Conseil national de la jeunesse a souligné que la jeunesse burundaise doit désormais porter cette responsabilité à l’échelle continentale.

Il a appelé les jeunes à faire de la discipline, du travail, de l’innovation, du patriotisme et de la responsabilité les piliers de leur engagement.

Thierry Ingabire a également présenté la Déclaration de la jeunesse burundaise issue de la Semaine de la paix, organisée du 22 au 25 juin 2026. Le document traduit, selon lui, la volonté des jeunes de contribuer activement à la paix, à la cohésion nationale et au développement.

Au terme de son intervention, il a officiellement remis cette déclaration au Président de la République, au nom de la jeunesse burundaise.

Address

Maramvya

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when RADIO Télévision Rurale - RTR posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to RADIO Télévision Rurale - RTR:

Shortcuts

Share