Kumbizi tv

Kumbizi tv source des infos entrepreneuriales
(1)

04/11/2025
Tanzanie:"Ndabakeje kubera ko mwakoze neza mu kwitorera indongozi."Umukuru w'igihugu c'Uburundi Général-Major Evariste N...
04/11/2025

Tanzanie:"Ndabakeje kubera ko mwakoze neza mu kwitorera indongozi."

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Général-Major Evariste Ndayishimiye yabishikirije kur'uyu wa mbere igenekerezo rya 3 Munyonyo 2025, mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya,i Dodoma, aho yari yitabiriye ibirori vyo kwimika Samia Suluhu Hassan aheruka gutsinda amatora y'ikibanza c'umukuru w'igihugu ca Tanzanie ku majwi angana n'ibice 97,6 kw'ijana (97,6%).

Umukuru w'igihugu c'Uburundi mw'ijambo yashikirije yamenyesheje ko umunezero wa Tanzaniya ari nawo munezero w'uburundi kuko ar'ibuhugu bigenzi kuva kera.
Yakeje igihugu ca Tanzaniya kuba kimaze imyaka mirongo itandatu gitekanye kandi cagumye giter'imbere,aca yemerera abanya Tanzaniya ko bazobandanya bagiranira imigenderanire myiza n'abarundi mu bikorwa vy'iterambere.

Ivyo birori vyo kwimika Umukuru w'igihugu ca Tanzanie Samia Suluhu Hassan vyari vyitabiriwe n'abandi bakuru b'ibuhugu vya Mozambique,Zambie na Somalie.



02/11/2025
02/11/2025

Bagiye gukora borohorewe ! Nkuko tubimenyeshwa nuwujejwe gutanga amakuru mwishirahamwe ryishinze kurwanya ubukene no guteza imbere amagara yabantu mukibano .
Bonite abunganirarunganwe 89 bava mu ma commune ya Muramvya ' kiganda Gitega n'a Mwaro baronkejwe inyigisho ni ishirahamwe ANSS biciye kuri PNUD zo gukinga ingwara zivyaduka mukibano ,baraye baronkejwe ibikoresho mfashanyigisho zigizwe nimitaka ' imyambaro nibindi ...
Kuruyu musi igenekerezo rya 31 hakaba haronkejwe abashika ,27 bo muri commune Muramvya . arongoye akarere Dr Evode Ntakarutimana yashimwe ico gikorwa ca kozwe ni shirahamwe Tabara agasaba Abo bunganirarunganwe kuzokora neza bafashanya n'a baremesha kiyago nabone bari kumitumba itandukanye ! Twobamenyesha Yuko ivyo bikoresho vyatanzwe nishirahamwe mpuzamzkingu PNUD ribicishije mwishirahamwe ANSS



01/11/2025
29/10/2025
28/10/2025

Address

Muramvya

Telephone

+25761438387

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kumbizi tv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category