02/06/2026
*_Ijambo ry’Umukama, indwi y’9 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années paires_*
*IGISOMWA CA MBERE*
_Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (1, 1-3.6-12)_
Jewe Pawulo, umutumwa wa Kristu Yezu nk’uko Imana yabishatse ngo menyeshe ubuzima twaraganiwe muri Kristu Yezu, ndakwandikiye mwananje nkunda cane Timote, nkwipfurije umugisha, ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu. Ndakengurukiye Imana nkorera nka ba sokuru ata kibi umutima unyagiriza, aho nama ndakwibuka ijoro n’umutaga mu bisabisho vyanje. Ni co gituma nguhanura ngo ukabure ya ngabirano Imana yaguhaye aho nakwubikako ibiganza. Imana ntiyaduhaye umutima upfana isoni n’ubwoba, ariko yaduhaye umutima w’ubutwari, w’urukundo n’ubwirinzi. Ntugire isoni rero kubera intahe woshingira Umukama wacu cabure kubera jewe imbohe yiwe, ariko rinda hamwe nanje ya magorwa ubona kubera Inkuru nziza, uhagarikiwe n’ubukomezi bw’Imana, Yo yaturokoye, igatako ikatwakurira ibanga ryeranda. Iryo banga, ntitwarironse turicishije ibikorwa vyacu, yariduhaye ku gushaka kwayo n’ubwiza bwayo. Ubwo bwiza, twabuhawe muri Kristu Yezu yatsinze urupfu, akaduha Inkuru nziza itumurikira, ngo tubone aho ubuzima bw’ukuri buri, n’aho ukudapfa gushimikiye. Iyo nkuru nziza, nashinzwe kuyibera umurongozi, umutumwa n’umwigisha. Ni co gituma mbona ayo magorwa, ariko ntibintere isoni, kuko nzi uwo nshizeko ukwemera kwanje kandi ndazi ata gukekereza yuko ashobora kunzigamira ivyo yambikije gushika kuri wa Musi.
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```
*IZABURI 122 (123) 1-2b, 2cdef*
_Icit. Ni Wewe, Mukama, neza amaso._
Ndakweza amaso, Wewe uvyagiye mw’ijuru; ehe raba ni kumwe umusavyi yeza amaso iminwe ya shebuja.
Kumwe incoreke yeza amaso iminwe ya inabuja, natwe tweza amaso ku Mukama Imana yacu gushika aho azotugirira ikigongwe.
*INKURU NZIZA*
*_Aleluya, Aleluya_*
_Amajambo yawe, Mukama, ni akezamutima, akaba umuco utuboneshereza._
*_Aleluya_*
_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 18-27)_
*Abasadukayo, bamwe bagira ngo nta zuka ry’abapfuye ririho, baregera Yezu baramubaza bati: «Mwigisha, Musa yadutegetse ngo: Umuntu apfuye asize umugore ata mwana, mwenewabo aramucura, abogorere uruvyaro mwenewabo. Habaye rero abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yari yubatse, apfa adasize imbuto. Uwa kabiri acura wa mupfakazi, apfa na we ata mbuto; uwa gatatu kuba kwa kundi; ntihagira n’umwe muri bamwe indwi asiga umwana. Hanyuma ya bose, wa mugore na we arapfa. None, kw’izuka nibazuka, azoba uw’uwuhe, ko bamwabiriye bose uko ari indwi?» Yezu arababwira ati: «Muri bubure guhuba, mutazi ivyanditswe mu Bitabu vyeranda kandi ntimumenye n’ububasha bw’Imana? Abapfuye, bamaze kuzuka, ntibazoba bacabira canke bacabirwa, bazomera nk’abamarayika mw’ijuru. Na vyo ivy’ukuzuka kw’abapfuye ntimwasomye mu Gitabu ca Musa, hamwe mu gisaka ukugene Imana yamubariye iti: Ndi Imana ya Aburahamu, Imana iya Izahaki n’Imana ya Yakobo. Si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima. Ukuri kubasigiye kure.»*
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```