15/01/2026
*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 1 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, années paires_*
*IGISOMWA CA MBERE*
_Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (8, 4-7.10-22a)_
Muri irya misi, abakurambere b’Israyeli bose barakorana, baja i Rama kwa Samuweli, bamubarira bati: «Raba, uriko urasaza kandi abahungu bawe ntibigenza nkawe. N’utwimikire umwami, atugabe, nk’uko bigirwa mu ntara zindi.» Ariko Samuweli arababazwa n’aya majambo ngo: «N’utwimikire umwami atugabe», araheza asaba Umukama. Umukama abarira Samuweli ati: «Niwemerere abo bantu ico bakwatse cose, kuko atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe umwami wabo.» Samuweli arashikiriza ayo majambo yose y’Umukama abari bamusavye umwami, ababarira ati: «Umve ingene umwami wanyu azobaganza: azotwara abahungu banyu abashinge gukora ivy’imikogote n’ivy’amafarasi, kandi bazokwiruka imbere y’umukogote wiwe. Abandi azobashinga kugaba ingabo, bamwe nk’intwazangabo igihumbi, abandi nk’intwazangabo mirongo itanu; abandi azobarungika kumurimira, kumwimburira n’ugucura ibirwanisho vyiwe n’ivyuma vy’imikogote yiwe. Abakobwa banyu azobatwara na bo nyene, abarungike gutegura imibavu, guteka n’ugucumba. Azotwara imirima yanyu, imizabibu yanyu be n’imirima yanyu myiza y’imizeti, ngo abigabire abantu biwe. Ic’icumi c’ivyo muzoba mwimbuye mu mirima yanyu no mu mizabibu yanyu, azogitoza ngo agabire ababwiriza biwe n’abasuku biwe. Abasuku banyu n’incoreke zanyu, inka n’indogobwe zibagirira akamaro, azobitwara ngo abikoreshe ibikorwa vyiwe. Azotwara ic’icumi c’ibitungwa vyanyu, namwe nyene abagire abaja biwe. Kuri urya musi, muzoboroga kubera uwo mwami mwitoreye, ariko uwo musi nyene nta co Umukama azobishura.» Ariko abantu baranka kwumva ayo Samuweli yababariye, baramuhakanira bati: «Ntaco bizoba! Tuzoronka umwami, ngo tumere natwe nk’izindi ntara zose; umwami wacu azoducira imanza, ni we azotuja imbere akaturwanira mu ntambara.» Ayo majambo y’ishengero amaze kuyumva yose, Samuweli arayashikiriza Umukama. Umukama aramwishura ati: «N’ubahe ico basavye, ubimikire umwami.»
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```
*IZABURI 88 (89) 16-17, 18-19*
_Icit. Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya._
Barahiriwe abantu bazi gutera impundu Umukama, bazogendera imbere y’inyonga zawe zikayangana, Mukama; izina ryawe ribatera akanyamuneza igihe cose, ubuntungane bwawe bukarushiriza kubahimbara.
Ububasha bwabo burangiranwa kubera Wewe, ubutwari bwacu ubuserura mu kudutonesha; nkako, Umukama ni We nkinzo yacu, uwo mweranda w’Israyeli ni We Mwami wacu.
*INKURU NZIZA*
*_Aleluya, aleluya_*
_Imana ni yo yatumye abantu b’isi buzura na yo muri Kristu, yongera idushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure._
*_Aleluya_*
_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (2, 1-12)_
*Haciye imisi, Yezu agaruka i Kafaranawumi. Abantu rero bumvise rero ko yari imuhira, bararundana gushika aho ikibanza gikeha, n’imbere y’umuryango haruzura. Na we rero arabashikiriza Ijambo. Haza rero abamuzaniye ikimuga kiteruwe n’abantu bane. Babuze ingene bomumushikiriza kubera ishengero, buburura igisenge, hejuru y’aho yari ari, bururukiriza muri ico kibanza inderuzo ca kimuga cari kiryamyeko. Yezu abonye ukwemera kwabo, abarira ca kimuga ati: «Mwananje, ibicumuro vyawe urabirekuriwe.» Hagasangwa harimwo abanditsi bicaye aho, bariyumvira mu mutima ngo: «Ni kuki uyo muntu avuga atyo? Aratuka Imana. Ni nde ashobora kurekura ibicumuro atari Imana yo nsa?» Buno nyene, Yezu amenye n’ubwenge bwiwe ivyo vyiyumviro vyabo, arababarira ati: «Ni kuki mwiyumvira ivyo mu mitima yanyu? Mbe icoroshe muri vyose ni iki: kubwira ico kimuga nti: ibicumuro vyawe urabirekuriwe, canke nti: haguruka wikorere inderuzo yawe, wigire? None, kugira mumenye ko Umwana w’umuntu ari n’ububasha bw’ukurekura ibicumuro kw’isi…», aca abwira ca kimuga ati: «Ndabikubwirije, va hasi, hitana inderuzo yawe, ugende imuhira.» Wa muntu ava hasi, aca ahitana ya nderuzo, arasohoka bose bamubona; mbere bose barajorerwa, bibatuma n’ugushemeza Imana, bavuga bati: «Nta bintu nk’ivyo twari bwigere tubona.»*
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```