RADIO TV BUNTU

RADIO TV BUNTU Radio TV Buntu,un médium qui diffuse des programmes pour inspirer et accompagner la communauté pour des œuvres de bonté et de charité
(4)

 :Abarimyi b'ikawa  ngo bagiye kuza barahembwa  amafaranga yabo biciye kuri ngendanwa zabo canke mu ma konti yo mu maban...
07/07/2025

:Abarimyi b'ikawa ngo bagiye kuza barahembwa amafaranga yabo biciye kuri ngendanwa zabo canke mu ma konti yo mu mabanki canke mu mashirahamwe yo kuziganya.

Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere 7 Mukakaro 2025 n'umuyobozi mukuru w'ikigo c'igihugu Oscar Uwikunda igihe yariko atanguza icese igikorwa co gusigurira abarimyi b'ikawa iyo ntuganyo nshasha yo kubahemba. Ico gikorwa cabereye kw'itonorero ry' ikawa riri ku mutumba wo muri zone Kabanga komine .

akaba yavuze ko ubwo buryo bushasha bwo guhemba abarimyi buje kuborohereza kuko buzotuma amafaranga yabo bayaronka ningonga mu gihe ngo vyahora bifata amezi menshi. Avuga kandi ko ababikura amafaranga bakoresheje , n'iyindi batazorinda kubakata ayokubikura kubera ko Reta yayabarengerejeko.

Ubwo buhinga buzotuma mu mwaka uza umurimyi yiyandikishije neza n'inyuma y'indwi 2 canke ukwezi ashobora guhembwa.

Uwo muyobozi mukuru w'ikigo c'igihugu kijejwe gusubiza igiterwa c'ikawa akanovera ,yibukije ko Reta iherutse kwongera amahera ku giciro c'ikawa. Ikawa bita ikazogurwa amafaranga 2800Fbu yavuye kuri1280 Fbu ku kiro. Iya kabiri ikazogurwa amafaranga 1400fbu ku kiro yavuye 600fbu ku kiro. Ahamagarira abarimyi kuja ku kivi bagakorera neza ikawa zabo. Kabaye n'akaryo ko gushikiriza ibikoresho abo barimyi bigiye kubafasha kwitaho igiterwa c'ikawa.

Musomyi,ubu buhinga bushasha abarimyi,mubwakira gute?


.

07/07/2025

😓Kanseri y'urwinjiriro rw'igitereko igira kane muzihitana abakenyezi n'abigeme benshi kw'isi.

Mbega iyo ndwara yifashe gute?Iterwa n'iki 👇Iki kiganiro kiraguha inyishu. Ni igice ca mbere c'ico kiganiro. Vuba muzokurikirana igice ca kabiri kibayagira ku kungene umuntu yoyikingira.

07/07/2025

: VIVA SPORTS DU 7 JUILLET 2025 AVEC

04/07/2025

: Ibisikanya ku burongozi bw'intara.

Kuri uyu wa 4 Mukakaro habaye ibisikanya mu mabanga hagati y'abahora barongoye intara za kera n'abagiye kurongora intara mu ntunganyo nshasha.

Mu ntara ya Butanyerera igizwe na , na , ba bahora barongoye intara za Kayanza:Colonel Remy Cishahayo, na Ngozi: Grl major de police Léonidas Ndaruzaniye,bashikirije amabanga uwahora arongoye intara ya Kirundo ari nawe agiye kurongora intara yagutse ya Butanyerera.

Gnl de Brigade de police Victor Segasago, yabijeje ko imigambi y'iterambere yari isanzwe iriko irangurirwa muri izo ntara 3 izobandanya mbere hajemwo n'inguvu kuruta.

03/07/2025

:Urugendoshure kuri RADIO TV BUNTU ku banyeshure bo muri kaminuza nderabigisha E.N.S.

Insamirizi mboneshakure Buntu yaramutse yakira abanyeshure b**a mu gisata ca Electronique muri kaminuza nderabigisha y'i Bujumbura kuri uyu wa kane. Urwo rugendoshure rwabaye mu ntumbero yo kuraba ubuhinga n'ibikoresho vya none bikoreshwa kuri iyo nsamirizi mboneshakure maze ivyo b**a mw'ishure babiroranye n'ibisanzwe bikoreshwa mu buhinga bwa none.

́ducationpositive



03/07/2025

TV: VIVA SPORTS DU 03 JUILLET 2025 AVEC CHRIS GOLDEN IRAMBONA

02/07/2025

"ugasanga bariko bavuga ngo uryamanye n'uwugendana ubumuga ngo uca uronka amahera menshi....",ivyiyumviro bimwe bimwe vyohinduka,abatumire.

Mu kiganiro "Turashoboye",abatumire bacu baravuga inzitizi nyishi zigihanze abagendana ubumuga.

Abatumire: Maître Déo Kabura na Odile Ntakirutimana
Ikiganiro cose ugisanga hano➡️: https://urlr.me/7heyaS

Le personnel de la Radio TV Buntu était au défilé! Nous vous souhaitons une joyeuse fête de l'indépendance du Burundi.
01/07/2025

Le personnel de la Radio TV Buntu était au défilé!

Nous vous souhaitons une joyeuse fête de l'indépendance du Burundi.

Les professionnels des médias  œuvrant en province Ngozi se rencontrent au stade Muremera dans les cérémonies  marquant ...
01/07/2025

Les professionnels des médias œuvrant en province Ngozi se rencontrent au stade Muremera dans les cérémonies marquant le 63è anniversaire de l'indépendance du Burundi. Vive l'amitié.

&

01/07/2025

IMYAKA 63 UBURUNDI BUMAZE BWIKUKIYE

01/07/2025

: Umurwi urafise kazoza...

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Jimmy Ndayizeye umumenyereza mukuru w'umurwi nserukiragihugu w'Uburundi batarenza imyaka 23. Ngo vyasaba ko baza barakora imyimenyerezo kenshi kugira bamenyeranye mugabo uwo mwanya ntawuhari.

Address

Buye, Ngozi
Mwumba
1065BUJUMBURA-

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when RADIO TV BUNTU posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to RADIO TV BUNTU:

Share

Category