
07/07/2025
:Abarimyi b'ikawa ngo bagiye kuza barahembwa amafaranga yabo biciye kuri ngendanwa zabo canke mu ma konti yo mu mabanki canke mu mashirahamwe yo kuziganya.
Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere 7 Mukakaro 2025 n'umuyobozi mukuru w'ikigo c'igihugu Oscar Uwikunda igihe yariko atanguza icese igikorwa co gusigurira abarimyi b'ikawa iyo ntuganyo nshasha yo kubahemba. Ico gikorwa cabereye kw'itonorero ry' ikawa riri ku mutumba wo muri zone Kabanga komine .
akaba yavuze ko ubwo buryo bushasha bwo guhemba abarimyi buje kuborohereza kuko buzotuma amafaranga yabo bayaronka ningonga mu gihe ngo vyahora bifata amezi menshi. Avuga kandi ko ababikura amafaranga bakoresheje , n'iyindi batazorinda kubakata ayokubikura kubera ko Reta yayabarengerejeko.
Ubwo buhinga buzotuma mu mwaka uza umurimyi yiyandikishije neza n'inyuma y'indwi 2 canke ukwezi ashobora guhembwa.
Uwo muyobozi mukuru w'ikigo c'igihugu kijejwe gusubiza igiterwa c'ikawa akanovera ,yibukije ko Reta iherutse kwongera amahera ku giciro c'ikawa. Ikawa bita ikazogurwa amafaranga 2800Fbu yavuye kuri1280 Fbu ku kiro. Iya kabiri ikazogurwa amafaranga 1400fbu ku kiro yavuye 600fbu ku kiro. Ahamagarira abarimyi kuja ku kivi bagakorera neza ikawa zabo. Kabaye n'akaryo ko gushikiriza ibikoresho abo barimyi bigiye kubafasha kwitaho igiterwa c'ikawa.
Musomyi,ubu buhinga bushasha abarimyi,mubwakira gute?
.