06/08/2025
Mu ntumbero yo gushikana interneti yihuta Ku banyagihugu hatarinze gusingwa iminara canke gukoresha intsinga
Ishirahamwe *Media box * ari naryo ryatsindiye isoko yo kudandaza interneti yihuta cane ya *Starlink*ryaratunganije kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 05 Myandagaro 2025 Ku banditsi n'abamenyeshamakuru bo mu ntara zose zigize igihugu c'Uburundi kugira bafashe mu kumenyekanisha iyo interneti . Abamenyeshamakuru n'abanditsi bari bitavye ico kiganiro bareretswe ingene iyo interneti ikora nuko ishobora gukoreshwa mu bijanye n'ugukurikirana ivy'uburimyi n'ubworozi muvyo bise "AgriTech".
Nkuko umuyobozi wa Mediabox Donatien NDAYISHIMIYE abimenyesha ngo iyo internet ni nziza kandi ifise umuvuduko munini kimwe mu bishobora gutuma igihugu cacu kijana n'iterambere na cane cane muriki gihe isi yose iriko irahurumbira iterambere hakoreshejwe ubuhinga bwa none na Interneti .
Mediabox ikaba imaze kuronsa iyo interneti ibisata bitandukanye bikorera ngaha mu gihugu cacu nk'amashirahamwe, amahoteli ,amashengero n'abandi....
Kubifuza gukoresha interneti ya Starlink rero murashobora kwitura iryo shirahamwe Mediabox Aho risanzwe rikorera mu gisagara ca Bujumbura ( 64 , Boulevard Mwezi Gisabo, Q kiriri) canke mukabandikira kuri e-mail [email protected] canke mukabahamagara kuri +257 76 162 000
✍️Aline Mugisha
📸 Iteka FM