05/09/2026
:
Reta ya Kenya isabwa kwihutira guhagarika ihohoterwa rikorerwa Abarundi.
Leta ya Kenya isabwa gutanga ubutumwa bwihuta bwo guhumuriza no kubuza abanyagihugu bayo guhohotera abanyamahanga, cane cane 🇧🇮 Abarundi, kugira ntibabandanye gukubitwa no gufatwa nabi.
🏀Ivyo vyashikirijwe inyuma y'inama yihuta yahuje Umushikiranganji Édouard Bizimana, ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ibindi bihugu, hamwe n'abaserukira ibihugu vya EAC mu Burundi, kuri uyu wa 5 Nyakanga 2026.
Muri iyo nama, hafashwe ingingo yo gusaba Reta ya 🇰🇪 Kenya gutanga ubutumwa bwihuta bwo guhumuriza, ikibutsa Abanyakenya ko ata munyamahanga, na cane cane Abarundi, akwiye guhohoterwa.Édouard Bizimana yavuze ko, nk'uko abibona, ikibazo c'ihohoterwa rikorerwa Abarundi muri Kenya catanguye gukomera inyuma y'amajambo yavuzwe n'Umushingamateka Beatrice Elachi Kadeveresia, aho yavuze cane ku Barundi.
🥎Yavuze kandi ko, n'ubwo Umukuru w'Igihugu ca Kenya atavuze izina ry'Abarundi mu majambo yiwe, ngo inyuma yayo havuyeho ibikorwa vyo gukubita bamwe mu Barundi, mbere n'imbere y'uko ingingo zimwe zimwe zari zatangajwe zitangura gushirwa mu ngiro.
Umushikiranganji Édouard Bizimana yavuze ko ayo majambo n'iyo nyifato bishobora no kuba bifitaniye isano n'ibihe vy'amatora, kuko muri ivyo bihe amajambo akaze ashobora kwiyongera.Uburundi busaba Kenya ko, nimba hari ingingo yo kubuza ubwoko bumwe bw'akazi canke urudandazwa, itokoreshwa ku Barundi bonyene. Kandi n'abafashweko n'iyo ngingo ntibakwiye guhohoterwa, kuko ivyo bishobora gutera umwuka mubi hagati y'abanyagihugu bo mu karere ka EAC.
🛑Édouard Bizimana yibukije ko Uburundi bwubaha abanyamahanga baba ku butaka bwabwo, kandi ko iyo hafashwe ingingo iyo ari yo yose, ishirwa mu ngiro hubahirijwe amategeko ata muntu ahohotewe.Yaburiye kandi ko ihohoterwa no gufata nabi abantu bishobora gutuma bamwe bishira mu kaga canke bagakora ibintu batari bakwiye gukora.