19/09/2025
Uyu mukobwa ntashigikiye ko Se wiwe abandanya gutwara igihugu ca Cameroun
Mugihe himitije amatora muri ico gihugu,Brenda Biya mukobwa wa Prezida Paul Biya yashize ku rubuga rwa TikTok vidéo yagiriza Se wiwe kumukorera amabi menshi, rero asaba abanya Cameroun kudasubira kumutora ngo arongore igihugu.
Muri iyo vidéo Benda Biya (bavugako ari umutinganyi) asa n’uwuriko aravuga ari mu cumba ca hoteli, atanga urutonde rurerure rw’ibintu bibi avuga ko yagirijwe na se wiwe Paul Biya hamwe n'umuryango wiwe.
Ivyo birego vyerekeye uko ameze (umutinganyi) vyaciye bihinduka politike, uwo mugore w'imyaka 27 avuga ati: "Ntimutore Paul Biya. Yatumye abantu benshi bababara, harimwo n'umuryango wiwe bwite. Nizigiye ko tuzogira uwundi mukuru w'igihugu."
Iryo jambo, ryaje hagati mu gihe c’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa Gitugutu, ryaciye rigenda rirakwiragira.
Abarwanya iyo ntwaro ya Se wiwe batandukanye baravyakiriye neza, kandi bagaragaza ukurinda n'ubutwari bwa Brenda Biya