15/09/2025
Urugendo shure rw’indongozi z’intara za Butanyerera na Gitega
_______________________
Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 15 Nyakanga 2025, indongozi z’ugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya Butanyerera, zirikumwe na Buramatari w’intara, Gén Bde Pol Victor Segasago, bifatanije n’indongozi za Province Gitega J.P.G mu rugendo shure rwabereye ku mutumba Mwurire, komine Bugendana, aho hari umurima w’amavoka wa hegitari 40.
Urwo rugendo rwari rugamije kurabira hamwe ivyokorwa mu kunagura ico giterwa no gukomeza amasezerano y’ugufashanya hagati y’izo ntara mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, cane cane ku giterwa c’ivoka.
Hon. Georges Nshimirimana arongoye i , hamwe na Buramatari w’iyo ntara, Liboire Bigirimana, bibukije ko Gitega yahoze izwi cane ku giterwa c’ivoka, ariko kubera kubura amasoko, abenegihugu bacitse intege.
Ku ruhande rwa Butanyerera, Umunyamabanga wa CNDD-FDD muri iyo ntara, Ferdinand Habimana, yamenyesheje ko Ishirahamwe Green Gold ryamaze kuronka impusha zose zikenewe kugira umwimbu w’amavoka ushorerwe mu bihugu birenga 27 vyo mu Burayi.
🌱 Indongozi zashikirije ko hagiye kwihutirwa:
Gukata ibiti bishaje, gutera imivyaro mishasha, kurondera ifumbire y’ikirundi, kugura imiti yo gupomera no gushinga umurwi w’abahinga bakurikirana ubuzima bw’amavoka ku musi ku musi.
🤝 Muvyo izo ndongozi zagiye zirapfundikira ham we ni uko Intara ya Gitega izokoresha imivyaro izova mu ri Butanyerera mu gutunganya ibikumba vy'akarorero vy'amakomine n'intara, na cane cane ko muri iyo ntara ariho hari abahinga banonosoye ibijanye no gukurikirana ivoka kuva rigiterwa gushika rishowe.
Gén Bde Pol Victor Segasago yashimikiye ku ntumbero y’urwo rugendo, avuga ko ari uburyo bwo kungurana ubumenyi, gukomeza ubucuti bw'izo ntara no gukora zuzuzanya kugira iterambere ry’abenegihugu rishikweko mu gihe gito nkuko biri mu vyashizwe imbere n'indongozi nkuru nkuru z'igihugu.
Aya masezerano yo gufashanya hagati y’intara abaye urufatiro rukomeye rugana kumbonakazoza y'igihugu.
Tv
ry'ubutunzi n'iterambere