Capa Kazi TV

Capa Kazi TV Ijwi ry'ubutunzi n'iterambere
Imbonokazoza 2040-2060 y'igihugu. Tél : 68334249
61155587/77998428

  29/9/2025:Urumuri rw'amahoro ku ncuro ya 19=====================================Umukuru w'igihugu cacu c'Uburundi 🇧🇮  ...
29/09/2025

29/9/2025:Urumuri rw'amahoro ku ncuro ya 19
=====================================

Umukuru w'igihugu cacu c'Uburundi 🇧🇮 arikumwe n'Umutambukanyi wiwe , ahejeje gutanguza icese " 'amahoro" ku ncuro yarwo igira ya 19.
ibirori bigira bitangure, Umukuru w'Igihugu cacu c'Uburundi 🇧🇮 akaba yabanje gucacura igitambara yongera yatsa nurwo RUMURI RW'AMAHORO. Hakaba haciye hakurikira urugendo rwaberekeje ahari ikibuga c'umupira w'amaguru kiri muntara ya Buhumuza, arinaho habereye ivyo birori nyezina.

🚨Ibirori vyashoboye kwitabirwa n'indongozi z'igihugu zigiye zitandukanye, aho harimwo Icegera c'Umukuru w'Igihugu, Umukuru w'Inama Nshingamateka, Uwurongoye Inama Nkenguzamateka, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y'Uburundi, Abasanzwe arabihebeye Imana, hamwe n'izindi ndongozi nyishi zigiye zitangukanye. Urwo rumuri rukaba rwitezwe kuzenguruka mu gihugu cose.

gute urumuri rw'amahoro?

 : Mustanteri wiyo Komine   agira ati: "   n'ikintu gikomeye kandi ntidushobora kuyishikira ata   umwengihugu wese yashi...
28/09/2025

: Mustanteri wiyo Komine agira ati: " n'ikintu gikomeye kandi ntidushobora kuyishikira ata umwengihugu wese yashizemwo canke ata umwe wese yafashe, ati niyo mpamvu umwegihugu wese yokwubahiriza amategeko y'igihugu mu kwubahiriza ivyo vyose Reta ibuza hama uwuyarenzeko agahanwa hisunzwe ayo amategeko". mustanteri wa komine yibukije ko abantu badandaza ibinyobwa vya , ya , n'ibindi bidandazwa ko kibujijwe kurenza ku na y'uburundi aca agirako aha yiwe ya telephone kugira uwo bazobona abirengeje bazoce , yongeye agirati ntituzihanganira ama kuko umwengihugu wese asabwa ku mu no kuko yashizimbere ivyo bisata kugira ishikane igihugu ku 2040-2060 yavuze kandi ko umwegihugu yovavanura n'ingeso yo kuko navyo bituma butiyongera mu uwuzobiregako azohanwa.yarangije avugako uwo azosanga atajanye abana kwi nawene . Arashima komine ifise ariko umwenegihugu asabwa kuguma n' , ico abonye cowutoba agaca ibimenyesha zimwegereye.Akaba yabishikirije aho yari yifatanije n zose zigize iyo Komine mubikorwa vyo guca imikobeko no gushira umwavu ku mavoka ya yatewe muri muri zone igenekerezo rya 27/9/2025


ry'ubutunzi n'iterambere

Muri kano gatasi , musitanteri wa komine Mukaza umukenyezi Aline_BIGIRIMANA agiye gushira inguvu nyinshi mu burimyi n'ub...
28/09/2025

Muri kano gatasi , musitanteri wa komine Mukaza umukenyezi Aline_BIGIRIMANA agiye gushira inguvu nyinshi mu burimyi n'ubworozi mukuronsa imbuto irobanuye yibigori no kuronsa ibibuguru vy'ingurube amakoperative ari ku kivi.

Yashikirije kandi ko komine Mukaza arongoye kw'ihanze amaso zone Muyira na zone Mukaza kuko ariho hasigaye isi ndimwa.Akaba yabivuze kuruyu wa Gatandatu itariki 27/9/2025 aho yari yitabiriye ibikorwa rusangi.

Tv
🇧🇮💪
'iterambere

⚫🚨  :  Mu gisagara ca   habonetse ihinguriro ryamavuta akoze mu mavoka🥑Iryo hinguriro riri ku mutumba wa Rugero muri kom...
22/09/2025

⚫🚨 : Mu gisagara ca habonetse ihinguriro ryamavuta akoze mu mavoka🥑

Iryo hinguriro riri ku mutumba wa Rugero muri komine Kirundo, aho mwigerageza Nzoyisaba Prudence ariko aragira, mu biro 100 vy’amavoka agugwa amafranga 50.000 Fbu akuramwo amaritiro 3 y'amavuta kandi akoresha amavoka asanzwe akanya ku buhinga bwa none

Aho buramatari w'intara ya Butanyerera arikumwe n'umukuru w'umugambwe CNDD FDD muri Butanyerera bamugendera mu kumutera intege kuri uyu wa 22/9/2025, yabasiguriye ko akora amavuta yo kwisiga no gufungura kandi afise umwizero ko aho buca aronkera ivyuma bikwiye azokora amaritiro 500 ku munsi

Buramatari akaba yahanuye uwo mu gwizatunga ko yokorana n’abandi barimyi badandaza amavoka kugira ngo hagwizwe umwimbu

⚫??  : Kuri uyu wa 20/09/2025 , muri zone MURUNGURIRA iri muri Komine KIRUNDO , abenegihugu  bazindukiye mubikorwa Rusan...
20/09/2025

⚫?? : Kuri uyu wa 20/09/2025 , muri zone MURUNGURIRA iri muri Komine KIRUNDO , abenegihugu bazindukiye mubikorwa Rusangi vyogutera amavoka nokubagarira ayarahasanzwe , ibikorwa vyatewe iteka nuwurongoye Zone MURUNGURIRA, NIYONGERE Dieudonné arikumwe nabo batwarana 💪

Muri Ivyo bikorwa rusangi bakaba bateye amavoka angana n'amajana abiri namirongo itanu nabiri ( 252) , bakaba kandi baciye babagarira ibiti vyimivyaro yamavoka ijana (100) 🥑

NIYONGERE Dieudonné yaciye aboneraho nakaryo kokwereka indongozi zishasha ziherutse kwitorerwa n'abenegihugu (abakuru b'imitumba , abatwara ibisata bitandukanye biri mwizone) , yasavye abenegihugu baraho kwubaha indongozi , nokubandanya bitaho ibikorwa rusangi kuko arivyo mushinge witerambere .

19/09/2025

Kirundo,zone gikuyo ,colline rambo hariho abantu b'abagabo bafise imbonokazoza ikaze umviriza, abantu duca duheba kugatumba turahigira vyinshi.

⚫🚨 Uri umurimyi , uri umudandaji , uriko ukorera Hamwe n'abandi ibikorwa vyiterambere ariko ukeneye abageza kure ibikorw...
19/09/2025

⚫🚨 Uri umurimyi , uri umudandaji , uriko ukorera Hamwe n'abandi ibikorwa vyiterambere ariko ukeneye abageza kure ibikorwa muriko murakora ???

Inyishu : Hamagara ikinyamakuru bagufashe muri Ivyo ukeneye

Tél : +25768334249
+25761155587

et

Murava muzira ntibabagongeee!!!!!!!!!==================Chef de zone Kirundo yagiranye inama n'abunguruza abantu n'amamot...
19/09/2025

Murava muzira ntibabagongeee!!!!!!!!!
==================
Chef de zone Kirundo yagiranye inama n'abunguruza abantu n'amamoto mu gisagara ca .Abo bunguruza abantu basaba Chef de zone ko abereka ikibanza cabo bisangije bagakora ikivi rusangi mu gusukura igisagara no gutezimbere zone.

Hari kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 19/09/2025 aho Chef de zone _Jean_Marie arikumwe n'uwutwara aba motars bariko baragiranira Inama, Inama yitabwe n'abunguruza abantu n'amamoto, ikaba yariyo kurabira hamwe ingene botsimbataza umutekano no kwubahiriza amasaha yashizweho. Muriyo nama abo bamotari bagasaba kubasabira kugira baze baranywa agatoro neza mugihe kiba caje ngo yongere abereke aho bokorera ikivi ca bonyene buri munsi wa gatandatu. Chef de zone kirundo yabashimiye ukwo biyumvamwo ibikorwa vy'iterambere aca ababwira ko ikijanye nuko boza baranwa agatoro neza ko azogishikiriza kandi azobaha inyishu vuba ,ikijanye n'aho bazokorera ikivi Yagiriyeko abamenyesha ko kwigenekerezo rya 20/9/2025 hari ibikorwa rusangi bizitabirwa n'indongozi zitandukanye harimwo na wa _JEAN_BERCHMANS hubwo bosabwa kuza ari beshi. Yongeye abasaba ko uwo wese yunguruza abantu n'imoto ko yokwirinda kugendesha ivyo vyuma adakwije ivyangombwa mu ntumbero yo kwikingira no gukingira abenegihugu n'igihugu.

Che de zone Kirundo aramenyesheje kandi ko abengihugu bose baba mu gisagara ca kirundo abikorera utwabo,amashirahamwe hamwe n'abadandaza kuzoza kwitabira ikivi rusangi kizobera mu kabande uduga ku bitaro bikuru vya kirundo. Imitumba yiyo zone yose iratumiwe kuko ntahandi hemerewe kubera ibikorwa rusangi ataraho havuzwe.

Musomyi wiki kinyamakuru ca Tv aho muherereye abamotari namwe baritaba ibikorwa??

Tv
ry'ubutunzi n'iterambere.

⚫🚨   : Ishirahamwe   Riri kumutumba wa   , zone   komine   , uyumusi igenekerezo rya 18/09/2025 niho ryazindutse risarur...
18/09/2025

⚫🚨 : Ishirahamwe Riri kumutumba wa , zone komine , uyumusi igenekerezo rya 18/09/2025 niho ryazindutse risarura ibitunguru ryarimye 🧅

NZOBONIMPA Dieubeni na MBONIMPA Abdoulah , barongoye ishirahamwe Dutahurane , batubwiyeko bishize hamwe nkishirahamwe biyumvira umugambi wokurima kijambere , ibiterwa vy'ibutunguru , nuko baciye batangura ico bise intambuko yigerageza ( Phase d'essai) , uyumusi batangaye rwose Aho barose umwimbu udasanzwe 🤑

Nzobonimpa Dieubeni asanzwe arongoye iri shirahamwe , yamenyeshejeko barose umwimbu ,uretseko buri munywanyi wese yaroseko utwo ashira umuryango , ngo basaguriye n'isoko , Aho bashoboye gushora ibiro ijana ry'ibitunguru , Yabandanije avugako mwirima rikwirikira Ko bazongereza uburinganire bwindimiro hamwe nimbuto nyinshi kugira umwimbu uze wongerekane , nubwo biruko basaba Reta canke abagiraneza Ko hamwe bobongerereza umwavu ,n' imbuto , bemezako borima kurugero rwogutsindira isoko yose ya komine KIRUNDO .

Urugendo shure rw’indongozi z’intara za Butanyerera na Gitega_______________________Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 1...
15/09/2025

Urugendo shure rw’indongozi z’intara za Butanyerera na Gitega
_______________________

Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 15 Nyakanga 2025, indongozi z’ugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya Butanyerera, zirikumwe na Buramatari w’intara, Gén Bde Pol Victor Segasago, bifatanije n’indongozi za Province Gitega J.P.G mu rugendo shure rwabereye ku mutumba Mwurire, komine Bugendana, aho hari umurima w’amavoka wa hegitari 40.

Urwo rugendo rwari rugamije kurabira hamwe ivyokorwa mu kunagura ico giterwa no gukomeza amasezerano y’ugufashanya hagati y’izo ntara mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, cane cane ku giterwa c’ivoka.

Hon. Georges Nshimirimana arongoye i , hamwe na Buramatari w’iyo ntara, Liboire Bigirimana, bibukije ko Gitega yahoze izwi cane ku giterwa c’ivoka, ariko kubera kubura amasoko, abenegihugu bacitse intege.

Ku ruhande rwa Butanyerera, Umunyamabanga wa CNDD-FDD muri iyo ntara, Ferdinand Habimana, yamenyesheje ko Ishirahamwe Green Gold ryamaze kuronka impusha zose zikenewe kugira umwimbu w’amavoka ushorerwe mu bihugu birenga 27 vyo mu Burayi.

🌱 Indongozi zashikirije ko hagiye kwihutirwa:

Gukata ibiti bishaje, gutera imivyaro mishasha, kurondera ifumbire y’ikirundi, kugura imiti yo gupomera no gushinga umurwi w’abahinga bakurikirana ubuzima bw’amavoka ku musi ku musi.

🤝 Muvyo izo ndongozi zagiye zirapfundikira ham we ni uko Intara ya Gitega izokoresha imivyaro izova mu ri Butanyerera mu gutunganya ibikumba vy'akarorero vy'amakomine n'intara, na cane cane ko muri iyo ntara ariho hari abahinga banonosoye ibijanye no gukurikirana ivoka kuva rigiterwa gushika rishowe.

Gén Bde Pol Victor Segasago yashimikiye ku ntumbero y’urwo rugendo, avuga ko ari uburyo bwo kungurana ubumenyi, gukomeza ubucuti bw'izo ntara no gukora zuzuzanya kugira iterambere ry’abenegihugu rishikweko mu gihe gito nkuko biri mu vyashizwe imbere n'indongozi nkuru nkuru z'igihugu.

Aya masezerano yo gufashanya hagati y’intara abaye urufatiro rukomeye rugana kumbonakazoza y'igihugu.

Tv
ry'ubutunzi n'iterambere

⚫??  : Kuri uyu wa 13/09/2025 chef de zone Murungurira,NIYONGERE Dieudonné arikumwe n'abahanuzi biwe kumwe n'abenegihugu...
14/09/2025

⚫?? : Kuri uyu wa 13/09/2025 chef de zone Murungurira,NIYONGERE Dieudonné arikumwe n'abahanuzi biwe kumwe n'abenegihugu bokumitumba igize zone MURUNGURIRA , Komine KIRUNDO , bazindutse bakora ibikorwa rusangi mugusanura ibarabara Riri kumutumba wa KIGINA 🙏

,umukuru wa zone Murungurira, yibukije abenegihugu ko gukora ibikorwa rusangi ,kurwanya indandazwa zitemewe n'amategeko , gushira Abana mumashure narirya buca atangura , kurwanya akaborerwe nokwugurura canke kwugara utubari kumasaha yashinze nareta ko arivyo mushinge witerambere igihe umwenegihugu wese yobifata nkankama, yabandanije asaba abenegihugu kubandanya baharanira Amahoro n'umurekano mungo zabo hamwe nomukibano iwabo ivyo nibimwe mubizotuma tugera kuri yambonakazoza y'igihugu, uburundi bwifashe muri 2040 , uburundi buteye imbere muri 2060 .

Kuruyu munsi wa gatandatu itariki 13/09/2025, chef de     J.Marie yifadikanije n'abenegihugu b'imitumba yose ya zone aro...
13/09/2025

Kuruyu munsi wa gatandatu itariki 13/09/2025, chef de J.Marie yifadikanije n'abenegihugu b'imitumba yose ya zone arongoye, ariyo , , , , na aho bariko barakora ibikorwa bitandukanye nko Gusukura ya rusengo, guca y'Imigenderanire mu makaritiye ya nyange_Bushaza nakavogero, bazibuye imifurege itwara inkukura bongera bakora isuku ahahoze isoko ya kirundo, ku nabo barimye umurima munini bagiye guteramwo igiterwa c'ivoka rya ruhere.

Chef de zone kirundo, mu yatanze yagize ati:" mu gisagara kandi ntituzihanganira abakuru b'Imitumba badashaka gukurikirana ikijanye nisuku ugasanga amabarabara yabo asigaye adahita ati tuzoca umukuru w'umutumba nyene". abasaba kuza baradandaza aruko babanje gukorera aho badandariza kandi banashireho igikoresho botamwo imyanda akavugako aho umuntu ahonyora ari ibibuni vyandagaye igisagara cose. Tubibutse ko aho yaciyehose yagiye araha buri mutumba amasuka 5 amapiki 5 nibipawu 5 bizoza birafasha mu bikorwa rusangi bikaba vyatanzwe na komine.


ry'ubutunzi n'iterambere.

Address

Ntega

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Capa Kazi TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share