03/08/2025
🔴 Hari Abarundi bagorewe mu bihugu vya Laos, Myanmar, Cambodge na Thaïlande !
Hari urudandaza rumaze imisi rwo kurungika Abarundi mu bihugu bimwe vya Asia y'ubumanuko bushira ubuseruko (Asie du Sud-Est). Bagenda babwiwe ko bazoshika baronka ubuzi buhemba neza (amadolari ari hagati ya 700 na 1500 ku kwezi), ariko bash*tseyo bisanze mu mutego batazi uko bazowuvamwo. Bamwe muri bo badusavye ko twoburira urwaruka rw'Uburundi ntirubandanye kugwa muri uwo mutego.
🔴 Umutego w'abafungakiwani
Benshi bagiye bazi ko bagiye gukora mu mahoteri, mu bijanye na tourisme, muvya informatique, muvyo kwigisha icongereza, n'ibindi. Ico basabwe imbere yo kujayo nuko boba bazi neza icongereza, bakamenya no gukoresha ordinateur. bamwe babwiwe ko bazoshika bigisha icongereza mu mashure. Bash*tseyo bisanze bahawe akazi k'ubufungakiwani (SCAM) !
Ubwo buzi bukorerwa ku mamashini nyabwonko. Ababutunganije benshi ni abashinwa usanga banahunga police y'igihugu cabo, bakarondera igihugu gifise police irya ibiturire, akaba arico bajanamwo amashirahamwe yabo y'ubufungakiwani. Hari abo usanga babayeho banyegeye mu duce tumeze nk'amashamba, uduce usanga na Leta umengo ntigaba. Uwugiye kubakorera bamuha amamshini akoresha, kenshi akiyita amazina y'abakobwa, akiha amafoto y'abigeme beza kuri za Facebook - Twitter - WhatsApp, agatangura kuganiriza abanyamerika, akabumvisha uko bashira imitahe yabo mu bijanye na crypto monnaie. Uwemeye kuyashirayo aba ahejeje kwibwa. Haraho banamuhenda akabanza akunguka kugira azane umutahe munini ariko birangira yibwe. Abakora buno busuma baba berekana ko bari muri Amerika nyene, ariko vy'ukuri banyegeye muri Laos, Myanmar, Cambodge na Thaïlande.
Abarundi baja gukora buno buzi - co kimwe n'abandi banyafrika - bisanga babayeho nk'imbohe. Baba bacunzwe bidasanzwe kugira ntibamene ibanga ngo bafatishe ba sebuja. Baraheza bagahembwa nka 5% canke 10% y'ayo bashoboye kwiba muri Amerika. Bisanga mu kintu kigoye kuvamwo, na rirya visa zabo ziba zaraheze.
🔴 Uyu mutego Abarundi bawugwamwo gute ?
Abashinwa bakora ubwo busuma barondera abarundi bahejeje amashure mu Bushinwa, bakabatuma kubaronderera abakozi mu Burundi. Umukozi wese bashoboye gukura mu Burundi bamuhemberwa 10.000 Yuan (hafi imiliyoni 10 z'amarundi). Uzanye abakozi batanu, uba winjije 50.000 Yuan. Ni gutyo bamwe bahejeje amashure mu Bushinwa usanga bariko barondera abagenzi babo mu Burundi, bakabumvisha ko hari ubuzi bwiza bwadutse muri Laos, Myanmar, Cambodge na Thaïlande. Bano banyeshure bo mu Bushinwa baraheza bakarondera agence bakorana mu Burundi izoza irarungika abakozi muri ivyo bihugu. Izo agences nizo zirirwa zirakoka abaja gukora muri vya bihugu, zikababwira ibitangaza vy'imishahara n'ukubaho neza cane muri vya bihugu bine. Mu bisanzwe, izo agences zo nta bubeshi ziba ziriko zirakora kuko zo zitanga ubutumwa zahawe, nazo nyene ntizizi ubwo buzi uko bumeze.
Abarundi baja gukora ubwo buzi benshi barondera visa y'Ubushinwa. Baba biteze kuronka visa ya Laos bageze mu Bushinwa. Mu ntango vyari vyoroshe kuronka visa ya Laos uri mu Bushinwa.
Uwatwandikiye yatubwiye ko Laos itagitanga izo visa kubera yabonye benshi bagenda bagaherayo. Aho rero niho haca haduka uwucisha bano barundi mu nzira z'ibinywabi, bakisanga bageze muri vya bihugu bazokoreramwo. Ni ukuvuga ko basohoka Ubushinwa bidaciye mu mategeko, bakaca bagira ikibazo c'ingene mu gataha bazosubira guca mu Bushinwa, na rirya visa y'Ubushinwa iba yaramaze guhera.
Bagishika iyo bakorera, wa mushahara babwiwe barawuhabwa amezi abiri ya mbere. Ayo aba ari amezi yo kwiga akazi. Baba bariko ubufungakiwani bwo kwiba muri Amerika ukoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi. Ayo mezi abiri aheze, akazi kaba gatanguye. Aho rero niho bamenya uko bazohembwa vy'ukuri : babwirwa ko bazohembwa icicumi c'ayo binjije (hari n'abahabwa 5% gusa). Ni ukuvuga 10% y'ayo bivye muri Amerika.
🔴 Gutaha bizogenda gute ?
Bano barundi bamaze kumenya akazi bazokora ko ari ubusuma, hari abagumuka bakavuga ko bakeneye gutaha. Ingorane ya mbere nuko baba baratswe amatelefone n'ibibaranga. Usanga babayeho mu buryo buteye ubwoba kuko police y'igihugu iguma irondera abakora ubwo busuma. Nko muri Laos hoho na police y'Ubushinwa irinjira gusaka irondera abakora ubwo busuma. Abashinwa bafashwe bacirwa urubanza rwo gupfa. Niyo mpamvu Abarundi bakorayo bacungwa cane ngo ntibamene ibanga. Hari abatubwiye ko bishika bakamara nk'indwi yose banyegeye mu bintu bimeze nk'imyobo (tunnels) yateguwe neza, kugira police ntibafate. Hari Abarundi bakubitwa nabi cane kubera bafashwe bariko barabwira miryango yabo uko bamerewe n'ivyo barimwo.
Iyo umurundi ananiranye rwose, haraho ba bakoresha biwe bamwuriza imodoka bakaja kumuta ahantu kure kugira ntaze yerekana iyo yahora akorera. Ikibazo caduka ni ic'ingene asubira mu Burundi. Pasiporo yiwe iba ifise Visa y'Ubushinwa yaheze. Ntaba ashobora gusubira mu Bushinwa ngo arondere indege imutahana. Mu gihugu arimwo nta visa yaho aba afise, ugasanga naho nyene police iramufata. Hari bake baba binjiye neza muri ivyo bihugu, ariko nabo nyene Visa ziba zaraheze. Uwatanze aya makuru avuga ko nko muri Laos hariyo abarundi benshi batazi uko bazovayo kubera visa y'abo y'Ubushinwa yamaze guhera. Muri Myanmar ho ivyaho birengeye ubwenge kuko ni igihugu kiri mu ntambara mu duce tumwetumwe. Hari abisanga bajanywe mu bice bigabwa n'abaroberi.
Leta y'Uburundi irakwiriye kwiga kino kibazo, ikavugana na OIM ingene botahana bano bana b'Uburundi bagorewe muri ivyo bihugu. Ambassade y'Uburundi i Pékin mu Bushinwa niyo iraba ako karere kose. Irakwiriye gufata mu minwe kino kibazo. Amatwi adusumira, igihugu kibanyi c'Urwanda kiriko kirakora ibishoboka vyose ngo gitabare abana baco bisanze muri uyo mutego. Tweho habuze iki ?
🔴 Rwaruka muhagabire
Ni benshi bahendwa, imiryango ikagurisha ivyayo kugira ishigikire umwana agiye gutera imbere. Wumvise umushahara bakubwira n'ingene baguhenda ko uzobaho neza, ntawutofasha umwana wiwe kuja muri ayo mahirwe. Ariko hari utubazo dutoduto umuntu yoza ariga kubaza :
1. Ko ivyo bihugu bisanganywe abakene benshi, ni kuki biriko birondera abakozi mu Burundi ? Ico niwakibaza bashobora kukubwira ko ivyo bihugu bidafise abantu benshi bazi icongereza. Nawe urabaza uti : ni kuki bikeneye abazi icongereza hanyuma ntibice bishiraho umugambi ukomeye wo kwigisha icongereza ?
2. Mbega ko imishahara ari myiza cane, kubaho bikaba vyiza cane, ni kuki bano barondera abaja gukorayo batahereye ku miryango yabo ngo abe ariyo yambere ironka ayo mahirwe ?
Umurwi wa nyuma noburira ni uw'abigeme. Kuja mu kintu c'abantu babaho binyegeje, barimwo inkozi z'ikibi zironderwa n'ibipolisi bitandukanye, kubaho udakingiwe n'amategeko y'igihugu urimwo, bikwegera amagorwa atagira izina umwigeme. Aho abahungu bagorewe, umukobwa we ahagorerwa kabiri. Simvuze vyinshi, ariko nditeze ko abigeme baza gutahura.
🔴 Gusozera
Bavukanyi mwiyubare cane. Umutego w'ibi bintu ni ukubona uhamagarwa n'umugenzi wizeye ari mu Bushinwa. Ico atakubwira nuko azokuronkako hafi imiliyoni 10. Ikindi kigoye nuko nawe nyene akubwira ivyo yatumwe, ariko nawe ataba yarakoze ako kazi. Agence ikurungika izokuyagira ivyiza kuko nivyo yabwiwe kandi ifise inyungu izogukurako. Abashoboye kuvayo nabo ntibavuga kuko baba bakoreshejwe ivyaha mpuzamakungu bikomeye. Nta muntu yokwigamba ko yahora mu kazi ko kwiba ku ruyeri, na canecane kwiba mu gihugu rutura nka Amerika !
🔴 Ndashimiye abemeye gutanga intahe zabo mw'ibanga, bakabikora kugira bakize abandi.
Pacifique Nininahazwe, 03.8.2025