
24/07/2025
AMAHERA Y'UMUKIRIYA BURYA WOYAGIRA UMUTAHE?
-------------------------------------------------------------------------
"Umugambi urashoboka ata mutahe mwinshi ukoresheje. Nka jewe, umutahe wanje wa mbere usanga ari _avance_ [ibanze] y'umukiriya nyene. Ni ukuvuga ayo mahera ampaye, ni yo nca nguramwo ibikoresho hama ngakora. Bica bisaba uze urabika dukeduke kugira uzoronke agatahe kisununuye, kagufasha gukora ata _commande_ [wagutumye]." Ni abivuga.
Uwo mukenyezi afumira amashuka canke ibitambara muri abandanya yemeza ko ubu ata kindi kimutunze atari uwo mwuga. Mu guteza imbere akazi kiwe, ngo hari n'abandi basangiye umwuga aza ararahurako ubwenge. "Ndetse n'iyo hagize uwuronka _commande_ nyinshi muri twebwe, uca uhamagara bagenzi bawe bakagufasha. Na bo bakaba bararonse makemake kandi na we ugatunganiriza umukiriya hakiri kare," yongerako.
Hatungimana asaba reta kworohereza abakora ibikorwa mvambwenge. Anagaruka ku vyerekeye amatagisi, na canecane ku bagitangura.
✍🏻 IrMed