IZAWE Magazine

IZAWE Magazine Livret des entrepreneurs

AMAHERA Y'UMUKIRIYA BURYA WOYAGIRA UMUTAHE?-------------------------------------------------------------------------"Umu...
24/07/2025

AMAHERA Y'UMUKIRIYA BURYA WOYAGIRA UMUTAHE?
-------------------------------------------------------------------------
"Umugambi urashoboka ata mutahe mwinshi ukoresheje. Nka jewe, umutahe wanje wa mbere usanga ari _avance_ [ibanze] y'umukiriya nyene. Ni ukuvuga ayo mahera ampaye, ni yo nca nguramwo ibikoresho hama ngakora. Bica bisaba uze urabika dukeduke kugira uzoronke agatahe kisununuye, kagufasha gukora ata _commande_ [wagutumye]." Ni abivuga.

Uwo mukenyezi afumira amashuka canke ibitambara muri abandanya yemeza ko ubu ata kindi kimutunze atari uwo mwuga. Mu guteza imbere akazi kiwe, ngo hari n'abandi basangiye umwuga aza ararahurako ubwenge. "Ndetse n'iyo hagize uwuronka _commande_ nyinshi muri twebwe, uca uhamagara bagenzi bawe bakagufasha. Na bo bakaba bararonse makemake kandi na we ugatunganiriza umukiriya hakiri kare," yongerako.

Hatungimana asaba reta kworohereza abakora ibikorwa mvambwenge. Anagaruka ku vyerekeye amatagisi, na canecane ku bagitangura.




✍🏻 IrMed

AKORESHA IMBUGA BWA SHURE----------------------------------------------------------------------  arongoye   asigura isok...
10/07/2025

AKORESHA IMBUGA BWA SHURE
----------------------------------------------------------------------
arongoye asigura isoko ry'ubuhinga bwabo agira ati : “Nka vyose ndabikura ku mbuga ngurukanabumenyi.” Izo mbuga nyene ziri mu bigize imenyekanishirizo ry’ibikorwa vy’urwo rwaruka rukorera ku murwa mukuru wa komine ya .

Urwo ruganda uwo mwigeme yashinze ruhingura ibitekezo bibora mu ntembetembe z’ibitoke. Intumbero yabo ni guterera mw’iboneka n’irwizwa ry’umwimbu hatononywe ibidukikije.




✍️ Wordless

AKORESHA UBUHINGA ATIGIYE MW’ISHURE-------------------------------------------------------------------------  arongoye  ...
26/06/2025

AKORESHA UBUHINGA ATIGIYE MW’ISHURE
-------------------------------------------------------------------------
arongoye ati: “Nize igifaransa. Nta sano bifitaniye n’uburimyi [nkoreramwo ubu]. Ndagerageza kwigira ku bandi dusangiye umwuga, nk’abo muri SOVER na FACAGRO [igisata c’uburimyi muri kaminuza y’Uburundi] naho badashoka banyugurukira. Mugabo ndabiyegereza, bikarangira babaye abagenzi.”

Uwo rwaruka ntiyibagira ko no ku buhinga ngurukanabumenyi [na canecane _YouTube_ ], ahigira vyinshi. Avuga ko araba amashusho yerekana uko abandi babikora. N’urundi rwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura, Bujumbura-Rural, Rumonge, Bururi, n’uwundi w’i Gitega ngo barafitaniye imigenderanire yatanguye bahuriye mu nyigisho za PAEEJ.

Muri ukwo ‘gutoratora ubumenyi’ nyene, abo muri iyo koperative yashize imbere ikizinu baragerageza gukemura zimwe mu ntambamyi bahura nazo. Aho uwo mutanguzamugambi avuga ko kuva ikigo ‘RAFINA’ gihagarika guhingura _subistrant_ [ubutaka nkorano] bari mw’igerageza ryo kuyihingurira mu bitiritiri vy’ibigori, amababi y’amagereveriya, ibicericeri n’ibindi.

Mwokwibuka ko ikoperative ishashe mu ntara ya , komine ya .




✍️ Wordless

UMUKINYI W'INTAMBA YARAYE AKOZE UBUGENI----------------------------------------------------------------------------Yitwa...
23/06/2025

UMUKINYI W'INTAMBA YARAYE AKOZE UBUGENI
----------------------------------------------------------------------------
Yitwa . Amazina yahawe n'abavyeyi ni . Ku wa gatandatu 21.06.2025, ni ho yubaka urwiwe. Yarushinganye n'umuzungukazi nk'uko biboneka kw'isanamu.

Uwo myugariro ageze ku myaka 31 y'amavuko. Yama yatumweko mu ntamba mu rugamba, agaserukira Uburundi. Muri kino gihe, abarizwa mu murwi wa wo mu gihugu ca Endoneziya.

🎤 Mudufashe kumukeza.




✍️ Wordless

NI NDE IBIHARURO BIHA AGASHIMWE?--------------------------------------------------------------------Abakinyi babiri ni b...
21/06/2025

NI NDE IBIHARURO BIHA AGASHIMWE?
--------------------------------------------------------------------
Abakinyi babiri ni bo batangurira urutonde rw'abahiganiwe agashimwe k'umukinyi yasumbije abandi mu bakiri bato babonetse muri ku mwaka wabo wa mbere.

batazira akinira umurwi wa . Mu mwaka w'inkino uheze, yagaragaye mu kibuga incuro 28. Yinjije ibitsindo 2, atanga imipira myarabitsindo 9. Ku rundi ruhande, ni umusatirizi wa . Uyu yizewe n'umumenyereza wiwe incuro 26. Yakoreshe neza uwo mwanya, gutyo abona igori agashika 12 kose. Bagenziwe, nabo yabahaye imipira myarabitsindo 10.

🎤 Musomyi, ufatiye kuri ivyo biharuro, ubona ari nde yotwara ako gashimwe?




✍️ Wordless

  : "Imiti ya   ntipfupfahaza. Ahubwo irakiza. Mbere irahasha." Ni   avyemeza. Uwo muforoma yibutsa ko urwo ruganda akor...
16/06/2025

: "Imiti ya ntipfupfahaza. Ahubwo irakiza. Mbere irahasha." Ni avyemeza. Uwo muforoma yibutsa ko urwo ruganda akorera ruvura ahanini za ndwara abantu benshi bazi ko zidakira.
-----------------------------------------------------------------------------
ni uruganda rufise icicaro muri . Rurakora ubushakashatsi, rugahingura, rukanashira kw'isoko imiti iva mu bimera.

Kaze kw'ivuriro ry'urwo ruganda riri ku murwa mukuru w'intara ya . Ni neza na neza i ruhande ya étage, uduga uja ku bitaro.

Mugize ikibazo, twakure canke mutwandikire kuri +257 61 12 33 63.



BENZEMA YOBA ATAZOTAHA IMVUMURE--------------------------------------------------------------------------Ku mazina y'uku...
14/06/2025

BENZEMA YOBA ATAZOTAHA IMVUMURE
--------------------------------------------------------------------------
Ku mazina y'ukuri yitwa . ni umukinyi wo hagati mu kibuga wa . Hari urukurukuru ko yoba ari we azohabwa agashimwe nk'uwasumbije abandi mu bakiri bato bagitangura kuboneka muri Primus_Ligue_Burundi.

Uwo musore avuka mu ntara ya yahora muri . Ni umurwi wabarizwa mu cicaro ca kabiri imbere yo kugurisha ikibanza kuri wo mu .

Niyagira iryo bakwe, azoba asubiriye wa yatahukanye ako gashimwe mu mwaka w'inkino w'2023-2024. Bitegekanijwe ko ibirori vyo gutanga ubushimwe ku bakinyi bigenjeje neza mu mwaka w'inkino uheze bizoba muri kuno kwezi kwa .




✍️ Wordless

ROYAL VISION 2026 MU KIBANZA CA INTER STAR-------------------------------------------------------------------------Hahez...
12/06/2025

ROYAL VISION 2026 MU KIBANZA CA INTER STAR
-------------------------------------------------------------------------
Haheze iminsi bivugwa ko umurwi wa INTER_STAR uri mu kugurwa. Abari inyuma y'uwo mugambi ni batazira hamwe na , abakinyi mpuzamakungu b'abarundi. Nk'uko tubikesha Fefe Fleury, uwo mugambi wanse ku kanyuma. Ahubwo vyahindukiriye ku murwi wa .

azoserukira abo bakinyi mu burongozi bw'uwo murwi yabwiye uwo mumenyeshamakuru ibi : "umurwi wa icatumye tutawugura, ni uko hari ivyo tutumvikanyeko. Ariko ku ruhande rw'abari barongoye umurwi wa Vision 2026, twarumvikanye kandi vyose vyaraheze."

Uwo yahoze akinira intamba mu rugamba yanamenyesheje ko bari mu gikorwa co kugura abakinyi. Ni mu gihe abamenyereza bo ngo batazohinduka. Ni kuvuga ko batazira Mutombola azoba umuyobozi w'ubuhinga. nawe akazofa amabanga y'umumenyereza mukuru.

Nayo ku vyerekeye guhindura izina ry'uwo murwi, NZIGAMASABO yagize ati : "gushika muri kano kanya, nta ryo turahindura. Mugabo turacariko turavyiyumvirako."




✍️ Wordless

AKORESHA UMUYAGA MU KWATSA UMURIRO---------------------------------------------------------------------------  ahingura ...
12/06/2025

AKORESHA UMUYAGA MU KWATSA UMURIRO
---------------------------------------------------------------------------
ahingura imbabura zikoreshwa n'umuyagankuba canke n'imishwarara y'izuba. Asigura ko uwo muyagankuba ufasha mu guhuha umuyaga gutyo ukatsa ibintu bitari bigenewe gucanwa.

Uwo rwaruka akorera mu ca Bujumbura yigana imvo n'imvano vy'ugutangura kwiwe atya : "Jewe nize _informatique de maintenance_ [gusuzuma imashini nyabwonko]. Maze guheza [amashure], naricaye ndiyumvira ico nokora. Kubera nari nsanzwe nkunda cane ibintu vyerekeye umuyagankuba, niyumviriye ingene novyaza umusaruro iyo ngabire yanje."

Abandanya agira ati : "Niyumviriye ikintu nokora gishobora gusubirira canke kwunganira amakara kuko nabona ariko arazimba kandi no mu kuyaronka mbona bihonya ibidukikije. Naciye ntangura ndagerageza, ndakora imbabura nca nshiramwo ibishishwa vyumye vy'ibiharurwa, ndaheza ndatsa na wa muyagankuba. Maze kubona bishoboka, narabandanije ndabikora."

IRADUKUNDA yaboneyeho gushinga uruganda . Rufise intumbero yo gukingira ibidukikije. Ku bwiwe, ukubangamirwa kwavyo "kuzogira ingaruka." Ni kwo kwinjira mu bushakashatsi bugamije gusubiriza ayo makara akoresheje ibishishwa canke ibiharurwa vyumye.

Ahamagarira urundi rwaruka, rutaratangura imigambi, "kwegera abamaze gutangura kugira babafashe."




✍️ IrMed

  : Muganga   ati : "Muri  , tuvuza abantu ibimera, bitavanze, bitongewemwo ikintu na kimwe. Bizwi nk'ibimera vy'imiti. ...
04/06/2025

: Muganga ati : "Muri , tuvuza abantu ibimera, bitavanze, bitongewemwo ikintu na kimwe. Bizwi nk'ibimera vy'imiti. Biba vyarizweko n'abahinga, bakabicisha muri _laboratoire_.

Abo bahinga bafashe iya mbere muri ubwo bushakashatsi ni Abadagi, Abashinwa hamwe n'Abanyamerika. Bamaze kubona ko harwiriranye indwara z'ibinani, baricaye baravuga bati : turondere ico twofashisha abantu." Ni ko rero hariko haboneka iyo miti dufise."
-------------------------------------------------------------------------
ni uruganda rufise icicaro muri . Rurakora ubushakashatsi, rugahingura, rukanashira kw'isoko imiti iva mu bimera. Iyo miti ivura za ndwara abantu benshi bazi ko zidakira.

Kaze kw'ivuriro ry'urwo ruganda riri ku murwa mukuru w'intara ya . Ni neza na neza i ruhande ya étage, uduga uja ku bitaro.

Mugize ikibazo, twakure canke mutwandikire kuri +257 61 12 33 63.



ISOKO RIBUZE, BARIRONDEZA UWUNDI MUGAMBI------------------------------------------------------------------------Urwaruka...
31/05/2025

ISOKO RIBUZE, BARIRONDEZA UWUNDI MUGAMBI
------------------------------------------------------------------------
Urwaruka ruhurikiye muri koperative rwashize ivyiyumviro hamwe kugira rwiteze imbere. ahagarariye ibikorwa vy'iyo koperative ikorera mu yigana ibi : "Tumaze kwumva akamo ka reta kaduhamagarira kwiteza imbere, natwe tukabona ubushomeri turimwo, twahisemwo kuja hamwe maze dutangura umugambi wo gukora amasabuni y'amazi. Ivyo twarabikoze, ariko mu nyuma tuza kwongerako uwundi mugambi wa _carwash_ [iyogerezo ry'imiduga] kugira twironderere n'isoko ry'ayo masabuni."

Abandanya avuga ko umugambi wo gukora amasabuni utagenze nk'uko bavyipfuza. Ariko ngo ntivyabaciye intege : "Tumaze kubona amasabuni atariko arasohoka neza, kuko abantu batari bwayamenyere, twaciye tugira umugambi ko twogira aho twogereza imiduga ku buhinga bwa none, ndetse tukazoza turishorera. Uwo mugambi ariko kuko wasaba uburyo bwinshi, vyatumye tuja kurondera ingurane muri kugira bikunde tuwushire mu ngiro. Kandi twarayironse."

arashimira ico kigo ku kuntu gishigikira imigambi y'urwaruka. Ahamagarira abo bose bafise ivyiyumviro kubishira hamwe kugira bikunde igihugu gitere imbere, ndetse nabo batere imbere. Asaba ishirahamwe REGIDESO kunyarutsa kubaronsa ivyo bayisaba, gutyo ngo amafaranga batse nk'ingurane bareke kuyicarika, ivyozotuma bacererwa kuyariha.

Mwomenya ko iyo koperative yitiriwe ' imaze imyaka itatu ku kivi. Igeze ku banywanyi 82.




✍🏻 IrMed

  : Ku bantu bagendana indwara z'igisukari [diabète], ivumbuka ry'umurindi w'amaraso [hypertension artérielle], kanseri ...
27/05/2025

: Ku bantu bagendana indwara z'igisukari [diabète], ivumbuka ry'umurindi w'amaraso [hypertension artérielle], kanseri [cancer], intandara, ibivyimba vyo mu gitereko canke ivyo mu mara, abagabo bafise ibibazo vya prostate, asima [asthme], sinusite, rumatizime [rhumatisme], ubwandu bwo mu bihimba vy'irondoka canke ivy'isohokero ry'imyanda [infections génitales ou urinaires],

intandara, trisomie, abariye ishano, kuribwa mu mushish*to [estomac] birenze urugero, kubabara mu gihe c'umwanda mukuru no gusohora uwurimwo amaraso, umwingo, imitsi yo mu maguru ivyimvye, ubuvyibuhe bw'umurengera, ubugumba, ukudashakana ku bubakanye n'izindi nyinshi, inyishu irabonetse.

Kaze mu ruganda rwa , ruvuza imiti ihinguwe mu bimera. Rufise icicaro muri . Nimutumbere ivuriro ryarwo riri ku murwa mukuru w'intara ya . Ni neza na neza i ruhande ya étage, uduga uja ku bitaro.

Mugize ikibazo, twakure canke mutwandikire kuri +257 61 12 33 63.



Address

Rohero

Telephone

+25769010101

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when IZAWE Magazine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to IZAWE Magazine:

Share

Category