13/08/2026
🛑 Asaba kuronswaa amatongo yo kurima igiterwa c'ibihoke
--------------- --------------
Uwo ni Thadée Niyobuhungiro arongoye uruganda Company, turi muri Gatunguru muri komine Ntahangwa. Thadée asaba komine ko yomuronsa amatongo yo kurimamwo igiterwa c' kugira aronke ivyo ahinguramwo amavuta kandi atere n'intege abandi barimyi, bakirime kandi na bo bazonaronke amasoko y'aho bashorera umwimbu. Asaba kandi ko komine Ntahangwa yomufasha, ihinguriro rikava mu ahasanzwe haba abantu, maze rikimukira mu ahasanzwe hari ayandi mahinguriro.
Ivyo uyu munyamitahe yabishikirije kuri uwu wa 13 Mukakaro 2026, aho yagenderwa n'abajejwe intwaro bagizwe n'intumwa ya buramatari w'intara ya Bujumbura, intumwa ya komine Ntahangwa hamwe na musitanteri wa komine Mpanda. Abo bose bakaba bari bazanwe n'umugambi washigikiye iryo hinguriro risanzwe rikora amavuta y'ibihoke ( huile de tournesol), ibikarango, rikongera kandi rigahingura amakara avuye mu micafu, hari mu ntumbero yo kuraba aho rigejeje ibikorwa vyaryo.
Jean Prime KABUKUNDI, yaserukiye umugambi ujejwe gushigikira mw'iterambere ry'uburimyi bujanye n'ivyo gufungura no kwitunganiriza imigambi PADANE ( Projet d'Appui au Développement Agricole pour la Nutrition et l'Entrepreneuriat) abona ko ari uruhombo ku ntara ya Bujumbura kubona ico giterwa kitariko kirarimwa muri iyo ntara kandi iryo hinguriro ari ho riri. KABUKUNDI akaba yagiriyeko amenyesha ko mu mugambi PADANE bazanye ubwoko bw'ibihoke bishasha bishobora kuvamwo amavuta menshi kandi vyimbuka mu karere ka Bujumbura ndetse no mu zindi ntara. Agasaba abajejwe uburimyi gusigurira abarimyi ko hari imbuto nshasha zimbuka kugira bazijukire.