01/01/2026
⏮️ Inkuru igaruka kw’igandagurwa rya Nadine Bukuru, iri mu zasomwe na benshi mu 2025 kuri Yaga
📋 Ku rutonde rw’inkuru zasomwe mu 2025 ku rubuga Sitweb ya Yaga iza mu kibanza c’7. Yanditswe muri Ruheshi. Uwo mukenyezi yari mu bitaro bikuru i Gitega aho yari yavyariye. Yarabuzwe irengero, inyuma y'imisi ibiri atorwa ari ikiziga ku nkengera z'uruzi Ruvyironza, mu Giheta mu ntara ya Gitega. Yaga yaratohoje ido n'ido kuri iryo gandagurwa bunyamaswa.
👧🏾 Nadine Bukuru, yari umukenyezi w'imyaka 31, yari yibarutse bamukoze, kuko hatari bwagere ko yibaruka. Hari itariki 9 Ndamukiza 2025. Ku mugoroba wo ku wa 17 Ndamukiza, nk'isaha zitatu n'inusu z'ijoro (21h30), yavuye mu bitaro i Gitega, asize umwana wiwe aryamye mu bitaro (muri Néonatalogie). Kuva ubwo, ntawasubiye kumenya irengero ryiwe gushika atorwe ikiziga.
Itariki 18 Ndamukiza, abavyeyi biwe ni ho bumvise umukwe ariwe mugabo wa Nadine, Audace Niyonizeye abaterefona ababwira ko yabuze irengero ry'umufasha wiwe. Mukuru we niko kuva i Bururi aja i Gitega kuraba ivyabaye. Ahash*tse, Audace yamweretse ko adashaka kumenyesha intwaro ko yazimije uwiwe. Ahubwo bobanza kurondera.
📆 Itariki 19 Ndamukiza nk'isaha icumi z'umugoroba (16h), niho ikiziga ca Nadine catorwa mu Giheta, i Gitega ku nkengera za Ruvyironza. Igiporisi catanguye amatohoza kiranahamagara Audace, kimumenyesha inkuru mbi. Ariko we ntiyavyemeye. Ni ko kumuzana mu buruhukiro, ku bitaro bikuru vy'i Gitega, aho yari asanzwe ari, isaha 5 n'igice z'ijoro (23h30).
Gushika aho, wa mugabo wiwe ntiyari bwaze kumuraba. Ariko vyabaye ngombwa ko basubira kumuterefona kugira ababwire umwidondoro. Audace ntawo yabahaye, ahubwo mu kanya gato yaciye ashika azananye n'abandi 4. Aho ni ho yatanguye kwerekana inyifato iyobeye, avuga ko uwo atari umugore wiwe ; bomuhamba ubwo nyene atarinjira mu buruhukiro, kubera ari umu isiramu (ariko ntivyari vyo nk'uko umuryango wabibeshuje). Ariko kw'itegeko ry'umukuru w'ibitaro, Nadine yashizwe mu buruhukiro.
⏭️ Inyuma y'imisi 3, itariki 22 Ndamukiza, uwo mugabo wiwe Audace hamwe n'uwundi yitwa Mélance barafashwe barapfungwa bikekwa ko boba baragize uruhara muri iryo gandagurwa. Aho bari bamaranye amezi icenda babana, kuko bagize ubugeni, itariki 13 Mukakaro 2024.
Nadine yamaze igihe atarafubanwa iteka. Wa mwana akiri mu bitaro, kubera ukutavyumvikanako hagati y'iyo miryango ibiri, ariyo uwa Audace n'uwa Nadine. Umuryango wa Nadine wahavuye umushingura itariki 7 Rusama i Kagomogomo, i Buta muri komine Bururi, hafi y'aho asanzwe avuka, kandi ntawo mu muryango w'umugabo yahaje.
👶🏾 Umwana nawe ibitaro vyamuhaye mukuru wa Audace, yitwa Japhet Niyonkuru, itariki 28 Rusama. Gushika ico gihe, dosiye y'urubanza RMPG 10321 yari mu butungane. Umuryango wa Nadine wari urindiriye ivyo ubutungane buzoshikako.
➡️ Ido n'ido ry'iyo nkuru muyisomere aha : https://shorturl.at/BRIad.