Yaga

Yaga Turi urwaruka rushikiriza amakuru n’ivyiyumviro mu bundi buryo. Tuyaga twubaka Uburundi bw'ejo. Bienvenue sur la page Facebook de Yaga.

Yaga signifie « raconter », en Kirundi. Yaga raconte des histoires des hommes et femmes du Burundi, de ses champs, de ses oiseaux, de ses vaches et de ses collines. Nous sommes une organisation de jeunes, experte dans les approches digitales (création de contenu en ligne, campagnes de communication, plaidoyer, renforcement des capacités, communication organisationnelle, etc.) et dans l’animation d

es espaces d’expression en ligne et hors ligne. Nos approches sont basées sur les évidences et les vécus personnels, et sont centrées sur les jeunes dans toute leur diversité. Nous collaborons avec tous les acteurs ayant pour mission de promouvoir la paix, la santé, la culture, l’environnement et contribuant au développement inclusif. Yaga, c’est aussi un réseau de jeunes défenseurs de la liberté d’expression. Ces hérauts de la vie sont appelés Yaguistes. Ils racontent leur quotidien tout en croyant en l’apport de la diversité d’opinions, de réflexions et d’expériences. Il est dit que des chocs des idées jaillit la lumière. Notre fil conducteur est le respect mutuel dans la diversité. Yaga enfin, c’est vous les lecteurs, qui participez, grâce à vos commentaires. Chez nous nous disons: venez on va « yaguer. »

Yaga c’est un témoin, un récit.

⏮️ Inkuru igaruka kw’igandagurwa rya Nadine Bukuru, iri mu zasomwe na benshi mu 2025 kuri Yaga📋 Ku rutonde rw’inkuru zas...
01/01/2026

⏮️ Inkuru igaruka kw’igandagurwa rya Nadine Bukuru, iri mu zasomwe na benshi mu 2025 kuri Yaga

📋 Ku rutonde rw’inkuru zasomwe mu 2025 ku rubuga Sitweb ya Yaga iza mu kibanza c’7. Yanditswe muri Ruheshi. Uwo mukenyezi yari mu bitaro bikuru i Gitega aho yari yavyariye. Yarabuzwe irengero, inyuma y'imisi ibiri atorwa ari ikiziga ku nkengera z'uruzi Ruvyironza, mu Giheta mu ntara ya Gitega. Yaga yaratohoje ido n'ido kuri iryo gandagurwa bunyamaswa.

👧🏾 Nadine Bukuru, yari umukenyezi w'imyaka 31, yari yibarutse bamukoze, kuko hatari bwagere ko yibaruka. Hari itariki 9 Ndamukiza 2025. Ku mugoroba wo ku wa 17 Ndamukiza, nk'isaha zitatu n'inusu z'ijoro (21h30), yavuye mu bitaro i Gitega, asize umwana wiwe aryamye mu bitaro (muri Néonatalogie). Kuva ubwo, ntawasubiye kumenya irengero ryiwe gushika atorwe ikiziga.

Itariki 18 Ndamukiza, abavyeyi biwe ni ho bumvise umukwe ariwe mugabo wa Nadine, Audace Niyonizeye abaterefona ababwira ko yabuze irengero ry'umufasha wiwe. Mukuru we niko kuva i Bururi aja i Gitega kuraba ivyabaye. Ahash*tse, Audace yamweretse ko adashaka kumenyesha intwaro ko yazimije uwiwe. Ahubwo bobanza kurondera.

📆 Itariki 19 Ndamukiza nk'isaha icumi z'umugoroba (16h), niho ikiziga ca Nadine catorwa mu Giheta, i Gitega ku nkengera za Ruvyironza. Igiporisi catanguye amatohoza kiranahamagara Audace, kimumenyesha inkuru mbi. Ariko we ntiyavyemeye. Ni ko kumuzana mu buruhukiro, ku bitaro bikuru vy'i Gitega, aho yari asanzwe ari, isaha 5 n'igice z'ijoro (23h30).

Gushika aho, wa mugabo wiwe ntiyari bwaze kumuraba. Ariko vyabaye ngombwa ko basubira kumuterefona kugira ababwire umwidondoro. Audace ntawo yabahaye, ahubwo mu kanya gato yaciye ashika azananye n'abandi 4. Aho ni ho yatanguye kwerekana inyifato iyobeye, avuga ko uwo atari umugore wiwe ; bomuhamba ubwo nyene atarinjira mu buruhukiro, kubera ari umu isiramu (ariko ntivyari vyo nk'uko umuryango wabibeshuje). Ariko kw'itegeko ry'umukuru w'ibitaro, Nadine yashizwe mu buruhukiro.

⏭️ Inyuma y'imisi 3, itariki 22 Ndamukiza, uwo mugabo wiwe Audace hamwe n'uwundi yitwa Mélance barafashwe barapfungwa bikekwa ko boba baragize uruhara muri iryo gandagurwa. Aho bari bamaranye amezi icenda babana, kuko bagize ubugeni, itariki 13 Mukakaro 2024.

Nadine yamaze igihe atarafubanwa iteka. Wa mwana akiri mu bitaro, kubera ukutavyumvikanako hagati y'iyo miryango ibiri, ariyo uwa Audace n'uwa Nadine. Umuryango wa Nadine wahavuye umushingura itariki 7 Rusama i Kagomogomo, i Buta muri komine Bururi, hafi y'aho asanzwe avuka, kandi ntawo mu muryango w'umugabo yahaje.

👶🏾 Umwana nawe ibitaro vyamuhaye mukuru wa Audace, yitwa Japhet Niyonkuru, itariki 28 Rusama. Gushika ico gihe, dosiye y'urubanza RMPG 10321 yari mu butungane. Umuryango wa Nadine wari urindiriye ivyo ubutungane buzoshikako.

➡️ Ido n'ido ry'iyo nkuru muyisomere aha : https://shorturl.at/BRIad.

01/01/2026

🤓 S**a ivyo bisanga mwagize muri 2025🤣

🫴🏾 Prezida Ndayishimiye ati : “N'uwutagira itongo, tuzomwereka mu 2026 aho aja kwimba ubutare, yikenure”👆🏾 Ivyo yabishik...
01/01/2026

🫴🏾 Prezida Ndayishimiye ati : “N'uwutagira itongo, tuzomwereka mu 2026 aho aja kwimba ubutare, yikenure”

👆🏾 Ivyo yabishikirije mw'ijambo ry’ugusozera umwaka no kwifuriza Abarundi umwaka mushasha w’2026, umwaka avuga ko witiriwe “gukunda igihugu” 🇧🇮

👉🏾 Yongeyeko ati : “Urudandazwa rugenda neza iyo n'amabarabara yo mu gihugu ameze neza […]. Ubu rero igishikiriwe, aho turiko turashira umwitwarariko kurusha ibindi, ni gukomeza inzira zo mu biyaga n'indarayi” 🚊

🛣️ Igisata c'ubudandaji ngo gitezwa imbere n'umuyagankuba utuma hahingurwa hakanabikwa ibidandazwa neza. Uyo mwaka uheze hakaba huguruwe ingomero 3, nk’uko bishikirizwa na prezida Ndayishimiye. Izo nazo ni : Rusumo, Jiji na Ruvyitonza, hamwe na Murembwe yimirije kwugururwa. Ubu Uburundi ngo “bugeze kuri MgW 165, ariko basanze Abarundi bakoresha 90 gusa”.

⚡️ Ahamagarira Abarundi kwubaka amahinguriro ahingura umwimbu “kuko umuyagankuba uhari, ari n’umusesekara”.

✍🏾 Evariste Ndayishimiye amenyesha ko mu butunzi bufatiye ku butare, “hatowe ubwoko bushika 40 budandazwa mu makungu”. Ari naco catumye hahinyanyurwa indanganizo nshasha zituma bwimbwa n'Abarundi hisunzwe amategeko.

🇷🇼 Ku bijanye n'imigenderanire n'ayandi makugu, umukuru w'igihugu avuga ko “badahengeshanya kuguma begera Urwanda barusaba ngo rubabwize ukuri ico ruhora Uburundi kugira bagire ibiganiro, bitorerwe umuti ata kirononekara”. Ariko, nk’uko yabishikirije mw’ijambo ritangura umwaka, ngo “ikibabaje ni uko indongozi z'Urwanda ata nakimwe barashikiriza cotuma batera Uburundi”.

📲 Ijambo ryose murisanga ku rubuga YouTube rwa tezeviziyo nkuru y’igihugu : https://youtu.be/75IRvs1C9qI?si=sr9-YatPvSFC0rk2

01/01/2026

👦🏾 Kim Kelvin Mugisha ati : "akazi karaboneka n'aho bitabaye ibishemeye cane."

Mweho vyagenze gute ?

🤗 Bakunzi bahire, Yaga irabipfurije umwaka mwiza w'2026 🥰🥳 Tukaba turakandagije ibirenge vyacu vyose mu 2026. Aho muri m...
31/12/2025

🤗 Bakunzi bahire, Yaga irabipfurije umwaka mwiza w'2026 🥰

🥳 Tukaba turakandagije ibirenge vyacu vyose mu 2026. Aho muri mwese, Yaga irabakengurukiye, ibabwira iti : "Umwaka mushasha mwiza w'2026"🫂❤️

Mwe mutahengeshanije gushirako 👍🏾 ku nkuru twabashikirije mu 2025, mwe mudatangwa kuzisangiza abandi, tutibagiye babandi bagira "commentaires", na cane cane rero abaduha ivyiyumviro Inbox, mwe muratesa cane, imitima myishi tuyitumbereje iwanyu 🫶🏽🫡

💃🏿 Ng'uyu rero umwaka w'2026 uratanguye. Yaga ibipfurije amagara meza, ubwira no kuroranirwa mu vyo mutegekanya gukora vyose, eka muze musayangane 🔥

😇 Ehe rero, muri "commentaires" uhamagare umwe wipfuza kubona hejuru cane mu 2026, ariko kandi utubwire na bishasha wipfuza kubona kuri Yaga mu 2026.

31/12/2025

🎤 Uku niko FOMI yasubirije mu ndumane uwuhagarariye ubushikiranganji bw'ikigega ca Reta ? 👇🏽


31/12/2025

🤣 Ehe Billy baramuteye uw'inyana kuri Bonane 💔

👨🏾‍⚖️  Kubera iki mu Burundi, ikibazo c'ubutungane bukwega ibirenge kiguma kigaruka ?  izindi ntambamyi mu kibano.⚖️ Si ...
31/12/2025

👨🏾‍⚖️ Kubera iki mu Burundi, ikibazo c'ubutungane bukwega ibirenge kiguma kigaruka ?

izindi ntambamyi mu kibano.

⚖️ Si rimwe si kabiri, twama twumvise imyidogo ku kibazo c'imanza zidacika ngo zive mu nzira, ubutungane bukwega ibirenge, izicika ntizije mu ngiro, n'ibindi. Yamara ivyo ntibikora ku nzego n'abanyagihugu gusa. Birafise.

✍🏾 Muri kino gisomwa c'umwanditsi wa Yaga : https://shorturl.at/DHtSQ , hari ivyo yagarutseko.

🤏🏾 Ivyo tuvuze rero biratuma n'icizere abanyagihugu bagirira inzego za Reta kigabanuka, kubera amakosa akorwa n'abari bajejwe gukurikirana ko ubutungane bukora neza.

🧾 Ikibazo c'ubutungane bukwega ibirenge, n'umukuru w'igihugu aramaze kukigarukako akatari gake. Igihe yaha ikiganiro abamenyeshamakuru muri Kigarama, yamensheje ko mu mwiherero bagize, ikibazo c'ubutungane camaze iminsi 3 conyene.

🙋🏾‍♂️Ariko rero naho bituma haza icuka kibi hagati y'abafitaniye amatati, hari imvo twasiguriwe n'umuhinga yakoreye cane mu gisata c'ubutungane, harimwo :

1️⃣ Kubura ibikoresho n'abakozi bikwiye bafatiye ku bwinshi bw'amadosiye ;

2️⃣ Kuba hari igihe usanga ubutungane butigenga bivanye n'ubushobozi bwa bamwe canke ivyicaro mu vya poritike ;

3️⃣ Ikiringo co kwiga amadosiye ni kinini, ibica bituma nk'abapfunzwe bamara imyaka myinshi barindiriye.

💬 Dosiye FOMI : “Umushikiranganji w’ikigega ca Reta yaraturengeye akarimbi cane”👉🏿 Ayo ni amajambo ya Hermenegilde Manya...
31/12/2025

💬 Dosiye FOMI : “Umushikiranganji w’ikigega ca Reta yaraturengeye akarimbi cane”

👉🏿 Ayo ni amajambo ya Hermenegilde Manyange, icegera c’umuyobozi mukuru w’ihinguriro ry’ifumbire FOMI, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 31 Kigarama 2025. We avuga ati : "FOMI ikwiriye ikidari."

🔙 Ico kiganiri ku banyakuru kibaye mu gihe, kuri uyu wa 30 Kigarama 2025, iryo hinguriro FOMI ryari ryaraye ryisiguye biciye ku rubuga rwa Facebook ko ata terabwoba ririko riragirira umushikiranganji w'ikigega ca Reta Alain Ndikumana. Twarabibashikirije aha : https://shorturl.at/nDgC6

👨🏾‍💼Hermenegilde Manyange agira ati: “Umushikiranganji ajejwe ubutunzi yaraturengeye akarimbi. Yatanze amakuru adatahura neza. Ngira vyoba vyavuye ku kuba agisa na mushasha mu mabanga. Twomusaba gusubira gusoma neza amaserano ari hagati ya FOMI na Reta, azoheza atahure ingene Reta y’Uburundi na FOMI bikorana.”

📌 Ku bijanye n’uko abarimyi bataronka ifumbire, ico cegera c’uwutwara FOMI abishira ahanini ku bukene bw’amafaranga mvamakungu kugira ihinguriro rironke ivyo rikoramwo ifumbire. Ariko, ngo arafise icizere ko ibintu bizogenda neza kuko ibanki nkuru y’igihugu BRB yabemereye amafaranga mvamakungu, n'aho bataramenya uko angana.

✍🏿 Abamenyeshamakuru bipfuje kumenya amafaranga mvamakungu ihinguriro FOMI ryoba rikenera kugira ifumbire ikwire abarimyi ; Hermenegilde Manyange yashimye kutayavuga.

❓Tumubajije igituma ari FOMI yisiguye mu gihe umushikiranganji w’ikigega ca Reta yadomyeko urutoke n’abandi nka ANAGESSA, icegera c’uwurongoye FOMI yavuze ko nimba abandi baranumye, bobo bashimye kudahora.

Turaza kugaruka kw'iyi nkuru mu buryo buramvuye, biciye mu majwi n'amasanamu (vidéo).

31/12/2025

🫡 Bano bakenyezi ni intwari. Barakingira ibidukikije mu mwuga wo kuropora urucekeri mu ruzi

📹 Muti gute ? Yaga yarabagengeye, kwirikira ivyo batwiganiye


👑 Ignace Kamatari, yari umwana w'umwami yiyamiriza akarenganyo k'abakoroni ku Barundi 📰 Kino gisomwa kigira umunani muri...
31/12/2025

👑 Ignace Kamatari, yari umwana w'umwami yiyamiriza akarenganyo k'abakoroni ku Barundi

📰 Kino gisomwa kigira umunani muri 10 mwasomye cane ku rubuga rwa "site web" kuri Yaga mu 2025, kigaruka ku mateka ya Ignace Kamatari. Muri Munyonyo, umwanditsi wa Yaga yagarutse ku kuntu Uburundi bwagize umwana w'umwami atandukanye n'abandi : Ignace Kamatari. Yavukana akongera akaba umuhanuzi w'umwami Mwambutsa. Yari kandi umukuru w'intara k**a ya Mugamba yo mu bumanuko. Mu gitabo citwa 'Princesse des Rugo', umukobwa wiwe Esther Kamatari avuga ko se cari ikigatanya gipima imetero 2,15.

💪🏾 Ntiyarya umunwa iyo hageze kuvuga ko abakoroni bariko bararenganya Abarundi. Ico gihe, abazungu nibo bari bica bagakiza mu Burundi. Umusi umwe, yinjiye mw'ihoteri Paguidas, ikibanza casa n'ikigenewe abakoroni, kiretse umwami Mwambutsa be n'umuganwa Kamatari bashobora kuhinjira bakicarana n'abazungu.

Ico yakoze uwo musi yinjijeyo, yafashe abantu bose barengana kw'ibarabara, ategeka ko binjira, babicarike, kandi babahe ico bafata. Hageze kuriha fagitire, yabwiye abazungu ati : "Nimuyirungikire Umubirigi.", aca arisohokera aritahira.

🤦🏾‍♂️ Uwundi musi, yinjiye buhoro buhoro mu kabare kari mu gisagara ca Bujumbura. Abona umuzungu ariko atuka Umurundi amubuza ko asaba ikiyeri. Ivyo birashavuza Ignace Kamatari. Aca afata wa mukoroni amuterurana n'intebe amuta hanze. Aca ategeka ko baha uwo Murundi ico asavye kunywa.

Yaraharanira ko abantu bose bangana imbere y'amategeko. Mushima ko yanka aka mwana wa mama, umusi umwe yagiye kwumviriza amanota y'umukobwa wiwe Esther Kamatari, asanga yarayobewe. Yaramuhanye, mbere aca amuha igihano co gutaha n'amaguru ku birometero birenga 11, mu gihe yariko atwara n'imodoka abandi bana baronse amanota meza.

🕺🏾 N'ubwo vyose yabikora mu gikenye n'inguvu ziwe, yari umugwaneza. Kamatari yarakunda akaziki no kugacuraranga. Yatembera muri Mercedes isa n'ubururu, kandi yagize uw'12 mu bahawe "permis de conduire" mu Burundi. Mu 1964 niho yashengera, agandaguriwe mu Kamenge.

➡️ Inkuru mwosubira mukayinovora hano : https://shorturl.at/laMVY.

31/12/2025

😇 Namwe mwabayeho gute muri uno mwaka wa 2025 ?

Address

Rohero

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Yaga posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Yaga:

Share

Our Story

Bienvenue sur la page facebook de Yaga. Yaga signifie « raconter », en kirundi. Nous sommes une communauté de blogueurs, amoureux du Burundi, avocats de la liberté d’expression, et par notre diversité de réflexions et d’expériences nous voulons changer les mentalités. Rassemblés aux prémices des élections présidentielles de 2015, nous souhaitons, par nos plumes et nos voix, faire entendre les aspirations de la jeunesse burundaise pour contribuer à l´édifice d´une société pacifique en mouvement vers le progrès. Notre slogan, « Un témoin, un récit », est notre fil conducteur. Nous croyons que du choc des idées jaillit la lumière. Par cette approche singulière, dans un pays parfois divisé, nous voulons montrer aux Burundais que notre diversité est notre force. Nous proposons quotidiennement des sujets qui créent du débat et nous nous efforçons de modérer les échanges. Si toutes les opinions sont tolérées, nous n’acceptons pas les commentaires racistes, sexistes, diffamatoires et injurieux. Prenez part à la discussion dans le respect ! L´équipe Yaga.