Geratech MEDIA

Geratech MEDIA Atelier de l'informatique de Génie Civil et Commerce General

28/05/2025

✈️ : Mu mutwenzi wo kuri uyu wa 28 2025, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Ndayishimiye Evariste, yafashe indege agana igihugu ca Repubulika y’ . Ni mu ntumbero yo kwitaba ibikorwa vy'Inama igira 12 yo ku rwego rwo hejuru y’Umugwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro, umutekano n’ugufashanya mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo hamwe no mu karere, itegekanijwe kuri uwu wa 28 2025.

27/05/2025
  ati: "Si irya mbere nambaye uwu mwambaro, hariho abari ngaha bawambaye ari jewe ndabambitse". Yabwiye abari bitavye im...
27/05/2025

ati: "Si irya mbere nambaye uwu mwambaro, hariho abari ngaha bawambaye ari jewe ndabambitse". Yabwiye abari bitavye imyiyamamazo y'Umugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya muri Komine . Aho ni mu gihe hari haheze indwi zibiri Lieutenant Général de Police Ndirakobuca Gervais ashizwe mu bakukuruke mu giporisi c'Uburundi kw'itegeko ry'Umukuru w'Igihugu. Umushikiranganji wa mbere wa Reta y'Uburundi yabonetse kuri uwu wa mbere mu myiyamamazo y'umugambwe .

✍️ Abanyeshure bagera kuri 85 210 nibo bari bitezwe gukora ikibazo ca Reta co mu mwaka w'icenda mu gihugu cose muri uno ...
27/05/2025

✍️ Abanyeshure bagera kuri 85 210 nibo bari bitezwe gukora ikibazo ca Reta co mu mwaka w'icenda mu gihugu cose muri uno mwaka wa 2025.
🤗Kuva Kuri uyu wa 26 Rusama gushika igenekerezo rya 28 Rusama nyene, abanyeshure bo mu mwaka w'icenda mu gihugu cose bariko barakora ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kubandanya amashure y'inyuma ya shure shingiro(Concours National), ico kibazo bikaba vyari vyitezwe ko abagera Kuri 85 210 aribo bazogikora, bagakorera mu bibanza bishika kuri 908 hamwe n'ababacungera bangana n'ibihumbi 2982(aba surveillants mu rurimi rw'igifaransa).
🙋‍♂️ Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François Havyarimana akaba yatangurije ico kibazo ku mugaragaro mu buyobozi bw'indero bw'intara ya Rutana , kw'ishure ryisumbuye rya komine Butezi(Lycée Communal de Butezi) ritwarirwa mu buyobozi bw'indero bwa komine Giharo. François Havyarimana ariko aratanguza ivyo bikorwa vyo gukora ico kibazo ca concours National akaba yarikumwe na buramatari w'intara ya Rutana .
🙌 Kuri uno munsi igenekerezo rya 27 akaba ari umunsi ugira kabiri w'ikorwa ry'ico kibazo, aho mu bice atari bike bamenyesha ko ikibazo kiriko gikorwa neza. Aho ni mu gihe gushika ubu atakirahurumbanya canke conone ikibazo kiraboneka mu bice vyose bigize igihugu.

Address

Cibitoke Tr7
Rugombo

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Geratech MEDIA posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share