27/05/2025
✍️ Abanyeshure bagera kuri 85 210 nibo bari bitezwe gukora ikibazo ca Reta co mu mwaka w'icenda mu gihugu cose muri uno mwaka wa 2025.
🤗Kuva Kuri uyu wa 26 Rusama gushika igenekerezo rya 28 Rusama nyene, abanyeshure bo mu mwaka w'icenda mu gihugu cose bariko barakora ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kubandanya amashure y'inyuma ya shure shingiro(Concours National), ico kibazo bikaba vyari vyitezwe ko abagera Kuri 85 210 aribo bazogikora, bagakorera mu bibanza bishika kuri 908 hamwe n'ababacungera bangana n'ibihumbi 2982(aba surveillants mu rurimi rw'igifaransa).
🙋♂️ Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François Havyarimana akaba yatangurije ico kibazo ku mugaragaro mu buyobozi bw'indero bw'intara ya Rutana , kw'ishure ryisumbuye rya komine Butezi(Lycée Communal de Butezi) ritwarirwa mu buyobozi bw'indero bwa komine Giharo. François Havyarimana ariko aratanguza ivyo bikorwa vyo gukora ico kibazo ca concours National akaba yarikumwe na buramatari w'intara ya Rutana .
🙌 Kuri uno munsi igenekerezo rya 27 akaba ari umunsi ugira kabiri w'ikorwa ry'ico kibazo, aho mu bice atari bike bamenyesha ko ikibazo kiriko gikorwa neza. Aho ni mu gihe gushika ubu atakirahurumbanya canke conone ikibazo kiraboneka mu bice vyose bigize igihugu.