20/04/2021
👏Birakwiye ko abantu mwese mwihana ivyaha vyose mwakoze mukakira Yesu Kristo mubugingo bwanyu, mukabatizwa mu mazi no muri Mpwemu Yera(muri Mwuka Wera),
🤝Turabatahije mw'izina ry'Umucunguzi wacu Yesu Kristo, amahoro y'Imana Se w'Umwami wacu Yesu Kristo abane namwe aho muri hose kandi yongere abane natwe,
🌹Bene Data bakundwa n'Uwiteka, mbega abantu b'Imana baroye hehe?
🌹Imana itubabarire cane kuko hariho abigira bene Data kandi atari bo,
🌹Hariho abigira abavugishwa n'Imana kandi atari bo canke ugasanga n'abavugishwa b'ibinyoma,
🌹Hariho abo Imana yahaye ingabire ariko bakazikoresha ukutariko mubidahimbara Imana,
🌹Imana itubabarire, erega Imana Niyo yaturemye ariko tugakora ibitayihimbara kandi yaratwiremeye, twikebuke. Mana ubidufashe twoye kukubabaza uturinde satani,
🌹Hari Umuntu ahabwa Ingabire yo Kumenya, y'ubuhanuzi(Nabi-Prophète), kwerekwa canke yo kuvugishwa ari mw'ishengero agaca ava mw'ishengero akagenda maze abandi bamwe bamwe bati noneho uwurimwo Imana n'uyo nyene bagaca bamukondorera inyuma aho gukondorera inyuma ya Christ,
🌹Mwene Data, Imana itanga ingabire zitandukanye,
🌹Imana iguhaye Ingabire yo kuririmba s'iyo gukoresha m'ubwibone canke kugaya abandi ariko niyo gukoresha mubihimbara Data no gukomeza ishengero,
🌹Imana iguhaye Ingabire yo kubona ivy'abandi batabona n'ingabire Imwe muzo Data atanga kandi s'iyo gusambura ishengero Rya Christ ahubwo n'iyo kurikomeza ukuzuzanya n'abandi mu zindi NGABIRE Data yabahaye,
🌹Mw'ishengero ry'Imana habamwo Ingabire zitandukanye kugira ngo habe kuzuzanya mugukomeza igikorwa ca Data,
🌹Ushobora kugira ingabire yo kuvugishwa ariko utazi kuririmba, kuvuza guitare na canke piano,...
🌹Ingabire Imana yaguhaye s'iyo gusambura n'iyo kwubaka igikorwa cayo no kugikomeza,
🌹Mwene Data, irinde gusambura ishengero ry'Imana, ahubwo muryagure mwubake ingoro nyinshi zo gusengeramwo n'abakizwa babe benshi,
🌹Buri wese agize icuyumviro ciza nacubakishe ahari apana guca mushinga amashengero yanyu "kuko", mbe hamwe buri wese yashinga ishengero ryiwe vyomera bite?
🌹Irinde impwemu mbi yo gukoresha Ingabire ufise mubitanezereza Ndiho, kuragura no kuyicisha amahera kubw'inyungu zawe bwite atari kubwo gufasha benshi kuzoshika mw'ijuru,
🌹Koresha neza Ingabire wahawe,
🌹Saba Imana igufashe kandi ikurinde kuzimizwa na satani mukugukoresha mubidahimbara Imana•
🌹Yemwe yemwe, muvy'ukuri turabasavye tunabinginga: Ntabwo dukunda abinjira muri groupe Whatsapp bagaca basohoka kuko biteza uruhagarara n'ibibazo,
🌹Hinjire abadasohagurika, turabibasavye dushimitse cane muzoba mukoze neza, Kwinjira muri groupe Whatsapp, injirira aha:
https://chat.whatsapp.com/KTd2tJduckEIHwaeSnkKjf
🌹Vyinshi caaane vyisomere kuri page, wibuke like(aime la page) bizokworohere kubona bishasha ugire na partage(Share) des posts de la page kugira ngo benshi bashikirwe,
🌹Injirira ng'aha kuri page Lumière de la paix: https://www.facebook.com/Lumiere-de-la-paix-336845653580308/