29/09/2025
🔴🔵 :🇺🇸 💔🕊️Urusengero rwaba Tagatifu "Michigan church" iri muri Amerika yaraye itewe mumasaha yogusenga haba iraswa ryamasasu, gushika naho rufatwa numuriri rurasha.
==========================
🔴🇺🇸🎤 Amakuru dukura kukinyamakuru TMZ avuga Yuko iryo terwa ryaraye ribaye kuri Michigan Church, Yuko harashwe amasasu abantu bariko basenga, ndetse Bamwe baza kuhasiga ubuzima abandi barakomereka.
🟢Polisi imaze kuhashika yagize ati: "Abantu benshi bararashwe mu rusengero rwa Yesu Kristo w'abatagatifu, kuruyu wamungu le 28/09/2025 aho Abayobozi bohejuru bavuga y'uko bagiye kumanuka, kandi abayobozi bavuga ko nta terabwoba rihoraho kubanyagihugu.
🟢 Nk'uko vyasabwe kubahiriza amategeko, kuvyaraye bibaye vyabaye hafi nko mu bilometero 50 mubuseruko bwa Detroit. Abapolisi bishuye bavuga ko abahohotewe benshi batewe n'amasasu. Abayobozi kandi bagaragaje kandi ko isengero ryatewe numuriro aribintu biteye isoni, aho hasigaye haba inkozi zikibi ziza kwica abantu bariko basenga.
🟢Ishami rikuru rya Polisi Nkuru ryasavye abanyagihugu kwirinda ibihuha mu gihe amatohoza akibandanya. Bitegekanijwe ko guha ikiganiro n'abanyamakuru kizotanga ukwisigura guhagije harimwo n'umwanya w'abahohotewe inyuma yiryo terwa. Uwushijwa kuba y'akoze iryo terwa ni "Thomas Jacob" yahoze arumusirikare. Muri Kano kanya niwe ariko akorwako iperereza.
✍️Duhoze imiryango yabuze 💔🕊️
Credit By