KATHY kathia Mwiza

  • Home
  • KATHY kathia Mwiza

KATHY kathia Mwiza Le monde vivant qui nous entoure

Nihutiye kuja kurabako denise nkurunziza akakantu yakumvise nsanga yakumvise kera nawe arumirwa gusa murupfasoni rwiwe a...
23/06/2025

Nihutiye kuja kurabako denise nkurunziza akakantu yakumvise nsanga yakumvise kera nawe arumirwa gusa murupfasoni rwiwe ashima kwinumira akicira akagani ngo intimenya niyo ntinegura. Njelina wee kuva hasi gushika hejuru namakori yacu rero vyoba vyiza uvuigenjemwo neza kuko twabahaye kuducungira ntitwabahaye kudusahura nokudukenesha, ntimuhari ngo mwikorere ikirori muhari kugira mutunganirize abarundi, fatira Akarorero kubakubanjirije siwewe mugore wambere muburundi abaye first lady uri mubandi rero niwigenze neza nkabandi ntuduceko ubutegetsi buzokuvako hama tuzokwishuza ico mwamaze

Mkombozi ati: umusoda ashobora kurinda kurugamba nokurasa akarwana nkigikoko ariko yashika imbere yinkumi bikamunanira k...
16/06/2025

Mkombozi ati: umusoda ashobora kurinda kurugamba nokurasa akarwana nkigikoko ariko yashika imbere yinkumi bikamunanira kuresha indugumba ikabira nomunyo ubwoba nisoni bikamumara...

Bibwirwa benshi bikumva benevyo

 #  # #AMATORA YAGENZE NEZA CANE IVYO CNDD-FDD YAKOZE NIBISANZWE MUGIHE WIVYE IBIGUGU BIKANUMA UBA UBINYAYE, MUGIHE USHI...
16/06/2025

# # #

AMATORA YAGENZE NEZA CANE IVYO CNDD-FDD YAKOZE NIBISANZWE MUGIHE WIVYE IBIGUGU BIKANUMA UBA UBINYAYE, MUGIHE USHIZEHO CENI YAMANYANGA IGIZWE NUMUGAMBWE UMWE KUVA HEJURU GUSHIKA HASI MURI BUREAU DE VOTE ABOMUHIGANWA BAKANUMA UBA UBANYAYE NAHONYENE UMUKINO WAMATORA UBONEKERA

IYO UBUJIJE ABAMENYESHAMAKURU GUTANGAZA IVYOBARIKO BARABONA KURI TERRAIN IMIGAMBWE IKANUMA NTIVYIYAMIRIZE IJE MUMABARABARA, UKABUZA INDOREREZI ZITAVYUMVAKUMWE NA CNDD-FDD BAKANUMA, UGAPANGA AKARERE UKAGIRA IGIPOLISI CUMUGAMBWE BAKANUMA UGATEGURA IMBONERAKURE UKAZIGISHA IVYAGISIRIKARE BAKANUMA NTIHAGIRA NUWUJA MWIBARABARA AVYIYAMIRIZE NONE MWUMVA IKOSA RYA CNDD-FDD RIRIHEHE.?? NIYOMPAMVU KIROGOROGO YIVUGIYE ATI IVYOMUTAVUZE IMBERE AMATORA ATARABA UBU NIHOMUBIVUGA NIMUNUME VYARABANYAYE HAKIRI KARE RERO TEKEREZE BABAHONDE MUMUTWE MURIMBUNUZA, AHO IVYOVYOSE BABIPANGA MWARIHE KWATAWARYOGOYE?

ABARUNDI BENSHI BABUZE IMBONEZA ZIBAJA IMBERE NABO BAKURIKIRE, BABUZE UWUBAHA INTUMBERO YOGUHARANIRA AGATEKA KABO, IMITUMBA YOSE YIGIHUGU ICUNZWE NIMBONERAKURE ZIRAKUBAGURA ZIGAKUBITA UWOZISHAKA ZIKICA UWOZISHAKA KANDI BOSE BAKANUMA HAKABURA UMU LEADER AFATA IYAMBERE ATANGE INTUMBERO NONE MWUMVA ARAMAKOSA YA CNDD-FDD? IYO UMUNTU AGUHOHOTEYE UKANUMA AKAMAKOSA SAYUWURIKO ARAHOHOTERA AHUBWO NAYUWO YANUMYE AKEMERA GUHIHOTERWA NICOGITUMA AMATEGEKO ADAHANA UWIVYUNYE MUGIHE URIKO URAHOHOTERWA CNK UGATERWA MURWAWE UKIVUNA NTAKOSA UFISE NIMBERE YIMANA URERA ARIKO URETSE UKARERA AMABOKO BASHA NUMUGORE WAWE VARAMUKWENDERAKO URABA, ABANA BAWE BARAKUBITWA URABA, UBURIRI BWAWE BARABUHONGANGAKO URABA, INZU YAWE BAYIHINDURA OYONDOYONDO URABA MWICOGIHE NTAMUGABO UBURIMWO UBURIMBUNUZA NIKO ABARUNI BAVYITA.

CNDD-FDD SONGA MBERE KOMEZE ICINYIZE IZOMBUNUZA HAMA NAZO ZIZE ZIRAHENDWA NABA PROPHET NGO IMANA IZOZA KUBAGWANIRIRA IJE MWIBARABARA YIYAMIRIZE IHOHITERWA BAKIRERWA... IBIGUGU GUSA,

MURI BIBILIYA HANDITSENGO IKIGUGU NUBWO WOGIHURA MWISEKURO CO CONOGA ARIKO UBUGUGU BWACO NTIBWODONOKA NAGATO, AHA NTIBITANGANJE KO IBIGUGU BIRIBUFATE IYAMBERE BINYIYAMIRIZE.

HONGORINJAVYI VARISITO

15/06/2025

Haribigugu numvise ngo kuvyamatora bigiye kwitwara muri permanance ya cndd-fdd ariyo yitwa sentare yibwirizwashingiro

Ukazubona ikigugu cumugabo ngo numunyapolitique agiye kuririra neva ngo nahagararire democratie yiyamirize ubusuma bwama...
14/06/2025

Ukazubona ikigugu cumugabo ngo numunyapolitique agiye kuririra neva ngo nahagararire democratie yiyamirize ubusuma bwamatora kd icokigugu kikaja kumaradio ngo twarituye umukuru wigihugu.... ubujuju burama ntawuribwa n'inzoka yitware kwisato, mbe ko CENI yashize mungiro ivyo yategetswe na neva mushaka neva avuge ngo twarivye tugiye kwikosora?

Barundi rekane nubujuju nimuvyuke muve mwitiro nikazoza kanyu nimiryango yanyu muriko murakinirako abana ba neva babayeho neza cane ingaruka zokuba ikugugu ntuharanire uburenganzira bwawe bizobagirako ingaruka mugihe abategetsi bo bariko baterimbere nimiryango yabo.

Mwibazako aribande bagiye kugenda namaguru kubera ikena ryigitoro? Nibande bagiye guhura niduzwa ryibiciro kumasoko? Nibande bagiye kugorwa niterambere ryimiryango yabo kubera igihugu vyayangaye? Nibande bagiye guhohoterwa?

Mukiganiro neva yakoze mwarimwiteze iki? Kwavugango amatora nasubirwemwo? Koyemerako cndd-fdd yakoze ubusuma? Ko aterwubwoba nibibazo agahesha? Nigiki mwarimwiteze atari kujujuta gusa?

Harigihe nicara nkibaza nti aba bagabo bigira abanyeporitike ubwo barakwije mumitwe yabo? Ubwo barize ama equation, ubwo barize trigonometrie? Ubwo barize demonstration ? Ko bakora ibintu bitarimwo ubwenge nabuke bacaguma biremesha mubugugu ngo harya yumvise icotwashaka kuvuga burya barakwije neza mumutwe?

Abarundi aho baguma bidogera ahobari ataco bakora ubwo bitezeko ibintu bizikora vyonyene cnk barindiriye Imana ive mw'ijuru ize kwisi guhindura ibintu mukibanza cabo? Mwitezeko Imana ariyo izoza gucungera amatora? Mwitezeko Imana ariyo izoza kubuza imbonerakure gukora amabi?

Aha abarundi bokwiyegeranya kumitumba bakaza baraboha imbonerakure zigira surivu ibibintu ntivyohagarara? Aha abanyeporitike bohamagarira abarundi kwihagararako ntivyoba?

Nimuve mwitiro mubone ibikenewe hama mukore ibikenewe.

Jewe ndumugumyabanga ariko sinshimushwa nibihe igihugu Kirimwo kd turibenshi dusangiye ivyiyumviro mumugambwe, ijwi ryanje Rifise akamaro niyompamvu ntataye umwanya nja gutora kuko narinziko nubwo notora bitoharurwa bafise ivyo bahinyanyuye

Ndabakunda bzbz

Ziryezose reveriano

Kwisi yose muburundi niho hari abanyeporitike bibigugu kurwego rutaribwabeho kwisi, Bigenda gute umuntu akuze Yize amaze...
11/06/2025

Kwisi yose muburundi niho hari abanyeporitike bibigugu kurwego rutaribwabeho kwisi,

Bigenda gute umuntu akuze Yize amaze imyaka irenga 20 muri politique ajengaho yizereko azoja mumatora yateguwe na Cndd-Fdd guhera muri ceni kugeza muri bureau de vote ari aba dd gusa abatware bose aba dd gusa abapolisi nabasirikare aba dd gusa hama ukanjangaho ukizereko uzotsinda ndetse ukananka nokujahamwe nabandi ngo utsinda amatora kugatwe kawe numugambwe wawe.... utarikigugu harumuntu yiyumvira ivyo vyizera yarabonte ivyabaye 2010, 2015, 2018 na 2020?

Rwasa yabasavye kwiyamiriza ikumirwa ryiwe basimbira kumasunzu yinzu ngo ntibibaraba ngo bazoja mumatora kandi bizogenda neza hama nawe arabareka arabihoza none vyabagendeye gute?

Ababeshwe bamutwara umugambwe cnl aba dd babahenze none kobabimwe imbwa nimbwebwe birahererahe ko babeshako aba cnl bose babsrinyuma?

Caratuvunye ntitubahako nagafyete agapfa kaburiwe nimpongo, kuva 2020 tubamenyesha imigambi mitindi twateguye muri cndd-fdd ariko mutavyumva

Nubu mpejeje kubona ibigugu vyaba porona ngo birasavye umukuru wigihugu neva ahagararire democratie ntiyemere ivyavuye mumatora yatangajwe na ceni hahahha kujujuta ukuze birabishe pe, ni prezida nyene yabitegetse niwe arongoye cndd-fdd nkumukuru wurwego rwinararibonye rufatingingo bakaba baramaze gutangazako bashimushwa ningene amotora yagenze none ibigugu biraha ngo biramwituye abitunganirize.

Impunduka zizozanwa na revolution yabarundi nibobonyene bazohaguruka bakiyamiriza ibibintu

Ndabakunda mwese, bzbz

Kirabanze njelina

08/06/2025

Nimushime basha yabapfiriye neza mumuryango yarabateje imbere mwarakundana, yabasigiye vyose, mwame mumwibuka nivyiza kumuryango wanyu nokuba dd bibigugu ariko kandi muze mwibuka natwebwe yasize turimpfuvyi aduhekuye mwibuke abapfakazi muzemwibuka abagorewe mumakambi yimpunzi kubera uwonkurunziza mwebwe mushimira mumuryango. Uyumusi simba mbayeho mubuzima bushaririye nkubu iyaba nkurunziza atishe data, abavyeyi yahekuye baba bariko baratwenga, nkubu mama wanje abahimbawe abona umugabo wiwe ariko nkurunziza yaramunize yirengagiza ingene data yamurtamaryamyeko mwishamba ntiyicwe amuhemba kumwica urubozo. Nrakintu nubu kirandyohera nkurupfu rwa nkurunziza, nubwo bitazuye data na musazanje ariko vyarampumurije ko Ihora ihoze nubu iyonibutseko yapfuye ncanigurira irizimvye nkarinywa numutima mwiza nkiruhutse ko sekibi yadukuwemwo

07/06/2025

Impari muba dd harihateguwe gutangwa ikibanza 1 ca uprona muri buja, mubonagute bagihe mkombozi?

Burya muhereye kuri neva murabona muba dd harinumwe akwije neza mumutwe? Ivyaba dd ntabwenge nabuke bujamwo, uwukora mwi...
06/06/2025

Burya muhereye kuri neva murabona muba dd harinumwe akwije neza mumutwe? Ivyaba dd ntabwenge nabuke bujamwo, uwukora mwiperereza naho haba mukabare balamurihisha ayinzoga uzawumva yadutse ngo jewe muranzi?? Nkora muri documentation, aha mukanyosha umukozi wa documentation yazanye imaraya aha kukabare kwa king bokesha inyama habura ayokuriha acaraduka ati jew nkora muri doc ugasubira kundihisha nca ndagutwara mugasho, emw icogihe 2016 abantu bari bishavuriye vétérinaire yaramuyoye ati wambwawe babigushako muri doc murya ntimurihe? Barayoranye imaraya niyo yayarishe hama wamukozi wa doc acaja kuzana inkoho agarutse twese twaciye twitahira tugenda tumubonye, icondabivugiye nuko atamisi myinshi yahaciye yaciye yicirwa kumusaga bari baramaze kumumenya. Aba dd uzubona general cnk colonel aza kugutora nimodoka yiwe cnk yakazi kumurango izuba riva akagutwara bwaca bakagutora ikiziga hama ukaza wumva nkurikiye ngo nimushime ko nikiziga mukibonye mwibukeko 72 harabatabonye ibiziga aba dd bagaca bakoma amashi ngo yishura neza. Murafyina mugihugu aho prezida abwira uwitoza yigenga mkombozi ko ariko atumwanya namahera yiwe nkahumengo amatora yaraheze akora muri ceni, akaba arahejeje kwimenera ibanga ko ivyamatora , bahejeje kubihintanyura kera kd mkombozi ntarimwo, ninde atabitahuye uretse ibijuju gusa? Caratuvunye neva

Nimureke kwidigadiga ngo muri mumatora kirapanze ntitubahako nagafyete, Nimba mufise ubwenge aya namatora canke ninkinam...
05/06/2025

Nimureke kwidigadiga ngo muri mumatora kirapanze ntitubahako nagafyete,

Nimba mufise ubwenge aya namatora canke ninkinamico vyogutesha abantu umutwe gusa?

Aha mukanyosha jewe siniriwe ndaja gutora kuko nziko ijwi ryanje mugasandugu ridakenewe kuko baramaze kuntorera ntakamaro kokuja guta umwanya. Ariko ndahanura abandi kugenda kugira imbonerakure ntizibakorereko.

Murakoze

Twandikire: Telegram: https://t.me/kathiamwiza

Kuri Mkombozi, aka gakete nakawe twagukunda ariko ntaco dufise cogukora ngo tugutore, amajwi arazwi kandi na neva yarabi...
03/06/2025

Kuri Mkombozi, aka gakete nakawe twagukunda ariko ntaco dufise cogukora ngo tugutore, amajwi arazwi kandi na neva yarabikubwiye, perroquet arrogant ntaziguhisha yaramaze kurimena

Amatora yaraheze kera twaragipanze mumugambwe, hasigaye gutangaza ivyavuye mumatora gusa. Barundi barundikazi ivyegerany...
03/06/2025

Amatora yaraheze kera twaragipanze mumugambwe, hasigaye gutangaza ivyavuye mumatora gusa.

Barundi barundikazi ivyegeranyo vyamatora birahari kandi birasinywe hasigayeko prosper abisoma gusa. ntahiganwa ririko riraba hariko haba ibirori gusa nahandi umugamwe cndd ntawuzokuroreramwo urafise 95%

Mukoeze musengere igihugu

Address


Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when KATHY kathia Mwiza posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share