
10/08/2025
*_IJAMBO RY'IMANA_*
*🗓️ indwi ya 19 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années impaires_*
*📖IGISOMWA CA MBERE*
_📜Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (10, 12-22)_
Muri irya misi, Musa yabariye ishengero ry’Israyeli ati: «None rero, Israyeli we, ico Umukama Imana yawe akugombako ni igiki, atari uko wubaha Umukama Imana yawe, ukagendera mu nzira ziwe zose, ukamukunda, ugakorera Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, ukongera ukazigama amabwirizwa y’Umukama n’aya mategeko nguhaye uyu musi kugira ngo uhimbarwe? Nka ko na none, Umukama Imana yawe ni we Nyenijuru na rya juru risumba ayandi, akaba ari we Nyenisi n’ibirimwo vyose. Ariko rero, Umukama yarihambiriye ku basokuru bawe kubera urukundo abafitiye, araheza yitorera mu bindi bihugu vyose uruvyaro rwabo ari mwebwe nyene, nk’uko muvyibonera uyu musi. Ni uko rero, nimwigenyere ku mushaha kandi nimureke kuba intagondwa, kuko Umukama Imana yanyu ari Imana isumba izindi n’Umukama asumba abandi, akaba ari we Imana yanyu ari Imana nkuru, Mushoboravyose kandi ateye ubwoba, kuko atagira nkunzi kandi kuko adasobanura umwe mu bandi kubera ibiturire. Ni we aburanira impfuvyi n’umupfakazi, akaba ari we akunda akavantara akamuha utwo arya n’utwo yambara. Namwe rero, ni mukunde akavantara, kuko mwari ba kavantara mu gibugu ca Misiri. Umukama Imana yawe azoba ari we mwubaha mukamukorera; ni we muzokwihambirirako, mukarahira kw’izina ryiwe nyene. Ni we utegerezwa gushemeza, kuko ari we Imana yawe; yarakugiriye noneho vya bindi bihambaye vy’agacavutu wiboneye n’amaso yawe; abasokuru bawe bari bamanutse mu Misiri bari mirongo indwi gusa, Umukama Imana yawe yarakugwijije, ubu aguha ubwinshi bungana ubw’inyenyeri zo kw’ijuru.»
*📖IZABURI*
*📜IZABURI 147 (147B) 12-13, 14-15, 19-20*
_📜Icit. Yeruzalemu, igine Umukama._
Yeruzalemu, igine Umukama, nawe Siyoni, shemeza Imana yawe! Ni we yashimangiye ibikingi vy’ibirimba vyawe, akaguhezagirira abana bawe.
Ni we atekanya imbibe zawe, akaguhimbisha akanovera k’ingano. Ni we arungika ijambo ryiwe kw’isi, rigaheza rikagenda riranyaruka.
Ni we yamenyesheje Yakobo ijambo ryiwe, agashiikiriza Israyeli amabwirizwa yiwe n’ingingo ziwe. Nta kindi gihugu na kimwe yagiriye ben’uko, nta kindi gihugu na kimwe camenye ingingo ziwe.
*📖INKURU NZIZA*
*_🎼Aleluya, aleluya_*
_📖Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe, Umukama ni mweranda mu bikorwa vyiwe vyose._
*_🎼Aleluya_*
_📖Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 22-27)_
*Muri irya misi, aho abigishwa bari kumwe na we mu Bugalile, Yezu yababwiye ati: «Umwana w’umuntu azogwa mu minwe y’abantu, bazomwica, no ku musi ugira gatatu azozuka.» Abigishwa birabababaza cane. Bahindukiye i Kafaranawumi, abatozakori baza kubwira Petero bati: «Mbe shobuja ntatanga ikori?» Ati: «Araritanga.» Petero asubiye i muhira, Yezu amusanganiza kumubaza ati: «Simoni, uvyiyumvirako iki? Abami bo kw’isi batoza ba nde ikori canke urmperezwa? Abana babo canke ba kavantara?» Simoni yishura ati: «Ba kavantara.» Yezu aramwishura ati: «Noneho ga, abana bakabaye bararekuriwe. Mugabo, kugira ngo ntidutirimutse abo bantu, genda kuraba ku kiyaga; ifi ya mbere ufata, yugurure umunwa, uza kuyisangamwo igiceri c’isitateri. Uheze ukijane kuntangira ikori kandi nawe uryitangire.»*