Dieu nous pardonne le péché

  • Home
  • Dieu nous pardonne le péché

Dieu nous pardonne le péché Ikigongwe c'IMANA.
+umwungere areka intama 99agenda kurondera intama imwe yari yazimiye,ayitoye arahimbarwa caaaane goooose.

UMUCUMUZI YIGAYE MWIJURU NO KWISI HABA AKANYAMUNEZA KESHI CAAANE..

NDABIPFURIJE WEEKEND NZIZA MWESE MUUNKURIKIRANA NDABAKUNDA CAAANE.🇧🇮🇧🇮
31/10/2025

NDABIPFURIJE WEEKEND NZIZA MWESE MUUNKURIKIRANA NDABAKUNDA CAAANE.🇧🇮🇧🇮

*_Ijambo ry’Umukama, ku wa 1 Munyonyo, Aberanda bose_*```Umusi mukuru cane```*IGISOMWA CA MBERE*_Ivyo dusoma mu gitabu c...
31/10/2025

*_Ijambo ry’Umukama, ku wa 1 Munyonyo, Aberanda bose_*

```Umusi mukuru cane```

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (7, 2-4. 9-14)_

*_Mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose._*

Jewe Yohani, mbona uwundi mumarayika aduga ava mu buseruko afise ikimenyetso c’Imana Nzima; arasemerera abamarayika bane bari barungitswe gusivya isi n’ikiyaga, ati: «Imbere y’uko musibanganya isi, ikiyaga n’ibiti, banza murindire, tubanze gushira ikimenyetso ku ruhanga rw’abasavyi b’Imana yacu.» Nca ndamenya igitigiri c’abashizweko ikimenyetso: ibihumbi ijana na mirongo ine na bine mu miryango yose y’abana b’Israyeli. Ivyo biheze, mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye ikanzu zera, bafise n’ibisanda mu minwe. Bahurikira hamwe bati: «Mana yacu uvyagiye ku ntebe, nawe mwagazi, ganza, sabwa!» Abamarayika bose rero bakikije ya ntebe, ba Batama na ba Bazima bane, bakubitira icarimwe ibipfukamiro hasi imbere y’intebe y’Ubwami, barunama ngo basenge Imana, bavuga bati: «Amen! Imana yacu n’ishemezwe, ikengurukwe, yubahwe, itsinde, yiganze mu myaka n’imyaka! Amen!» Umwe muri ba Batama ambwira ati: «Abo bantu bambaye ikanzu zera ni bande? Bavuye hehe?» Nanje nishura nti: «Muhanyi, ni wewe wobimenya.» Ansubiza ati: «Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye ikanzu zabo bazeresha amaraso ya wa Mwagazi.»

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

*IZABURI 23 (24) 1-2, 3-4, 5-6*

_Icit. Ng’uwo umuryango w’abarondera inyonga zawe, Mukama._

Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose, intara n’ibihaba vyose; kuko ari We yayiteretse ku mayaga, akayikomeza kuri yo.

Mbe bane, ni nde azokwirira ku murambi w’Umukama, akaguma mu kibanza ciwe ceranda? Ni umuntu mweranda, w’iminwe idahumanye, w’umutima udacambirwa ibintazi.

Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama, asagirwe n’ubutungane bw’Imana yamukijije. Ng’uwo umuryango w’abakurondera, barondera inyonga zawe, Mukama.

*IGISOMWA CA KABIRI*

_Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-3)_

*_Tuzobona Imana nk’uko iri._*

Bakunzi banje, itegereze namwe urwo Data yadukunze: We yadutoye tukitwa abana b’Imana, mbere turi bo vy’ukuri. Ni co gituma isi itatuzi, kuko na We itamumenye. Bakunzi banje: kuva ubu turi abana b’Imana, na co ico tuzoba ntikiramenyekana. Mugabo ico tuzi, ni uko muri ico gihe, aho Yezu azozira, tuzosa na We, kuko tuzomubona nk’uko ari. Na we uwo wese afise ako gatima k’ukumwizigira, ni mweranda nk’uko na We ari mweranda.

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama. ```

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, aleluya_*

_Umukama yavuze ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira.»_

*_Aleluya_*

_Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 1-12a)_

*_Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru._*

*Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo: «Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo! Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi! Hahiriwe abari mu marira, kuko bazohozwa! Hahiriwe abashonje n’abanyotewe ubutungane, kuko bazoshira ipfa! Hahiriwe abanyakigongwe, kuko na bo bazokigirirwa! Hahiriwe abari n’umutima mwiza, kuko bazobona Imana! Hahiriwe abaremesha amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana! Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo! Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabaremera amabi yose ku bwanje, muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru!»*

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

*_IJAMBO RY'IMANA_* *🗓️ _indwi ya 30 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, années impaires_*📖 *IGISOMWA CA MBER...
30/10/2025

*_IJAMBO RY'IMANA_*

*🗓️ _indwi ya 30 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, années impaires_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📜 _Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (9, 1-5)_

Ncuti zanje, ndavuga ukuri muri Kristu, simbesha, kandi ijwi ry’Umutima wanje rirabinyemeza muri Mutima Mweranda; numva intuntu nyinshi n’amaganya y’intatezura mu mushaha wanje. Egome, jewe nyene nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri. Bo ni Abanyisrayeli; baragenewe iteka ry’abana bo mu nzu, ubuninahazwa, amasezerano, amategeko, ivy’ugusenga icese, imihango, eka n’abasokuru. Kandi ni bo Kristu yamukako ku bw’umubiri, We aganza vyose, Imana nyaguhezagirwa mu myaka yose. Amen.

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

📖 *IZABURI 147 (147b) 12-13, 14-15, 19-20*

📜 _Icit. Yeruzalemu, igine Umukama!_

Yeruzalemu, igine Umukama, nawe Siyoni, shemeza Imana yawe! Ni we yashimangiye ibikingi vy’ibirimba vyawe, akaguhezagirira abana bawe.

Ni we atekanya imbibe zawe, akaguhimbisha akanovera k’ingano. Ni we arungika ijambo ryiwe kw’isi, rigaheza rikagenda riranyaruka.

Ni we yamenyesheje Yakobo ijambo ryiwe, agashiikiriza Israyeli amabwirizwa yiwe n’ingingo ziwe. Nta kindi gihugu na kimwe yagiriye ben’uko, nta kindi gihugu na kimwe camenye ingingo ziwe.

📖 *INKURU NZIZA*

🎼 *_Aleluya, aleluya_*

📑 _Mpumura, Mukama, niho nzokwihweza ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe._

🎼 *_Aleluya_*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (14, 1-6)_

*Umusi umwe, hari ku musi w’isabato, Yezu yinjiye mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarizayo ngo bamuzimane; bano na bo baramurereka. Imbere na ho, hari umuntu arwaye urusina. Yezu rero abarira abigisha n’Abafarizayo ati: «Mbega, hari ikizira gukiza umuntu ku musi w’isabato?» Na bo barinumira. Na we rero afata nya murwayi, aramukiza, aca aramurungika. Araheza arababaza ati: «None muri mwebwe, ni nde atoca ashayura impunda yiwe canke inka yiwe yatembagariye mu manga ku musi w’isabato?» Bano na bo babura ico basubizayo.*

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

29/10/2025
MURI UKARISTIYA NIHO TUBOHOKERA.https://whatsapp.com/channel/0029VbAWjnMJENxyX6QDu73RMurahawe ikaze kwiyo chaîne whatsap...
29/10/2025

MURI UKARISTIYA NIHO TUBOHOKERA.

https://whatsapp.com/channel/0029VbAWjnMJENxyX6QDu73R

Murahawe ikaze kwiyo chaîne whatsapp👆🏻👆🏻👆🏻👆🏻

UWURUSHE , UWUBABAYE NGWINO KWA YEZU AKUBOHORO.NIWE ABOHARA,NIWE AKIZA,NIWE AGANZAAA,NIWE MWAMI W'ABAMI,NIWE ASHOBOYE VYOOOSE.

Mugire KRISTU MUBUZIMA BWANYU.
28/10/2025

Mugire KRISTU MUBUZIMA BWANYU.

*_IJAMBO RY'IMANA_**🗓️ indwi ya 30 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années impaires_*📖 *IGISOMWA CA MBERE*...
28/10/2025

*_IJAMBO RY'IMANA_*

*🗓️ indwi ya 30 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années impaires_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📜 _Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (8, 26-30)_

Ncuti zanje, ni ko na Mutima Mweranda aradufasha mu ntege nke zacu: kuko tutazi ico twosaba ngo dusenge nk’uko bikwiye. Mutima we nyene ubwiwe aradusabira, aniha iminiho itagira amajambo. Uwusoma mu mishaha na we, aramenya ico Mutima yipfuza, kandi arazi ko ico asabira aberanda gihwanye n’ico Imana ishaka. Turazi neza ko Imana ifasha abayikunda, abo yitoreye nk’uko yabitegekanije, ikabigirira ivyiza. Abo yashimye kuva na kera, yarabageneye kuzofata agashusho k’Umwana wayo, kugira ngo uno Mwana abe imfura y’abavukanyi benshi cane. Abo yigeneye, ni bo kandi yatoye; abo yatoye, ni bo kandi yagize intungane; abo yagize intungane, ni bo kandi yaninahaje.

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

📜 *IZABURI 12 (13) 4-5, 6*

📜 _Icit. Jeho, nizigiye urukundo rwawe!_

Birabe nawe, Mukama Mana yanje, uhave unyishure mpumura nyabuna, noye guhunikirira mu rupfu, umwansi yoye kunkora kw’itama avuga ngo: «Namuganje», abangeramiye boye kunezerwa n’uko ndiko ndadandabagirana.

Jeho nizigiye urukundo rwawe; umushaha wanje utambe utarike, kuko unkiza; nshaka kuririmbira Umukama kubera ivyiza vyose yangiriye.

📖 *INKURU NZIZA*

🎼 *_Aleluya, aleluya_*

📖 _Umuntu ntatungwa n’indya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana._

🎼 *_Aleluya_*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (13, 22-30)_

*Muri irya misi, mu kuja i Yeruzalemu, Yezu yaza araca mu bisagara no mu mihana, agenda arigisha. Sinzi uwamubajije ati: «Mukama, ubwo hazokira bakeyi gusa?» Na we arababarira ati: «Nimwihate ngo mushobore kwinjira mu muryango upfunganye; ndababwiye yuko benshi bazoshaka kwinjira ariko ntibabishobore. Nyenurugo niyamara kwinjira n’ukwugara, namwe mwagumye hanze, muzokwishinga kudodora ku muryango, mumubwira muti: Mukama, twugururire, na we azobishura ati: Sinzi iyo muturuka. Namwe muzoca mwitanganiza muti: Twahora dusangira indya n’inzoga, kandi wahora wigishiriza ku nama iwacu. Azobasubiza ati: Je ndabibabwiye, sinzi iyo muvuye; mve iruhande, mwe nkozi z’ikibi mwese.Aho ni ho hazoba abarira n’abaryanya imisaya, aho muzobonera Aburahamu na Izahaki na Yakobo n’abahanuzi bose mu Bwami bw’Imana, namwe mwatawe hanze. Kandi hazoza abava mu buseruko no mu burengero, mu bumanuko no mu buraruko, baze kwicara ku meza mu Bwami bw’Imana. Ni uko rero, hari abahora ari aba nyuma bazoba aba mbere, n’abandi bahora ari aba mbere bazoba aba nyuma.»*

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

*IJAMBO RY'IMANA*_*Ku wa 28 Gitugutu, Simoni na Yuda, Abatumw*_ a.```Umusi mukuru```*IGISOMWA CA MBERE*_Ivyo dusoma mw’i...
27/10/2025

*IJAMBO RY'IMANA*

_*Ku wa 28 Gitugutu, Simoni na Yuda, Abatumw*_ a.

```Umusi mukuru```

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mw’ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (2, 19-21)_

Ncuti zanje, ntimukiri ba kavantara canke abatsi b’indaro, ahubwo mucuditse n’aberanda, mugize umuryango w’Imana, kuko mwubatswe ku mushinge ugizwe n’abatumwa n’abahanuzi, Kristu Yezu akaba ibuye ry’imfuruka. Muri we, ni ho inyubakwa yose iteranira kandi igakuka, ikaba isengero nyeranda mu Mukama. Muri we, namwe murubakwa mwese ngo mucike Ingoro y’Imana muri Mutima.

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

*IZABULI 18, 2-5*

_Icit. Ubuninahazwa bw’Umukama bukwiye kw’isi yose._

Ijuru rirayaga ubuninahazwa bw’Imana, ikirere na co kikamenyesha igikorwa c’ibiganza vyiwe. Umusi ubiyagira uwundi musi, ijoro rikabimenyesha irindi joro.

Si imvugo, si n’amajambo ijwi ryavyo ntiryumvikana, ariko inyigisho yavyo yasamiranye kw’isi yose, amajambo yavyo ashika ku mpera y’isi

*INKURU NZIZA*

_Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko twayishikirijwe na Luka Mweranda (6, 12-19)_

*Muri iyo misi, Yezu yagiye gusengera ku gasozi, araheza amara ijoro ryose asenga Imana. Bukeye, ahamagara abigishwa biwe, araheza abatoramwo icumi na babiri, abita abatumwa. Na bo ni aba: Simoni yataziriye Petero, Andreya mwenewabo, Yakobo na Yohani, Filipo na Barutolomeyo, Matayo na Toma, Yakobo mwene Alufayo, Simoni yitwa Munyabwira, Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikariyoti yahavuye aba umuhemu. Amaze kumanukana na bo, Yezu ahagarara ahantu hakirurutse. Hari ishengero ry’abigishwa biwe n’abantu benshi bava mu Buyuda bwose, i Yeruzalemu n’i Tiri na Sidoni ku nkengera z’ikiyaga, bari baje bashaka kumwumviriza no gukizwa indwara zabo, kandi n’abarembejwe n’amashinga barakira. Ishengero ryose ryaguma rirondera kumukorako, kuko ububasha bwarasohoka buva muri we bukabakiza bose.*

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

27/10/2025

MUGIRE INDWI NZIZA MWESE

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_**🗓️ indwi ya 30 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années impaires_*📖 *IGISOMWA CA MBERE...
26/10/2025

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*

*🗓️ indwi ya 30 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années impaires_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📜 _Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (8, 12-17)_

Ncuti zanje, umwenda dufise ntituwufitiye kamere y’umuntu, idutegereza kwigenza nk’uko ibishaka. Nimwaba mwigenza nk’uko iyo kamere ibishaka, muzopfa; ariko Mutima mwaronse niyaba abafasha kwica ibikorwa vy’umubiri, muzoramba. Abarôngōwe na Mutima w’Imana bose ni bo bana b’Imana. Na kare, ntimwaronse umutima w’abashumba ngo musubire kwama mu bwoba, ariko mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu udutuma tuvuga tuti: «Abba! Dawe!» Mutima we nyene ubwiwe ni we afasha umutima wacu kwemeza yuko turi abana b’Imana. Ko turi abana, turi n’abaragwa: abaragwa b’Imana n’abatorana iragi hamwe na Kristu, dusanzwe dusangiye na we kubabara tuzosangira n’ubuninahazwa nyene.

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

📖 *IZABURI 67 (68) 2, 4, 6-7b, 20-21*

📜 _Icit. Imana dufise n’Imana y’urukiza._

Imana n’ihaguruke, abansi bayo bashwiragire, kandi abayirwanya bace bayonga. Aberanda bo baranezerwa imbere y’Imana, baratamba bagatarika.

Imana ihangamye mu ngoro yayo nyeranda, ni yo se w’impfuyyi n’umuburanyi w’abapfakazi; inyakamwe, irayihereza inzu yuzuye, imbohe na yo ikayugururira umuryango w’ubuhirwe.

Umukama n’ashimagizwe imisi n’iyindi, kuko Imana ari yo Mukiza wacu atubabaye. Imana itubera Imana y’urukiza, Umukama Imana yacu ni we aganza urupfu.

📖 *INKURU NZIZA*

🎼 *_Aleluya, aleluya_*

📖 _Yeruzalemu, igine Umukama, ni we arungikira isi ijambo ryiwe._

🎼 *_Aleluya_*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (13, 10-17)_

*Yezu yariko arigishiriza mw’isinagoga ku musi w’isabato. Hano nyene, hari umugore amaze imyaka icumi n’umunani amugajwe n’igishetani; yari agondamye kandi ntiyashobora kwunamuka na gatoyi. Yezu ngo amubone, aramuhamagara amubwira ati: «Wa mugore, urakize ubumuga bwawe.» Araheza amugaranzurirako ibiganza, nya mugore aca aragororoka muri ako kanya nyene, aca aninahaza Imana. Ariko, umukuru w’isinagoga abonye ko Yezu akijije umuntu ku musi w’isabato, arashangashirwa, abwira abariho ati: «Hari imisi itandatu y’ugukora, n’ibe ari yo mugirako kwivuza; ntimubisubire kw’isabato.» Umukama aramusubiza ati: «Mwa bangushi mwe, mbega ku musi w’isabato nyene, umwe wese muri mwebwe ntahora aturutsa akongera agashora inka n’indogobwe ziwe? Na we uyu mwana wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani yose aboshwe na shetani, ntiyari akwiye kubohorwa ngo ni uko ari ku musi w’isabato?» Igihe yariko aravuga atyo, abansi biwe bose bari bateterewe, nayo ishengero ryari rinezerewe n’ivyiza vyose yakoze.*

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

26/10/2025

Mumze neza?ko mutakivuga?UYU MUSI WASENGEYE KURI PAROISSE IYI?

🇧🇮

Address


Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Dieu nous pardonne le péché posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Dieu nous pardonne le péché:

  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share