06/30/2025
APOSTOLIC MEDITATION
IVYAGEZWE N'IBIKI ??
Ncuti zanje, ngomba ndabahe insobanuro y'ivyagezwe.Ivyagezwe n' uburyo bwo gufata imigenderanire yawe n'Imana ukayubakira kuvyo we wakoze kugira ng'uyihimbare.Bisigura iki ? bisigura ko ubucuti bwawe n'Imana buhagaze kuri wewe kandi ubucuti bwawe n'Imana wonabusambura wewe nyene.
Reka ndabibasigurire neza.Ubucuti ufitaniye n' Imana umushinge wabwo ni wewe,n' ibikorwa vyawe kandi wonabusambura biciye mu vyo wokora nabi kuko niwe wabitanguje.
Niyo mpamvu abana b'imana benshi bavuga bati:sinkiri mu bucuti n'Imana neza.None gute utakiri mu busabane n'Imana ?ugaca wongera ukavuga ati ndasubiye kuja mu busabane n'Imana.Gute we wokwinjira mu busabane n'imana🤔mbega urafise ubushobozi wewe bwo gufata imana ahiri ukayicarika ikakwumviriza?🤔urafise ubwo bushobozi bwo gutuma Imana ihindura ikibanza?🤔urafise izo nkomezi wewe zo gutumako Imana?Ibaze 🤔 n'umukuru w'igihugu ntiwomuhamagara ng'umutore ariko ukibaza yuko Imana umwanya n' umwanya woyitumako ukavuga ati: ubusabane bwacu burahagaze,bukeye ati:ndabutanguye kandi.
Rero iyo ubusabane bwawe n' Imana buhagaze kuri wewe, buzosambuka umwanya n' umwanya.Ntuzosubira kwumva bwa bwiza bw'Imana,uzoshiramwo inguvu kandi uzoca unababara. Abakristo benshi barababaye, kuko baguma bagerageza gushikira Imana ahiri kandi Imana nayo itari kure y'umuntu numwe 🤷♂️nico gituma ijambo ry'imana rivuga ngo:Imana yararetse kw'abantu bose bayirondera bakabakaba naho itari kure y'umuntu numwe.(Ivyakozwe..17:27)
Mwarahezagiwe.