09/08/2026
📌🇰🇪 Bien-Aime Baraza asanzwe ari Umuririmvyi akomeye cane muri Kenya yahoze mu murwi Sauti Sol ntariko aremeranya n’ingingo Umukuru w’igihugu William Ruto yafashe yo kwirukana abanyamahanga.🙅🏾♂️ Yavuze ijambo rikomeye ati : »Reka Afrika ibe i muhira kuri Buri munyafrika wese ».
📜 Ivyo William Ruto yakoze benshi bariko babihuza no gushaka kwiyegereza Abanyagihugu mu ntumbero yo kubigarurira kubera amatora yegereje.
✍🏾 Bien Aimé atabwoba ati :
« Uyu musi n’abarundi ariko ejo azoba ari umunya-Kenya ari ahandi kw’isi . Guhohotera ubwoko canke umuryango kanaka bigira ingaruka mbi kuri twese . Reka africa yose ibe imuhira kumunyafrika uwo ariwe wese. »
☝🏾 Ibi yabicishije kurubuga rwiwe rwa Instagram.
cc:EdissonNDA