06/16/2026
K*kw Imana ari yo dukorana, namwe mur' indimiro y'Imana, mur' inzu yubakwa n'Imana.
🖊️1korinto3:9🖊️
Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuherwe ubuntu bg'Imana gupfa ubusa:
🖊️2korinto6:1🖊️
iyo tuvuze ugukorana hagati y'Imana n'umuntu, ntituba tuvuga ko Imana n'umuntu bangana mu bubasha canke mu butware. Ahubwo tuba tuvuze ko Imana ihamagara umuntu ngo afatanye na yo mu gush*tsa imigambi yayo kw'isi.
Ubuntu bw'Imana bwemerera umuntu kugira uruhara mu mugambi wayo wo gukiza no guhindura abantu mw'isi.
IMANA IKORANA N'UMUNTU?
Imana ntiyigeze ikora yonyene gusa; akenshi ikoresha abantu kugira ish*tse imigambi yayo.
ABANDI
Igihe Imana yashaka gukiza umuryango wa Nowa igihe umwuzure wari ugiye kuza. Yahaye Nowa amabwirizwa yo kwubaka ubwato,Nowa arayumvira.Nuko Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.(Itanguriro 6:22)
Imana yakoresheje Gidiyoni mugutabara abisirayeli abakura mu minwe yaba midiyani.mwibuke ivya yefuta,samusoni n'abandi.
Aha tubona ko Imana yatanze umugambi, umuntu na we awushira mungiro mu kwumvira.
ABARI MU BUJA
Imana yashaka gukura Abisirayeli muri Egiputa, ariko ntiyamanutse ubwayo kubakurayo. Yahamagaye Mose ngo abe igikoresho cayo.Nuko rero ngwino ngutume kwa Farawo.(Kuvayo 3:10)
Akarorero k'Intumwa
UBUTUMWA ABANDI NO KUBASENGERA NGO BAKIZWE
Urokore abo bashorewe bajanwa kwicwa,
N'abagenda bacitse intege bajanwa gutikizwa, ntubure kubatabara.
Imigani24:11
GUFASHA ABAKENE ,ABAGOWE,IMFUMVYI N'ABAPFAKAZI
👉"Imana irashobora gukora ata muntu, ariko yahisemwo gukorana n'abantu kugira igaragaze ubuntu bwayo n'ubushobozi bwayo. "mu gutabara abayitakambira no kugirira neza abo yaremye nicogituma itoranya umuntu ikamukuramwo Umutwaro wogufasha ipfumvyi,abapfakazi n'abakene kuraba abantu mu bitaro no mumabohero.
Ugirira akagongwe umugorwa aba aguranye Uhoraho,
Kand' ukugira neza kwiwe azokumwishura.
Imigani19:17
ABANTU B'IMANA
abami,abaherezi ,abavugishwa,abavugabutuma,abungere b'amashengero
IMANA IKORERA ABANTU YIFUZA KO BIKORANA
Imana ni Umuremyi kandi ishobora gukora yonyene. Ariko kuva mu ntango y'irema, yahisemwo gukorana n'umuntu ariko imbere Yuko ikorana n'umuntu harivyo ibanza kumuha kugira ngo ibikorwa umuntu ayikorera bigire ikimazi:
👉Imana iha umuntu umugambi
Igihe Imana yaremye Adamu, ntiyamuremye ngo abeho gusa.
"Mwuzure isi, muyiganze..." — Itanguriro 1:28
Imana yahaye umuntu:inshingano,ububasha,n'uruhara mu migambi yayo.
👉Imana irahamagara umuntu
Imana irondera abantu izokoreramwo."
Umuntu wese Imana ishaka ko bakorana ibanza kumutegura ikamwigisha
Kuva kera abantu Imana yakoresheje bose yarabahamagaye.Imana ikorera mu muntu imbere, hanyuma uwo muntu agakorera Imana inyuma."Bisobanura ko Imana ibanza guhindura umutima, hanyuma umuntu agaca akora ibikorwa bihimbara Imana mu Gush*tsa ivyo igomba mw'isi,mu kubera umuco abandi no mu kubamira Ivyamwa mu bikorwa vyiza no mu ngeso .
abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije, yabahaye ubgiza.
Abaroma8:30 Imaze kuduha ubwiza yaduhaye ibikorwa K*ko tur' ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.Abanyefeso2:10
Imana yahamagaye Aburahamu imubwira iti:Va mu gihugu canyu..." Itanguriro 12:1yamagaye Mose imubwira ngo"Ngwino ngutume kwa Farawo. Kuvayo 3:10Yahamagaye Yesaya imubwira ngo Ndatuma nde?nawe arishura ati Ndi hano, barije utuma.Yesaya 6:8 Abigishwa ba Yesu
Yarabahamagaye arabatuma ngo"Nimunkurikire..."Matayo 4:19
👉Imana iha umuntu ubushobozi
Iyo ihamagaye umuntu, iranamuha ivyo akeneye.
Mose yahawe inkoni n'ibimenyetso 3azokoresha,abo mw'isezerano risha bahawe mpwemu
ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n'i Yudaya hose, n'i Samariya, no gush*tsa ku mpera y'isi. Ivyakozwe n'intumwa1:8
👉Imana iha umuntu Ingabire
Kand' Imana yabanje gushira mw ishengero bamwe kuba intumwa, maz' aba kabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz' aba gatatu, ibashiraho kuba abigisha, maz' ishirah' abakora ibitangaza, maz' ishirah' abahawe ingabire zo gukiza indwara, n'abahawe gufasha abandi, n'abahawe kurongora, n'abahawe kuvuga indimi nyinshi.
1korinto12 :28
HAGATI Y'IMANA N'UMUNTU BISHINGIYE KUKI?
👉ku rukundo rw'Imana
Imana ntiyari ikeneye umuntu kugira ikore, ariko kubera urukundo rwayo, yahisemwo kumuha agaciro no kumushira mu mugambi wayo.
umuntu Niki ah'umwibuka? Zaburi 8:4
Imana yaremye umuntu mw' ishusho yayo imuha ubushobozi bwo kugira uruhara mu bikorwa vyayo.
👉ku muhamagaro
Imana ni yo itangura guhamagara umuntu,Ni Imana ihitamo gukoresha umuntu. Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murama imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe. Ivyo ndabibageze kugira ngo mukundane.yohana15:16-18
👉ku kwizera no kwumvira
Gukorana n'Imana ntibishoboka ata kwizera.uwutizera ntibishoboka kwahimbara Imana. Abaheburayo 11:6 Kwizera kw'ukuri guherekezwa no kwumvira ugakora ivyo ijambo ryayo rigutegeka.
👉ku masezerano
Imana ikorana n'abantu biciye mu masezerano.wemerera Imana kuzoyikorera mbere bibaye ngobwa ugapfa ubizize,uwuyikoreye mu kuri no mubwizigirwa akiri mw'isi imuha umugisha mu gihe kizoza Naho yabemereye ubugingo
Imana iranezerezwa no kubona umugambi wayo uriko urash*tswa mw'isi
Yesu yavuze "Data arashimagizwa ni mwama cane Kandi mukaba Abigishwa banje.Yohana 15:8
♥️Imana Ni yo ihamagara
👉 Umuntu Yitaba umuhamagaro wo gukorana n'Imana.
♥️Imana ni yo itanga umugambi
👉 Umuntu Arawush*tsa
♥️Imana Ni yo itanga ubushobozi
👉 Umuntu Arakoresha ubwo bushobozi
♥️Imana Ni yo iyobora
👉 Umuntu Arakurikira
♥️Imana Ni yo ihabwa icubahiro
👉 Umuntu n'abandi bakaronka umugisha.
"Imana ntihamagara abantu babishoboye ; iha ubushobozi abo yahamagaye ikabashoboza."
*4.UMUNTU YOKORA IKI KUGIRA ABE UMUFATANYA B'IKORWA N'IMANA?*
👉Kwizera Imana
Abahisemwo gukorana n'Imana bose batanguriye ku kwizera.
"Ata kwizera ntibishoboka KO uhimbara Imana." (Abaheburayo 11:6)
Aburahamu yabaye umugenzi w'Imana kubera ukwizera.
👉Kwihana no kwezwa
Imana ishaka gukoresha abantu bayiyeguriye ,bafitabinye ubucuti buhoraho bakayigirira inyota kuruta vyose,abantu bamana imigabo yo gutungana
"Mube abera nk*ko nanje ndu wera" (1 Petero 1:16)
👉Kwumvira Ijambo ryayo.
Mose, Yosuwa, Mariya, Petero n'abandi bakoreshejwe n'Imana kubera ko bayumviye.
👉Kwicisha bugufi Umutima umenetse
"Kwicisha bugufi ni yo mizi y'ukwemera Imana."Imana ikunda gukoresha abantu bicisha bugufi bazi ko ataco bashoboye kuruta abishimira bashoboye ubwabo.K*k' ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n'Uwera; iti Mba hejuru ahantu hera, kandi mbana n'ufise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpembure imitima y'abicisha bugufi, mpembure n'abafise imitima imenetse.yesaya57:15
👉Kuba Umushumba(umukozi wo hasi)( Gukorera abandi mu rukundo)
Umushumba nuwukorera abandi agatuma ubzima bwabamdi bworoha
Yesu yavuze:
"Uwushaka kuba mukuru muri mwebwe abe umusavyi wanyu." (Matayo 20:26)
Gukorana n'Imana si ugushaka icubahiro, ahubwo ni ugukorera abandi ukaba umukozi wabo
👉Kwama mu masengesho(gusenga cane bifatanije no kwisonzesha)
Abantu Imana yakoresheje cane bari abantu b'amasengesho:
Daniyeli,Eliya,Pawulo,Yesu ubwiwe yarasenga cane mu misi yamaze Ari MU mubiri
IMANA YIFUJE GUKORANA NABO ARIKO BO BARANKA
Uwahawe italanto yaranse kuyidandanza ngo yunguke,sauli yanse kwumvira Imana bituma Imana ihagarika gukorana nawe.
Abantu dukwiye kuba ibikoresho mubiganza vy'Imana.Ibikoresho vyo gusengera abandi, vyo kubashigikira, ibikoresho vyo kuzana impinduka nziza aho dutuye, Imana nayo izonezerwa no gukorana natwe, k*ko biri muvyifuzo vyayo.
Kandi yasezeranye no kuzohemba abakoranye nayo mu kuri no mubwizigirwa bagaheba baheba amagara ntibatinya no Gupfa tukiri murubu bugingo no mubuzoza
Y'IMANA
Nuko namwe mwame mwiteguye, k*k' Umwana w'umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.None ni nde mushumba wo kwizigirwa w'ubgenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire igihe kigeze? Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy' afise vyose.Arik' umushumba mubi ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye: maz' agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n'ababorerwa; shebuja w'uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi:azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n'indyarya: ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z'amenyo.
Matayo24:44-51
NI MWENESO
ERIC MANIRIHO