25/08/2026
🔥 Umuriro wadutse mw'isoko ya Kinindo
👨🏾💼 Nk'isaha zine n'iminota mirongo ibiri (~10h20min) z'igitondo, kuri uyu wa 25 Myandagaro 2026, umuriro wiyadukije mw'isoko ya Kinindo, mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura, kw'ibarabara rizwi nka "Avenue du Large".
Tumubajije, uwurongoye iyo soko ya Kinindo avuga ko "uwo muriro wandurutse mu gice bacururizamwo imatera."
🏃🏾♂️ Muri kano kanya, abadandaza bariko bariruka basohora ibidandazwa vyabo bitarashikirwa.
🚒 Ibiduga bizimya umuriro biriko biragerageza kuzimya, naho biboneka ko uza watanguye kurandagata mu bindi bibanza, kuko hari aho bitaronka inzira yo kwinjira.
🚘 Nk'inyuma y'iminota 30 uwo muriro wadutse, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ikigega ca Reta, Dr Alain Ndikumana, yari yamaze kuhashika, co kimwe n'igiporisi gikinga impanuka. Ariko, abo bategetsi bakaba basanze ikibanza kidandarizwamwo imatera camaze kurangiza gusha.
⏮️ Tukamenya ko uwo muriro wadutse, inyuma y'imisi 3 gusa habaye iyindi mpanuka y'umuriro yahitanye amasoko yitwa "Galeries Ndayizamba na Le Parisien".